Ivyizerwa ku Ntambara Zo Mu Mpwemu, Igice ca 1

Igice ca Mirongwitatu (Chapter Thirty)

Inyigisho z’intambara zo mu mpwemu ziraharawe cane mu mashengero y’iki gihe. Ariko birababaje, ivyo bigisha vyose binyuranya n’ivyanditswe. Ni co gituma abakozi benshi bo kw’isi bigisha no kugendera mu vyo bita intambara za mpwemu Bibiliya itigera yigisha. Vy’ukuri har’ikintu ivyanditswe vyigisha ku ntambara yo mu mpwemu, kand’ico ni co amukozi agira abigishwa yihatira kumenya no kwigisha.

Mur’iki gice no mu gikurikira ndaza kuvuga ingene abantu batahura nabi ivya Satani n’intambara yo mu mpwemu. Har’igitabo cose gikwiye nanditse kur’izo nyigisho ciswe, Ivyizerwa kuri Satani n’intambara yo mu mpwemu. Ico gitabo cose ushobora kugisoma ku kinyamakuru cacu

[1]

 

Daniyeli avugako yibabaje indwi zitatu mu mwaka wa gatatu w’intwaro ya Kuro, umwami w’i Buperesi, igihe umumarayika yamwihishurira ku ruzi Hidekeli. Umumarayika yar’azanwe no kumuha ugutahura kazoza ka Isirayeli, kandi turamaze kwiga muri make ico Daniyeli yabwiwe mur’ukwo guhishurirwa kwiwe mu gice kivuga ivy’Iduzwa n’Ibihe vy’Iherezo. Bariko baravugana, umumarayika abwira Daniyeli ati:

Nta co utinya, Daniyeli; kuk’uhereye igihe washiriye umutima k’ugutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ayo majambo yawe nyene, ni yo anazanye. Ariko segaba w’ubwami bw’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya; hanyuma, Mikayeli, umwe wo mubagabisha bahambaye, aza ku ntabara, sigarayo mu bami b’i Buperesi (Dan. 10:12-13, dushimikiye ku nsobanuro).

Daniyeli amenyakw’isengesho ryiwe ryumviwe indwi zitatu imbere yo kuza kw’umumarayika, kuko vyafashe uwo mumarayika indwi zitatu ngw’ashikire Daniyeli. Icatumye uyo mumarayika atinda mu nzira n’uk’”umwami w’ubwami bw’i Buperesi” hamurwanije. Ariko yarashoboye kuronk’ah’aca, igihe Mikayeli, ”umwe wo mu bagabisha bahambaye,” yaza kumutabara.

Igihe umumarayika yarikw’asezerana Daniyeli, yamubwiye ati,

Ngomba nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi nitatabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza. Ariko ndakubarira ivyanditse mu gitabo c’ivy’ukuri: kandi ntawuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu (Dan. 10:20-21).

Hari ibintu bitandukanye dushobora kwiga mur’iki gice. Turabona yuko n’abamarayika b’Imana batagira inkomezi zose, ariko bagatumwa kurwanya abadayimoni.

Ica kabiri, tubona yukw’abamarayika bamwe bamwe (nka Mikayeli) basumba inkomezi abandi (nk’uy’arikw’avugana na Daniyeli).

Ibibazo Tudashobora Kuronkera Inyishu

(Questions for Which We Have No Answers)

Turashobora kwibaza “Ica tumye Imana itarungika Mikayeli hamwe n’uyo mumarayika yarungitswe kuri Daniyeli ubwa mbere kugira ngo ntacererwe indwi zitatu zose?” Bibiliya ntitubwira igituma Imana yarungitse umumarayika izi neza kw’adashobora kurengana “umwami w’i Buperesi” Mikayeli atarinze kumutabara. Kanatsinda, ntituzi n’igituma Imana irinda gukoresha umumarayika ashire umuntu ubutumwa! Ni kuki itavyigirira, canke ngw’ivugane na Daniyeli mu jwi ryumvikana cank’iduze Daniyeli mw’ijuru akanya gato imwibwirire? Nta na kimw tuzi.

Ariko none ico canditswe cerekana ko hama intambara y’urutavanako mw’ijuru hagati y’abamarayika b’Imana n’abamarayika ba Satani? Oya namba, werekanako , haraheze imyaka igihumbi, har’intambara y’indwi zitatu hagati y’umumarayika w’Imana adafise inkomezi zose n’umumarayika wa Satani yitwa “segaba w’i Buperesi,” kand’iy’Imana ibishaka ntiyari kubaho. Iyindi ntambara y’abamarayika ivugwa muri Bibiliya n’imwe izobera mw’ijuru, nk’uko yanditswe mu gitabo c’Ivyahishuriwe. N’iyo gusa. Hagiz’umuntu avugako har’izindi ntambara z’abamarayika ziba canke zabaye, kizoba ar’iciyumviro ciwe gusa kandi si ciza namba.

Icizerwa Gishingiye Ku Kinyoma (A Myth Based Upon a Myth)

Mbega iyo nkuru ya Daniyeli n’umwami w’i Buperesi irashobora kwemeza yukw’inyifato yacu ngaha kw’isi ituma umwe mur’abo bamarayika anesha intambara? Ikindi, mbega ico ciyumviro cemeza (gifatiye ku vyanditswe bikeya cane) yuko hari intambara y’urutavanako hagati y’abamarayika. Mbega iyo nkuru ya Daniyeli irashobora kwemeza yukw’ingene turwana intambara mu mpwemu bituma hagira umwe anesha hagati y’abamarayika b’umwiza n’ab’umuco?

Ikibazo gikunda kubazwa n’abashigikira ico cizerwa gihagaze ku kinyoma ni iki, “None vyarikugenda gute iyo Daniyeli asenga umusi umwe gusa?” inyishu y’ico kibazo, nta n’umwe ayizi, kuko tubonako Daniyeli atahagaritse gusenga Imana gushik’ah’umumarayika atavuzwe izina ashika. Igituma babaza ico kibazo ni kugira ngo batwemezeko Daniyeli, mu gushishikara kurwana intambara mu mpwemu, ari we yafashije uwo mumarayika guca inzira yo kumushikira. Iyo Daniyeli ahagarika kurwana iyo ntambara mu mpwemu, umumarayika ntiyari gushobora kurengana umwami w’i Buperesi. Bakagomba kutwemeza yuko natwe, nk’uko Daniyeli yabigize, dutegerezwa gushishikara kurwana intambara yo mu mpwemu, kuko tuzabandanije har’umumarayika w’umwiza yohava anesha umumarayika Imana iturungikira.

Ica mbere, reka mugeko Daniyeli “atarikw’arwana intambara yo mu mpwemu”—yarikw’ arasenga Imana. Ntaho tubonako yigeze avuga icitwa umumarayika w’umwiza, cank’ababoha, cank’’arwana” na bo. Uhubwo, Daniyeli ntiyar’azi n’uko har’intambara irikw’iraba hagati y’abamarayika atar’igihe umumarayika tutazi izina yamushikira haheze indwi zizata akabimwibwirira. Yamaze izo ndwi zitatu yisonzesha no kurondera Imana.

Rero reka dusubiremw’ikibazo: iyo Daniyeli ahagarika ugusenga kwiwe ku musi wa mbere cank’uwa kabiri, mbeg’uyo mumarayika tutazi izina ntiyari kumuzanira ubutumwa yatumwe n’Imana? Ntavyo tuzi. Reka ndakubwirak’uyo mumarayika atigeze abwira Daniyeli, ati “Wagize neza kubandanya usenga, ahandi ho sinarikuza.” Oya, umumarayika yashimiye Mikayeli yamufashije kurengana. Imana ni yo yarungitse uyo mumarayika tutazi izina hamwe na Mikayeli, kandi yabarungitse ngo yishure isengesho rya Daniyeli yasaba ugutahura ibizoshikira Isirayeli muri kazoza.

Vyoba bibi kwiyumvira yukw’iyo Daniyeli ahagarika ugusenga cank’ukurondera Imana, Imana yariguca ivuga it, “ RERO mwa bamarayika babiri, Danieyli yahagaritse amasengesho yiwe no kwisonzesha, n’aho narindungitse umwe muri mwebwe kumushira ubutumwa igihe yatangura gusenga ku musi wa mbere, kuva nta butumwa ngombako mushira Daniyeli. Kandi menyakw’igice ca cumi na kimwe n’ica cumi na kabiri bitari kuba mu gitabo ca Daniyeli.”

Vy’ukuri Daniyeli yarashishikaye mu gusenga (si “mu ntambara yo mu mpwemu”), kandi Imana yamwishuye mu kurungika abamarayika. Natwe, dutegerezwa gushishikara mu gusenga Imana, kand’Imana ibishatse, inyishu zacu zirashobora kuzanwa n’abamarayika. Ariko ntiwibagireko Bibiliya itwereka abamarayika benshi bashiriye abantu b’Imana ubutumwa bukomakomeye kandi batari mu masengesho, canke ngo basenge indwi zitatu zitatu.

[2]

Twisuzume neza. Ikirengeye vyose, har’ivyanditswe vyinshi bitwereka abamarayika bashira abantu ubutumwa kandi batarinze kurwana n’abamarayika b’umwiza bava mw’ijuru. n’aho boba bararwanye n’abamarayika b’umwiza kugira ngo bashika ubutumwa barungikanywe, ntavyo tuzi, kukw’ata Bibiliya ibiugako.

Reka turabe ikindi cizerwa ca gatatu giharawe.

Icizerwa ca #3: “ Igihe Adamu Yacumura, Satani Yaciye Ahabwa Gutwara Isi.”

(Myth #3: “When Adam Fell, Satan Got Adam’s Lease to Control the World.”)

Ni igiki cabaye kuri Satani igihe isi yaharurwako icaha? Hari abiyumvirako Satani yashizwe hejuru igihe Adamu yakora icaha. Bavugako Adamu yar’”imana y’iyi si,” arikw’igihe yarwa mu caha Satani yaciye afata ico kibanza, bica bituma ashobora gukora ico ashaka cose kw’isi. N’Imana ntiyar’igishoboye kubimwankira uhereye ico gihe, kuko Adamu ari we yar’afise “ubwo burenganzira” bwo guha Satani ico kibanza, kand’Imana yategerezwa kwubahiriza amasezerano yagiraniye na Adamu n’ah’amaze guhabwa Satani. Bavuga yuko Satani ari we afise “iragi rya Adamu,” kand’Imana idashobora guhagarika Satani gushika igihe “Isezerano ryayo na Adamu rishika kw’iherezo.”

Mbeg’ico ciyumviro ni co? Mbega Satana yarahawe “Uburenganzira bwa Adamu” igihe isi yaharurwakw’icaha?

Si vyo namba. Nta kintu na kimwe Satani yahawe igihe Adamu yakora icaha atar’ukuvumwa n’Imana no gushirirwa akarimbi ku misi yiwe.

Bibiliya ntiyigera ivugako Adamu yar’”imana y’iyi si.” Ica kabiri, Bibiliya ntivugako Adamu yar’afise uburenganzira aha uwundi muntu ubutware bw’isi nk’uko benshi babivuga. Ica gatatu, Bibiliya ntivugako Adamu yar’afise isezerano rizorangira umusi umwe. Ivyo vyiyumviro vyose ntivyemewe na Bibiliya.

Ni ubuhe bushobozi adamu yar’afise kera? Dusoma mw’Itanguriro kw’Imana yabwiye Adamu na Eva “ bavyare barondoke, buzure isi, bayiganze; baganze amafi yo mu kiyaga n’inyoni zo mu kirere, no ku bifise ubugingo vyose vyo kw’isi” (Ita. 1:28, hongeweko insobanuro).

Nta kintu Imana yabwiye Adamu co kuba “imana” y’isi, canke kuganza ibintu vyose, nk’ibihe, n’abantu bose bazovuka muri kazoza, n’ibindi nk’ivyo. Yahaye gusa Adamu na Eva, nk’abantu ba mbere, kuganza amafi, inyoni n’ibikoko no kwuzuza isi no kuyiganza.

Igihe Imana yacira urubanza umugabo, ntiyamubwiye kw’atakaje “ububama bwiwe kw’isi.” Kandi, nta kintu co kubura ubutware ku fi, inyoni n’inka yabwiye Adamu canke Eva. Kanatsinda, abantu baracaganza ifi, inyoni “n’ibitungano vyo kw’isi.” Abantu baracacuzuza isi no kuyiganza. Nta bubasha Adamu yahawe n’Imana yatakaje igihe yakora icaha.

Mbega Satani s’”Imana y’Iyi Si?” (Isn’t Satan “God of This World”?)

Mbega Paulo ntiyise Satani “imana y’iyi si,” na Yesu amwita “segaba w’iyi si”? Ego barabivuze, ariko nta n’umwe muri bo yavuze ko Adamu yar’”imana y’iyi si” canke ko Satani yabihawe n’ugucumura kwa Adamu.

Vyongeye, Satani kwitwa “imana y’iyi si” ntibisigurako Satani ashobora kugira ic’ashaka cose kur’iyi si canke kw’Imana idashoboye kumuzibira. Yesu ni we yavuze ngo, “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi” (Mat. 28:18, hongeweko insobanuro). Ko Yesu afise ubushobozi bwose kw’isi, bisigurako Satani adashobora gukora adahawe uruhusha na we.

Ni nde yahaye Yesu ububasha kw’isi no mw’ijuru? Ni Imana Data ubwiwe, kukw’ari we abufise kandi ashobora kubuha Yesu. Ni co gituma Yesu yiswe na Se “Umwami w’ijuru n’isi” (Mat. 11:25; Luka 10:21, hongeweko insobanuro).

Imana ni yo yamanye ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi kuva kw’irema. Yahaye ubu- shobozi bukeya abantu ba mbere, kand’abantu ntibigeze batakaza ic’Imana yabahaye.

Igihe Bibiliya ivuga ko Satani ar’imana y’iyi si, bisigura gusa yukw’abantu bo mw’isi (abatara vuka ubwa kabiri gusa) bakurikira Satani. Ni we bakorera, babimenya canke batabimenya. Ni we mana yabo.

Mbega Satani Yarabihawe Koko? (Satan’s Real-Estate Offer?)

Abemerako Satani yabihawe koko bisunga inkuru ivuga ingene Satani yagerageje Yesu mu bugaragwa, nk’uko Matayo na Luka bavyanditse. Reka turabe ivyo Luka yanditse tubikuremw’icigwa:

[Satani] Amaramudugana [Yesu], amwereka ubwami bwose bwo mw’isi mu kanya gato. Umurwanizi aramubwira, ati “Ndaguha ububasha bwose n’ubwiza bwabo, kuko jewe nabuhawe , kandi mbuha uwo ngomba wese: nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubwo bwose buraba ubwawe.” Yesu aramwishura, ati ‘Vyanditswe ng’Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene’” (Luka 4:5-8).

Mbega ivyo ni vyo vyerekanako Satani afise ububasha bwose kw’isi, canke ko Adamu yabumuhaye, canke kw’Imana idashobora kuzibira ikibi? Oya, kandi har’imvo nyinshi.

Iya mbere, dutegerezwa kwirinda kwizera ibivuzwe n’uwo Yesu yise “se w’ibinyoma” (Yohana 8:44). Har’igihe Satani avuga ukuri, ariko ngaha, dutegerezwa kugaba cane, kukw’ivyo Satani avuga ngaha bihushana n’ivy’Imana yavuze.

Mu gice ca kane c’igitabo ca Daniyeli, tubona inkuru y’Umwami Nebukadineza ateterezwa. Nebukadineza, mu bwibone kw’ib’icicaro ciwe n’ivyo yakoze, yabwiwe n’uwavugishwa n’Imana yitwa Daniyeli yukw’agiye guhabwa ubwenge bw’igikoko gushika ah’azotahurakw’”Isumba vyose ari yo iganza ubwami bw’abantu, ikabugabira uwo igomba wese” (Dan. 4:25, hongeweko insobanuro). Iri jambo rivugwa incuro zine ryemeza iyi nkuru, mu kurishimangira (raba Dan. 4:17, 25, 32; 5:21).

Menyako Daniyeli yavuze ati, “Isumba vyose ari yo iganza ubwami bw’abantu.” Mbega ntivyerekanakw’Imana ifise ubushobozi na bukeya kw’isi?

Menya kandi kw’ivyo Daniyeli yavuze bihushana n’ivyo Satani yabwiye Yesu. Daniyeli yavuzekw’ Imana “ibugabira uwo igomba wese,” na Satani akavuga kw’”abuha uwo yishakiye” (Luka 4:6).

Ubona uhava wizera nde? Jewe nizera ivyo Daniyeli yavuze.

Ariko, birashobokako Satani yavuze ukuri—igihe turavye ivyo yavuze k’urundi ruhande.

Satani ni “imana y’iyi si,” nk’uko maze kuvyerekana, bisigurakw’aganza ubwami bw’umwiza kw’isi, bukabamw’abantu bose bo kw’isi bahisemwo kugarariza Imana. Bibiliya iravuga “kw’isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). Igihe Satani yavugakw’ashobora guha uw’ashaka ubushobozi bw’ubwami bwo kw’isi, arashobora kuba yarika’avuga aho aganza gusa, ubwami bw’umwiza, bugizwe n’ubwami butobuto bugereranywa n’ama Leta yo kw’isi. Ivyanditswe bitubwirako Satani afise inzego zitandukanye z’impwemu mbi akoresha mu kuganza ubwami bwiwe (raba Efe. 6:12), kandi ni we agena cank’abogoza izo mpwemu mbi mu ntwaro yiwe, kukw’ari we segaba wazo. Mur’ico gihe, Satani yarikw’abwira Yesu ikibanza ca kabiri mu bwami bw’abadayimoni—kukw’aguma ikibanza ca mbere—bafashanye kuganza ubwami bw’umwiza. Ico Yesu yasabwa kugira gusa kw’ar’ukumusenga no kumupfukamira. Imana ishimwe ko Yesu yarenganye aho hantu bituma “itera imbere cane.”

Ni Nde Yahaye Satani Ubwo Bubasha? (Who Gave Satan His Authority?)

Mbega ko Satani yivugiyeko “yahawe” ubwo bushobozi?

Ndabisubiyemwo, Satani arashobora kuba yarikw’arabesha. Reka twiyibagize ikinyoma ciwe twemereko yavuze ukuri.

Menyako Satani atavuzeko yabuhawe na Adamu. Nk’uko tumaze kubibona, Adamu ntiyarigushobora kubuha Satani kuko na we nyene ntabwo yarafise. Adamu yahawe kuganza ifi, inyoni, inka, ntiyahawe kuganza ubwami. (kanatsinda, igihe Adamu yakora icaha nta bwami bw’abantu bwari ho ashobora kuganza.) Vyongeye, namba Satani yarikw’aha Yesu ububasha bwo kuganza mu bwami bw’umwiza, burimw’abadayimoni n’abantu badakijijwe gusa, birumvikanakw’ata kuntu na kumwe Satani yarigushobora guha Satani ubwo bubasha kukw’ataho yari kubukura. Satani yaganza abamarayika bakorowe kumwe na we Adamu atararemwa.

Satani ahobora kuba yarikw’avugakw’abantu bose bo kw’isi bamuhaye ubushobozi bwo kubaganza, kuko banse kwumvira Imana bituma, babimenya canke batabimenya, baba abaja biwe.

Har’ikindi gishoboka iyo tuvuzekw’ Imana ubwayo ari yo yamuhaye ubwo bushobozi. Birashoboka, turavye ivyanditswe, kw’Imana yabwiye Satani, iti “wewe n’abadayimoni bawe ndabahaye uruhusha rwo kuganza umuntu wese atanyumvira.” Ndaziko udashobora kubitahura buno nyene, ariko arahava ushika ah’ubonakw’ari yo nsobanuro nziza twoha iryo jambo Satani yavuze. Namba Imana iri yo “aganza ubwami bw’abantu” (Dan. 4:25), ububasha bwose Satani yogira ku bantu butegerezwa kuva ku Mana.

Satani aganza ubwami bw’umwiza gusa, dushobora kwita “ubwami bw’intabarirwa.” Yatanguye kuganza mur’ubwo bwami kuva igihe akuwe mw’ijuru, ico gihe Adamu ntiyari bwa cumure canke bwa remwe. Gushika igihe Adamu yacumuye, ubwami bw’umwiza bwarimw’abadayimoni gusa. Ariko kuva ku gihe Adamu yacumura, yaciye yinjira mu bwami bw’intabarirwa, ni ho ubwami bwa Satani butari bukibamw’abadayimoni gusa, bwaciye bujamwo n’abantu b’intabarirwa.

Satani yaganza isi yiwe y’umwiza Adamu atarabaho, rero ntidusubire kwiyumvira yukw’igihe Adamu yacumura, ari ho Satani yaciy’aronka ivyo Adamu yar’afise . Oya, igihe Adamu yakora icaha, yaciye yinjiri mu bwami bw’intabarirwa kandi bwari busanzwe bubaho kuva kera, ubwami bwaganzwa na Satani.

Mbega Imana Yaratangajwe N’uko Kurwa? (Was God Surprised by the Fall?)

Irindi kosha riri mu nyigisho z’abavugako “har’ivyo Satani yungutse” ni uko bituma Imana iboneka nk’ikijuju, nk’aho yishize mu mutego kubera ivyabaye. Mbeg’Imana ntiyamenyeko Satani azogerageza Adamu na Eva bitume abantu bakurwa mu bwiza bw’Imana? Kukw’Imana izi vyose, itegerezwa kuba yar’izi ibizokoreka. Ni co gituma Bibiliya itubwirako yashizeho umugambi wo kuducungura imbere n’ukw’icaha gikorwa (raba Mat. 25:34; Ivyak. 2:2-23; 4:27-28; 1 Kor. 2:7-8; Efe. 3:8-11; 2 Tim. 1:8-10; Ivyah. 13:8).

Imana yaremye wa mubi izi kw’azoyivako, yeremye na Adamu na Eva iziko bazoyicumurako. Satani ntiyarigushobora guhenda Imana ngw’aronke ic’Imana itateguyeko Satani aronka.

Mbega mvunzekw’Imana yateguyeko Satani ab’”imana y’iyi si?” Ego, kugirango bishitse umugambi wayo. Iy’Imana idakundako Satani akora, yariguca imuhagarika, nk’ukw’Ivyahishuriwe 20:1-2 biterekakw’azo bikora umusi umwe.

Sindiko mvugako, Imana ishakako hagira umuntu n’umwe aguma mu bwami bwa Satani. Imana igombak’umuntu wese akizwa agakira ugahahazo ka Satani (Ivyak. 26:18; Col. 1:13; 1 Tim. 2:3-4; 2 Pet. 3:9). Arikw’Imana yemerera Satani kuganza umuntu wese akunda umwijima (raba Yohana. 3:19)—abashishikara kurwanya Imana.

Har’ico twakora none ngo dufashe abantu guhunga ubwami bwa Satani? Ego cane, turashobora kubasengera no kubabwira bihane no kwizera ubutumwa bwiza (nk’uko Yesu yabiidutegetse). Igihe bemeye, bacabava musi y’ububasha bwa Satani. Ariko igihe twiyumvirako dushobora “gusangangura” impwemu mbi ziboshe abantu ni kwihenda. Abantu bahisemwo kuguma mu mwiza, Imana irabareka. Yesu yabwiye abigishwa biwe yukw’igihe binjiye mu gisagara kanaka bakanka kwizera ubutumwa bwabo, baze bakunkumure umukungugu w’ibirenge vyabo bigire mu kindi gisagara (Mat. 10:14). Ntiyababwiye kugumayo basangangure impwemu mbi ziri mur’ico gisagara kugira ngw’abantu bashobore kwemera cane ubutumwa babazaniye. Imana irekura impwemu z’abanyakibi zigume mu buja kuko banse kw’ihana no kuyigarukako.

Ibindi Vyemezako Ububasha bw’Imana Busumba Ubwa Satani

(Further Proof of God’s Supreme Authority Over Satan)

Hari ivyanditswe vyinshi vyerekanako Imana igifise ububasha kuri Satani n’aho Adamu yakoze icaha. Ivyanditswe vyerekana kw’Imana yamanye kandi izokwama ifise ububasha kuri Satani. Satani ashoboye gukora ic’Imana imwemereye gusa. Reka duhere ku vyanditswe vy’Isezerano rya Kera bivyemeza.

Ibice bibiri vya mbere mu gitabo ca Yobu vyerekana neza kw’Imana ifise ububasha kuri Satani. Aho ni ho dusoma yuko Satani, imbere y’intebe y’Imana, yarikw’arega Yobu. Mur’ico gihe Yobu yasumba abantu bose kw’isi kwubaha Imana, maze Satani aramwituma. Imana imenyako Satani “yashize umutima” kuri Yobu (Yobu 1:8, har’insobanuro yanditswe muri Bibiliya y’icongereza yitwa NASB), ni ho yumviriza ibirego Satani arega Yobu kw’akunda Imana kuber’imihezagiro yamuhaye (raba Yobu 1:9-12).

Satani yavuzekw’Imana yakingiye Yobu asabakw’imikurakw’imihezagiro yayo. Imana na yo yemerera Satani kubabaza Yobu gushika ku rwego runaka. Mu bisanzwe, Satani ntiyari gushobora gukora ku mubiri wa Yobu. Ariko haragez’ah’Imana yemerera Satani kubabaza umubiri wa Yobu, imubuza kumwica gusa (Yobu 2:5-6).

Iki canditswe kimwe cerekanako Satani adashobora kugira ic’agomba. Ntiyari- gushobora gukora no ku kintu kimwe ca Yobu atabirekuriwe n’Imana. Ntiyari gukora no ku butunzi bwa Yobu atabihawe n’Imana. Ntiyashobora no kumwica atabirekuriwe n’Imana.

[3]

Imana iganza na Satani, uhereye no gucumura kwa Adamu.

Impwemu “Yarungitswe n’Imana” kuri Sauli (Saul’s Evil Spirit “From God”)

Hari uturorero twinshi twerekana Imana ikoresha impwemu mbi za Satani zishitse uburake bwayo mw’Isezerano rya Kera. Dusoma muri 1 Samweli 16:14: “Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bwa gikange.” Ibi vyabaye kukw’Imana yarikw’ihana umwami Sauli kubw’ukutumvira kwiwe.

Ng’iki ikibazo canje, ijambo “impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho” risobanura iki? Vyoba bisigurakw’Imana yarungitse impwemu mbi kuziba mw’ijuru, canke bisigurakw’Imana mu bushobozi bwayo yemereye abadayimoni ba Satani ku babaza Sauli? Ndizerakw’abakristo benshi bemera ico ciyumviro ca kabiri nk’uko Bibiliya yigisha. Igituma ivyanditswe bivugakw’iyo mpwemu mbi “yarungitswe n’Uhoraho” n’ukw’imibabaro impwemu mbi yamuteza yari co gihano c’Imana kuri Sauli. Bituma tuvuga yuko n’impwemu mbi ziri musi y’ubushobozi bw’Imana.

Mu bacamanza 9:23 dusomakw’ “Imana irungika impwemu mbi yo uteranya Abimeleki n’abantu b’i Shekemu,”kugira ngw’igihano c’Imana kibashikeko kubera ibikorwa vyabo bibi. N’aha kandi, iyo mpwemu mbi ntiyavuye mw’ijuru, ariko yavuye mu bwami bwa Satani, kandi yemerewe n’Imana gukora mu kurwanya abakwiriye kurwanywa. Nta mpwemu mbi zishobora kunesha umuntu zitavyemerewe n’Imana. Kukw’ahandi ho Imana ntizoba ikiri nyen’inkomezi zose. Ivyo na vyo biri mu bituma tuvugakw’igihe Adamu yacumura, Satani nta bubasha na bumwe yahawe kukw’Imana yabona ibintu vyose.

Isezerano rya Kera Rivuga k’Ububasha bw’Imana kuri Satani

(New Testament Examples of God’s Power Over Satan)

Isezerano Rishasha na ryo ntiryemera izo nyigisho z’ivyo Satani yungutse.

Akarorero, usoma muri Luka 9:1 yuko Yesu yahaye abigishwa biwe “ububasha ku badayimoni.” Vyongeye, muri Luka 10:19, Yesu yaravuze, ati “Ehe mbahaye ububasha bwo gukandagira inzoka na Sikorupiyo, n’ubwo kunesha ubushobozi bwa wa Mwansi bwose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya” (hongeweko insobanuro).

Namba Yesu yabahaye ububasha ku bushobozi bwose bwa Satani, ategerezwa kuba yar’afise ubwo bubasha ubwiwe. Satani ubwiwe ari musi y’ububasha bw’Imana.

Mu njili ya Luka dusoma aho Yesu abwira Petero, “Simoni, Simoni, raba Satani yabasavye ngw’abagosore nk’ingano” (Luka 22:31). Icanditswe kivugako Petero atarigushobora kugosora Petero nk’ingano atabisavye Imana. Ubugira kandi, Satani ari musi y’ububasha bw’Imana.

[4]

 

Kubohwa kwa Satani Imyaka Igihumbi (Satan’s Thousand-Year Prison Term)

Igihe dusomako umumarayika umwe azoboha Satani mu Vyahishuriwe 20, ntaho tubonako isezerano rya Adamu ryaheze. Yaboshwe kugira ngo “ ntasubire guhenda amahanga.” (Ivyah. 20:3).

Biratangaje kubonako Satani azobohwa imyaka 1.000, azobohorwa “azubire guhenda amahanga yo ku mpera zine z’isi” (Ivyah. 20:8). Ni co gihe ayo mahanga azokoranya ingabo zayo zitere Yerusalemu, aho Yesu aganza. Igihe bazokikuza igisagara, umuriro uzotibuka uvuye mw’ijuru “ubatongore” (Ivyah. 20:9).

Har’ikijuju co vugakw’isezerano rya Adamu ryari inyuma gatoya y’iyo myaka 1.000, ni co gituma Imana yategereza kubohora Satani? Ico ciyumviro si co.

Oya, ikindi kintu twize mur’iki gice c’ivyanditswe n’ukw’Imana ifise ububasha bwose ku murwanizi kandi imwemerera guhenda abantu kugira ngw’ashitse umugambi w’Imana.

Mur’iyo myaka igihumbi Yesu azoganza, Satani ntazohabwa gukora ikintu na kimwe, adashobora kubesha n’umuntu n’umwe. Ariko mur’ico gihe, hazobaho abantu b’indyarya baboneka ko bumvira Kristo urabiye hanze, ariko bazokwifuza kubona aneshwa. Ariko bazogwa igihumura bamenyek’uwo bifuza kubona aneshwa ari we yahawe “kuragira amahanga n’inkoni y’icuma” (Ivyah. 19:15).

Arikw’igihe Satani azobohorwa, azoshobora guhenda bamwe, banka Kristo mu mutima, kandi bifuza ibintu bitazokwigera bishobaka. Igihe Satani azohabwa guhenda intabarirwa, imitima y’abantu izohishurwa, ni h’Imana izoca izibereye bamwe badakwiriye kuba mu bwami bwayo.

Kanatsinda, iyo, ni yo mvo imwe muzituma Imana yemerera Satani kubesha abantu. Turaraba qmugambi wose w’Imana kuri Satani, ariko birabereye kuvuga yukw’Imana idashakako hagira umuntu asigara mu kubeshwa. N’aho bimeze gurtyo, yama yifuza kubona ibiri ibwina mu mitima y’abantu. Satani ntashobora kubesha abazi kandi bizera ukuri. Arikw’Imana yemerera Satani kubesha bamwe banka ukuri, kubera imitima yabo mibi.

Igihe yavuga ku vya antikristo, Paulo yanditse ati;

Ni ho wa mugarariji azohishurwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutituza uguseruka kw’ukuza kwiwe, azomutituza uguseruka kw’ukuza kwiwe. Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bw’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bwose, n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ukuri ngo bakizwe. Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: kugira ngw’abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwek’iteka (2 Tes. 2:8-12, dushimikiye ku nsobanuro).

Menyakw’Imana ni y’ivugwako “yabarungikiye ubuzimire ngo bizere ibinyoma.” Kandi menyakw’abo bantu bazozimira ni bamwe “banse kwizera ukuri,” bisigura yuko baronse akaryo, ariko baranka ubutumwa bwiza. Imana izoreka Satani ashoboze cane antikristo gukora ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma kugira ngw’abanse kwizera Kristo babeshwe, kand’intumbero y’Iimana ni kugira ngw’”ibashe kubacira amateka.” Kubw’iyo ntumbero nyene, ni co gituma Imana yemerera Satani kubesha abantu.

Iy’Imana itaba ifise intumbero zoguha Satani akanyako gukorera mw’isi, yarikumubohera ahantu hamwe ntazi igihe yayicumurako. Tubwirwa muri 2 Petero 2:4 yuko har’abamarayika Imana yamaze gukororera i kuzimu ikabashira “mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirirwe kuzocibwakw’iteka.” Iyi Mana yacu ishobora vyose yari kugirira Satani n’abamarayika biwe nk’uk’ubugombe bwayo buri. Arikw’Imana ifise intumbero nziza kuri yo yatumye yemerera Satani n’abamarayika biwe bamwe bamwe kubandanya gukorera kw’isi.

Abadayimoni Baratinya Kubabazwa (The Demons’ Fear of Torment)

Kuko tugomba kurangiza inyigisho zacu kur’iki cizerwa ca mbere c’ikinyoma, akandi karorero kamwe dusanga mu vyanditswe ni inkuru y’abadayimoni b’i Gadareni:

[Yesu] Afashe hakurya mu gihugu c’Abagadareni, babiri binjiwemwo n’abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y’imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita mur’iyo nzira. Barasemerera, bati” Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?” (Mat. 8:28-29, dushimikiye ku nsobanuro).

N’iyi nkuru hari igihe ikoreshwa n’abigisha ivyo Satani yungutse mu gushigikira iciyumviro cabo. Bavuga, bati “Ayo madayimoni yavuze ku butungane bwa Yesu. Yaraziko adafise imvo zo kuyababaza kukw’isezerano rya Adamu ritari bwarangire, igihe Satani na bo bazotererwa mu kiyaga caka umuriro bababazwe ijoro n’umurango.”

Arikw’igihushanye cavyo ni co comvikana. Baribaziko Yesu afise ubushobozi n’uburenganzira bwo kubababaza igihe cose ashakiye, ni co gituma bamutakambiye. Baribazik’Umwana w’Imana ashobora kubarungika kubabazwa igihe cose. Laka avuga yuko bamwingize bati “namba udusenda uturungike mur’uriya mukuku w’ingurube” (Luka 8:31). Iyo Yesu ataba afise ububasha kuko har’isezerano ribakingira, nta co barikurinda bavuga.

Abo badayimoni bari biteze akagongwe ka Yesu gusa, kuko bamwingize ngo ntabakure mu gihugu (Mariko 5:10), ahubwo bisabira kurungikwa mu ngurube (Mariko 5:12), basabwa kudasendwa i kuzimu (Luka 8:31), no gusaba Kristo ntabababaze “igihe” kitaragera.

Icezerwa ca #4: Satani, ‘imana y’iyi si’ afise ububasha ku kintu cose mw’isi, harimwo na leta z’ibihugu, ivyago kama, n’ibihe.”

(Myth #4: “Satan, as ‘the god of this world’ has control over everything on the earth, including human governments, natural disasters, and the weather.”)

Ivyanditswe bivugako Satani ari ”imana y’iyi si” nk’uko Paulo yabivuze (2 Kor. 4:4) n’ “umutware w’isi” nk’uko Yesu abivuga (Yohana 12:31; 14:30; 16:11). Dufatiye kur’ayo mazina ya Satani, har’abantu benshi baciye bafatiraho bavugako Satani aganza isi yose. N’aho twabonye ivyanditswe vyinshi vyerekana ah’ukuri kuri, bitubera vyiza gushishikara kwiga ibindi vyanditswe kugira ngo turushirizeho kubona ingene ubushobozi bwa Satani bwashingiwe akarimbi. Dutegerezwa kwiyubara ntitwubakire ukwizera kwacu kur’ivyo vyanditswe bine gusa biha Satani izina ry’imana, cank’umutware w’i si.

Igihe tubandanye gusuzuma muri Bibiliya, dusanga Yesu atavuga gusa yuko Satani ar’”umutware w’iyi si,” ariko avuga kandi yuko Se wo mw’ijuru yitwa “Umwami w’ijuru n’isi”(Mat. 11:25; Luka 10:21, hongeweko insobanuro). Vyongeye, intumwa Paulo yita Satani “imana y’iyi si,” ariko kandi, nka Yesu, yita Imana “Umwami w’ijuru n’isi” (Ivyak. 17:24, hongeweko insobanuro). Ibi bitwereka yuko Paulo na Yesu badashakako twiyumvirako Satani afise ubushobozi bwose kw’isi. Ububasha bwa Satani burafise aho bugarukira.

Itandukaniro dushobora kubona rir hagati y’ibi vyanditswe riri mu majambo abari mw’isi hamwe n’isi. Naho dukunda kwitiranya aya majambo, yompi ntasigura ikintu kimwe. Dutahuye ingene atandukanye, ugutahura kwacu kubijanye n’ubushobozi bw’Imana hamwe n’ubushobozi bwa Satani guca kwongerekana cane.

Yesu yavuze ku Mana Data nk’Umwami w’isi. Ijambo isi mu Kigiriki ni ge. Risobanura ah’abantu baba hose, nih’ imenyesha ntara ryisunga.

Ariko Yesu yavuzeko Satani ar’umutware w’abari kw’isi. ijambo ry’ijambo ry’ikigiriki risobanura ab’isi ni kosmos, kandi ryerekana urutonde. Rivugwa ku bantu s’umubumbe w’isi ubwawo. Ni co gituma abakristo bavugako Satani ar’”imana y’inge isi imeze.

Imana ntiganza ab’isi, kukw’itaganza abantu bose bari mw’isi. ikibituma n’ukw’Imana yahaye abantu uguhitamwo uwubabera Umwami, kandi benshi bahisemwo kuganzwa na Satani. Umwidegemvyo wo guhitamwo kw’umuntu, na wo ni umugambi w’Imana.

Paulo yarakoresheje irindi jambo ritandukanye n’isi ryitwa aion, agihe yandika avuga kuvy’imana y’ab’isi. Aion risobanurwa igihe, ni ikiringo kanaka. Satani n’imana y’iki kiringo turimwo.

Mbeg’ivyo vyose bisobanura iki? Isi ni ikibanza c’isi abantu babako. Ijambo ab’isi (isi) risigura abantu bari kw’isi, cane cane abadakorera Yesu. Bakorera Satani, kandi baramaze kuboherwa muri kamere k’isi. Twebwe, nk’abakristo, twitwako “tuba kw’isi” ariko ntituri “abisi” (Yohana 17:11,14). Tubana n’abo mu bwami bw’umwiza, ariko tur’abo mu bwami bw’umuco, umwami bw’Imana.

Ubu rero turafise inyishu. Mu buryo bworoshe : Imana iganza isi yose. Satani, kubw’uruhusha yahawe n’Imana, aganza “abikorerwa mw’isi,” ni kuvuga abo mu bwami bw’umwiza n’ivyo bakora vyose. Ni co gituma, intumwa Yohana yanditsekw’ab’isi bose (s’isi yose) baba mu bubasha bwa wa Mubi” (1 Yohana 5:19).

Ntibisobanurakw’Imana idafise ububasha ku b’isi, cank’ibikorerwa kw’isi, cank’abantu baba mw’isi. arabufise nyene, Daniyeli yavuze, ati “aganza ubwami bwo kw’isi, kand’akabugabira uw’ashaka wese (Dan. 4:25). Irashobora kumanura canke gushira hejuru uw’ishaka. N’aho bimeze gurtyo, we nk’”uwuganza ubwami bwo kw’isi,” ni we yahaye Satani uruhusha rwo kuganza igice c’abantu bagarariza Imana.

Kwihweza Ivyo Satani Atanga (Satan’s Offer Considered)

Iri tandukaniro hagati y’isi n’ab’isi ridufasha gutahura ibigeragezo Yesu yahuye na vyo mu bugaragwa. Satani yeretse Yesu “ubwami bwose bw’isi mu kanya gato.” Satani ntiyari kwereka Yesu ivyicaro vyo mu bwami bw’abantu bo kw’isi, nko kuba umukuru w’igihugu cank’umushikirangaji. Si we agena cank’abogoza abantu ku nganji—Imana ni yo nyene ico gikorwa.

Ahubwo, Satani ategerezwa kuba yareretse Yesu ubwami bw’ahantu ho mu mwiza. Yeretse Yesu ingene abadayimoni basumbasumbana, bamwe bose n’aho bahawe kuganza, hamwe n’intabarirwa ziri musi y’ububasha bwiwe. Satani yeretse Yesu kw’azoganza mu bwami bwiwe—Iyo Yesu yiyunga n’uwo murwi wa Satani ugizwe n’abagarariza Imana. Yesu yari kuronka ikibanza ca kabiri mu ntwaro y’ubwo bwami bw’umwiza.

Ubushobozi bw’Imana mu Ntwaro z’Abantu bo kw’Isi

(God’s Control Over Earthly, Human Governments)

Reka tubandanye gusuzuma akarimbi kashingiwe ububasha bwa Satani nk’uko ivyanditswe bivuga cane cane mu ntwaro z’abo kw’isi. Satani arafise ubushobozi kunaka mu ntwaro z’abo mw’isi kuko afise ubushobozi ku buzima bw’abadakijijwe bari mu ntwaro, kand’intwaro zo kw’isi zirongorwa kenshi n’abantu badakijijwe. Ariko, Imana n’iy’ifise ijambo rya nyuma mu ntwaro z’abo kw’isi, na Satani abakwegera gukora ivy’agamba ukw’Imana ibimwemereye.

Turamaze kubona ico Daniyeli yabwiye Umwami Nebakadineza, kuko harimw’umuco wodufasha, reka dusubire kuharaba.

Umwami Nebukadineza yishize hejuru kubera inkomezi ziwe n’ibikorwa bihambaye yar’amaze gushikako, Imana ica itegekakw’asubizwa hasi cane kugira ngw’amenye kw’”Isumba vyose ari yo iganza ubwami bw’abantu, kandi kw’ibugabira uw’igomba wese, ikabwimikamwo nyarucari hanyuma ya bose” (Dan. 4:17). Vy’ukuri Imana ni yo yashize hejuru umwami Nebukadineza mu ntwaro yiwe. Ni kw’igirira n’abandi bami bose. Intumwa Paulo, ku vy’abami bo kw’isi, yavuze, ati “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw’ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana” (Rom. 13:1).

Imana ni yo soko y’ubushobozi n’inkomezi mw’isi yose. Umuntu afise ubushobozi, Imana ni yo iba yabumuhaye canke yahamushize ngw’ashitse ubogombe bwayo.

Abarongozi b’inkozi z’ibibi nabo? Mbega Paulo yavuzeko nabo bagenwa n’Imana? Ego ni ko yavuze. Mur’ico cete nyene, Paulo yanditse, ati “Kukw’ivyanditswe vyabiye farawo, ngw’’Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ubushobozi bwanje, kandi ngw’izina ryanje rivugwe hose mw’isi yose.’”(Rom. 9:17). Imana yakomantaje umutima wa Farawo kugira ngo yimenyekanishe biciye muri we. Imana yakoze ibitangaza vyinshi kugira ngo bimenyekanishe izina ryayo—yacishirize mu muntu yashize hejuru arikw’akomantaza umutima.

Mbeg’ukwo kuri ntikugaragara igihe ca Yesu na Pilato? Amaze gutangazwa n’uko Yesu atishura ibibazo vyiwe, Pilato amubwira, ati “Nta co umbarira?” Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura, kandi mfise ububasha bwo kukubamba?” (Yohana 19:10).

Yesu aramwishura, ati “Nta bubasha war’ufise kuri jewe, shit’ubuhawe buvuye mw’ijuru” (Yohana 19:11, hongeweko insobanuro). Kukw’azi umutima wa Pilato, Imana yamushize hejuru kugira ngw’ategure umugambi wo kwica Yesu ku musaraba kand’awukurikirane.

Usomye ibitabo bidonda akahise mw’Isezerano rya Kera usanga Imana yakoresha abarongozi bakora ikibi ngo bashitse uburake bwiwe ku bantu babukwiriye. Nebukadineza yakoreshejwe n’Imana mu gushitsa uburake bwayo ku mahanga menshi yo mw’Isezerano rya Kera.

Hari uturorero twinshi tw’abarongozi Imana yashize hejuru canke yabogoje muri Bibiliya. Akarorero nko mw’Isezerano rya Kera, dusoma ivya Herodi, yananiwe guhesha Imana icubahiro igihe bamwe mu bakozi biwe bamubwira, bati’”Ni ijwi ry’Imana, s’iry’umuntu!” (Ivyak. 12:22).

Vyaciye bigenda gute? “uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw’atahaye Imana rurema icubahiro, aturika inyo, aracikana” (Ivyak. 12:23).

Menyako Herodi yar’uw’ubwami bwa Satani, arikwo ntiyashobora kwigenza ukw’ashaka imbere y’Imana. Imana yashobora kumanura canke kubogoza umurongozi wese wo kw’isi nk’ukw’ivyishakiye.

[5]

 

Intahe y’Imana Ubwayo (God’s Personal Testimony)

Mu kurangiza, turabe ico Imana yavuze ubwayo icishirije mu wavugishwa n’Imana Yeremiya kijanye n’ubukuru bwayo kw’isi, no mu ntwaro z’ab’isi.

“Riti yemw’ab’inzu ya Isirayeli, mbega jewe sinshobora kubagira nk’uyu mubumvyi?” N’uk’Uhoraho abaza. Ati “raba nk’ukw’ibumba riri mu kuboko kw’umubumvyi, namwe ni ko muri mu kuboko kwanje, yemw’ab’inzu ya Isirayeli. Igihe kimwe novuga kuvy’ihanga no ku vy’ubwami ku vyo kuzorirandura no ku vyo risangangura no kuzorihonya: maz’iryo hanga navuzeko rigahindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera. Ikindi gihe novuga ku vy’ihanga no ku vy’ubwami, ku vyo kuryubaka no kuzoriteragira: maze ni ryakora ibibi mu nyonga zanje, ntiryumvire ijwi ryanje, nuko nanje nzogarwa, ndeke ivyiza nari na maramaje kuzobagirira neza” (Yer. 18:6-10).

Wabonyeko ata nzira Satani yarafise, igihe yageregeza Yesu mu bugaragwa, yariko amuha kuganza ab’isi, abantu, ubwami n’intwaro? Nimba yariko avuga ukuri (nk’uko bamwe bavyiyumvira), rero yariko aha Yesu ukuganza mu bwami bw’umwiza.

Mbega hari ubushobozi Satani afise ku bwami bwo mw’isi? Ego, kukw’ar’imana y’abantu badakijijwe gusa, kand’abantu badakijijwe baba no mu ntwaro. Kand’ubwo bushobozi abugira igihe Imana ibumuhaye, kand’Imana ishobora guhagarika umugambi wa Satani igihe ibishakiye hose. Intumwa Yohana yanditseko Yesu ar’”Se gaba w’amahanga yose yo kw’isi”(Ivyah. 1:5).

Mbega Satani Niwe Ateza Ivyago n’Ihindagurika ry’Ibihe?

(Does Satan Cause Natural Disasters and Adverse Weather?)

Kuko Satani ari ”imana y’iyi si,” benshi biyumvirako ari we aganza ihindagurika ry’ibihe kand’ari we ateza isi ivyago, nk’uruzuba, imyuzure, ibihuhusi, nyamugigima n’ibindi. Mbeg’ivyanditswe ni ko bitwigisha? Ubugira kandi, dutegerezwa kwiyubara ntitwubake ukwizera kwacu ku murongo umwe uvuga ivya Satani nk“igisuma kitazanwa n’ikindi, atar’ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza” (Yohana 10:10). Ese incuro maze kwumva abantu basoma uyo murongo bemezako kwibwa kwose, kwicwa canke gusamburwa kuva kuri Satani. Igihe dusuzumye cane muri Bibiliya, dusanga Imana ubwayo yica no gusambura incuro nyinshi. Turabe iyi mirongo itatu mu turorero twinshi dushobora kuronka:

Uwushinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonya (Yakobo 4:12, dushimikiye ku nsobanuro).

Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bwo ku mukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababwire, abe ari yo mutinya. (Luka 12:5, dushimikiye ku nsobanuro.)

Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye uwushobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu (Mat. 10:28, dushimikiye ku nsobanuro).

Igihe tuvuze yukw’ibintu vyose bizana urupfu canke gusambuka ar’igikorwa ca Satani, tuba twihenze. Har’uturorero twinshi mu vyanditswe bitwerekakw’Imana yica kandi isangangura.

Turashobora kwibaza duti, igihe Yesu yavuga ku gisuma kiza kizanwa no kwica, kwiba, gusambura, yarikw’avuga kuri wa Mubi koko? Ubugira kandi, dukeneye gusoma iryo jambo twisunga ayandi arikikuje. Umurongo ur’imbere y’uwo uvugakw’igisuma kizanwa no kwica, kwiba, no gusambura, Yesu yavuze, ati “ abanyitangiye bose bar’abasuma n’abambuzi, arikw’intama ntizabumviye” (Yohana 10:8). Dusomye ivyo Yesu yavuze vyose muri Yohana 10:1-15 avugakw’ari we mwungere Mwiza, bica bitahurika cane yukw’ijambo igisuma n’ibisuma nk’uko yayakoresheje asobanura abigisha n’abarongozi b’ibinyoma.

Ivyiyumviro Bitandukanye ku vy’Ihindagurika ry’ibihe n’Ivyago

(Various Views of Adverse Weather and Natural Disasters)

Igihe igihuhusi canke nyamugigima biteye, bizana ikibazo mu bantu bizera Imana : ”Ni nde atuma ibi vyose?” hari inyishu zibiri gusa ku bizera Bibiliya: Imana canke Satani ni yo ibituma.

Hari abandi bongerako bati: “Oyaah! Ntidushobora kwidogera Imana! Ni amakosha y’abantu. Imana irikw’ibacira imanza kubw’ivyaha vyabo.”

Namba Imana iteza abantu ibihuhusi na nyamugigima kukw’ibahanira ivyaha vyabo, duca duta imiragwe kur’izo ntabarirwa kukw’atar’Imana, ariko na ho nyene, Imana irabiharurwako, kukw’ata cago gishobora gushika itemeye.

Canke, akaba ar’Imana yemerera Satani kurungika ibihuhusi na nyamugigima ngw’ihane abanyavyaha, duca tuvugako biterwa na Satani, ariko na ho nyene n’Imana irimwo. Ikibituma ni ukw’ari yo yemerera Satani guteza ivyago kandi kubera yukw’icago cose kiba igihe Imana igomba kugihora.

Har’abavugakw’Imana na Satani badateza ibihuhusi na nyamugigima, arikw’ar’” ibintu vyihindagurika vy’ibihe mur’iyi si y’ivyaha.” Hari n’ikindi gihe, mu kutamenya begeka ivyo vyago ku bantu, ari ko na ho nyene si vyo. ivyo bintu ntibishobora kuba Imana itarimwo. Namba ibihuhuta ar’”ivyago vyiyadukiza mur’iyi si y’ivyaha,” none ni nde ategekako biba? Mu bisanzwe ibihuhuta ntibitumwa n’abantu. Bisigura yukwibihuhuta bidatumwa n’igitigiri runaka c’ivyaha vyakorewe mu karere runaka. Ntibiterwa n’ukw’abantu benshi basambanye.

Oya, namba har’isano hagati y’ibihuhuta n’ivyaha, rer’Imana irimwo, kukw’ibihuhuta bizanwa n’uburake bw’Imana ihana icaha. Naho biba rimwe-rimwe, iba irimwo.

Nahw’ata sano ryoba hagati y’icaha n’ivyago bitera abantu, tukavugakw’Imana yihenze igihe co kurema isi, ishiramw’ibizotuma haba ihindagurika ry’ibihe n’ivyago bizotera isi cane, Imana iguma iharurwakw’ari yo iteza ibihuhusi na nyamugigima kukw’ari yo Muremyi, kand’abantu bakarwa mu mporero y’amakosha yayo.

Nta “Kindi Bivako” (There is No “Mother Nature”)

Rero dufise uburyo bubiri gusa bwo kwishura ibibazo vy’ivyago vyiyadukiza kw’isi. Bitumwa n’Imana canke na Satani gusa. Imbere yo kwitegereza ivyanditswe bituma tumenya inyishu dufata iy’ari yo, reka twiyumvire kur’izo nyishu zibiri zishoboka.

Akaba ari Satani atuma ivyo vyago biba, rero Imana ntishobora kumuzibira. Igihe Imana ifise ubushobozi bwo kubuza Satani guteza abantu ivyago ntimubuze, biyigarukako n’ubu. Nta cago gishobora gushika ata ruhusha itanze.

K’urundi ruhande. Reka tuvuge, mur’aka kanya, yukw’Imana idashobora kuzibira Satani, ariko irifuza kumuzibira. Wumva ivyo vyoshoboka?

None Imana idashobora kubuza Satani gutera icago, rero Satani azoba ayisumba inkomezi canke Satani arayisumba ubwenge. Bisigura, vy’ukuri, ico abantu bavuga igihe batura “ko Satani yaronse ububasha igihe Adamu yakora icaha”. Bataruko Satani afise uburenganzira bwo gukora ico yishakiye kw’isi kuko yivye isezerano rya Adamu. Ubu rero, nk’uko biyumvira, Imana na ho yifuza kuzibira Satani ntibishoboka kukw’itegerezwa kwubaha isezerano rya Adamu Satani akorerako. Mu yandi majambo, Imana yarajujuse ntiyomenya ibizoba igihe icaha kizokorwa, ariko Satani we, kukw’asumba Imana ubwenge, yararonse inkomezi Imana atari kwemera kw’aronka. Jewe ubwanje, sinshobora kuvuga canke kwemerako Satani arusha Imana ubwenge.

Namba ico ciyumviro c’”Ivyo Satani yaronse” ar’ic’ukuri, turashobora kwibaza ico tuma Satani adateza isi nyamugigima n’ibihuhuta vyinshi kuruta uko bimeze ubu, n’ico tuma adatumbera ah’abakristo benshi baba. (Uvuzekw’”Imana idashobora kumwemerera guhonya abakristo,” uzoba wemeyeko Satani adashobora gukora adahawe uruhusha n’Imana.)

Igihe tuvyinjiyemwo cane, usanga inyishu zishoboka ari zibiri gusa kur’ico kibazo: (1) Imana ni yo ituma ibihuhuta na za nyamugigima canke (2) Satani ni we abituma igihe ahawe urusha n’Imana.

Wobonyekw’inyishu y’ukuri yose, Imana izoba iri ku nomero ya mbere? Igihe abantu bavugakw’atar’”Imana yarungitse ibihuhuta—ariko Satani ni we yabigize ahawe uruhusha rw’Imana,” ntibaba “bakuyemw’Imana”burundu nk’uko bavyiyumvira. Namba Imana yar’ishoboye kubuza Satani guteza igihuhuta, tutarinze kurabakw’ibishaka cank’itabishaka, urumvakw’ari yo ibiharurwako. Abantu b’intabarirwa ni b’umuntu yotakw’imiragwe kubera ivyaha vyabo (namba igihuhuta kirungikwa n’Imana canke cemererwa n’Imana nk’igihano), na ho nyene, kuvugakw’Imana itarimwo kwob’ar’ukubesha.

Intahe Iva mu Vyanditswe (Scripture’s Testimony)

None, ivyanditswe bivuga iki mu bisanzwe ku vyerekeye “ivyago vyiyadukiza”? bivugako bitumwa n’Imana canke Satani? Reka duhere kuri nyamugigima kuko Bibiliya ivuga vyinshi kur’ivyo.

Twisunze ivyanditswe, nyamugigima zizanwa n’urubanza rw’Imana ku banyavyaha. Dusoma muri Yeremiya: “Arik’Uhoraho ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira: uburake bwiwe buhindisha isi agashitsi, kand’amahanga ntashobora kwihanganira ubushangashirwe bwiwe” (Yer. 10:10, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesaha ahanura ati,

Hazoba guterwa n’Uhoraho Nyen’ingabo, kw’imituragaro, n’ugutigita kw’isi, n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’ikirura, n’imbeya z’umuriro utongora (Yes. 29:6, dushimikiye ku nsobanuro).

Urashobora kwibuka ko mu bihe vya Mose, isi yasamye musi ya Kora n’abamufasha kugaririza (raba Guh. 16:23-34). Ico car’igihano c’Imana. Utundi turorero tw’igihano c’Imana gitigitisha isi turi muri Ezek. 38:19; Zab. 18:7; 77:18; Hag. 2:6; Luka 21:11; Ivyah. 6:12; 8:5; 11:13; 16:18.

Har’ukundi gutigita kw’isi kutava ku gihano c’Imana, ari ko na ho nyene, vyatumwa n’Imana. Akarorero, mu njili yanditswe na Matayo, har’ugutigita kw’isi igihe Yesu yacikana (Mat. 27:51,54), n’igihe yazuka (Mat. 28:2). Ni Satani yateye ivyo?

Igihe Paulo na Sila batazira Imana mw’ijoro bari mw’i bohero ry’i Filipi, “ isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka” (Ivyak. 16:26, hongeweko insobanuro). Ni Satani yatigitishije isi? Oya na gato! N’uwurinda ibohero yaciye akizwa amaze kubona inkomezi z’Imana. Kand’ico si co gihe Imana yatigitisha isi mu vyakozwe n’intumwa (Ivyak. 4:31).

Narasomye mu kinyamakuru ah’abakristo, igihe bumva kw’isi yanyiganyize ahantu kanaka, bagiye aho vyabereye “barwana intambara yo muri mpwemu” barwanya wa Mubi. Har’ikosha ubona mur’ukwo kwiyumvira kwabo? Vyarikwemerwa n’ivyanditswe iyo basenga Imana bayisaba kugirira imbabazi abantu bari mur’ico gice. Kand’iyo babikora, ntabari kwonona umwanya n’amahera yabo mu gufata urugendo rubashikana ah’abaye nyamugigima—barigusengera aho bari. Kuja kurwanya wa Mubi ntateze nyamugigima ntivyemewe n’ivyanditswe.

Ibihusi na Vyo? (How About Hurricanes?)

Ijambo igihuhuta turibona mu vyanditswe mu buryo bw’ibihuhusi bikomakomeye cane. Akarorero:

Abamanuka baja mu kiyaga bakagendera mu mato, bakadandariza mu mazi agaranzutse, abo babona ibikorwa vy’Uhoraho, n’ibitangaza vyiwe mw’idamba. Kukw’avuga ijambo, akavyura inkubi y’umuyaga ishira hejuru impipfunda yayo (Zab. 107:23-25, dushimikiye ku nsobanuro).

Maz’ Uhoraho asuka umuyaga ukomeye mu kiyaga; haba igihuhuta c’inkomezi mu kiyaga, ubwato bushaka kumeneka (Yona 1:4, dushimikiye ku nsobanuro).

Hanyuma y’ivyo mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw’isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhuha kw’isi canke ku kiyaga canke ku giti cose (Ivyah. 7:1).

Biragaragara, Imana irashobora kuzana canke guhagarika umuyaga.

[6]

 

Muri Bibiliya yose, nta hantu na hamwe Satani yigeze guhagarika umuyaga. Igihe c’ibigeragezo vya Yobu, ni h’umushumba yaje kumubwira ati: “nuko haza umuyaga w’igihuhuta uturutse mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’inzu; maz’isidukira kur’abo bahungu, barapfa” (Yobu 1:19).

Dusomye igice ca mbere c’igatabo co Yobu tubona yuko Satani ari we yateje Yobu ivyago. Ntidukwiriye kwibagira yukw’ata kintu na kimwe co kubabaza Yobu cank’abana biwe Satani yari gukora adahawe uruhusha n’Imana. N’ubu, ndabisubiyemwo, Imana ni yo ifise ijambo rya nyuma no ku muyaga.

Igihuhuta I Galilaya (The Gale on Galilee)

None ca “gihuhusi kinini” catera Yesu n’abigishwa biwe igihe bari mu bwato bariko bajabuka ikiyaga c’i Galilaya twogisobanura gute? Birashoboka ko Satani ari we yateje iyo mipfunda, kandi Imana ntiyari kurungika impfunda izibira ubwato buri mwo Umwana wayo. “Ubwami bwirwanya ubwabwo nta nkomezi bugira,” none ni iki co tuma Imana irungika imipfunda igirira nabi Yesu n’abigishwa biwe cumi na babiri?

Ibi ni ivyiyumviro vyiza ariko reka duhagarare dutangure kwiyumvira. Namba atar’Imana yarungitse iyo mipfunda akab’ari Satani, dutegerezwa kwemera kw’Imana yamuhaye uruhusha rwo kuyirungika. Ca kibazo gica kigaruka kandi: Ni kuki Imana yaretse Satani akarungika impfunda igirira nabi Yesu n’abigishwa biwe cumi na babiri?

Hari inyishu wotanga? Kumbure Imana yariko yigisha abigishwa biwe ku vy’ukwizera. Kumbure yarikw’irabapima. Kumbure yarikw’ipima yesu, kuko yategerezwa “kugeragezwa mu bintu vyose nkatwe, ariko ntakore icaha” (Heb. 4:15). Kugirangw’ageragezwe muri vyose, Yesu yategerezwa kugeragezwa n’ubwoba. Kumbure Imana yagomba gushira Yesu hejuru. Canke yagomba gukora ivyo vyose twamaze kuvuga.

Imana yarongoreye Abisirayeli ku nkengera y’ikiyaga gitukura izi nezako bizobera umutego Farawo n’ingabo ziwe. Mbeg’Imana ntiyar’itanze Abisirayeli? None ntiyariko yirwanya ubwayo kubarongorera ahantu batikizwa bose? mbeg’ako s’akarorero k’”ubwami bwirwanya ubwabwo”?

Oya, nta ciyumviro co gutikiza Abisirayeli Imana yar’ifise. Kandi ntiyarungitse canke yemerere Satani guteza imipfunda ku kiyaga c’i Galilaya, kugira ngo Yesu n’abigishwa biwe cumi na babiri bahone.

Mber’ivyanditswe ntibivuga yuko Satani ari we yateje inguza ku kiyaga c’i Galilaya, kandi ntibivugakw’Imana ari yo yabitumye. Har’abavuga yuko yari Satani kuko Yesu yakankamiye umuyaga. Kumbure, birashoboka ariko kandi n’ico ciyumviro ntigishemeye cane. Yesu ntiyakankamiye Imana —Yakankamiye umuyaga. Imana Data yari gukora nk’uko nyene. Bisigurako, yar’ashoboye kuvyura imipfunda kubw’ijambo ryayo, kand’igakankamira ikiyaga kigatuza kubw’iryo jambo nyne. Ntidushobora kwemeza kw’ari Satani yateye iyo mipfunda kuko Yesu yayikankamiye gusa.

Ubugira kandi, ntidushobora gushinga ukwizera ku murongo umwe gusa kuk’udahagije. Ndamaze kwerekana ivyanditswe vyinshi bivugakw’Imana ari yo ifise ijambo rya nyuma ku mipfunda, knadi ni we ayirungika. Ico ngomba k’utahura ni uko n’aho Satani yiyumvirakw’ar’”imwana y’iyi si” ntashobora kugenza umuyaga uko yishakiye canke ngw’ateze igihuhuta kw’isi akanya kose ashakiye.

Nuko, igihe igihuhuta kije, ntidukwiriye kubona kw’ar’icananiye Imana, ikintu atifuzako kiba ariko yananiwe no kukibuza. Kubera yuko Yesu yakankamiye igihuhuta ku kiyaga c’ i Galilaya bitwemeza kw’Imana ishobora guhagarika igihuhuta ah’ishakiye.

None iy’Imana irungitse (canke yemereye) igihuhuta, ategerezwa kuba afise imvo runaka, kand’inyishu nziza y’ubwenge yotuma arungika canke yemerera igihuhuta gusanzaza ibintu canke kubomagura ibintu n’ukw’ab’arikw’arahanura intabarirwa.

“Hari Igihe Ibihuhusi Bisamburira n’Abakristo”

(“But Hurricanes Sometimes Harm Christians”)

None bigenda gute ku bakristo bashikiwe n’ivyo vyago? Igihe igihuhusi gikubise, ntikibomorera abatari abakristo gusa. Mbega abakristo ntibakingiwe uburake bw’Imana kubera igikorwa ca Yesu ku musaraba? None twovuga gute kw’Imana ari yo ihagaze hejuru y’ivyo bintu vyose kandi bishobora guhitana n’abana bayo ubwayo?

Ivyo bibazo biragoye koko. Dutegerezwa gutahura yukw’inyishu zitoroshe igihe tuziyumvira igihe tugifatira k’ububeshi buvugako Satani ari we ateza abantu ivyago. Namba Satani ari we ateza ivyago, none ni kuki Imana imwemerera kugira ibintu bishobora guhitana abana bayo? Ikibazo kiracari ha handi nyene.

Bibiliya ivuga neza yukw’abari muri Kristo “batashiriwe ho kuranduka” (1Tes. 5:9). Tukiri ngaho nyene, Bibiliya yongera kuvuga yuk’”uburake bw’Imana buguma ku batumvira Yesu (Yohana 3:36). None uburake bw’Imana bwo guma gute ku badakijijwe ntibushikire abakijijwe, kand’abakijijwe babana n’abadakijijwe? Inyishu ni, har’igihe bidashoboka, ni ho dutegerezwa kubirwamwo.

Mu giho co Kuvayo, Abisirayeli bose baba ku ruhande rumwe, kand’ivyago Imana yateje Abanyegiputa ntivyashitse ku bera bayo (raba Kuv. 8:22-23; 9:3-7; 24-26; 12:23). Ariko twebwe, duherekeranye n’”Abanyegiputa.” Imana ibahanishije icago kanaka, wumva tworusimba gute?

Kurusimba ni ryo jambo ngenderwako rituma dutahura inyishu y’iki kibazo. Naho Nowa yarusimvye igihe uburake bw’Imana bwagaragariye mu mwuzure kw’isi, har’ingaruka mbi yaciyemwo, kuko yaracumukuye mu kwubaka ubwato kandi yamaze umwaka muri bwo n’ibihumbi vy’ibikoko binuka ukuntu. (kandi rero, Isezerano rya Kera na Rishasha zivugakw’Imana ari yo yateje umwuzure igihe ca Nowa, si Satani; raba Ita. 6:17; 2 Pet. 2:5).

Loti yararusimvye igihe igihano c’Imana caguye kuri Sodomu na Gomora, ariko yaratakaje ivyo yar’atunze mur’ico gisagara catongowe n’umuriro n’ibizuku. Igihano c’Imana ku bagabitanya kirakora ku bagarorotsi mu buryo bumwe cank’ubundi.

Imbere y’imyaka myinshi, Yesu yaraburiye abizera baba i Yerusalemu guhunga igihe bazobona igisagara cabo gikikujwe n’ingabo, kukw’izoba ar’”imisi y’ukwihorana” (Luka 21:22-23)—yerekanye uburake bw’Imana butuma Abaroma bafata Yerusalemu mu mwaka wa 70 inyuma y’ukuvuka kwa Kristo. Imana ishimwe kukw’abakristo bahunze nk’uko Kristo yababuriye bararusimvye, arikw’ivyo basize inyuma vyaratongowe.

Mur’utwo turorero twose dutatu, turabonakw’abana b’Imana bategerezwa kugira ico bahomvye igihe uburake bw’Imana buziririnze ku banyakibi. Kubw’ivyo, ntidushobora kuvugira hejuru yukw’Imana idateza ivyago kw’isi kubera yuko vyononera abakristo.

None Twokara Iki? (What Then Shall We Do?)

Tuba mw’isi yavumwe n’Imana, isi yama mu burake bw’Imana igihe cose. Paulo yanditse ati, “Uburake bw’Imana bwarahishuwe [“ntibuzohishurwa”], buvuye mw’ijur, ubwo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya” (Rom. 1:18). Kuko tubana n’abanyakibi, isi yavumwe n’Imana, ntidushobora gukira cane ingorane cank’ingaruka z’uburake bw’Imana n’aho budatumbere twebwe.

Ko tumaze kubimenya, twokora iki none? Ica mbere, ni twizigire Imana. Yeremiya niwe yanditse ngo:

Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw’azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco I ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto, ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama (Yer. 17:7-8).

Menyako Yeremiya atavuze yukw’abizigira Uhoraho batazohura n’uruzuba. Oya, igihe uruzuba ruteye cank’amapfa, umuntu yizigira Uhoraho agereranywa n’igiti gihorera imizi mu ruzi. Afigira irindi soko, n’ah’abamukikuje baranduka. Inkuru ya Eliya agaburirwa n’ibikona igihe c’amapfa mur’Isirayeli ni yo notangakw’akarorero (raba 1 Abami 17:1-6). Dawidi yanditse ku vy’abagororotsi ati, “Ntibazokwicwa n’isoni igihe c’ivyago, mu misi ya kigoyi bazohazwa” (Zab. 37:19).

Mbega kigoyi ntikiva kuri wa Mubi? Oya, ivyanditswe si ko bivuga. Bava ku Mana, kandi kigoyi kuvugwa igihe uburake bw’Imana buziririnze ku bantu. akarorero:

Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize rero, at’’Ehe nzobazira, imisore yabo izokwicwa n’inkota; abahungu babo n’abakobwa babo bazokwicwa n’inzara. (Yer. 11:22, hongeweko insobanuro).

Uku nik’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati “raba nzorungika inkota n’inzara n’ikiza muri bo, mpahindure nk’insukone ziteye ishishi, zidashobora kuribwa kubwo kubora” (Yer. 29:17).

“Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboka kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’inzara, nkakiranduramw’abantu n’ibitungano… ” (Ezek. 14:13, dushimikiye ku nsobanuro).

“Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi n’iyo mubizanye i muhira ndabituvya. Biva kuki? Nik’Uhoraho Nyen’ingabo abajije. “Biva ku ngoro yanje irekewe ngaho igihomvaguritse, namwe mweho umuntu wese agakobereza inzu yiwe. Ni co gituma ata n’akame ijuru rikibarekurira, n’isi ikabima ivyimburo vyayo, kandi nahamagaye uruzuba ngo rwice isi n’imisozi, rukureho n’impeke na vino, n’amavuta ya elayo, rwice n’ibimera mu ndimiro, n’abantu n’amasho, n’ibikorwa vyose bikoreshwa amaboko” (Hag. 1:9-11, dushimikiye ku nsobanuro).

Mu karorero ka kane twabonye, twumvise yukw’Abisirayeli ari bo batumye bagira kigoyi kubera ivyaha vyabo, arikw’imana iravugakw’ari yo yabigize.

[7]

 

Imana iteza abantu babi ikigoyi, kandi natwe tubana na bo, ariko rero dutegerezwa kuyigira ngw’itumare ubukene. Paulo yaremeje kw’inzara idashobora kudurandukanya n’urukundo rwa Kristo!: “ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw’irinde, canke n’inkota?” (Rom. 8:35, hongeweko insobanuro). Menyako Paulo atavuze yukw’abakristo batazo sonza, ahubwo yavuzeko bashobora gusonza, n’umunyeshure agitangura kwiga ivyanditswe, amenya kw’inzara irungikwa n’Imana mu guhana abanyakibi.

Kwumvira n’Ubwenge (Obedience and Wisdom)

Ica kabiri, dutegerezwa kwumvira no kugira ubwenge kugira ngo ntidufatwe mu burake bw’Imana buziriringa kub’isi. Nowa yiyubakiye ubwato, Loti yahungiye ku misozi, abakristo b’i Yerusalemu barahunze igisagara cabo; abo bose bakoze ivyo mu kwumvira Imana kugira ngo ntibahanirwe hamwe n’abanyakibi igihe c’uburake bwayo.

Nk’ubu mbaye ahantu haterwa na nyamugigima cane, no kwiyubakira inzu ikomeye idashobora guhenuka cank’akazu kazimbutse nsobora gusubiriza igihe gahitanywe n’igihuhusi. Nkaca nsenga. Umukristo wese ategerezwa gusenga akamenya kwumviriza ijwi ry’Uwo Yesu yadusezeraniye “azoduhishuriza ibigira bibe” (Yohana 16:13) kugira ngw’ashobore gukira uburake bw’Imana buziringa kw’isi.

Tubona mu Vyakozwe n’Intumwa 11 uwavugishwa n’Imana Agabo yabwiye abantu ku kigoyi kigira kize kandi gishobora gutikiza abakristo baba mu Buyuda. Ni ho amashikanwa yotozwa maze Paulo na Barunaba barayabashira (raba Ivyak. 11:28-30).

Mbeg’ivyo birascashoboka? Ego cane, kuko Mpwemu Yera atigera ahinduka, n’urukundo rw’Imana ntirwatitutse. Ariko birababaje kubona bamwe mu bagize umubiri wa Kristo badaha umwanya izo ngabire n’ibikorwa vya Mpwemu Yera, ico bakora barazi “kuzimya Mpwemu”(1 Tes. 5:19) bigaruma bataronka umugisha w’Imana

Muri kahise, umuhisi yatanguje igikura kizwi kw’izina rya the Full Gospel Businessmen, yitwa Demos Shakarian, avuga ingne Imana yakoreye mu gahungu kavugishwa na yo mu kubwira abakristo baba muri Armenia mu myaka ya 1800. yaburiye abantu avuga ko hagiye gutera agatikizo, maz’ibihumbi vy’abakristo bizera ubushobozi bwa Mpwemu Yera bizeye iyo mburi, harimwo n’abasogokuru ba Shakarian. Inyuma y’aho gatoya, Abaturukiya bateye hapfa abantu barenga umuliyoni muri Armeniya, harimwo n’abakristo banse kw’umvira iyo mburi y’Imana.

Vyotubera vyiza kwama twumviriza Mpwemu Yera no kwumvira Imana, ahandi ho tuzoshikirwako n’uburuka bw’Imana kand’idashakako turwa mu mporero. Elisa yarigeze kubwira umugore umwe, at’ “Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’usuhukira, kuk’Uhoraho arekuye inzara, kand’izomara imyaka ndwi mu gihugu” (2 Abam. 8:1). Iy’uyo mugore atumvira vyari kugenda gute?

Mu gitabo c’Ivyahishuriwe tubona Imana ivuga ku bigiye gushikira “Babuloni” kugirango ntibagume yo bahave bashikirwako n’uburake bw’Imana:

Numva ijwi rindi rivuye mw’ijuru, rivuga, riti “bantu banje, ni muve i we[Babuloni], kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe. Kukw’ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw’ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe….ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoba ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’azotongozwa umuriro: kuk’Umwami Imana amuciriyekw’iteka ar’uw’ubushobozi” (Ivyah. 18:4-5,8, dushimikiye ku nsobanuro).

Muri make, Imana ifise ububasha ku bihe no ku vyago vyiyadukiza. Imana yigaragaje nk’Umwami muri Bbiliya, guher’aho yateje imvura y’imisi mirongwine mu gihe ca Nowa, no mu kurungika ibindi vyago ku bansi ba Isitayeli, mu kuvyurira ingunza ubwato bwa Yona, no mu gukankamira ikiyaga c’i Galilaya. Ni we, nk’uko Yesu yavuze, “Mwami w’isi n’ijuru” (Mat. 11:25). Ibindi vyemezakw’Imana ar’Umwami w’isi, raba Yosuwa 10:11; Yobu 38:22-38; Yer. 5:24; 10:13; 31:35; Zab. 78:45-49; 105:16; 107:33-37; 135:6-7; 147:7-8,15-18; Mat. 5:45; Ivyak. 14:17.

Inyishu ku Bibazo Bikeya (A Few Questions Answered)

Igihe Imana ihanisha abantu ikigoyi, umwuzure, nyamugigima, twebwe nk’ivyariho vy’Imana, dufashije canke dutabaye ab’Imana iriko irahana?

Oya, si vyo na gato. Dutegerezwa kumenyakw’Imana ikunda bose, n’abantu iba irikw’irahana. N’aho tudashoka tubitahura, guhanisha abantu ivyago vyerekana urukundo rwayo. Bishoboka gute? Amagorwa ivyo vyago bizana, n’ih’Imana igabishiriza ab’ikunda iberekakw’igororoka kand’izi guca amateka, kandi kw’icaha cose gitegerezwa guhanwa. Imana iteza abantu imibabaro y’igihe gito kugira ngw’ikangure abantu baboneko bakeneye Umukiza—bitume bakira ca kiyaga caka umuriro. Urwo ni rwo rukundo!

Igihe cose abantu bagihema, Imana iba irikw’ibereka imbabazi zayo kuri bo n’aho batabikwiriye kandi ni ko kanya ibaha ko kwihana. Kubw’imababazi no gutabara kwacu, turashobora kwerekana urukundo rw’Imana ku bantu baziriringiwek’uburake bw’Imana. Ivyago vyiyadukiza ni akaryo ko gushikira isi Yesu yapfiriye.

Si ko gushikira abantu n’intumbero iruta izindi mur’ubu buzima? Igihe turaba mu bihe bidashira, imibabaro y’abashikiwe n’ivyago ntishobora kugereranywa n’imibabaro yo gutererwa mu kiyaga caka umuriro.

Turamaze kubona yukw’abantu bemera ubutumwa bwiza kenshi igihe bari mu mibabaro. Har’uturorero twinshi twa Bibiliya tuvyerekana, uhereyek’ukwihana kwa Isirayeli igihe bahahazwa n’ibihugu bibanyi, ugashitsa ku mugani w’umwana w’icangazi Yesu yaciriye abantu. Abakristo bategerezwa kubonakw’ivyago vyiyadukiza ar’igihe ivyimburwa biba vyeze.

Reka Tuvugane Ukuri (Let’s Tell the Truth)

None ubutumwa twobwira abantu ata kintu basigaranye kuko igihuhusi canke nyamugigima yasambuye vyose? None twokwishura iki batubajije ca kibazo benshi bakunda kubaza? Ni kubabwira ukuri Bibiliya yigisha, no kubwira abantu yukw’Imana Yera kand’ibashikiye ar’ingaruka mbi zizanwa n’ivyaha vyabo. Tubabwira yuk’ubukari bw’igihuhuta na nyamugigima ar’akarorero gatoya k’inkomezi z’Imana, kand’ubwoka bagirira inzu zabo budashobora kugereranywa n’uguhinda agashitsi bazogira igihe bazotererwa i kuzimu. Kandi tubabwire yuko n’aho twaridukwiriye gutererwa i kuzimu, Imana yaduhaye mu buntu bwayo akanya ko kwihana no kwizera Yesu, muri ho nihodukirizwa uburake bw’Imana.

“Iriko ntidukwiriye gutera abantu ubwoba mu kubabwira Imana, si vyo?” ni ko bamwe babaza. Inyishu iri mu vyanditswe: “Gutinya Imana ni ntango y’ubwenge” (Imig. 1:7). Abantu nta bwenge bazogira gushika aho bazotinya Imana.

Abantu Bashavuriye Imana Na Ho?

(What if People Become Angry With God?)

Mbega abantu ntibashavurira Imana kubera imibabaro barimwo? Ego birashoboka, ariko dutegerezwa kubafasha duciye bugufi tukabereka ubwibone bwabo. Nta n’umwe afise uburenganzira bwo kwidodombera Imana kubera ivy’arikw’aracamwo, kuko twese twaridukwiriye gutererwa i kuzimu kuva kera. Mu gishingo co kwidogera Imana kuber’ivyago barimwo, abantu bari bakwiriye gushima Imana kuko iba irikw’irabakebura. Imana ifise uburenganzira bwo kwirengagiza umuntu wese, akareka abantu bibandanirize inzira yabo ibajana i kuzimu. Arikw’Imana irakunda abantu kandi yama isemerera ngw’ibigarurire imisi yose. Ibahamagara mu gacerere ko gukura kw’ ivyamya biryoshe, ukuririmbakw’inyoni, ubwiza bw’imisozi miremire, n’ugukayangana kw’inyenyeri. Ibahamagara icishirije mu jwi ryo mu mitima yabo, mw’ishengero ari wo umubiri wiwe, na Mpwemu Yera. ariko ntibitaho akamo kiwe.

Vy’ukuri Imana ntinezererwa imibabaro y’abantu, arikw’igihe bakomeje ku yiyibagiza, urukundo ibakunda ni rwo ruyibashisha ikora ibintu bituma bayirondera. Ibihuhusi, nyamugigima, imyuzure n’ikigoyi biri mu bintu yikorako igihe igomba guhana intabarirwa. Imana yitegakw’ivyo vyago bituma abantu baca bugufi bakayigarukako.

Mbega Ibihano vy’Imana Bigira Abo Birenganya? (Is God Unfair in His Judgment?)

Igihe turaba Imana n’isi nk’uko ivyanditswe bivuga, niho tuba dutanguye kwitegereza neza. Ivyanditswe bitubwira ko twese twari abo kurakirwa, ariko Imana ni nyabuntu. Igihe abari mu vyago babwira Imana ko bakwiriye kugirirwa neza kuko badakwiriye guca mur’ivyo vyago, Imana irahigima. Ibishikira umuntu wese biba vyaragabanijwe ubukari n’ubuntu bw’Imana.

Tukiri mur’iyi nyigisho nyene, Yesu yarigeze kuvuga ku vyago bibiri. Tubisoma mu njili yanditswe na Luka:

Ico gihe abantu bar’aho bamwiganira [Yesu] ivy’Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo. Arababaza, ati “Mbega mwiyumvira yukw’abo Banyagalilaya barusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha? Ndababwire, ‘si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese. Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuka barusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro? Ndababwire, ‘si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese” (Luka 13:1-5).

Abanyagalilaya bishwe na Pilato ntibashobora kuvuga ngo, “ Imana yaturanganije kukw’itaturinze ukuboko kwa Pilato!” Oya, bar’abanyavyaha bakwiriye kurandutrwa. Kandi, nk’uko Yesu yabivuze, abanyagalilaya barusimvye ntibashobora kwihayagagiza biyitakw’ar’abagororotsi kuruta bagenzi babo bapfuye. Ntibakwiriye ubuntu bw’Imana—barahawe ubuntu burenze.

Ubutumwa bwa Yesu bwarumvikana cane: “Mur’abanyavyaha mwese. Icaha gifise ingaruka mbi, ariko gushika ubu, mubeshejweho n’ubuntu bw’Imana. Rero ni mwihane hatararengerana.”

Yesu yarangirije ku majambo akomeye cane mu kwerekana ubuntu bw’Imana:

Kand’abacira uyu mugani, ati “Habaye umuntu yar’afise umusukoni watewe mu ruzabibu rwiwe, araza awuronderakw’insukoni arazibura. Abwira umukozi w’uruzabibu, ati ‘Raba, none n’imyaka itatu nza kurondera insukoni kur’uyu musukoni, sinzibone, uwice: ugasarira iki aha hantu?’ Na we aramwishura, at’”Enda Mugenzi, ureke uwu myaka na wo, ndaworohereze, ndawutabirire: hanyuma ni wama insukoni bizoba ari vyiza; ariko n’utama. uzowuca’” (Luka 13:6-9).

Ng’ubu ubutungane n’ubuntu bw’Imana. Ubutungane bw’Imana buti, “Ca ico giti kitama!” Arik’ubuntu bwayo nabwo bukavuga ngo, “Oya, wongere uwundi mwaka turabeko wama.” Umuntu wese adafise Kristo muri we agereranywa n’ico giti.

Turashobora Gukankamira Ibihuhusi n’Imyuzure?

(Can We Rebuke Hurricanes and Floods?)

Ikibazo ca nyuma kijanye n’ivyago vyiyadukiza: None dufise ukwizera gukwiye, ntidushobora gutaramura no guhagarika ivyo vyago?

Kugira ukwizera bisigura kwemera ubugombe bw’Imana. Nuko, ukwizera, gutegerezwa kwubakirakw’ijambo Imana yivugiye ubwayo, ahandiho s’ukwizera, vyitwa ivyizigiro cank’ukwehenda. Nta hantu na hamwe Imana iduha isezerano ryo gutaramura no guhagarika ibihuhuta, ni co gituma ata nzira n’imwe umuntu ashobora gukoresha ukwizera kwo kubigira (kiretse ar’Imana ibikwibwiriye ika guha ukwo kwizera).

Reka nongereko iyindi nsiguro. Inzira imwe gusa umuntu yoronkerak’ukwizera kwo gutaramura igihuhuta ni igihe Imana imwibwiriyekw’igihuhuta kigomba gutera ahantu hatari ho. Nk’uko twabibonye mu vyanditswe, Imana ni yo iganza umuyaga kandi ni yo itera ibihuhusi. Nuko rero, ntibishobokak’umuntu agira ukwizera kutanyiganyiga kwo guhagarika igihuhuta igihe Imana ubwayo ari yo yakirungitse! Bishoboka gusa igihe Imana yisubiyeko ntibe ikirungitse ico gihuhuta, ivyo biba igihe har’umuntu yasenze ayisaba kugira ubuntu bwayo, cank’igihe abantu yagomba gucira urubanza bihanye ( inkuru ya Yona i Ninewe niy’inje mu bwenge). Ariko nah’Imana yigaruye, nta muntu ashobora kugira ukwizera kwo gutaramura canke kuzibira igihuhuta kiretse igihe uyo muntu yamenyekw’ Imana yigaruye akamenya kandi kw’Imana igombakw’aba ari we ikankamira no guhagarika ico gihuhusi.

Umuntu umwe tuzi yigeze gukankamira no guhagarika igihuhusi yari Yesu. Ico tuma umuntu wo muri twebwe akora nk’ivyo n’ukw’Imana imuha “ingabire yo kwizera,” (cank’ingabire y’”ukwizera kudasanzwe” nk’uko bayita), ni ingabire imwe mu ngabire cenda za Mpwemu zanditse muri 1 Korinto 12:7-11. Mur’izo ngabire zose za Mpwemu, ingabire yo kwizera ntikora nk’uko tuvyishakiye, ni Mpwemu avyishakira (raba 1 Kor. 12:11). Nuko, kiretse Imana iguhaye ingabire yo kwizera kudasanzwe yo gukankamira igihuhusi, ahandi ho ntucoshobora kucitega, wihenda ng’ufise ukwizera. Utegerezwa kukibisa! Ndaguhanurak’usaba Imana kukurinda, no kugirira imbabazi abantu irikw’irahana, umusaba kubarokora kugira ngo bihane.

Menyakw’igihe Paulo yoboherwa mu bwato bumujana i Roma bazungagijwe indwi zibiri n’igihuhuta kibi cane, ntiyagihagaritse (raba Ivyak. 27:14-44). Icatumye atabikora n’ukw’atavyo yar’ashoboye. Wibukekw’Imana yagiriye ubuntu umuntu wese yari mu bwato, kuko bose uko bari 276 bararokotse kand’ubwato bwasambutse (raba Ivyak. 27:24, 34, 44). Niyumvirakw’Imana yabagiriye ubuntu kuko Paulo yabisavye Imana.

 


[1]

Hari ibihabi bibiri bitangiwe inyishu: (1) Yuda avuga imitongano hagati ya Mikayeli na Satani kubera umuvyimba wa Mose, ariko naho nyene ntihavuga ko barwanye. Kanatsinda, Yuda avugako Mikayeli “ntiyubahutse kumuhinyura ngw’amucokore [Satani], ariko yamubwiye, at’’Uhoraho aguhane’” (Yuda 1:9). (2) Igihe Elisa n’umushumba wiwe baribakikujwe n’ingabo z’i Siriya mu gisagara citwa Dotani, Elisa yasenze Imana yugurure amaso y’umushumba wiwe (2 Abami 6:15-17). Ni ho umushumba wiwe yabonye “amafarasi n’imikogote yaka umuriro” twiyumvirako yarikw’abamarayika mw’isi yo muri mpwemu. Ntibisigurako, kw’abo bamarayika bari baje kurwana n’abadayimoni ba wa mubi.. abamarayika bakoreshwa n’Imana mu bihe runaka ngo basuke uburake bwayo ku banyakibi, akarorero tubona ni igihe umumarayika umwe yica abanyasiriya 185.000, nk’uko vyanditswe mu 2 Abami 19:35.

[2]

Raba, akarorero muri Mat. 1:20; 2:13,19; 4:11; Luka 1:11-20, 26-38.

[3]

Iki gice cose cerekana ko Yobu atari we “yakinguriye Satani kubw’ubwoba bwiwe” nk’uko benshi bizera. Imana ubwayo ni yo yabwiye Satani ivya Yobu muri 2:3: “Erega [Yobu] yakomeje kugororoka kwiwe gushitsa ubu, naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhoye” (hongeweko insobanuro). Narabivuzeko cane mu gitabo canje citwa, Igipimo c’Imana, urupapuro rwa. 175-181, uwusoma icongereza ashobora kugisoma ku kinyamakuru cacu (www.shepherdserve.org).

[4]

Raba kandi 1 Korinto 10:13, herekanakw’Imana ishingira akarimbi ibigeragezo, bisigurakw’igerera uwutugerageza.

[5]

Mbeg’ivyo bisigurako tudakwiriye gusengera abatwara, canke tudakwiriye kugira amatora, kuko tuzikw’Imana ishira hejuru uwo yishakiye? Oya, muri demokarasi, uburke bw’Imana buba burimwo. Turonka abo twitoreye, kand’abanyakibi batora abanyakibi nka bo. Ni co gituma, abagororotsi bategerezwa gutora na bo. Vyongeye, mw’Isezerano rya Kera na Rishasha, dutegekwa gusengera abatuganza (Yer. 29:7; 1 Tim. 2:1-4), bisigurako dushobora gukorana n’Imana mu kugena abatuganza. Kuko kenshi uburake bw’Imana buziriringa kubera kuganzwa n’abatware babi, kand’igituma amahanga menshi arakirwa n’Imana, turashobora gusaba kandi tukagirirwa ubuntu bwayo, kugira ngw’igihugu cacu ntigishikirwe n’ibihano vyose gikwiriye kuronka.

[6]

Ibindi vyanditswe vyerekanakw’Imana iganza umuyaga ni: Ita. 8:11; Kuv. 10:13,19; 14:21; 15:10; Guh. 11:31; Zab. 48:7; 78:76; 135:7; 147:18; 148:8; Yes. 11:15; 27:8; Yer. 10:13; 51:16; Ezek. 13:11,13; Amosi 4:9,13; Yona 4:8; Hag. 2:17. Mur’utwo turorero twinshi, Imana yakoresheje umuyaga nk’igihano.

[7]

Ushaka kumenya vyinshi ku kigoyi. raba Gus. 32:23-24; 2 Sam. 21:1; 24:12-13; 2 Abam. 8:1; Zab. 105:16; Yes. 14:30; Yer. 14:12,15-16; 16:3-4; 24:10; 27:8; 34:17; 42:17; 44:12-13; Ezek. 5:12,16-17; 6:12; 12:16; 14:21; 36:29; Ivyah. 6:8; 18:8). Yesu ubwiwe yavuzekw’”Imana iha imvura abagororotsi n’abagabiranya” (Mat. 5:45). Imana ifise ububasha ku mvura.