Ivyizerwa ku Ntambara yo mu Mpwemu, Igice ca 2

Igice ca Mirongwitatu na Rimwe (Chapter Thirty-One)

Turabandanya iki gice turaba inyigisho z’ibinyoma ziharawe zivuga kuri Satani n’intambara yo mu mpwemu. Mu kurangiza, turaraba ic’ivyanditswe bivuga ku ntambara yo mu mpwemu uwizera wese ashobora kugira.

Icizerwa ca #5: “Turashobora Gusangangura Impome z’Abadayimoni ziganza ikirere igihe turwana intambara yo mu mpwemu.”

(Myth #5: “We can pull down demonic strongholds in the atmosphere through spiritual warfare.”)

Twisunze ic’ivyanditswe bivuga, ntidushobora guhakanako Satani aganza impwemu mbi ziba ahantu ho mukirere ari na bo bamufasha kuganza ubwami bw’umwiza. Izo mpwemu mbi ziganza “ mu ntara,” niko na Bibiliya ivuga (raba Dan. 10:13, 20-21; Mariko 5:9-10). Ubushobozi abakristo bafise bwo gusenda abadayimoni no kurwanya impwemu mbi ivyanditswe birabwemera (raba Mariko 16:17; Yak. 4:7; 1 Pet. 5:8-9). Non’abakristo barashobora gusenyura impwemu mbi zikorera mu bisagara vyabo? Inyishu ivugakw’atavyo bashobora, kandi kubigerageza ni ugutakaza umwanya wabo.

Kuko dushobora gusenda abadayimoni biganzira abantu, ntibisobanura yuko dushoboye gusenyura abadayimoni baganza ahantu ho hejuru y’ibisagara vyacu. Har’ivyanditswe vyinshi vyerekana abakozi b’Imana basenda abadayimoni mu bantu mu njili zose hamwe n’igitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa, ariko none urashobora kwibuka n’akarorero kamwe gusa kah’ah’abantu basenyuye impwemu mbi ziganza ahantu ho hejuru y’ibisagara vyabo cank’ahantu kanaka? Ntibishoboka kukw’ata karorero na kamwe kavuga kur’ivyo. Urashobora kwibaza itegeko na rimwe twahawe mu vyete vyandikiwe abantu bivugako dufise igikorwa co gusangangura impwemu mbi zikorera ahantu ho mw’ijuru? Oya, kubera yukw’ata hariho. Ni co gituma, tudafise ishingiro rya Bibiliya rituma twizera yuko dushobora kugira “intambara yo mu mpwemu” turwanya impwemu mbi zo mu kirere.

Kurengera Imigani (Pushing Parables Too Far)

Kurondera insiguro muri Bibiliya zisumba iz’Imana itumbereye niryo kosha rikunda gukorwa igihe abakristo basoma ibice vya Bibiliya birimwo imvugo ngereranyo. Akarorero keza katwereka ingene imvugo ngereranyo zisobanurwa nabi ku majambo Paulo yavuze ajanye no “gusenyura ivyishize hejuru”:

Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bw’umubiri, kukw’ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ivyo mu buryo bw’umubiri, arikw’imbere y’Imana bifise ubushobozi bwo gushingura akarimbi, dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo (2 Kor. 10:3-6).

Bibiliya y’icongereza yitwa King James Version, aho kuvuga “gushingura impari,” ivuga ko “dushingura amaboma.” Kur’iyi mvugo ngereranyo, abantu barubatse ukwizera guharanira inyigisho zo “kurwana intambara yo mu mpwemu” bita “gushingura uturimbi” canke impwemu mbi zikorera mu kirere. Ariko iyi Bibiliya yitwa New American Standard Version iravuga neza ko Paulo, atariko avuga impwemu mbi, ahubwo yavuga ku vyizerwa bibi biri mu vyiyumviro vy’abantu. Paulo yarikw’asambura Impari, s’impwemu mbi zo mu kirere.

Igihe dusoma imirongo ryakuwemwo bica vyumvikana cane. Paulo yavuze ati, “Dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo” (hongeweko insobanuro). Intambara Paulo yanditse ngaha ni intambara y’ivyuyuimvirwa, cank’ivyiyumviro, birwanya ukumenya Imana.

Mu gukoresha imvugo ya gisirikare, Paulo yavuzeko turi mu ntambara, intambara irwanirwa mu vyiyumviro vy’abantu bizeye ibinyoma vya Satani. Ikirwanishwa ca mbere dukoresha mur’iyo ntambara ni ukuri, ari no co gituma twategetswe kugenda mw’isi hose tuvuga ubutumwa, dutera ubwami bw’umwansi wacu dukoresha ubutumwa bubohora imbohe. Uturimbi dushingura bwubakishijwe amatafari y’ikinyoma kirimw’ubumara bwica.

Ibirwanishwa Vyose vy’Imana (The Whole Armor of God)

Ikindi gice Paulo yanditse abantu basobanura nabi kenshi tugisanga mu Banyefeso 6:10-17, aho yavugako dutegerezwa kwambara ibirwanishwa vyose Imana itanga. N’ah’iki canditswe kivuga ku ntambara abakristo barwana na wa Mubi n’abadayimoni, nti havuga ivyo gusenyura impwemu ziganza hejuru y’ibisagara. Igihe tuzakwiga neza iki canditswe, dusanga Paulo yariko yandikira umukristo wese amubwirakw’ ategere- zwa kurwanya ubugunge bwa Satani mu buzima bwiwe mu gukoresha ukuri kw’ijambo ry’Imana.

Igihe tuza gusoma iki canditswe, umenyekw’ar’imvugo ngereranyo. Paulo ntiyarikw’avuga ibirwanisho biboneshwa amaso abakristo bategerezwa kwambara ku mibiri yabo. Ahubwo, ibirwanishwa yanditse n’ibigereranyo gusa. Ikirwanishwa kimwe cose gisigura ukuri runaka dusanga mu vyanditswe umukristo wese ategerezwa gukoresha mu kwikingira umurwanizi n’abadayimoni biwe. Igihe tumenye, twizera, no kugendera ijambo ry’Imana, twebw’abakristo, mu mvugo ngereranyo, baba bambaye ibirwanishwa vy’Imana bibakingira.

Reka turabe iki gice kiri mu Banyefeso, umurongo ku wundi, mu kwibaza duti, Mbega Paulo yashaka kutubwira vy’ukuri?

Isoko ry’Inkomezi Zacu mu Mpwemu (The Source of Our Spiritual Strength)

Ica mbere, tubwirwa “kuremeshwa mu Mwami wacu, no mubushobozi bwiwe bwinshi” (Efe. 6:10). Tubwirwa kutizigira inkomezi zacu ariko twizigire iz’Imana. Dusubira kubibwirwa no ku murongo ukurikira wanditswe na Paulo: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana”(Efe. 6:11a). Ni ibirwanishwa vy’ Imana, s’ivyacu. Paulo ntavugakw’Imana ubwayo yambara ibirwanishwa, ahubwo dukeneye ibirwanishwa Imana yashizeho ku bwacu.

Ni kuki dukenera ivyo birwanishwa Imana yadushiriyeho? Inyishu ni, “kugira ngo dushobore guhagarara tudatsinzwe n’ubugunge bwa wa Murwanizi” ( Efe. 6:11b). ibi birwanishwa ni vyo kwikingira, s’ivyo kurwanya umwansi. Ntitubihabwa ngo tuje gusenyura impwemu mbi ziri hejuru y’ibisagara; ni kugira ngo dushobore guhagarara tudatsinzwe n’ubugunge bwa Satani.

Turumviseko Satani afise umugambi mubi wo kudutera, kandi tutambaye ibirwanishwa Imana itanga, tuzoneshwa. Menya kandi yuko igikorwa cacu ari ukwambara ibirwanishwa, s’Imana ibitwambika.

Reka tubandanye:

Kukw’abo tunigana atar’ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru (Efe. 6:12).

Biratahurika cane yuko Paulo atarikw’avuga ku ntambara y’ibirwanishwa biboneshwa amaso, arikw’ibitaboneshwa amaso. Turwanywa n’ubugunge bw’impwemu mbi z’isi y’umwiza mu buryo butandukanye nk’uko Paulo yavyanditse. Abasomyi benshi bavugako Paulo yanditse izo mpwemu mbi ahereye hasi aduga, “abafise ububasha” ni bo bari mu murwi mutoya maze “ impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru” ni zo murwi uri hejuru gusumba iyindi.

None tworwana gute n’ibiremwa vyo mu mpwemu? Ico kibazo kirashobora kwishurwa n’ikibazo, ikiremwa co mu mpwemu gishobora kudutera gute? Bidutera mu bigeragezo mbere na mbere, ivyiyumviro, impanuro, n’imigambi irwanya ijambo n’ubugombe bw’Imana. Nuko, ukwikingira kwacu kurazwi, ni kumenya, kwizera no kwumvira ijambo ry’Imana.

Kubw’ivyo mwabire ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye (Efe. 6:13).

N’ubu, menya kandi yukw’intumbero ya Paulo ni kudushoboza kurwanya no kudatsindwa n’ibitero vya Satani. Intumbero yiwe s’ukudushoboza kuja kurwanya Satani no gusenyura impwemu mbi zo mu kirere. Mur’iki gice Paulo atubwira incuro zitatu ngo duhagarare dushikamye. Duhagarara mu kwikingira, s’ugusatira.

Ukuri— Inkinzo ya Mbere (Truth—Our Primary Defense)

Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, (Efe. 6:14a).

Iki ni co gifatanya ibirwanisho vyacu vyose—ukuri. Ukuri ni iki? Yesu yabwiye Se, “ijambo ryawe ni ryo kuri” (Yohana 17:17). Ntidushobora guhagarara dushikamye imbere ya Satani tutazi ukuri kwodufasha kunesha ikinyoma ciwe. Yesu yaratweretse neza cane ingene bigenda igihe yageregezwa mu bugaragwa igihe yishura ikinyoma cose ca Satani n’ijambo “handitse ngo.”

Paulo yarabandanije:

Mwambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza (Efe. 6:14b).

Nk’abakristo, dutegerezwa kumenya ubwoko bubiri bwo kugororoka bubaho. Ubwa mbere, twarahawe, nk’ingabire, ukugororoka kwa Kristo (raba 2 Kor. 5:21). Kugororoka kwiwe kwahawe abizera Yesu, kukw’ari we yikoreye ivyaha vyabo ku musaraba. Ico gihagararo co kugororoka ni co cadukuye mu bwami bwa Satani.

Ubwa kabiri, dutegerezwa kuba mu bugororotsi, kwumvira amategeko ya Yesu, kand’ico ni co Paulo yarikw’aravuga k’ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza. Mu kwumvira Kristo, tuba twimye umurwanizi ikibanza (raba Efe. 4:26-27).

Gutambuka Twambaye Inkweto Z’Ubutumwa (Firm Footing in Gospel Shoes)

Mwambaye inkweto z’ivy’ubutumwa bwiza bw’amahoro biteguza (Efe. 6:15)

Kumenya, kwizera no kugendera ku kuri kw’ubutumwa bwiza biduha gutambuka dushikamye mu bitero vya Satani. Inkweto abasoda b’Abaroma bambara vyagira utwuma musi twatuma bahagarara neza ku kibuga c’intambara. Igihe Yesu ar’Umwami wacu, duhabwa inkweto nziza zituma dushikama mu kinyoma ca Satani

Kandi hamwe n’ivyo vyose mwabire inkinzo y’ukwizera, ni yo muzosho- boza kusimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro (Efe. 6:16).

Menya kandi ko Paulo ngaha yashimikira ku kwikingira kwacu. Ntarikw’avuga k’ugusambura abadayimoni baganza hejuru y’ibisagara. Arikw’avugako dukoresha ukwizera kwacu ijambo ry’Imana mu kurwanya ikinyoma ca Satani. Igihe twizeye kandi tukagendera ic’Imana yavuze, bingana no kugira inkizo idukingira ibinyoma vya Satani, vyagereranijwe n’”imyampi y’umwansi yaka umuriro.”

Inkota Yacu Mu Mpwemu—Ijambo ry’Imana (Our Spiritual Sword—God’s Word)

Mwabire inkofero y’agakiza, no n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana (Efe. 6:17).

Agakiza, nk’uko Bibiliya igasobanura, karimw’ugukurwa mu ngoyi za Satani. Imana “yadukijije ububasha bw’umwiza, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda” (Kol. 1:13). Kubimenya bingana no kwambira inkofero irinda ubwenge bwacu kwizera ikinyoma ca Satani kivugako tukiri mu bwami bwiwe. Satani ntakiri umwami wacu—ni kibanza ca Yesu.

Vyongeye, dutegerezwa gifata “inkota ya Mpwemu” ari yo, nk’uko Paulo yayisobanuye, ikimenyetso c’ijambo ry’Imana. Nk’uko maze kubivuga, Yesu I we karorero k’umurwanyi w’umunyabwenge yakoresheje neza inkota yiwe. Igihe yageragezwa mu bugaragwa yaguma yishura Satani igihe cose akoresheje ijambo ry’Imana. Nk’uko nyene, natwe dutegerezwa kumenya no kwizera ico Imana yavuze, kugira ngo ntitugwe mu binyoma vyiwe.

Menya kandi ko Yesu yakoresheje “inkota ya Mpwemu” mu kwikingira. Har’abakunda kuvuga, kuri twebwe twemezakw’ibirwanishwa Paulo yanditse ar’ivyo kwikingira, yukw’inkota ar’ikirwanishwa co gusatira umwansi. Bafatiye kur ’ico ciyumviro cabo kidashemeye, baragerageza kwemezakw’iki gice co mu Banyefeso 6:10-12 kivuga ku ntambara yo kwivuna ari co gituma dutegerezwa gukora igikorwa co “gusambura amaboma” agizwe n’impwemu mbi zo mu kirere.

Biragaragara, dusomye icatumye Paulo abwira abakristo kwambara ibirwanishwa Imana itanga (kugira ngo “bashobore guhagarara badatsinzwe n’ubugunge bwa wa Mubi”), dusanga yarikw’avugako dukoresha ivyo birwanishwa mu kwikingira. Vyongeye, n’ah’inkota ishobora kwiyumvirwakw’ar’ikirwanishwa co gutera umwansi, irashobora no gukoreshwa mu kwikingira, kukw’irinda ikazibira inkota y’umwansi.

Vyongeye, dutegerezwa kwiyubara ntidusobanure nabi ivyo bigereranyo vyose mu guha buri kirwanishwa insiguro kitashiriweho. Igihe dutanguye guharira tuvugakw’inkota ishobora gukoreshwa mu kwikingira canke gutera umwansi, tuba turiko “turenza ku nsiguro kama y’umugani” kuko dufata ikirwanishwa case ukwaco kandi bitegerezwa gukorera hamwe bishitse intumbero imwe.

Mbega Yesu Ntiyatubwiye “Kuboha Umunyenkomezi”?

(But Didn’t Jesus Instruct Us to “Bind the Strong Man”?)

Mu njili zose zine Yesu yakoresheje incuro zitatu ijambo “kuboha umunyenkomezi.” Imwe muri izo ncuro zitatu, yabwiye abigishwa biwe yuko “kuboha umunyenkomezi” ari igikorwa cabo. Reka dusuzume neza ico Yesu yavuze, turabire hamwe ibindi vyanditswe:

Arabahamagara, abacira umugani, ati “Satani yoshobora ate gusenda Satani? Ubwami iyo bwitandukanije ubwabo, ubwo bwami ntibushobora kurama. Inzu ni yitandukanya ubwayo, iyo nzu ntizoshobora kurama. Kandi Satani namba yihagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera. Kandi nta muntu ashobora kwinjira mu nzu y’umuntu afise inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maze akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. Ndababwire ukuri: Abana b’abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n’ibirogotano vyose bazorogota, arik’umuntu wese azorogota kuri Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kand’azoba akoze icaha c’ibihe bidashira”—icatumye avuga artyo n’uko bavuze ngw’”arimw’impwemu ihumanye” (Mariko 3:23-30, dushimikiye ku nsobanuro).

Menyako Yesu atariko yigisha abigishwa biwe kuboha umunyenkomezi wese. Ahubwo, yariko yishura anyabwenge b’ivyanditswe b’i Yerusalemu akoresheje imvugo ngereranyo bose badashobora guhaririza.

Bamututse ngw’akuza abadayimoni umukuru w’abadayimoni. Yishuye avugako Satani yoba ananiwe igihe ahagurtse kwirwanya ubwiwe. Nta n’umwe yaharira kur’ivyo.

Namba Yesu atakoresha ubushobozi bwa Satani mu gukura abadayimoni, none yakoresha ubuvuye kwa nde? Zategerezwa kuba inkomezi z’uwusumba Satani inkomezi. Zar’inkomezi z’Imana, inkomezi za Mpwemu Yera. Ni ho Yesu yavuze mu migani ivya Satani, amugereranya n’umuntu w’inkomezi araririye inzu yiwe. Umuntu umwe gusa ashobora kunyaga inzu y’umunyenkomezi atagerezwa kuba umusumba inkomezi, yitwa, Yesu. Ni yo nsiguro yabahaye ijanye n’ingene asenda abadayimoni.

Iki gice cerekana k’umuntu w’inkomezi, co kimwe ni vyo dusanga muri Matayo na Luka, ntigishobora gusobanurwa nk’igituma “tuboha umunyenkomezi” ari mu bisagara vyacu. Vyongeye, igihe turaba ibindi bivugwa mw’Isezerano Rishasha, nta muntu n’umwe tubona “yaboshe umunyenkomezi” mu bisagara, cank’ah’umuntu n’umwe ahabwa iryo tegeko. Turashobora kurangiza tuvuga yuko bitemewe na gato k’umukristo uwariwe wese agerageza kuboha no gusambura uwo yita “Satani umunyenkomezi” mu gisagara cank’ahantu ahariho hose.

None “Kuboha kw’Isi no Mw’Ijuru” Vyovyo?

(What About “Binding on Earth and in Heaven”?)

Mu njili tubona Yesu avuga incuro zibiri gusa aya majambo, “Ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe [canke kimaze kubohwa] mw’ijuru, kand’ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe [canke camaze kubohoka] mw’ijuru.” vyose tubisanga mu njili yanditswe na Matayo.

Mbega Yesu arikw’atwigisha yuko tushobora “kuboha” impwemu mbi zo mu kirere?

Ica mbere, reka turabe amajambo yiwe, kuboha no kubohora. Ikoreshwa ry’ayo majambo na Yesu ni nk’imvugo ngereranyo, kukw’atarikw’avuga yukw’abigishwa biwe bazofata imigozi cank’imizana batangure kuboha canke kubohora ibintu. None Yesu Yesu yavuze iki ngaho?

Mu korondera inyishu, dutegerezwa kuraba ingene yakoresheje ayo majambo kuboha no kubohora twisunga imirongo arimwo bijanye n’ico yarikw’aravuga mur’ico gihe. Yarikw’avuga ku mpwemu mbi? Namba ari vyo, ducatuvugakw’ayo majambo akoreshwa ku mpwemu mbi.

Reka turabe igice ca mbere Yesu yakoreshejemw’ayo majambo yo kuboha no kubohora:

[Yesu] Arababaza, at’”Ariko mweho, mugira ngo ndi nde?” Simoni Petero aramwishura, at’”Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.” Yesu aramwishura, ati’”Ur’umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw’ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw’ijuru.” Nanje ndakubwira yuk’uri Petero, kandi kur’urwo rutare nzorwubakakw’ ishengero ryanje, kand’amarembo ya Hadezi (i Kuzimu) ntazorishobora. Nzoguha imfunguruzo z’ubwami bwa mw’ijuru, kand’ic’uzohambira mw’isi kizoba gihambiriwe mw’ijuru, n’ic’uzohamburura mw’isi kizoba gihamburuwe mw’ijuru. (Mat. 16:15-19, hongeweko insobanuro.

Nta nkeka igituma iki gice gisobanurwa kwinshi n’uko gifise ibigereranyo bitanu n’imiburiburi bigize iyo mvugo ngereranyo: (1) “inyama n’amaraso,” (2) “urutare,” (3) “amarembo y’i kuzimu,” (4) “impfunguruzo z’ubwami bwo mw’ijuru,” no (5) “guhambira/guhamburura.” Iyo majambo yose n’ibigereranyo, bisigura ikindi kintu.

Amarembo ya Hadezi (i Kuzimu) (Hades’ Gates)

Harinze kwihwezwa ico ikigereranyo cose gisigura, urashobora kubona yuko, mur’iki gice, Yesu atavuze ku mpwemu mbi. Ikigomba gusa n’ivyo ni “amarembo y’i kuzimu,” n’ayo nyene n’ikigereranyo c’ikindi kintu, kuk’umuryango w’i kuzimu ubwawo ntaco wokwonona kw’ishengero.

Non’”amarembo y’i kuzimu” agereranywa n’iki? Ubwo s’ikimenyetso c’inkomezi za Satani, kandi Yesu yavuzekw’inkomezi za Satani zidashobora kubuza ishengero ryiwe kwubakwa. Canke, kumbure Yesu yavuzekw’ishengero azokwubaka rizokiza abantu kwinjira no kuboherwa inyuma y’amarembo y’i kuzimu.

Menya kandi ko Yesu yavuze ku marembo abiri atandukanye, amarembo y’i kuzimu, n’amarembo y’ijuru, agereranywa no guha Petero “impfunguzo z’ubwami bwo mw’ijuru.” Ivyo bihushana n’iciyumviro c’ukw’amarembo y’ikuzimu yogereranywa n’igikorwa c’ishengero co gukingira abantu kuja i kuzimu.

N’aho Yesu yavuzek’”ubushobozi bwose bwa Satani budashobora kunyiganyiza ishengero ryiwe,” ntidushobora guca tuvuga yukw’amajambo yavuze ku guhambira cank’uguhamburura afitaniye isano no kuboha impwemu mbi zikorera mu bisagara, kuko tudashobora na gato kuronka akarorero na kamwe mu njili zose zine washaka n’igitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa ah’umuntu yaboha impwemu mbi zikorera mu birere vy’ibisagara, canke ngo tubone itegeko na rimwe ryo kugira ivyo mu vyete vyandikiwe amashengero. N’aho bimeze gurtyo, insobanuro duha amajambo ya Kristo yo guhambira no guhamburura, itegerezwa kwemerwa n’ibindi vyanditswe biri mw’Isezerano Rishasha.

N’ah’ata canditswe na kimwe kibo ishigikira, biratangaje kuibona ingene abakristo benshi bavuga bati, “Ndaboshe abadayimoni mw’izina rya Yesu,” canke “Ndahamburuye abamarayika kur’uyu muntu” n’ibindi vyinshi. Nta muntu n’umwe yigera kuvuga ivyo mw’Isezerano Rishasha. Ic’igitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa cank’ivyete dusanga mu vyanditswe bishimikirako, s’uguhambira cank’uguhamburura impwemu mbi canke kuvugana n’abadayimoni, ariko ni kuvuga ubutumwa bwiza no gusenga Imana. Akarorero, Igihe Paulo yakubitwa n’intumwa (ni we “mumarayika”) wa Satani, ntiyagerageje “kumuhambira”. Yarasenze Imana (raba 2 Kor. 12:7-10).

Impfunguzo zo Mw’Ijuru (The Keys to Heaven)

Reka dushishikare kuraba insiguro y’amajambo ya Yesu ku vyo guhambira no guhamburura. Menyako imbere yo kuvuga ivyo guhambira no guhamburura, Yesu yavuzekw’azo Petero “impfunguzo z’ubwami bw’Imana.” Nta rupfunguzo ruboneshwa amaso Petero yigeze ahabwa, ni h’iryo jambo rya Yesu ritegerezwa kwihweza nk’imvugo ngereranyo. None “impfunguzo” zisigura iki? Impfunguzo zisigura uburyo bwo kwinjira ahantu hugaye. Uwufise urupfunguzo afise ubushobozi bwo kwugurura umuryango abandi badafise.

Igihe turavye igikorwa ca Petero nk’uko kivugwa mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa, har’ikintu yakora gishobora kugereranywa no kwugurura umuryango abandi batashobora kwinjiriramwo?

Tubona arikw’avuga ubutumwa, ni bwo bwugururira umuryango w’ubwami bw’ijuru umuntu wese yizeye (kandi ni bwo bwugara amarembo y’i kuzimu). Mur’ubwo buryo, twese twarahawe impfunguza ry’umuryango w’ubwami bwo mw’ijuru, twahindutse ivyariho vya Kristo. Impfunguzo z’ubwami bwo mw’ijuru zishobora kuba ubutumwa bwiza bwa Kristo, ni bwo bushobora kwugurura amarembo y’ijuru.

Guhambira no Guhamburura (And Now, Binding and Loosing)

Mu kurangiza, amaze gusezeranira Petero kw’azomuha impfunguzo z’ubwami bwo mw’ijuru, Yesu ni ho yavuga ku vyo guhambira no guhamburura, ni ryo rya gatanu yokoresheje nk’ikigereranyo.

Rigumye mu yandi mungane tumaze kubona ngaha, Yesu yoba yarikw’avuga iki? Non’uguhambira no guhamburura Petero yabwiwe wiyumvirako bifise ikihe kibanza mo kwubaka ishengero ryiwe, mu gukiza abanyakibi kuja i kuzimu, no kuvuga ubutumwa bwiza?

Har’inzira imwe gusa. Yesu yavuze ati, “ndakugize uwuserukira ubwami bwo mw’ijuru. kora igikorwa cawe kw’isi, kand’ijuru rizokuramira.”

Databuja yobwira umukozi wiwe amurangurira ibidandazwa ati, “Ivy’uja kugira kw’isoko ry’i Bangkok uzobikora kubw’ibiro vyanje biri ngaha mu gihugu,” mbeg’uyo mukozi yofata gute amajambo abwiwe na shebuja? Yofata yukw’abwiwe kuja guseru- kira ishirahamwe ryabo i Bangkok. Ico Yesu yabwiye Petero, kw’isi, kw’ar’ukwemererwa guserukira Imana yo mw’ijuru. Iri sezerano Petero yahawe ni ryo rya mutera intege igihe yarikw’abuga ubutumwa i Yerusalemu Abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’Abafarisayo bamuraba ribi—kuko biyumvirakw’ari bo Imana yarungitse kuyiserukira, kandi bashaka ko na Petero abaha icubahiro bo bagakora.

Dusobauye gurtya usanga bihurizana hamwe n’iyi nsobanuro ya kabiri ya Yesu igihe yakoresha nya jambo nyene, nk’uko tubisanga mu bice bibiri bikurikira urupapuro rwa mbere rw’injili ya Matayo:

Mugenzawe ni ya kugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye, ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe. Ariko n’atakwumvira, ujane umwe canke babiri, kugira ngw’ijambo ryose rizeriringanizwe, bivuye mu kanwa kw’ivyabona bibiri canke bitatu. N’atabumvira ubwire ishengero, ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori. Ndababwire ukuri: Ivyo muzohambira mw’isi vyose bizoba bihambiriwe mw’ijuru; kand’ivyo muzohamburura mw’isi vyose bizoba bihamburuwe mw’ijuru. kandi ndabwira ukuri yukw’aho babiri muri mwebwe ni bahuriza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibaha. Kukw’aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo (Mat. 18:15-20, dushimikiye ku nsobanuro).

Mur’iki gice ca kabiri kivuga k’uguhambira no guhamburura, nta kintu a kimwe cotuma twizerako Yesu yarikw’avuga kuvyo guhambira impwemu mbi. Ngaha Yesu yavuze ivyo guhambira no guhamburura igihe yar’ahejeje kuvuga ingene ishengero rikwiriye guhana intabarirwa.

Ibi bitwereka kw’ivyo guhambira no guhanburura mur’iki gice, Yesu yavuze ati, “Ndaguhaye igikorwa co kumenya akabwikiriye kuba mw’ishengero n’atukisha ishengero. Na we ni co gikorwa uhawe. Igihe ukora ivy’ujejwe, ijuru rizokwakirana umunezero.”

Mu buryo bwisanzuye, Yesu yarikw’avuga ati, “Muremewe mw’isi no mw’ijuru kuba abanserukira. Mufise ico gikorwa, kand’igihe muzo sozera ibikorwa vyanyu ngaha kw’isi, ijuru rizobashigikira.”

Guhambira no Guhamburura mu Bindi Vyanditswe

(Binding and Loosing in Context)

Iyi nsobanuro ihuriza hamwe n’izindi nsobanuro ziri mw’Isezerano Rishasha.

Kur’iyi nsobanuro, tubona yuko ahejeje kuvuga ku vyo guhambira no guhamburura, Yesu yavuze ati: “kandi ndababwira ukuru yuko babiri muri mwebwe ni bahuza inama mw’isi gusaba ikintu cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera” (Mat. 18:19; dushimikiye ku nsobanuro).

N’ubu ni ya nyigisho nyene “ico ukora kw’isi kizoshigikirwa mw’ijuru.” ngaha kw’isi turemerewe gusenga, igihe tubigize, ijuru rizotanga inyishu nziza. Ijambo rya Yesu, “ Kandi ndababwire…” bisigurakw’agisobanura ku niyigisho yo guhambira no guhamburura.

Ijambo rya nyuma Yesu yavuze mur’iki gice, “kukw’aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati yabo,” n’ibi vyerekanakw’”ijuru rizogushigikira” Igihe abizera bakoranye mw’izina ryiwe, iyi mw’ijuru irabizamwo.

N’aho woba utemerenya n’insobanuro yanje kur’iki gice turiko tuvugako, akanya ni rwawe uronder icanditswe gishigikirako Yesu yarikw’avuga ivyo kuboha impwemu mbi mu bisagara vyacu!

Satani Ari mu Mugambi w’Imana (God’s Divine Plan Includes Satan)

Satani n’abamarayika biwe n’ingabo zagararije, bakoreshwa n’Imana batabizi. Izo ngabo zaremwe n’Imana, (kand’akibarema nta bugarariji bari bafise). Paulo yanditse ati:

Kuko muri we [Kristo] ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo mw’isi; ibiboneka n’ibitaboneka, ur’intebe z’icubahiro, ur’ubwami, ur’ubukuru, ur’ububasha — vyose vyaremwe na we, biremwa kuba ivyiwe (Kol. 1:16, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesu ni we yaremwe ubwoko bwose bw’umumarayika, na Satani ubwiwe. Mbega yar’iziko bamwe bazoyigarariza? Neza cane. None ni kuki yabaremye? Kuko n’izo mpwemu mbi arazikoresha mu gushitsa ubugombe bwayo. Iyataba abakeneye, yarikuba amaze kubaboha, nk’uko yabigiriye bamwe mu bamarayika bagararije Imana (raba 2 Pet. 2:4) n’ukw’azbigirira Satani umusi umwe (raba Ivyah. 20:2).

Imana irafise igituma irekurira satani n’abamarayika biwe gukorera kw’isi guhsika n’ubu. Iyo bitaba gurtyo, barikuba barakuwe mu nzira. None n’izihe mvo zituma Imana ibemerera gukorera kw’isi na bugingo n’ubu? Nta n’umwe abizi neza, ariko har’ih’ivy’Imana yahishuye mw’ijambo ryayo bitwereka izo mvo.

Iya mbere, Imana yemerera Satani gukorera kw’isi aka kanya gato kugira ngw’agerageze abantu. Satani ari ngaho kugira ngw’abantu bahitemwo uwo basenga. Babimenya, batabimenya, abantu baganzwa n’Imana canke na Satani. Imana yeremereye Satani kugerageza Adamu na Eva, abantu babiri bahawe uguhitamwo nkukw’Imana, kugirangw’ishobore kubapima. Abafise uburenganzira bwo guhitamwo uwo basenga bategerezwa guhabwa igipimo kugira ngw’imitima yabo igaragare ukw’imeze, ko bumvira canke batumvira.

[1]

 

Ica kabiri, Imana yemerera Satani gukorera kw’isi mu kiringo kanaka kugira ngw’ashitse uburake bwayo ku nkoziz’ikibi. Ndamaze kuvyemeza mu kwerekana amajambo atandukanye avugwa mu vyanditswe igihe Imana icira abantu urubanza mu kurungikira abantu impwemu mbi. Kubona Imana yemerera Satani aganze mu banyakibi bo kw’isi vyerekana urubanza rwayo kuri bo. Imana irashobora guhana abantu mu kureka abarongozi babi babaganze, no kwemerera impwemu mbi kubaganza mu mpwemu, bigatuma ubugingo bwabo burushirizaho kumererwa nabi.

Ica gatatu, Imana yemerera Satani gukorera kw’isi mu kanya gato kugira ngo yiheshe icubahiro. “ Umwana w’Imana yahishuriwe kugira ngw’asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi” (1 Yohana 3:8). Igihe cose Imana isangangura igikorwa ca Satani, vyerekana ubushobozi n’ubwenge bwayo.

Yesu Arengeye Abakuru n’Abanyebushobozi

(Jesus is the Head Over Principalities and Powers)

Nk’abakristo, ico twahawe gukora kuri Satani n’impwemu mbi kirimwo bibiri: kubankira kuganza ubugingo bwaco (Yak. 4:7), no kubasenda tubakura mu bantu bakeneye kubohorwa (Mariko 16:17). Umukristo wese amaze kumenyers igikorwa co gukura abadayimoni mu bantu arazi yuko, nk’itegeko ngenderwako, igihe uwinjiwemwo n’abadayimoni adashaka kubohorwa, nta bushobozi yoronka bwo gusenda abo badayimoni.

[2]

Imana yubaha uguhitamwo kw’umuntu wese, kand’umuntu ahisemwo kwumvira impwemu mbi, Imana ntishobora kumubuza.

Iki ni co gituma kindi tudashobora gusenyura impome z’impwemu ziganza mu bisagara kanaka. Izo mpwemu mbi ziboha abantu kukw’ari vyo bahisemwo ubwabo. Mu kubabwira ubutumwa bwiza, tubaha uburenganzira bwo guhitamwo. Igihe bahisemwo neza, ni vyo bituma babohoka bava kuri Satani na mpwemu mbi. Arikw’igihe bahisemwo nabi, bakanka kwihana, Imana yemerera Satani kubaganza.

Ivyanditswe vyita Yesu “ni we mutwe w’ubukuru bwose n’ububasha bwose” (Kol. 2:10). N’ah’ijambo ry’Ikigiriki ubukuru (arche) n’ ububasha (exousia) ar’amajambo ashobora gukoreshwa igihe havugwa ubutware bw’abanyapolitike, arakoreshwa mw’Isezerano Rishasha nk’amazina y’abadayimoni baganza mw’isi yo mu mpwemu. Icanditswe kimenyerewe cane kivuga ku ntambara y’abakristo n’ubukuru (arche) n’ubukuru (exousia) mu Banyefeso 6:12 ni kimwe mu turorero.

Igihe dusoma hamwe n’ibindi vyanditswe ivyo Paulo yanditse kuri Yesu nk’umutwe w’inganji zose mu b’i Kolosayi 2:10, birumvikanakw’avuga ku baganza bo mw’ijuru. Akarorero, mur’ico gice nyene har’imirongo ine yakurikijeko, Paulo yanditse ku vya Yesu, “Kandi yambuye abakuru n’abafise ububasha, ibatetereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubw’uwo musaraba” (Kol. 2:15).

Namba Yesu ar’umutwe w’abakuru n’abafise ububasha, bisigurakw’ari we abaganza. Uko n’uguhishurirwa kw’abakristo baba mu batizera, imico ibarwanya, bahoze basenga ibigirwamana mu gutinya impwemu mbi.

Inzira Imwe yo Gukiriramwo (The Only Way of Escape)

Inzira imwe gusa yo kwikura mu buja bw’impwemu mbi ni ukwihana no kwizera ubutumwa bwiza. Ni co canzo Imana yashizeho. Nta muntu n’umwe ashobora kuboha impwemu mbi ziri mu gisagara runaka ngw’ashobore kukubohora burundu canke igice gitoya. Umuntu atarihana no kwizera ubutumwa bwiza, aba akigendera mu burake bw’Imana (raba Yohana 3:36), no kuganzwa n’abadayimoni.

Ni co gituma ata guhinduka kugaragara tubona mu bisagara biberamwo amakoraniro yo kurwana intambara yo mu mpwemu, kukw’ata kintu na kimwe kibacakoretse mu bwami bw’izo mpwemu mbi ziri mur’ivyo bisagara. Abakristo barashobora gusemerera babwira ubwami bw’abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mu mpwemu ku murango no mw’ijoro; barashobora kuvuga yuko bababaza impwemu mbi “kuvuga mu ndimi”; barashobora no kubwira impwemu mbi ngo “ ndababoshe muve mur’iki gisagara” incuro nyinshi cane; barashobora no kubivuga bari mu ndege canke mu magarofa maremare (nk’uko bigirwa na bamwe bamwe); kand’igishikira izo mpwemu mbi ni kwitengera ivyo bigigu vy’abakristo.

Reka turabe icizerwa c’ibinyoma kigira gatandatu mu kurwana intambara yo mu mpwemu.

Icizerwa ca #6: “Kurwana intambara yo mu mpwemu n’impwemu mbi ziziziye ibisagara bicira ubutumwa bwiza inzira.”

(Myth #6: “Spiritual warfare against territorial spirits opens the door for effective evangelism.”)

Igituma abakristo benshi bizera ivyo binyoma vyerekeye intambara zo mu mpwemu ni uko bifuza kubona ubwami bw’Imana butera imbere. Boshimirwa iyo ntumbero. Umukristo wese ategerezwa kwifuza kubona abantu benshi bashoboka bagobotorwa mu bwami bwa Satani.

Birakenewe kotwubaka ubwami bw’Imana dukoresheje ubuhinga bwayo. Imana irazi ibishoboka n’ibidutakariza umwanya. Yaratubwiye neza igikorwa cacu aho kigarukira mu kwagura ubwami bw’Imana. Kwiyumvira yuko dushobora gukora ikintu n’aho kitanditswe kugira ngo ubutumwa bwacu buzanire abantu agakiza, n’aho Yesu, Petero, canke Paulo batigeze kubikora mu gikorwa cabo, vyitwa gutakaza umwanya.

Ni kuki har’abantu benshi biyumvira yuko kurwana intambara yo mu mpwemu bishobora kwugururira ubutumwa bwiza umuryango? Ivyiyumviro vyabo bibabwira biti, “ Satani yaraboshe ivyiyumviro vy’abadakijijwe. Dutegerezwa kurwana intambara uo mu mpwemu tumubuze gushishikara abayovya. Igihe bahumutse, abantu benshi barashobora kwizera ubutumwa bwiza.” Mbega ni vyo?

Turaziko Satani yaboshe ubwenge bw’abantu badakijijwe. Paulo yanditse ati:

Ariko namb’ubutumwa bwiza twahawe bitwikirwa, butwikirirwa abahona, ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumwe imitima, ng’umuzo ntubakire w’ubutumwa bwiza bwa Kristo ni we shusho y’Imana (2 Kor. 4:3-4).

Ng’iki ikibazo, Mbeg’iyo nkuru Paulo yayitanze kugira ngw’abakristo b’i Korinto bashobore kurwana intambara yo mu mpwemu no gusangangura impwemu mbi ziganza ibisagara kugira ngw’abadakijijwe bashobore kwemera ubutumwa bwiza?

Inyishu ni Oya kubera imvo zitandukanye.

Ica mbere, Paulo ntiyababwiye ati, “Nuko mw’ab’i Korinto, kubera yuko Satani yatwikiriye ivyiyumviro vy’abadakijijwe, nshaka ko murwana intambara yo mu mpwemu musangangure impwemu mbi ziganza ahantu ho mw’ijuru kugira ngw’imyitwikiro ikurweho.” Ahubwo, ikintu yaciye yongerako kw’ar’ukwamamaza Kristo, ari yo nzira ikurah’umwitwikiro.

Ica kabiri, nta cete ciwe na kimwe aho Paulo yigeze kubwira abizera kurwana intambara yo mu mpwemu basangangura impwemu mbi z’ahantu ho mukirere kugira ng’ubutumwa bwiza bwizerwe.

Ica gatatu, igihe dusoma ivyete vyose Paulo yanditse tubona yukw’atizerakw’imyitwikiro ya Satani ari yo mvo ya mbere itumwa abantu badakizwa. Imyitwikiro izanwa na Satani uzo ubwa kabiri, ariko si yo ituma badakizwa. Imvo ya mbere ituma abantu badakizwa ni ugukomantara kw’imitima yabo. Iki bigaragaza ni uko Satani adashobora gutwikira abantu bose. abantu bamwe, igihe bumvise ukuri, barakwizera, bagaca bava mu binyoma bahora bizera kera. S’ugutwikirwa na Satani gusa gutuma batizera, kuk’ukutizera kwabo ari kwo gutuma Satani abatwikira.

Imitima Ikomantaye (Callous Hearts)

Mu cete ciwe yandikiye Abanyefeso, intumwa Paulo yarasiguye imvo nyamukuru ituma abatari abakristo baguma mu kutizera:

Ni co gituma mvuga ibi, nkabashingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntumube mukigenda nk’ukw’abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bwenge bwabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, [bigereranywa no gutwikirwa na Satani], batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubw’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo. Kandi babaye ibiti, bishira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bwose bifatanije n’ukwifuza (Efe. 4:17-19, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo yavuzekw’abadakijijwe batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubera “ukutamenya kwabo.” None ni kuki ar’ibijuju? Ni kuk’”ubwenge bwabo bwashizwe umwiza”? Inyishu ni, “kubera ugukomantara kw’imitima yabo.” Bahindutse “ibiti.” Iyo ni yo nkomoko y’ukutizera kw’abo bantu.

[3]

Amaraso yabo ari kuri bo. Satani abashira mu kinyoma bashaka kwizera.

Umugani wa Yesu uvuga ku mbuto n’ivu urabidutahuza:

Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirere zirazinobagura….umugani ni uyu. Imbuto ni ijambo ry’Imana. Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’Umurwanizi yaza, agakura iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere bakizwe (Luka 8:5, 11-12).

Menyako ubutumwa bwiza ari zo mbuto zaguye ku nzira zirakandagirwa. Ntizashoboye kwinjira mw’ivu kukw’abantu bazikandagiye. Ni h’inyoni zazinobagura, ni zo zigereranywa n’Umurwanizi, agenzwa no kwiba imbuto.

Intumbero y’uyo mugani ni kugereranya imitima y’abantu (ufatiye k’ukugene yakira ijambo ry’Imana) n’ubwoko butandukanye n’ivu. Yesu yarasobanuye igituma abantu bamwe bizera abandi ntibizere: bibavako ubwabo.

None Satani afise ikihe kibanza? Ashoboye kwiba ijambo ryinjiye mu mitima ikomantaye. Inyino zari zifise ikibanza ca kabiri mur’uyu mugani ni zo zatumye imbuto itama ivyamwa. Ingorane nyamukuru yar’ivu; kanatsinda, ugukomantara kw’ivu ni kwo kwatumye imbuto zinobagurwa n’inyoni.

Ni ko bimeze no ku butumwa bwiza. Ingorane ihagaze k’ugukomantara kw’imitima. Igihe abantu banse ubutumwa bwiza, baba bahisemwo kuguma batwikiriye. Baba bahisemwo kwizera ibinyoma bagaterera kure ukuri. Nk’uko Yesu yabivuze, “Umuco waje kw’isi, arikw’abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw’ibikorwa vyabo ari bibi” (Yohana 3:19, dushimikiye ku nsobanuro).

Bibiliya ntitwerekakw’abantu ar’imvugakuri, bafise imitima myiza, bashobora kwizera ubutumwa iyo Satani atabatwikira. Ahubwo Bibiliya itubwira igihushane c’ivyo, yerekana ingene umutima w’umuntu ari mubi, kand’Imana izobaza umuntu wese kubw’uguhitamwo gukora icaha. Yicaye ku ntebe yiwe y’amateka, Imana ntizokwemera iki citwazo “Umurwanizi ni we yabinkoresheje.”

Uko Satani Atwikira Ivyiyumviro vy’Abantu (How Satan Blinds People’s Minds)

None Satani atwikira gute ivyiyumviro vy’abantu? None yoba afise amangetengete yo mu mpwemu asuka ku mitwe y’abantu ngw’akomantaze ugutahura kwabo? Wiyumvirako Satani atsindagira ikinyoma ciwe mu bwenge bw’abantu, akabafata mpiri? Oya, Satani atwikira ivyiyumviro vy’abantu mu kubaha ibinyoma bizera.

Biragaragara, iy’abantu bizera ukuri kuvugako Yesu ar’Umwana w’Imana yapfiriye ivyaha vyabo, bakizera yuk’umusi umwe bazohagarara imbere yabo bavuga ico bakoze mu bugingo bwabo, ni ho boca bihana no kuba abigishwa biwe. Ariko ntibizera ivyo bintu. Ariko bafise ico bizera. Barashobora kwizerakw’ata Mana iriho, canke kw’ata bugingo inyuma y’urupfu. Barashobora kwizera yukw’abantu bapfuye basubira kuvuka mu bindi bihugu canke bagahinduka igikoresho gisanzwe, canke bakizerakw’Imana idashobora guterera umuntu n’umwe i kuzimu. Barashobora kwiyumvirakw’ibikorwa vyabo ari vyo bizobajana mw’ijuru. arikw’ico bizera cose, atari ubutumwa bwiza, mw’ijambo rimwe vyitwa: ibinyoma. Ntibizera ukuri, ni co gituma Satani atwikira ivyiyumviro vyabo. N’aho bimeze gurtyo, igihe baciye bugufi bakizera ukuri, Satani ntashobora kuba agishobora gutwikira ivyiyumviro cabo ukundi.

Ibinyoma vy’Umwiza (The Lies of Darkness)

Ivyanditswe bivugako ubwami bwa Satani ari ”ubwami bw’umwiza” (Kol. 1:13). Umwiza, ugereranywa no kubura ukuri—kubura umuco cank’ukumurikirwa kwose. Igihe uri mu mwiza, utangatangisha ivyiyumviro no gukomereka gusa. Ni ko bimeze mu bwami bw’umwiza. Abantu bari yo batangatangisha ubugingo bwabo kubera ivyiyumviro vyabo bibi, ivyiyumviro vyabo vyuzuyemwo ibinyoma vya Satani. Bari mu mwiza wo mu mpwemu.

Ubwami bwa Satani burasobanuwe ngaha, si nk’igihugu gifise imbebe zibonwa n’amaso, ariko ni ubwami mu vyizerwa—ico cizerwa ni ibinyoma. Ubwami bw’umwiza bar’ah’ubwami bw’umuco buri. Abizera ukuri babana n’abizera ibinyoma.

[4]

Igikorwa cacu ca mbere ni ukwamamaza ukuri mu bantu bizera ibinyoma. Igihe umuntu yizeye ukuri, Satani aba abuze umuntu wo kubesha.

Ni ho duha ukwidengevya abantu baganzwa na Satani, atari mu “gutwikira”impwemu mbi ariko mu kwamamaza ukuri. Yesu yavuze ati, “ Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya” (Yohana 8:32, dushimikiye ku nsobanuro). Ugutwikirwa mu mpwemu gukurwaho n’ukuri.

Mur’ico gice nyene c’ivyanditswe mu butumwa bwa Yohana, Yesu yabwiye abadakijijwe ati:

Mwabwe mur’aba So wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubwa mbere ar’umwicanyi,kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw’ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma kand’ari we se wavyo. Ariko jeho, kuko mvuga ivy’ukuri, ntimunyemera (Yohana 8:44-45, dushimikiye ku nsobanuro).

Raba ingene Yesu yashize itandukaniro hagati Yiwe n’Umurwanizi. Avuga ukuri; Satani ni we munyakinyoma.

Menya kandi yuko Yesu yabwiye abamwumviriza yuko bafise se wa Murwanizi, kandi n’aho yerekanye ibinyoma vya Satani, arik’umuntu wese ategerezwa kwizera ukuri ku giti ciwe kukw’azobazwa ku giti ciwe. Ntidushobora guta imiragwe kuri Satani—ni ikosha ryabo ubwabo. Yesu yavuzeko bazobibazwa ubwabo. Satani afasha abantu “bari mu mwiza” kuguma bizera ibinyoma. Ariko Satani ntashobora guhenda umuntu yizera ukuri.

Ko bimeze gurtyo, inzira imwe gusa yogukuraho ubwami bw’umwiza ni ukwamamaza ubutumwa bwiza—ukuri kw’ijambo ry’Imana. Ni co gituma Yesu atatubwiye ngo, “Mugende mu mahanga yose mubohe Umurwanizi” ahubwo yavuze ati, “Mugenda mu mahanga yose muvuge ubutumwa.” Yesu yabwiye Paulo yukw’ intumbero y’ubutumwa avuga iba “ukwugurura abantu amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco bave mu bwami bwa Satani baje mu bwami bw’Imana” (Ivyak. 26:18, hongeweko insobanuro). Ibi vyerekanakw’abantu bava mu bwami bwa Satani igihe bumvise ukuri kuva mu butumwa bwiza bagafata ingingo yokuva mu mwiza baja mu muco, bakizera ukuri bakanka ikinyoma. Uturimbi “dushingura” n’uturimbi twashizwe mu vyiyumviro vy’abantu.

Uyu Ni Wo Mugambi w’Imana (This is God’s Plan)

Ntiwibagireko Imana ari yo yirukanye Satani mw’ijuru imuterera kw’isi. Yarigushira Satani ahantu hamwe mu kirere cank’ikamuboha ibihe bidashira. Ariko ntavyo yakoze. Kubera iki? Kukw’Imana igishaka gukoresha Satani mu gushitsa intumbero yayo idasanzwe—intumbero yo kugira umuryango munini w’abarangwa n’umwidegemvyo wo kuyikunda, yahisemwo kw’ayikorera.

Namba Imana yashaka umuryango w’abana bayikunda, har’ibintu bibiri bitegerezwa gukoreka. Ica mbere, yategerezwa kurema abantu ikabaha umwidengevyo wo guhitamwo gusenga uwo bashaka, kukw’ingiro ry’urukundo ar’uguhitamwo mu kwidegemvya. Imashini n’utugenegene ntibishobora gukunda.

Ica kabiri, yategerezwa kubashira mu bintu bituma bategerezwa guhitamwo kumwumvira canke kutamwumvira, kumukunda canke kutamukunda. Umwidengemvyo wo guhitamwo ni co gipimo. Kubera yuko haba igipimpo cerekana ubuhizi ni co gituma hariho igipimo cerekana indyarya. Rero, turatanguye gutahura icatumye Imana iterera Satani kw’isi. Satani atuma tumenya ico abantu bahisemwo kwizera no kwumvira. Yaremerewe (har’akarimbi yashingiwe) kwigarurira umuntu wese yemeye kwizera ibinyoma vyiwe. Umuntu wese ategerezwa kugira uwo ahitamwo kwumvira: Mbega nizere Imana canke Satani? Mbega nkorere Imana canke Satani? Bantu babizi canke batabizi, har’ico bahisemwo kwizera. Igikorwa cacu ni ugufasha abantu bahisemwo nabi ngo bihane no kwizera ubutumwa bwiza, bafate ingingo nziza.

Mbeg’ibi si vyo vyakozwe mw’itongo rya edeni? Iman ayashize igiti co kumenya ikibi n’iciza maze ibuza Adamu na Eva kuzorya kuri co. imana ntiyashakako barya kur’ico giti. Mbega kw’Imana itashakako barya kur’ico giti ni kuki yagisheze mur’iryo tongo? Inyishu n’uko yagishizeho kibabere igipimo.

Turazi kandi ko Satani yemerewe kugarageza Eva. Namba ubwizigirwa bwacu butegerezwa gupimwa, hategerezwa kuba igipima kw’abantu atari abizigirwa. Satani yarabeshe Eva na we aramwizera, mur’ico gihe nyene, yahisemwo kutizera ivyo Imana yavuze. Har’ingaruka yahabaye? Abo bantu babiri ba mbere baciye bagaragazwako batar’abizigirwa mu mitima yabo.

Nk’uko nyene, umuntu wese aradegemvya mu guhitamwo ic’ashaka igihe cose c’ubuziman bwiwe. Imana igaragarira mu vyo yiremeye, umuntu wese abiravye abona yuko har’Imana y’ubushobozi (raba Rom. 1:19-20). Imana yahaye umuntu wese ijwi ryo mu mutima, tuzi ikibi n’iciza (raba Rom. 2:14-16). Satani n’impwemu mbi ziwe zifise uruhusha, ariko har’akarimbi ntarengwa, rwo guhenda abantu no kubagerageza. Ni vyo bituma umuntu wese apimwa.

Ikibabaze kumenya n’uk’umuntu wese mu mwidengemvyo wiwe wo guhitamwo “ yagujije ukuri kuva ku Mana n’ikinyoma”(Rom. 1:25). Turashobora gushima Imana, n’aho bimeze gurtyo, kuko yaduhaye incungu y’ivyaha vyacu n’uburyo bwo kuvuka mur’uyo muryango. Urupfu rwo kwitanga kwa Yesu ni yo nzira n’inyishu imwe gusa y’ingorane zacu.

Ukubesha kwa Satani, Uyu Musi n’Ejo (Satan’s Deception, Now and Later)

Turamaze kumenya icatumye Umurwanizi n’impwemu mbi ziwe zahawe gukorera kw’isi: ni kugira ngo bazimize abantu bizeye umwiza.

Uku kuri kwemezwa cane igihe turavye igitabo c’Ivyahishuriwe, Satani azobohwa n’umumarayika amupfunge imyaka igihumbi. Kubera iki? “Kugira ngo ntabe agishobora guhenda amahanga” (Ivyah. 20:3). Mur’iyo myaka igihumbi, Yesu azoganza isi ar’i Yerusalemu.

Arikw’inyuma y’iyo myaka igihumbi, Satani azorekurwa akanya gato. Ingaruka ni izihe? “Azohenda amahanga yo ku mpera zine z’isi ah’ava akagera” (Ivyah. 20:8).

Namba Imana idashakako Satani ahenda abantu mur’ico gihe, ni iki kizotuma amubohora? Cane cane kubera yuko yari yaboshe Satani “kugira ngo ntabe agishobora guhenda amahanga”?

Imana, nk’uko tubizi, yari gushimako Satani atagira umuntu n’umwe ahenda. Ariko izi yukw’abantu Satani ahenda ari bamwe batizera ico yavuze. Satani ashobora guhenda abantu banse kwemera ukuri gusa, ni co gituma Imana imwemerera gukora kw’isi, kandi ni co kizotuma Imana yemerako Satani asubira gukora mur’ico gihe. Igihe Satani ahenze abantu, imitima yabo irahishurwa, Imana ikabasha kurobanura “ingano mu muguruka” (raba Mat. 13:24-30).

Ibi ni vyo bizoba iyo myaka igihumbi irikw’irarangira ari ho Satani azobohorerwa. Azohenda abakunda umwiza bose, bazoca bakoranira hamwe ibirwanishwa i Yerusalemu kugira ngo bahirike ubwami bwa Kristo. Imana izomenya neza uwuyikunda n’uwuyanka, ni h’izorungika “umuriro uva mw’ijuru” kugirang’”ubatongore” (Ivyah. 20:10). Satani azoba agiye gushitsa umugambi w’Imana nk’uko asanzwe abigira. Kubw’iyi ntumbero hamwe n’izindi, kwiyumvira yuko dushobora “gusambura impwemu mbi” vyitwa kwehenda. Imana ni yo ishakako zibandanya gukora kubw’imvo ziyivako ubwayo.

Ivugabutumwa rya Bibiliya (Biblical Evangelism)

Ikigaragara n’uko Yesu n’intumwa zo mw’Isezerano Rishasha batigeze barwana ubu bwoko bw’intambara yo mu mpwemu abenshi bavugako kwikenewe cane mu guteza imbere ivugabutumwa. Ntitwigera tubona Yesu, Petero, Yohana, Stefano, Filipo, canke Paulo “basambura impwemu mbi zo mu kirere” canke “baboha umwe bita umunyenkomezi” aganza ahantu ho hejuru mu bisagara bavuzemw’ubutumwa. Ahubwo, tubona barongorwa na Mpwemu Yera baja ah’ashakako babwiriza ubutumwa bwiza; tubona bavuga ubutumwa bwiyoroheje—bahamagarira abantu kwihana no kwizera Kristo—kandi tubona banezererwa ibitangaza vyabakurikira. Kand’igihe babwiye ubutumwa abadashaka kubwumviriza, ntitubona “bagira intambara yo mu mpwemu ngo bikunde Satani ntabandanye gutwikira ivyiyumviro vy’abari ngaho.” Ahubwo ico bakora, baca “bakunkumura umukungugu wo musi y’ibirenge vyabo” nk’uko Yesu yabategetse bagaca bigira mu gisagara gikurikira (raba Mat. 10:14; Ivyak. 13:5).

Biratangaje kubona har’abavuga yuko “gusambura impwemu mbi z’ahantu ho mukirere” hamwe n’”ukuboha abanyenkomezi babuza abantu kwizera” ni co gituma ivugabutumwa rigira ivyamwa kandi tubona muri Bibiliya har’uturorero ibihumvi vyinshi twemezako har’ikangoro zabaye muri kahise k’ishengero ata muntu n’umwe agize izo “ntambara zo mu mpwemu”ziharawe ubu.

“Ariko vyama bigenda neza!” ni ko bamwe bavuga. “Kuva dutangura kurwana izo ntambara zo mu mpwemu, har’abantu benshi bakizwa gusumba aho tutabigira.”

Namba ari vyo, reka ndakubwira ikibituma. N’uko mwasenze cane mwisunga ivyanditswe mur’ico gihe, canke n’uko har’umurwi w’abantu bemeye ubutumwa kuruta iyindi mirwi yose wigeze kubwira ubutumwa.

Wovuga iki hagize umuvugabutumwa akubwira ati, “Iri joro, imbere yo kuvuga ubutumwa mw’ikoraniro ry’ikanguro, nariye imihwi itatu. Igihe navuga ubutumwa, hakijijwe abantu cumi na batandatu! Natahuye yukw’ari ryo banga ryo kuvuga ubutumwa! Guhera ubu, imbere yo kuvuga ubutumwa zohora ndya imihwi itatu!”?

Wokwishura uyo muvugabutumwa, “Iyo mihwi itatu wariye ntah’ihuriye n’abantu cumi na batandatu bakijijwe. Icatumwa uroranirwa n’uko wavuze ubutumwa bwiza, kand’abo bantu cumi na batandatu bagukurikiye bahitamwo kwizera.”

Imana yubaha ijambo ryayo. Imana itanze isezerano, umuntu akagira nk’ukw’iryo sezerano ribimutegeka, Imana izoshitsa iryo sezerano, n’ah’umuntu yoba’arikw’akora ibintu bitemeranya cane n’ivyanditswe.

Ni ko bimeze no mur’izo ntambara zo mu mpwemu bavuga. Igihe utanguye guha abantu bo mu gisagara cawe inyigisho no “kuboha umunyenkomezi” har’igitigiri c’abantu bashobora gukizwa. Kand’uciye utanga inyigisho utarinze kubohesha umunyenkomezi, usanga c’agitigiri c’abantu kidahinduka.

Gusengera Ivyimburwa vyo mu Mpwemu nk’ukw’Ivyanditswe Bivuga

(How to Pray Scripturally for a Spiritual Harvest)

Twosengera gute abantu badakijijwe? Ubwa mbere, dutegerezwa kumenya yuko mw’Isezerano Rishasha ata tegeko twahawe ryo gusaba Imana ikize abantu, kandi ntaho abakristo ba mbere bigeze gusenga iryo sengesho. N’ukw’Imana yagize ibishoboka vyose kugira ngw’abantu bakizwe. Irashaka cane kw’abantu bakizwa ni co gituma yatanze Umwana wayo w’ikinege adupfire ku musaraba.

None ni kuki abantu bose badakizwa? N’uko bose batizera ubutumwa bwiza. None ni kuki batizera? Har’imvo zibiri gusa: (1) Bashobora kuba batarigera kwumva ubutumwa bwiza, canke (2) baramaze kubwumva ariko ntibabwizera.

Ni co gituma inzira nziza yo gusengera abadakijijwe ari ugusaba ngo baronke akaryo kokwumva ubutumwa bwiza. Akarorero, Yesu yatubwiye ati “ivyimburwa ni vyinshi, arikw’abimbuzi ni bake; nuko ni musabe Data nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe” (Luka 10:2, hongeweko insobanuro). Kugira ngw’abantu bumve ubutumwa bwiza bakizwe, bategerezwa kuronka umuntu abubabwira.

Igihe ishengero rya mbere rya saba ikanguro, basenze bati, “Kandi none, Mwami, raba agahahirizo kabo, ubw abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga, ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw’izina ry’umushumba wawe year Yesu” (Ivyak. 4:29-30, hongeweko insobanuro).

Basenze basaba (1) akaryo ko kuvuga ubutumwa bashize amanga (2) n’ibitangaza igihe ubutumwa buriko buravugwa kukw’ar’akaryo bahawe na yo. Biteg’Imana gushingira intahe ubwo butumwa mu gukiza indwara, ibitangaza n’ibimenyetso. Ayo n’amasengesho ivyanditswe vyemera, kand’umenyekw’intumbero kw’ar’ugusabira abantu akaryo ko kuvuga ubutumwa. Imana yishura amasengesho yabo: “Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Year, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga” (Ivyak. 4:31).

None Paulo yabwiye abakristo gusenga gute mu kurwana intambara yo mu mpwemu? Mbega yavuzeko bosaba Imana gukiza abantu benshi? Oya, reka dusome ico yavuze:

Ni uko Bene Data munsengere kugira ngo namamaze neza ubutumwa bwiza, nk’uko nabigize i wanyu (2 Tes. 3:1, dushikimiye ku nsobanuro).

Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabwe insiguro uko mvuga kwose, menyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bwiza, kuko nd’intumwa yabwo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivy’abwo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga (Efe. 6:19-20, dushimikiye ku nsobanuro).

Abantu bakizwa canke badakizwa usanga biva kuri bo kand’Imana ntiyotabwakw’imiragwe, ni co gituma ugusenga kwacu kwoba ugusaba Imana idufashe kubuvuga kand’ihe abantu kwumviriza ubutumwa tubabwira. Imana izokwishura amasengesho yacu, ariko n’ivyo ntibisigura yuk’umuntu wese azoca akizwa, kukw’Imana iha abantu iburenganzira mu gufata ingingo z’ubuzima bwabo. Agakiza kabo kavana n’ingene bemera ubutumwa bwiza.

Iciyumviro ca #7: “Umukristo Acumuye, Aba Yuguruye Umudayimoni Urugi.”

(Myth #7: “When a Christian sins, he opens the door for a demon to come and live in him.”)

Umukristo acoze icaha, abayemeye kwumvira impwemu mbi. Kwumvira ikigeragezo c’impwemu mbi, ntibisigurako iyo mpwemu mbi iba yinjiye m’ubugingo bw’uwizera. Igihe twebw’abakristo ducumuye, tubadusambuye ubugenzi bwacu n’Imana kuko tutayumviye (raba 1 Yohana 1:5-6). Imitima yacu iratwagiriza. N’aho bimeze gurtyo, ntituba ubucuti bwacu na Yo, kuko tuguma tur’abana bayo.

Iyo twatuye ivyaha vyacu, “Ni yo kwizigirwa kand’iragororoka bigatuma iduharira ivyacu no kutwoza ukugabitanya kwose” (1 Yohana 1:9). Ubugenzi hagati yiwe na twe buba busanuwe. Menyako Yohana atavuze yuko dukwiriye kwozwa abadayimoni bose igihe twacumuye.

Umukristo wese yama mu bigeragezo vy’isi, bizanwa n’umubiri n’umurwanizi buri musi. Ariko kandi Paulo yaranditse avuga yuko turwana n’impwemu mbi (raba Efe. 6:12). Nuko, mu buryo butandukanye, uwizera wese yama aterwa n’abadayimoni. Ni ibisanzwe, kandi dutegerezwa kurwanya umurwanizi n’impwemu mbi mu kwizera ijambo ry’Imana (raba 1 Pet. 5:8-9). Igihe twizera tugakora ic’Imana yavuze, tuba turwanije umurwanizi.

Akarorero, Satani azanye ivyiyumviro vyo kwihebura, dutegerezwa kwumvira ijambo ry’Imana rirwanya ukwihebura rivuga riti“nunezerwe” (2 Tes. 5:16) no “gushima Imana igihe cose“ (1 Tes. 5:18). Ni igikorwa cacu guhagarara no gukora ic’ijambo ry’Imana rivuga no gusubiriza ivyiyumviro vya Satani n’ivyiyumviro vy’Imana.

Dutegerezwa kumenya yuko ukidegemvya kwacu gutuma twiyumvira ivyo dushaka. Uwizera ahisemwo kwumvira no kugendera impanuro z’impwemu mbi, arashobora gutuma yihebura, ubwo ni ubuzima bwokemera no kuganzwa n’ivyiyumviro bibi. Igihe ahisemwo kubandanya avyumvira, ashobora kuganzwa n’ivyiyumviro bibi, n’aho bidakunda gushikira abakristo, har’igihe bishikira bene abo twavuze. Hari n’ikindi, igihe umukristo yiganziwe n’impwemu mbi yifuza kubohorwa, aco ategerezwa gukora ni ukwumvira no gukora ic’ijambo ry’Imana rimutegeka no kurwanya umurwanizi.

Mbega arashobora kwinjirwamwo impwemu mbi? Bishoboka igihe ari vyo ahisemwo ubwiwe, biva mu mutima wiwe, ata kagobero, akareka Kristo no guhindukira inzira mbi. Mur’ico gihe ntazoba akir’umukristo

[5]

bigatuma yinjirwamwo n’impwemu mbi—igihe ashishikara kwumvira impwemu mbi zimutera. Arikw’ivyo biratandukanye cane n’inyigisho bavuga zo kwugururira umuryango impwemu mbi ikinjira kuba muri wewe kubera icaha kimwe wakoze.

Nta karorero na kamwe tubona mw’Isezerano Rishasha ah’umukristo yinjiwemwo idayimoni. Kandi ntah’abakristo babwirwa kwirinda kwinjirwamwo n’abadayimoni. Kandi nta nyigisho twahawe zo gusenda abadayimoni mu bakristo bagenzi bacu.

Igihari n’uko twebwe nk’abakristo, ntidukeneyeko hagira uwusenda abadayimoni muri twebwe—ico dukeneye n’uguhindura ivyiyumviro vyacu n’ijambo ry’Imana. Nikw’ivyanditswe bivuga. Paulo yanditse ati:

Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose (Rom. 12:2).

Igihe ivyiyumviro vyacu vyogejwe ububi bwa kera no guhindurwa n’ukuri kw’ijambo ry’Imana, turonka intsinzi ku ngeso z’ivyaha tukabaho dusa na Kristo. Ukuri ni kwo kuduha kwidegemvya (Yohana 8:32). Duhinduka igihe twemeye kw’ivyiyumviro vyacu bihinduka, s’igihe twirukanye abadayimoni biyumvirwa kuba muri twebwe.

Mbega bitahurika gute igihe har’abakristo bavuga yuko har’umudayimoni (cank’abadayimoni) bavuye muri we igihe basengewe? Kimwe n’uko bashobora kuba biyumvira yuko bari bafise umudayimoni bagaca bavugako yirukanywe. Abakristo benshi bishwe n’ukutamenya ijambo ry’Imana, bakaba ikirimbiro ry’”abakozi bitwa ko babohara” bahendesha abantu ubwenge bababwirako bafise abadayimoni. Igihe umuntu yiyumvirakw’afise umudayimoni aba muri we, aca yemera gukorana n’abiyita kobajejwe gusenda abadayimoni mu bantu.

Ikindi gishoboka n’ukw’abantu nk’abo basengewe abadayimoni babavamwo baba basanzwe batizera Kristo igihe basengerwa, n’aho bitwa abizera mu bandi. Ubutumwa bwo none, bumwe budasa n’ubwa Bibiliya, buhenda abantu babizeza kw’ar’abakristo kand’ata tandukaniro riri hagati yabo n’abatizera kandi Yesu atar’Umwami wabo. Mu vyanditswe, dusanga igihe cose abantu bizera ubutumwa bwiza baca bavuka ubwa kabiri, abadayimoni baba muri bo baca babavamwo buno nyene (raba Ivyak. 8:5-7). Nta badayimoni boganza umuntu Mpwemu Yera abamwo, kandi Mpwemu Yera aba mu bantu bavutse abwa kabiri gusa.

Icizerwa ca 8: “ Mu kwiga kahise k’igisagara kanaka, turashobora kumenya impwemu mbi zacigaruriye, aho ni ho dushobora kuzirwanya tudahusha ubutumwa bukavugwa neza”

(Myth 8: “Through studying the history of a city, we can determine which evil spirits are dominating it, and thus be more effective in spiritual warfare and ultimately in evangelization.”)

Iki cizerwa kibi gishingiye ku mvo zitandukanye zitemewe n’ivyanditswe. Kimwe mur’ivyo vyizerwa kivuga yukw’impwemu mbi ziganza ahantu kanaka ziba zahaje kuva kera cane. Bisigura yukw’abantu babaye mur’ico gisagara haraheze imyaka amajana impwemu zabo ntizihava. Rero, dusanzekw’igisagara cabamw’abantu bikunda, bisigurakw’impwemu yo kwikunda aba ari yo iganza ico gisagara. Namba ico gisagara cabamwo abahindi, duca tumenya yukw’impwemu zo kuraguza n’ubupfumu ari zo zihaganza. N’ibindi nk’ivyo nyene.

Mbege impwemu mbi zaganza ikirere c’aho hantu haraheze imyaka amajana ni zo zibazikiri ngaho? Birashoboka, ariko ntibitegerezwa kwama uko.

Ibuka inkuru twasanze mu gice ca cumi c’igitabo ca Daniyeli. Umumarayika atavu-zwe izina igihe yatabawe na Mikayeli mu kurwana na “segaba w’i Buperesi” yabwiye Daniyeli, “Ntegerezwa gusubira kurwana na wegaba w’i Buperesi; ndagiye ariko umenye yuk’ umwami w’Ubugiriki agira aze” (Dan. 10:20, hongeweko insobanuro). Kahise katubwira yuk’ubwami bw’i Buperesi bwakombowe n’ubw’Abagiriki burongowe n’Umwami yitwa Alexander the Great. uyo mumarayika yar’azi ihinduka rigiye kuzoba mw’isi yo mu mpwemu—“umwami w’i Bugiriki” yarikw’araza.

Igihe umwami w’i Bugiriki yashika, mbega yaganje nk’umwamimi w’i Buperesi? Inyishu turonka ngaho iradufasha cane, ikaba ari ego, n’ukuvuga yukw’abaganza b’ahantu ho mu kirere bahinduye ubwami, kuk’ubwami bw’Ubugiriki bwaganza ico gihugu cose mu bisanzwe. Igihe har’ihinduka muri politike y’ab’isi, bishobora kuzana ihinduka mw’isi y’umwiza aherereye ahantu ho mukirere c’ico gihugu. Vy’ukuri nta muntu abizi atar’Imana ibimuhishuriye ubwayo.

Tutarinze kuraba ivyo duhejeje kuvuga, biboneka yuko har’intandukaniro hagati y’impwemu mbi ziganza ahantu ho hejuru mu bisagara kanaka, kubw’iyo mpamvu, nta kintu na kimwe dushobora kugira mw’isi y’impwemu dukoresheje za “ntambara zo mu mpwemu,” nk’uko tuguma tuvyerekana.

Guha Impwemu mbi Inzego Zitarizo (Over-Categorizing Evil Spirits)

Tuzoba twihenze cane igihe twiyumvira yuko hari impwemu mbi zijejwe gukoresha abantu ivyaha kanaka. Inyigisho zivuga yuko hariho “impwemu zo kwikunda,” “impwemu z’ubunyedini,” “impwemu zo kwifuza,” “impwemu ziteza kwicamw’ imice,” n’ibindi bene ivyo, ntizishobora kwemerwa n’ivyanditswe; canke ngo twiyumvire yukw’izo mpwemu mbi ari zo ziganza izindi mpwemu mbi ahantu ho hejuru cane mu bwami bw’umwiza.

Birashobora gutangaza abatize za njili zine, har’ubwoko butatu gusa bw’abadayimoni Yesu yirukana: tubona “idayimoni itera uburagi” ivugwa rimwe muri (Luka 11:14), n’” impwemu yikiragi n’ubupfamatwi” ivugwa rimwe muri (Mariko 9:25), hamwe n’”impwemu zihumanye” zivugwa incuro nyinsh,” izo zishobora kuba ar’abadayimoni batandukanye, harimwo n’izitera “uburagi n’ubupfamatwi” (raba Mariko 9:25).

Dushobora kuvuga yukw’”impwemu itera uburagi n’ubupfamatwi” ishobora gutera ubundi bumuga kiretse uburagi n’ubupfamatwi? Nta nkeka birashoboka, kuko dusoma yukw’iyo mpwemu mbi yatera nya muhungu intandara nk’uko tubisoma muri Mariko 9. Nuko, “uburagi n’ubupfamatwi” ntibishobora kwerekana ubwoko bw’impwemu mbi ariko vyerekana ubumuga yashobora kuzana mu bantu. Bamwe muri twebwe twarahise mu guha impwemu mbi “inzego n’ivyacaro,” tukavuga n’ivyo Bibiliya itigisha.

Mw’Isezerano rya Kera, impwemu mbi zifise amazina n’”impwemu y’ibinyoma” (1 Abami 22:22-23), “impwemu y’iserere” (Yes. 19:14), n’ “impwemu y’ubumaka” (Hos. 4:12; 5:4). Turavye iyo mbere n’iya kabiri, tubona impwemu mbi zose zishobora kwitwa “impwemu z’ibinyoma” n’”impwemu z’iserere.” Twihweje iya gatatu na yo, ijambo “impwemu y’ubumaka” s’ubwoko bw’impwemu mbi ariko n’ingeso runaka.

[6]

 

Mu gitabo cose c’Ivyakozwe n’In4umwa, aho dusanga impwemu mbi yitwa izina ni ku gice ca 16:16, aho tubona umugore yar’afise “impwemu yo kuraguza.” Kandi mu vyete vyose, impwemu mbi zose zitwa “impwemu z’ibinyoma”(1 Tim. 4:1), kukw’iryo zina rishobora kwitwa impwemu mbi y’ubwoko bwose.

Twisunze umuco mukeya turonka muri Bibiliya ku mpwemu mbi, biratangaje kubona ivy’abantu bandika canke bavuga ku bitigiri n’amazina y’abadayimoni aba mu bantu canke aganza ibisagara.

Ntidukwiriye kwiyumvira yuko har’inzego zitandukanye z’abadayimoni, ufatiye k’ubwoka kanaka bw’icaha, abohera ibisagara biwe mur’iki caha abindi mu kindi caha. Nta shingiro bifise kuvuga ngo, “kubera yuko har’ubuzimire bwinshi mur’iki gisagara, impwemu y’ubuzimire ni yo yiganziye aha hantu.”

Impwemu zo Kunywa Itabi? (Smoking Spirits?)

Iyumvire ingene bitangaje cane kwumva umuntu avuga ati, “Hategerezwa kuba hari impwemu zo kunywa itabi muri kirya gisagara, kubera yukw’abantu benshi bo muri co batumura agatabi.” Mbeg’izo “mpwemu zo kunywa itabi” zakora iki imbere y’ivyo bisagara kubaho? Zakora iki icatsi citwa itabi kitaratangura gutumurwa? Wiyumvirakw’ibisagara bifise abantu bakeya banywa itabi ar’ukw’”abadayimoni bo kunywa itabi” barushe canke bimukiye mu bindi bisagara?

Ntubonakw’ar’ubujuju kuvuga ngo, “Ico gisagara kiganzwa n’umudayimoni wo kwifuza, ni co gituma har’inzu nyinshi z’abamaraya”? Ukuri kuvugakw’ahantu hose abantu badakorera Kristo baba bari mu bwami bw’umwiza. Abadayimoni benshi bakorera mw’isi y’umwiza ni bo bosha bagatsindagirira abantu babo mu vyaha no kugarariza Imana. Izo mpwemu mbi zosha abantu mu buryo bwose ngo bakore icaha, kandi mu bisagara kanaka, har’abantu bagendera mu caha kinaka kuruta ibindi vyaha. Ico bakiza ni ubutumwa bwiza twahamagariwe kuvuga.

N’aho hari kuba ubwoko bw’abadayimoni baruta abandi badayimoni gukora ivyaha kanaka kandi baganza ahantu ho hejuru mu bisagari kanaka, kubimenya ntaco vyotwungura, kukw’ata kintu na kimwe dushobora gukora ngo tubirukane. Igikorwa cacu ni ugusenga (twisunga ivyanditswe) no kubwira ubutumwa abari mu butamenya.

Iciza kimwe tworonka mu kumenya icaha gikorwa cane kuruta ibindi mu bisagara kanaka kwob’ar’ukugira ngo tubwirize ubutumwa abo banyavyaha—tudoma urutoke ku caha gituma barwanya Imana. Ariko ntidukeneye kurondera cane muri kahise k’ibisagara ngo tumenye ivyo. Wohagendera gusa ukugurura amaso n’amatwi yawe. Icaha ciganje uca ukibona.

Ica nyuma, nta muntu n’umwe mw’Isezerano ntaho tubona baja “korondera igicapo co mu mpwemu” y’igisagara kugira ngo barwane neza intambara yo mu mpwemu no gucira inzira ivugabutumwa. Kandi nta tegeko ryo kugira ivyo bintu dusanga mu vyete vyandikiwe amashengero. Mw’Isezerano Rishasha intumwa zayoborwa na Mpwemu Yera mu bisagara zitegerezwa kuvugamwo ubutumwa bwiza, zikabikora mu bwizigirwa zitumira abantu kwihana, bizigira k’Umwami ashingira intahe iryo jambo mu bimenyetso n’utwumiza. Ubwo buhinga bwarbashoboje gukora ibitari bike.

Icizerwa ca 9: “Hari Abakristo Bakeneye Gukurwako Imivumo ya Satani n’Imiryango Yabo.”

(Myth 9: “Some Christians need to be set free from generational or satanic curses.”)

Ico ciyumviro c’”imivumo iva mu miryango” bagikuye mu bice bine dusanga mu vyanditswe vyo mw’Isezerano rya Kera kandi vyose bivuga ikintu kimwe. Tubisanga mu gitabo co Kuvayo 20:5; 34:7; Guharura 14:8 no Gusubira mu Vyagezwe 5:9. Reka turabe Guharura 14:18:

Uhoraho nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro, ariko simperereza urubanza kutarugira; mpora abana ibigabiranyo vya ba se, nkageza ku runganwe rwabo rugira gatatu no kurugira kane (dushimikiye ku nsobanuro).

Mbega twosobanura gute iki gice c’ivyanditswe? Mbega gisigurakw’Imana ishira umuvumo cank’ihana umuntu kubera ivyaha vy’abavyeyi biwe, basogokuruza, basogokuru b’abasogokuruza? Mbega turashobora kwemerak’umuntu yizeye Yesu ashobora guharirwa ivyaha arikw’Imana ikazomuhanira ivyaha vya basogokuruza b’abasogokuruza biwe?

Oya na gato, ahandiho Imana yoba irenganya kandi indyarya. Imana ubwayo yivugiye yuko guhanira umwana icaha ca se ari bibi cane:

“Yamara [Abisirayeli] muravuga ‘ng’Umwana ni iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se?’ [Imana yishura iti] Erega umwana ni yakora ibitunganye n’ibikwiye, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, akabishitsa, ntazobura kubaho. Umuntu akora icaha ni we azopfa: umwana ntazozira ibigabitanyo vya se, na se ntazozira ibigabitanyo vy’umwana wiwe; ubugororotsi bw’umugororotsi azobuharurwako, ivyaha vy’umuvyaha azobiharurwako ” (Ezk. 18:19-20, dushimikiye ku nsobanuro).

Ikirengeye vyose, icishirije mu vyagezwe vya Mose, Imana yategetse yuko umwana atazohanurirwa ivyaha vya se na se ntazoharirwa ivyaha vy’umwna wiwe:

Abavyeyi ntibaze bicwe bazize abana babo, kand’abana ntibaze bicwe bazize abavyeyi: umuntu wese azazire iciwe caha (Gus. 24:16).

Ntibishobokakw’Imana y’urukundo kand’igororoka ivuma cank’ihana umuntu kubera ivyaha vya basekuruza.

[7]

Mbega ivyanditswe bivuzekw’Imana “idaherereza urubanza kutarugira, ihora abana ibigabitanyo vya base gushika ku ruvyaro rwa gatatu n’urwa kane”?

Imana ihanira abantu ingeso mbi baraze uruvyaro rwabo kukw’ari bo batumye icaha kiva mu ruvyaro rumwe kija mu rundi. Imana iharura icaha ku bantu mu buryo kanaka, igihe ari bo batumye icaha kibandanya gukorwa n’uruvyaro rwabo gushika ku buzukuru n’abuzukuruza! Ukwo ni kw’ukwera kw’Imana kuri. Kandi nta muntu n’umwe ashobora kuvugakw’Imana irenganya igihe ibikoze gurtyo.

Menyakw’ico canditswe kivuga yukw’Imana “ihora abana ivyaha vya ba se.” Ivyaha vya ba se ibihora abana ukwo nikwo kudaherereza urubanza.

Rero, iciyumviro cose c’”imivumo y’uruvyaro ku rundi” n’ukudendekeranya, kandi ni kibi cane, kuko gituma Imana yitwa iyiganitanya.

Imivumo ya Satani? (Satanic Curses?)

Tuvuge iki ku “mivumo ya Satani”?

Ica mbere coco, nta hantu na hamwe muri Bibiliya yatwerekako Satani ashobora “gushira umuvumo” k’umuntu, kandi nta karorero na kamwe kavyerekana. Turabona Satani asesereza abantu muri Bibiliya, ariko ntaho tubona “ashira umuvumo” ku miryango bituma uruvyaro rwose rugira umuvumo uwukurikirana.

Uwizera wese aterwa intambara na Satani n’impwemu mbi (bitarengeje urugero) mu buzima bwiwe, ariko ntibisigura yuk’umuntu wese wo muri twebwe akeneye umuntu “amukurak’umuvumo wa satani” twarazwe n’abavyeyi bacu. Dukeneye guhagarara kw’ijambo ry’Imana no kurwanya umurwanizi mu kwizera, nk’ukw’ivyanditswe bitwereka (raba 1 Pet. 5:8-9).

Muri Bibiliya, Imana ni yo ifise ubushobozi bwo guhezagira no kuvuma (raba Ita. 3:17; 4:11; 5:29; 8:21 ; 12:3; Guh. 23:8; Gus. 11:26; 28:20; 29:27; 30:7; 2 Ngom. 34:24; Zab. 37:22; Imig. 3:33; 22:14; Int. 3:65; Mal. 2:2; 4:6). Abantu bashobora kutuvuma bakoresheje iminwa yabo, arikw’iyo mivumo ntabushobozi itugirako:

Intore wariye uzoyidahwa, akayago kawe karyoshe kazoba gapfuye ubusa (Imig. 26:2).

Balamu yavuze neza igihe, amaze guhamagarwa na Balaki avume Abisirayeli, ati, “Novuma nte abo Imana itavumye? Nokwirabira akaranga nte abo Imana itirabiye akaranga?” (Guh. 23:8).

Har’abandi bakristo bajana na rwo bavuga yuk’umuntu ashobora kuvuma uwundi muntu bisunga amajambo ya Yesu muri Mariko 11:23: “ndababwira ukuri yuk’umuntu yobwira uyu musozi, ati “Shinguka utabwe mu kiyaga: ‘ntabikekeranye mu mutima’, arukw’akizera yukw’ico avuze gikorwa, azokibona.”

N’aho bimeze gurtyo, menya yukw’ata bubasha buri mu kuvuga amajambo gusa, ariko buri mu majambo avuzwe n’umutima wizera. Nta muntu n’umwe ashobora kugira ukwizera avugakw’amajambo yiwe yo kuvuma uwundi muntu ashobora kumugirako ububasha, kuko kwizera ni icemezo (Heb. 11:1), kand’ukwizera kuzanwa no kwumva ijambo ry’Imana (Rom. 10:17). Umuntu arashora kwizigira yuk’umuvumo wiwe ushobora kuzanira ivyago umuntu, ariko ntashobora kuvyizera, kukw’ata sezerano na rimwe ryo kuvuma abantu Imana yatanze.

Igihe Imana ihaye umuntu “ingabire y’ukwizera” hamwe n’”ingabire yo kuvugishwa n’Imana” (ingabire zibiri mu ngabire cenda za Mpwemu), bikavugwa mu buryo bw’umugisha cank’umuvumo, nk’uko tubona yabigize mu buzima bwa bamwe bamwe mw’Isezerano rya Kera (raba Ita. 27:27-29, 38-41; 49:1-27; Yos. 6:26 na 1 Abam. 16:34; Abac. 9:7-20, 57; 2 Abam. 2:23-24). No ngaho nyene, imigisha n’imivumo vyava ku Mana, ntibiva ku muntu. Rero, iciyumviro c’uk’umuntu ashobora “gushira umuvumo” ku wundi muntu n’ukudendekeranya. Ni co gituma Yesu atigishije abantu “gusangangura imivumo twavumwe n’abantu,” ahubwo yavuzeko “duhezagira abatuvuma.” Ntidukwiriye guhindishwa agashitsi n’imivumo y’abantu. Guhindishwa agashitsi n’imivumo y’abantu vyerekanako tutizera Imana. Ikimbabaza cane n’ukw’igihe mpura n’abungere benshi nsanga bizera inkomezi za Satani kuruta inkomezi z’Imana. N’aho nja mu bihugu vyinshi buri kwezi ntesha Satani uruhombo mu bwamio bwiwe, sinigera ntinya Satani cank’imivumo we n’abantu banshirako. Ntacotuma tugira ubwoba.

Imivumo y’Abanyamareba? (Occult Curses?)

Vyoshobokako umuntu agira umuvumo wa Satani kuko yigeze kugendera mu bintazi vy’abapfumu?

Ntidukwiriye kwibagirako tumaze kuvuka ubwa kabiri, twakuwe musi y’ubushobozi Satani n’ubwami bw’umwiza (raba Ivyak. 26:18; Kol. 1:13). Satani nta bubasha akidufiseko shiti tubimwemereye. N’aho Bibiliya ivuga yukw’abakristo ba Efeso bagendeye cane mu vy’ubupfumu imbere y’ugukizwa kwabo (raba Ivyak. 19:18-19), nta hantu Paulo yakuye “imivumo ya Satani” ku bantu canke ngw’abohe inkomezi za Satani kuri twebwe tumaze kuvuka ubwa kabiri. Ikibituma n’uko twimuwe dukurwa mu bwami bwa Satani tucizera Yesu.

Vyongeye, igihe Paulo yandikiye abakristo b’i Efeso, nta nyigisho yatanze zivugak’ukubohora abantu tubakura mu mivumo ya Satani canke ya basogokuruza. Ivyo yababwiye vyose ni “Ntimuhe wa Murwanizi icicaro” (Efe. 4:27), Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana” kugira ngo “mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bwa wa Murwanizi” (Efe. 6:11). Ivyo ni ibikorwa vy’umukristo wese.

Ni kuki, hamwe hamwe, abakristo benshi bafashijwe cane igihe babasengera bagasambura imivumo ya “basogokuruza” canke “imivumo ya Satani” kuri bo? Bishoboka yukw’abo basengewe bagize ukwizera yukw’igihe babasengerwa “umuvumo” ubavako. Ukwizera ni kwo kwirukana umurwanizi, kand’umukristo wese ategerezwa kand’ashobora kugira ukwizera kwo kurwanya umurwanizi, satani azohunga. Vy’ukuri, ntidukeneye gutumako “abahinga babohora” kugira ngo birukane Satani.

Mu kurangiza, Bibiliya itubwirako Kristo “yahinduwe umuvumo kubwacu, “ kandi mu kugira gurtyo “yaraducunguye mu muvumo w’ivyagezwe” (Gal 3:13, hongeweko insobanuro). Benshi muri twebwe twari mu muvumo w’Imana kuko twakoze icaha, ariko Yesu yikorera igihano twari kuronka, maze dukurwa mu muvumo. Imana ishimwe! Nta muvumo tukibamwo, turashobora kunezerwa kuko twahezagiwe” imigisha yose yo mu mpwemu ahantu ho mw’ijuru” (Efe. 1:3).

Intambara yo mu Mpwemu Yisunga Ivyanditswe (Scriptural Spiritual Warfare)

Turamaze kuvuga ku vyizerwa vy’ibinyoma vyinshi vyerekeye intambara yo mu mpwemu. Mbega har’intambara yo mu mpwemu ivyanditswe vyemera? Ego, kandi ni yo tugomba kuraba.

Kumbure ikintu ca mbere dukeneye kumenya ku ntambara yo mu mpwemu n’ukw’idashobora kuba inyigisho twama duhanze amaso. Dutegrezwa guhanga amaso Kristo, kumukurikira no kumwumvira, uko tubandanya dusa n’ishusho yiwe. Har’ivyanditswe bikeya mw’Isezerano Rishasha bivuga ku ntambara yo mu mpwemu, bitwereka yukw’itegerezwa gukurikiranwa mu buryo busanzwe ntituyihange amaso cane mu buzima rukristo.

Ica kabiri dukeneye kumenya ku ntambara yo mu mpwemu n’ukw’ivyanditswe bitubwira ivyo dukeneye kumenya gusa bijanye n’intambara yo mu mpwemu. Ntidukeneye ingabire yo gutahura cane (cank’umusiguzi yiyita kw’afise ukwo gutahura) ivy’”ibwina vya Satani.” Intambara yo mu mpwemu twigishwa n’ivyanditswe irasanzwe cane. Ubugunge bwa Satani bwarashizwe ku mugaragaro igihe turavye ivyanditswe. Igikorwa cacu na co kivugwa mu buryo butumbere kandi busobanuka cane. Umaze kumenya no kwizera ic’Imana yavuze, ndakubwiye yuk’utegerezwa kunesha iyo ntambara.

Gusubira ku Ntango (Back to the Beginning)

Dusubire mu gitabo c’Itanguriro, aho tubwirwa ivy’umurwanizi ubwa mbere. Mu bice vya mbere ngaha, Satani yagaragaye mw’ishusho y’inzoka. Kandi ntankeka iyi nzoka na yo ni we murwanizi, Ivyahishuriwe 20:2 harabitwereka: “afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani” (hongeweko insobanuro).

Itanguriro 3:1 hatubwira, “inzoka yarusha ubugunge ibindi bikoko vyose vyo mw’ishamba.”Igihe wiyumvira ingene bimwe mu bikoko Imana yaremye bifise ubugunge n’ubukerebutsi kugira ngo bibashe kubaho no kwirahira ico vyubuye, bituma wiyumvira ingene Satani yuzuye ubugunge. Ku rundi ruhande, Satani ntazivyose cank’agire ubwenge bwose nk’Imana, kandi ntitwiyumvireko turi hasi cane natwe igihe turwana iyi ntambara. Yesu yadutegetse kugira “ubwenge nk’ubw’ inzoka” (Mat. 10:16, hongeweko insobanuro). Paulo avuga yuko tutabura kumenya ubugunge bwa Satani (raba 2 Kor. 2:11) kandi ko dufise “ubwenge bwa Kristo” (1 Kor. 2:16).

Satani yarungise ubumara bwiwe bwa mbere tubona mu kubaza Eva kuvy’Imana yavuze. Inyishu yaronse ni yo yatumye amenyakw’afise ibakwe rwo kumuhenda ngo ntiyumvire Imana canke kw’atabakwe afise. Satani ntafise aho yoca umuntu wese azi kandi yizera ico Imana yavuze, ni co gituma ubuhinga bwiwe bwose bushingiye ku vyiyumviro vyo guhirika ijambo ry’Imana.

Satani aramubaza, ati “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw’Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?” (Ita. 3:1.) wokwibazakw’ari kibazo ciyoroheje kibajijwe n’umuntu ashaka kumenya, ariko Satani yar’azi intumbero yiwe iyari yo.

Eva yishura, ati “Ivyamwa ku biti vyo mur’iri tongo twemererwa kubirya: arikw’ivyama ku giti kiri hagati mw’itongo, ni vy’Imana yatubujije, ngo ‘ntitubiryko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa’” (Ita. 3:2-3).

Eva yavuze ukuri ararenzako. Mu bisanzwe, Imana ntiyababujije gukora ku giti kemenyekanisha iciza n’ikibi, ariko yababujije gusa kukiryako.

Eva yar’azi ukuri gukenewe kugira ngw’atahure ikinyoma cari mu nyishu ya Satani: “Haba n’intete ntimuzopfa!” (Ita. 3:4). Vy’ukuri, ico ni ikinyoma kigaragara kuko gihushanya n’amajambo Imana yari yababwiye, kandi Eva ntiyari gushoka acemera. Maze Satani ashira isukari mu kinyoma ciwe mu gushiramw’igice c’ukuri, nk’uko yama abigenza, kugira ngo abantu bashoke bamira borohewe. Arabandanya, ati” kukw’Imana izi yuk’umusi mwa biriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana mu vyo kumenya ikibi n’iciza” (Ita. 3:5).

Satani yavuze ibintu bitatu vy’ukuri biherekeza ikinyoma ciwe. Tuzi yuk’uhereye ku musi Adamu na Eva bariye ku camwa kizira, amaso yabo yaciye abona (raba Ita. 3:7) nk’uko Satani yabivuze. Vyongeye, Imana ubwayo yaravuzek’umuntu yabaye nka yo kuko yamaze kumenya ikibi n’iciza (raba Ita. 3:22). Menya neza: Satani yama avanga ikinyoma n’ukuri kugira ngw’ahubishe abantu.

Menya kandi ko Satani yabesheye kamere k’Imana. Imana ubwayo ntiyashaka ko Adamu na Eva barya ku camwa kizira kubw’inyungu n’umunezero wabo, ariko Satani abivuga mu buryo bwimvisha uyo mugore yukw’Imana yabimye ikintu ciza cane. Ni vyo Satani akoresha mu guhenda abantu kuri kamere k’Imana, imigambi, n’intumbero zayo.

Birababaje, umuryango wa mbere wo kw’isi wanse ukuri wizera ikinyoma, kandi barabonye ingaruka mbi z’iyo ngingo bafashe. Ariko menya yukw’ibigize icitwa intambara yo mu mpwemu iharawe bavuga mu nkuru zabo bati: ikirwanishwa ca Satani bw’ar’ububeshi gusa bikikujwe n’ukuri. Abantu barahawe guhitamwo kwizera ic’Imana yavuze canke ivyo Satani yavuze. Kwizera ukuri vyari kubabera “inkizo yo kwizera,” ariko ntibigeze bayikoresha.

Yesu Arwana Intambara yo mu Mpwemu (Jesus’ Spiritual Warfare)

Igihe dusoma ivyabaye kuri Yesu igihe yageragezwa na Satani mu bugaragwa, dusanga Satani atigeze ahindura uburyo akoresha n’aho hari haheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Inzira yiwe yogutera umuntu ni kumwereka kw’ivy’Imana yavuze atari vyo, kubera yukw’asanzwe azi yukw’inzira yiwe yokunesha abantu ar’ukubahitishamwo kwizera canke gukekeranya ukuri. Ijambo ry’Imana ni ryo bakoresheje mu kurwana intambara. Satani yatuye ikinyoma ciwe, Yesu akakineshesha ukuri. Yesu yar’azi ijambo ry’Imana no kuryizera. Iyo ni yo ntambara yo mu mpwemu.

Yesu yaciye mu rwego Eva, Adamu, natwe twese twama ducamwo. Yategerezwa guhitamwo kwumvira Imana canke Satani. Yesu yarwanye intambara yiwe akoresha “inkota ya Mpwemu,” ni yo jambo ry’Imana. Reka turabe ico twokwiga mu ntambara yo mu mpwemu turwana na Satani.

Mukuvuga ikigeragezo ca kabiri ca Yesu, Matayo ati:

Bun’Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero, aramubwira, ati “Ni waba ur’Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngw’’Azokuragiza abamarayika biwe, na bo bazokuramira mu maboko yabo, ngo kumbure ntutsitare kw’ibuye. Yesu aramubwira, ati”Vyongeye har’anditswe, ngo ‘Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe’” (Mat. 4:5-7).

No ngaha impari ziri kuvy’Imana yavuze. Satani yavuze umurongo akuye muri Zaburi igice ca mirongwicenda, ariko yarawuhiritse kugira ng’uvuge ic’Imana atar’atumbereye mur’uyo murongo.

Yesu yishura avuga ikindi canditswe gituma iryo sezerano ry’Imana ryumvikana nk’uko turisanga muri Zaburi 91. Imana izoturinda, ariko ntiduca dukora ibikora abasazi, “ngo tugerageze Imana,” nk’ukw’insiguro yo muri Bibiliya imwe y’icongereza ivuga musi y’uruparo.

Ni co gituma tudakwiriye kunobagura imirongo tuyikura mu yindi yanditswe muri Bibiliya. Icanditswe cose gitegerezwa gushigikirwa no gusuzumwa n’ibindi vyanditswe biri muri Bibiliya.

Guhirika ivyanditswe ni bumwe mu buhinga Satani akoresha mu kurwana intambara yo mu mpwemu n’abakristo babohewe mu kurwana intambara bita izo mu mpwemu nk’uko biharawe kand’atari vyo. akarorero ka vyo ni ingene amajambo yo muri Bibiliya nka “gushingura akarimbi” bakoresha mu gushigikira iciyumviro co gutera impwemu mbi ziri ahantu ho mukirere. Nk’uko maze kubivuga, iryo jambo, urisomye mu yandi ari kumwe na ryo usanga ritavuga ku gusambura impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. ariko Umurwanizi anezererwa n’ukwiyumvira bene uko, kugira ngo dutakaze umwanya wacu dukomera induru abakuru n’abafise inkomezi b’ahantu ho mw’ijuru.

Mu nkuru ivuga ikigeragezo ca Yesu ca gatatu nk’uko Matayo yanditse dusoma duti,

Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo, at’”Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.” Buno Yesu aramubwira, ati “Mvako , Satani, kuko vyanditswe, ng’’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yo nyene.’” (Mat. 4:8-10).

Iki kigeragezo cari gishingiye k’ubutware. Iyo Yesu asenga Satani, na Satani agashitsa ico yamusezeranye, Yesu yari kuba icegera ca Satani mu bwami bw’umwiza. Yari kuganza umuntu wese adakijijwe hamwe n’impwemu mbi zose, akagira ubushobozi mw’isi yose nk’uko Satani yarabufise aho hahise. Turashobora no kurota mu nzozi tukabona ingene vyari kugenda iyo Yesu yumvira ico kigeragezo.

Menya kandi yuko Yesu yanesheje ikigeragezo ca Satani akoresheje ijambo ry’Imana ryanditswe. Ikigeragezo cose mur’ivyo bitatu, Yesu yakinesha mu kuvuga ati,”handitswe ngo.” Natwe, dutegerezwa kumenya no kwizera ijambo ry’Imana namba tudashaka kurwa mu mitego y’ububeshi bwa Satani. Ivyo ni vyo bigeze intambara yo mu mpwemu.

Ikibanza c’Intambara (The Battle Ground)

Mu gice kinini, ubushobozi Satani n’abadayimoni biwe bafise ni ugushira ivyiyumviro bibi mu mitima n’ivyiyumviro vy’abantu (kandi n’ivyo vyarashingiwe akarimbi n’Imana; raba 1 Kor. 10:13). Dufise ico ciyumviro, reka turabe ututorero tw’ivyanditswe:

Petero aramubaza, ati “Ananiya, ni iki gitumye Satani yuzuza mutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukisigariza ku biguzi vy’ishamvu?” (Ivyak. 5:3, hongeweko insobanuro).

Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikariyota, mwene Simoni… (Yohana 13:2, hongeweko insobanuro).

Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima kuvy’impwemu zizimiza no kuvy’inyigisho z’abadayimoni… (1 Tim. 4:1, hongeweko insobanuro).

Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesha Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo (2 Kor. 11:3, hongeweko insobanuro).

Ntimukimane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bwo gusenga, kandi mwongere mu bane, Satani ntabageragereshe ukutirinda kwanyu (1 Kor. 7:5, hongeweko insobanuro).

Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo menye ukwizera kwanyu, ni kenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa (1 Tes. 3:5, hongeweko insobanuro).

…bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubakire w’ubutumwa bwizza bwa Kristo, ni we shusho y’Imana (2 Kor. 4:4, hongeweko insobanuro).

Ca gisato c’amahero kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw’isi bose, kikororerwa kw’isi abamarayika baco bakorokanwa na co (Ivyah. 12:9, hongeweko insobanuro).

Mwebwe mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubwa mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw’ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo (Yohana 8:44, hongeweko insobanuro).

Ibi vyanditswe bigaragaza neza cane yukw’ikibanza c’intambara ar’imirima yacu n’ivyiyumviro vyacu. Satani atera mu kuzanira abantu ivyiyumviro —impanuro mbi, ivyiyumviro batiri vyo, inyigisho z’ibinyoma, ibigeragezo, ububeshe butandukanda n’ibindi nk’ivyo. Twebwe dukoresha ukumenya, ukwizera, n’ukugendera ijambo ry’Imana mu kunrwana iyo ntambara.

Birakenewe cane kumenya yukw’ivyiyumviro vyose wiyumvira batava muri wewe. Satani afise abantu benshi bamuvugira no gushira ivyiyumviro bitari vyo mu bwenge bw’abantu. Adusuka acishirije mu binyamakuru, ibitabo, imbonesha kure, inyandiko, iradiyo, no mu bagenzi n’ababanyi bacu, mbere no mu basiguzi. N’intumwa Petero yigeze gukoreshwa na Satani kand’itabishaka, ibwira Yesu kw’atar’ubugombe bw’Imana kw’apfa (raba Mat. 16:23).

Ariko Satani n’impwemu mbi barashobora gukorera mu bwenge bw’umuntu, umuntu ntabimenye, ni co gituma har’igihe abakristo bisanga bari mu bitero sindamusiga. Aho ni ho intambara iba itanguye.

Ndibuka umukristo w’umugore yar’asanzwe ari umugenzi yaje kwatura ingorane yiwe kuri jewe. Avugakw’igihe cose asenze, har’ibijambo vy’ibishegu n’ivyiyumviro vyo kurogota biza mu bwenge bwiwe. Yar’umugore w’igikundiro, atuje, umugenzi, kandi yitanga cane mw’ishengero narongora, ariko yar’afise ingorane ikomeye mu vyiyumviro vyiwe.

Ndamusobanurira yukw’ivyo vyiyumviro bitava muri we, arikw’ari intambara aterwa na Satani, kugira ngw’asambure ubuzima bwiwe bwo gusenga. Aca ambwira yukw’atagisenga kukw’igihe cose atanguye gusenga yaca agira ubwoba kw’ivyo vyiyumviro bibi bisubira kugaruka. Satani yari yanesheje.

Nca ndamubwira asubire gusenga, kand’ivyo vyiyumviro vyo kurogoto bisubiye kugaruka mu vyiyumviro vyiwe, azobinesheshe ukuri kuva mw’ijambo ry’Imana. Hagize iviyumviro kimubwira ngo, “Yesu yar’ ——-, ace yishura ati, “Oya, Yesu yari kandi ni Umwana w’Imana.” Haje iciyumviro c’igishegu, akagisubiriza n’iciyumviro co kuninahaza Yesu, n’ibindi nk’ivyo.

Ndasubira kumubwira yukw’atinye kuronka ivyiyumviro bibi, azoba arikw’arabitumira kuza, kukw’ubwoba ar’igihushanye c’ukwizera—ni kwizera Umurwanizi. Ugerageje kwirinda kwiyumvira ikintu kanaka, ubwa uriko uraciyumvira kugira ng’uronke ingene ucirinda.

Akarorero, ndakubwiye nti, “Reka kwiyumvira ukuboka kwawe kw’iburyo,” uca wiyumvira ukuboko kwawe kw’iburyo kugira ng’ushobore kunyumvira. Uko ugeragezi ni k’ushishikara kuneshwa. Uburyo bwo kutiyumvira ukuboko kwawe kw’iburyo ni ukwiyumvira ikindi kintu, akarorero, nk’ibirato vyawe. Ushize ubwenge ku birato vyawe, ntazoba uziyumvira k’ukuboko kwawe kw’iburyo.

Narateye intege uwo mugore “kudatinye,” nk’uko Bibiliya ibitubwira. Kand’igihe cose amenyekw’iciyumviro kanaka gihushanye n’ijambo ry’Imana, yaca agisubiriza n’iciyumviro cemeranya n’ijambo ry’Imana.

Ndanezerejwe no kubabwirako yakurikije iyo mpanuro, kandi nah’intambara yabandanije imisi mikeya ukw’asenze kwose, yaranesheje rwose ubu nta ngorane nk’iyo agifise. Yaranesheje intambara yo mu mpwemu mu buryo bwemewe n’ivyanditswe.

Naratangaye igihe natahura, inyuma yo kwiga ku mashengero menshi, yukw’ikibazo c’uwo mugore kiri mu bantu benshi. Kenshi nk’igice c’abakristo bose nitegereje berekana yukw’igihe kanaka, bigeze kugira ivyiyumviro vyo kurogota igihe basenga. Satani ntiyahindutse.

“Suzuma Ivyo Wumviriza“ (“Take Care What You Listen To”)

Ntidushobora kubuza Satani n’impwemu mbi gutera ivyiyumviro vyacu, ariko ntidutegerezwa kwemera yukw’ ivyiyumviro vyiwe bihinduka ivyiyumviro vyacu. Bisigura yuko tudategerezwa kuguma twumviriza ivyiyumviro vy’abadayimoni n’impanuro biduha, ngo tubigendere. Nk’uko bimaze kuvugwa, “ Ntushobora kubuza inyoni zo mu kirere kuguruka zica hejuru yawe ariko ntushobora kwemera kozikwarika ku mutwe.”

Vyongeye, dutegerezwa kwirinda guha ivyiyumviro vyacu ibintu bituma twiyumvira mu buryo butari bwiza igihe cose tubifisek’ubushobozi. Igihe twicaye imbere y’imbonesha kure amasaha, cank’ibimenyesha makuru, tubaduhaye kaze ivyiyumviro bishobora kutoyoborera mu nzira y’abadayimoni. Ahejeje kuvuga ku mugani w’imbuto n’umubivyi, Yesu arabahanura ati, “Ntimuze mubumvire” (Mariko 4:24). Yesu yaramenye ubushobozi buri mu kwumviriza ibinyoma, bingana no kwemerera Satani gutera “imbuto” mu mutima no mu bwenge bwawe. Izo mbuto zitegerezwa gukura zinyohwa “n’amahwa” ari yo abuza ijambo ry’Imana riri muri twebwe (raba Mariko 4:7, 18-19).

Petero n’Intambara yo mu Mpwemu (Peter on Spiritual Warfare)

Intumwa Petero yaratahuye intambara yo mu mpwemu y’ukuri yemewe n’ivyanditswe. Nta na hamwe mu vyete vyiwe yigeze kubwira abakristo gusambura abakuru n’abafise inkomezi baganza ahantu ho mw’ijuru y’ibisagara. Ahubwo yababwiye ingene bategerezwa kurwanya:

Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera uwo yorotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yuk’imibabaro ihwanye ihwanye n’iyiwanyu ishitswa kuri bene Data bari mw’isi (1 Pet. 5:8-9).

Menya yuko Petero avugakw’ikibanza cacu mur’iyo ntambara ar’ukwirinda, s’ugutera. Satani ni we agendagenda yivuga, si twebwe. Arikw’araduhiga; si twebwe tumuhiga, igikorwa cacu s’ugutera ariko ni ukwivuna.

Ica kabiri, menyako Satani, nk’intambwe, arikw’arondera uwo yorotsa. Ni kuki ashaka kurotsa abakristo? Mbega Petero yavuzeko Satani yoturya inyama nk’intambwa nyene? Oya si vyo. inzira imwe gusa Satani yokoresha ngw’amire abakristo ni kubahenda kugira ngw’ukwizera kwabo gusamburwe.

Ica gatatu, menyako Petero atubwira kurwanya Umurwanizi mu kwizera. Intambara yacu s’iy’umubiri, kandi ntidushobora kurwanya Satani mu gukubita ikirere ibifunsi, adutera mu kutuzanira ibinyoma natwe tugahagara dushikamye mu kwizera ijambo ry’Imana. N’ubu kandi, iyo ni yo ntambara yo mu mpwemu ivyanditswe vyemera.

Abakristo Petero yandikiye bariko baca mw’ihamwa ridasanzwe, bageragezwa kurogota canke guheba ukwizera kwabo muri Kristo. Igihe turi mu mibabaro ni ho Satani aduteza gukekeranya n’ibindi binyoma vyiwe. Ni co gihe dusabwa guhagarara mu kwizera. Uyo ni wo “musi mubi” Paulo yavuze ko dukwiriye “kwambarira ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo duhagarareshe dushikamye kuri we musi mubi” (Efe. 6:11, hongeweko insobanuro).

Yakobo n’Intambara yo mu Mpwemu (James on Spiritual Warfare)

Intumwa Yakobo yaravuze ku ntambara yo mu mpwemu mu cete yanditse. Mbega yabwiye abakristo yukw’amasengesho yabo ashobora gutuma intambara y’abamarayika ineshwa n’uyu cank’uwundi? Oya. Mbega yababwiye gusambura abadayimoni b’ukwifuza, urwanko, n’akaborerwe biri mu bisagara vyabo? Oya. Mbega yarababwiye kwiga kahisi k’ibihugu kugira ngo bamenye impwemu mbi kugira ngo bamenye impwemu mbi ziganza ivyo bisagara uhereye kw’itanguriro? Oya.

Yakobo yizera intambara yo mu mpwemu, ihuriza hamwe n’ivyanditswe vyera:

Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga (Yakobo 4:7, hongeweko insobanuro).

Ubugira kandi, menyak’umukristo ahagarara mu kibanza co kwivuna—turarwanya, ntidutera. Igihe tubigize, Yakobo asezeranako Satani aca ahunga. Nta gituma afise co kuguma i ruhande y’umukristo yanse kwizera ikinyoma ciwe, cank’impanuro ziwe, canke yanse kwumvira ibigaragezo vyiwe.

Menyako Yakobo atangurira kudusaba kugamburukira Imana mu kwumvira ijambo ryayo. Ukurwanya Satani kwacu guhagaze k’ukugene twumvira ijambo ry’Imana.

Yohana n’Intambara yo mu Mpwemu (John on Spiritual Warfare)

Intumwa Yohana yanditse ku ntambara yo mu mpwemu nawe nyene mu cete ciwe ca mbere. Mbega yatubwiye kuja ahantu harehare kugira ngo tubomore impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru? oya. Mbega yaratubwiye ingene dushobora kwirukana abadayimoni b’ishavu mu bakristo bakunda gushavuzwa n’ubusa? Oya.

Ahubwo, Yohana, nka Petero na Yakobo, bizera intambara yo mu mpwemu yemewe na Bibiliya, ni co gituma impanuro zabo ari zimwe:

Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw’abigira abavugishwa n’Imana benshi badutse mw’isi. iki abe ari co kibamenyesha mpwemu w’Imana: impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri; iba yavuye ku Mana, kand’impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: kand’iyo mpwemu iba ar’iya Antikristo, iyo mwumvise kw’izoza, kandi n’ubu iramaze gushika mw’isi. Mweho mur’abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’Uwuri muri mwebwe aruta Uwuri mu b’isi. abo n’abava mw’isi, ni co gituma bavuga ivy’isi, ab’isi bakabumvira. Tweho tur’abava ku Mana; uwuzi Imana aratwumvira; uwutava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y’ukuri n’impwemu izimiza (1 Yohana 4:1-6).

Menyakw’ivyo Yohana avuga vyose mur’iki gice bishingiye ku binyoma vya Satani n’ukuri kw’Imana. Dutegerezwa gusuzuma impwemu tumenyeko ziva ku Mana, kand’ igipimo ni ukuri. Impwemu mbi ntizemera ko Yesu yaje mu mubiri. Zirabesha.

Yohana naw’atubwirako twanesheje impwemu mbi. Bisigura yuko, nk’abana b’ubwami bw’umuco, ntitukiganzwa n’impwemu mbi. Uwuruta bose, Yesu, aba muri twebwe. Abantu bafise muri bo Kristo ntibahindishwa agashitsa n’abadayimoni.

Yohana avugakw’isi yumvira impwemu mbi, bisigurakw’izo mpwemu mbi zivuga. Turaziko zidasemerera mu kuvuga, ariko zishira ibinyoma mu vyiyumviro vy’abantu.

Nk’abakurikira Kristo, ntidukwiriye kwumviriza ibinyoma vy’impwemu mbi, kandi Yohana yavuze yukw’ab’Imana batwumvira, kuko dufise ukuri; dufise ijambo ry’Imana.

Ubugira kandi, tahurak’ubuhinga bwa Satani bushingiye kuguhendahenda abantu ngo bizera ibinyoma vyiwe. Satani ntashobora kutunesha igihe tuzi kandi tugendera ukuri. Iyo ni yo ntambara yo mu mpwemu nk’ukw’ivyanditswe vyemeza.

Ukwizera ni rwo Rufunguzo (Faith is the Key)

Kumenya ijambo ry’Imana gusa ntibihagije umuntu aneshe intambara yo mu kwizera. Vyugariye k’ukwizera vy’ukuri ic’Imana yavuze. Ni ko bigenda mu kurwanya Satani n’abadayimoni. Akarorero, dusubire kuraba akarorero tumaze kubona, igihe Yesu yaha abigishwa biwe “ubushobozi bwo gusenda impwemu zihumanye” (Mat. 10:1). Dusubira kubabona inyuma y’ibice ndwi, bananiwe gukiza umuhungu arwaye intandara.

[8]

Yesu abonye ko bananiwe, avuga atuntuye:

“Yemw’ab’iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe, nzogeza ryari kubihanganira?”(Mat. 17:17, hongeweko insobanuro).

Yesu yababajwe n’ukutizera kwabo. Vyongeye, igihe abigishwa biwe bamubaza icatumye batabasha gusenga uyo mudayimoni, Yesu yabishuye ati, ”ni kubera ukutizera kwanyu” (Mat. 17:20). Rero tubona yukw’ubushobozi bwo gusenda abadayimoni bari bahawe butashoboye gukora bwo nyene ata kwizera kurumwo.

Gusenda abadayimoni no kurwanya Umurwanizi vyenena ku kwizera kwacu mw’ijambo ry’Imana. Igihe twezeye vy’ukuri ivy’Imana yatubwiye, duca tubigendera no kubikora. Imbwa ziruk’inyuma y’abazihunze, ni ko bimeze no kuri wa Mubi. Umuhunze, umurwanizi aragukurikira. Uhagaze ushikamye mu kwizera, Satani azoguhunga (raba Yak. 4:7).

Nta nkeka ukwizera guke kw’intumwa kwagaragariye abantu bose, n’aho bagerageje, barananiwe, impwemu mbi ntiyavuye muri wa muhungu. Namba iyo mpwemu mbi yasubiye kugira imbere ya Yesu ivyo yagiriye abigishwa, ajugunya umwana “imujegeza cane” (Luka 9:42) akabima ifuro ryinshi (raba Mariko 9:20), birashobokak’ukwizera kw’abigishwa kwahindutse ubwoba.kumbure baguye igihura kubera ivyo biboneye.

Umuntu afise ukwizera, ntahindishwa agashitsi n’ivyo abona, ahubwo, yumira ku’Imana yamubwiye. “Ntugende mu kwizera, ntitugenda mu kubona” (2 Kor. 5:7, hongeweko insobanuro). Imana ntishobora kubesha (raba Tit. 1:2), ni co gituma n’ah’ivyo turimwo vyosa n’ibihushanya n’ico Imana yatubwiye, dutegerezwa kuguma mu kwizera gushikamye.

Menyako Yesu yakijije uyo muhungu mu misogonda mikeya. Yabigize mu kwizera. Ntiyatakaje umwanya wiwe agirisha “intambuko zo kubohora.” Abizera Imana yabo n’ubushobozi yabahaye ntibakeneye amasaha kugira ngo basende abadayimoni.

Vyongeye, ntaho tubona ko Yesu yasemereye mu gusenda abadayimoni. Kandi Yesu ntiyigeze abwira adayimoni kuva mu bantu ngw’abivuge abizubiramwo incuro nyinshi. Yakoresha ijambo rimwe gusa. Gutanga tegeko rya kabiri vyerekana ugukekeranya.

Incamake (In Summary)

Umwigisha agira abigishwa yigisha, abera abantu akarorero mu mvugo no mu ngiro, intambara yo mpwemu yemewe n’ivyanditswe, kugira ngw’abigishwa biwe bashobore guhagarara barwanya ubugunge bwa Satani kandi bagendere mu kwumvira amategeko ya Kristo. Ntiyemerera abigishwa biwe gukurikira “imiyaga y’inyigisho” zihayagiza imikorere itemewe n’ivyanditswe, amenya yukw’abakora ivyo bahushije intumbero kandi bamaze kuzimizwa na Satani, kandi bavuga yuko bamurwanya bakamunesha.

 


[1]

Naravuze cane kur’iyi nyigisho mu gitabo canje, igipimo c’Imana, ushobora kugisanga mu kinyamakuru cacu citwa,

[2]

Har’ikintu kimwe gusa co gorana igihe umuntu yaboshwe cane n’abadayimoni gushika ah’umuntu adashobora kwifatira ingingo canke yerekane icifuzo ciwe co kubohorwa. Mur’ico gihe, har’ingabire za Mpwemu zitandukanye zikora kugira ng’uwo muntu abohoke, kand’ingabire za Mpwemu zikora nk’uko Mpwemu avyishakiye.

[3]

Uko Paulo avuga abatizera mu Baroma 1:18-32 bishigikira iki ciyumviro.

[4]

Ni vyo, mu bice bitandukanye vyo kw’isi, har’igitigiri kinini canke gitoya c’abantu mu bwami bumwe mur’ubwo bibiri.

[5]

Abavuga yuk’umuntu “akijijwe, yama akijijwe ibihe vyose” ntibashobora kuvyemera. Nobasaba gusoma Rom. 11:22; 1 Kor. 15:1-2; Fil. 3:18-19; Kol. 1:21-23 na Heb. 3:12-14, no kuraba ahanditswe akajambo “namba”.

[6]

“Impwemu y’ishari” ivugwa mu Guharura 5:14-30 n’ “impwemu y’ubwibone” mu Migani 16:18 n’uturorero twiza tw’ijambo impwemu rikoreshwa mu kwerekana ingeso kanana yiganziye umuntu, atar’idayimoni kanaka. Mu Guharura 14:24 tubona Kalebu yar’afise “impwemu idasanzwe,” bisigura ingeso nziza ya Kalebu.

[7]

Ntibisigura yukw’abana batagwa mu mporero y’ivyaha vy’abavyeyi vyabo, kuko vyama vyabaye. Igihe bishitse, ntibisigura yukw’Imana iba iriko irahana abo bana kubera ivyaha vya ba se, ariko vyerekana yukw’abantu ari babi gushika aho bakora ivyaha baziko bizogirira abana babo ingaruka mbi. Biragaragara kandi mu vyanditswe yukw’Imana kubw’ubuntu bwayo ishobora kudahana umuntu arikw’ikabika ico gihano ngwo kirwe ku ruvyaro rukurikira canke n’urwa kane igihe ibonako rukwiriye ico gihano. Nk’uko nyene irashobora kubikira uruvyaro rukurikira canke n’urwa kane imivumo ya basekuru (raba Yer. 16:11-12). Ibi biratandukanye no guhanira umuntu ivyaha vya sekuru.

[8]

Dutegerezwa kwiyubara ntituvuge kw’intandara zose zitumwa n’uk’umuntu yinjiwemwo n’impwemu mbi.