Ubunyabigega (Stewardship)

Igice ca Mirongwitatu na Kabiri (Chapter Thirty-Two)

Mu gice c’inyigisho za Yesu ku musozi, twaravuze amajambo amwe amwe Yesu yavuze mu kwigisha ibijanye n’ubunyabigega bwiza. Yababwiye kutirundaniriza ubutunzi kw’isi, ariko babike mw’ijuru. Yerekanye yukw’abirundaniriza ubutunzi kw’isi atari ibijuju gusa, ariko kandi har’umwiza munini mu mitima yabo (raba Mat. 6:19-24).

Amahera ni yo Mana y’abirundaniriza ubutunzi kw’isi, kukw’ari bwo bakorera kandi ari bwo buganza ubugingo bwabo. Yesu yaravyatuye avugakw’ata muntu ashobora gukorera Imana n’amafaranga, yerekanyekw’Imana ari yo Mwami nyakuri, maze agaca aba Umwami w’amafaranga yacu. Amahera, aruta ibinti vyose guhiganwa n’Imana mu kuganza imitima y’abantu. Ni co gituma Yesu yavuze ko tudashobora kuba abigishwa biwe tutabanje guheba ivyo dutunze (raba Luka 14:33). Abigishwa ba Kristo nta kintu cabo ubwabo batunze. Babikijwe n’Imana ubutunzi bwayo, kandi Imana ikoresha amahera yayo ibihishura ingeso zayo no guteza imbere ubwami bwayo.

Yesu yar’afise ibintu vyinshi avuga k’ubunyabigega, arikw’ayo majambo yiwe akunda kwirengagizwa n’abiyitako bamukurikira. Arikw’ibintu vyinshi vyandikwa usanga ur’uguhirika ivyanditswe mu kugira “inyigisho z’imihezagiro” mu buryo butandukanye, mu bugunge n’ubujuju. Umukozi agira abigishwa, yifuza kwigisha abantu kwumvira amategeko ya Kristo. Arashobora kwigisha, mu mvugo no mu ngiro, ubunyabigega Bibiliya yigisha.

Reka turabe ic’ivyanditswe vyigisha k’ubunyabigega, mur’uwo mwanya nyene, duce turaba uturorero twinshi tw’inyigisho zo kuroranirwa kw’ibinyoma. Iki cigwa ntigishobora kuvuga ku bintu vyose. naranditse igitabo gikwiye mu congereza ushobora gusoma mu kinyamakuru cacu (ShepherdServe.org). ushobora kugisanga ahanditswe “inyigisho za Bibiliya” musi yavyo handitse, “Yesu ku mafaranga.”

Uwutumara Ubukene (The Supplier of Needs)

Duhereye ku canditswe kiryoshe, turibuka yuko Paulo, arongowe na Mpwemu Yera , yanditse ati, “Imana yanje izobamara ubukene nk’uk’ubwinshi bwiwe buri muri Kristo Yesu” (Fil. 4:19). Iryo sezerano rekundwa kuvugwa no gukoreshwa n’abakristo kenshi cane, ariko none risigura iki? Igihe dushishikara kurisoma, dusanga har’icatumye Paulo adakekeranya kuvuga yukw’Imana usomara ubukene abizera b’I Filipi:

Nariko mwagize neza, kuko mwafatanije nanje amarushwa. Kandi yemwe Bafilipi, namwe ni co muzi yukw’itanguriro ry’ubutumwa bwiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabwa, atari mwebwe mwenyene. Kuko n’i Tesalonika naho mwandungikiye ivyo kummara ubukene si rimwe ni kabiri kose. S’uko ndondera ingabire, ariko ndondera imburo zigwirikanya amaronko yanyu. Ariko mfise ibeek the gift itself, but I seek nkwiye vyose, mfise umurengera: ndahaze, kuko mpawe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’umubabwe umuta neza, ikimazi cemewe gihambara Imana. Kand’Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nk’ukw’itunga ry’ubwiza bwayo riri ryo muri Kristo (Fil. 4:14-19, hongeweko insobanuro).

Paulo yamenye nezaakw’Imana izomara ubukene bw’Abafilipi kuko bashikije igisabwa na Yesu: Babanje kurondera ubwami bw’Imana, bigaragazwa n’ingabire barungikiye Paulo kugira ngw’ashishikare igikorwa co gutanguza amashengero. Ibuka yuko mu nsiguro yiwe yo ku musozi, Yesu yavuze ati,

Ariko so wo mw’ijuru arizi yukw’ivyo vyose mubikwiriye. Ariko mubanze mwitwararike ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa (Mat. 6:32-33).

Rero tubonakw’isezerano rya Paulo mu b’i Tesalonika 4:19 ritabwirwa umukristo wese arisoma no kuryiyitira. Ahubwo, ribwirwa ababanza kwitwararika ubwami bw’Imana.

Mbe Mubisanzwe Dukena Iki? (What Do We Really Need?)

Har’ibindi dushobora kwiga kur’iryo sezerano rya Yesu muri Matayo 6:32-33. har’igihe tugira ingorane zo kumenya neza ico dukenye n’ico twifuza. Yesu, yaravuze ico dukena. Yavuze ati, “So wo mw’ijuru arizi kw’ivyo vyose mubikena.”

Mbeg’ivyo “bintu” Yesu yavuzeko tuzohabwa tubanje kwitwararika ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo? Ni ivyo kurya, ivyo kunywa n’ivyo kwambara. Ntawushobora kubihaririza, kukw’ivyo ni vyo Yesu yarikw’aravuga imbere y’uyo murongo turiko turiga (raba Mat. 6:25-31). Ico kurya, ico kunywa n’ico kwambara, ni vyo bintu dukeneye koko. Kand’ivyo ni vyo Yesu, n’umurwi baendana baribatunze gusa.

Paulo yerekanyeko yemeranya n’ico Yesu yavuze ku bukene bwacu, igihe yandikira Timoteyo:

Ariko kwubaha Imana bifatanije no kubumbwa n’ivy’ufise kuvamw’inyungu nyinshi koko: kukw’ata co twazanywe kw’isi kand’ata co tuzoshobora kuyivanamwo. Arikw’iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubumvye. Arikw’abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mubibonona bikabarandura (1 Tim. 6:6-10, hongeweko insobanuro).

Paulo yavuzekw’ivyo kurya n’ivyo twambara ari vyo bintu dukenera ngo tubeho, ahandi ho ntiyari kuvugakw’ivyo bitubumba. Ibi biduha gutahura ukundi ivyo yabwiye Abafilipi kw’Imana izobamara ubukene! Ingene abasiguzi benshi basigura uyu murongo, wokwibaza yuk’uvuga uti, “Imana yanje azobaha ico mwifuza cose!” Vyongeye, igihe tubumbwe n’ivyo kurya n’ivyo twambara, ese ingene twohazwa mu buzima, kukw’ivy’abantu bitwararika usanga atar’ivyo barya no kwambara gusa?

Ukutambumbwa (Discontentment)

Ingorane yacu ni ivyo twiyumvira ko dukenya s’ivyo dukenye koko. Ibuka yukw’igihe Imana yarema Adama na Eva, ntaco baribatunze ubwabo, ariko bari muri Paradizo. Vy’ukuri, biragaragara kw’Imana idashaka ko twiyumvira yuko kwirundaniriza ubutunzi bwo kw’isi ari vyo bizana umunezero. Urigera kwiyumvira ko Yesu atigeze yoga ya mazi ashungurika ku mutwe nk’uko benshi babigira. Kandi ntiyigeze agira umuduga cank’ikinga. Ntiyigeze amusura impuzu ziwe muri za mashine zimesura. Ntiyigeze agira icuma gikanyisha ivyo kurya cank’ivyo kunywa. Ntiyigeze agira iradiyo yumviriza, cank’avugane n’umuntu kw’iterefone, cank’ateke kuri vya vyuma biteka, cank’avuge ubutumwa akoresheje vya vyuma bisamirana, ntiyigeze yatsa itara ry’umuyagankuba, cank’aronke akayaga k’ivyuma bizana akayaga mu nzu. Ntiyigeze atunga n’isaha yo kukuboko. Nta cumba cuzuye impuzu yar’afise. None umunezero wiwe wava hehe?

Muri Leta zunz’Ubumwe za Amerika (kumbure no mu gihugu cawe), twerekwa ibintu vyinshi bivugwa ko bizana umunezero bakatwereka ingene abantu banezerwa iyo baguze ibintu bishasha vyo mw’isi. Ni vyo bituma ubwonko bwacu bujana narwo (canke “ubwenge bwandujwe”) tukiyumvira yuk’umunezero uzanwa no kugura ibintu vyinshi, kandi n’aho twuzuza ibintu mu nzu ntitwigera turonka umunezero. Ni co Yesu yise “uruhendo rw’ubutunzi” (Mat. 13:22). Ibintu vyo kw’isi bisezerana umunezero ariko ntivyigera bishitsa isezerano. Igihe twinjiye mu muryango w’ab’isi birundaniriza ubutunzi, tuba duhindutse abasenga ibigirwamana, abaja b’amahera, bibagiye Imana n’ivyagezwe vyayo vyo kuyikunda n’imitima yacu yose no gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. Imana yaragabishije Isirayeli kur’ivyo bintu:

Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amateka yiwe ashinzwe, n’amabwirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi. Ni mwamara kurya mu gahimba, mukubaka amazu meza mu kayabamwo; amasho yanyu ni mikuku yanyu bikagwira, mukagwiza amafeza n’amazahabu, mber’ivyo mufise vyose bikagwira; maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja (Gus. 8:11-14).

Nk’uko nyene, Yesu yahanuye yuk’” uruhendo rw’ubutunzi” rushobora kunyoha ubuzima bwo mu mpwemu igihe uwizera yemeye gusamzwa narwo (raba Mat. 13:7, 22). Paulo yahanuye avuga yuko “gukunda amahera ar’umuzi w’ibibi vyose,” kandi ngo “bamwe kubera ukuyifuza cane bavuye ku kwizera, bishira mu mutego” (1 Tim. 6:10). Duhanurwa n’umwanditsi w’icete c’Abaheburayo ngo, “Gukanda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubwayo yavuze, iti ‘Ntaho nzoguhemukira, nta ho nzoguta’” (Heb. 13:5). Utu ni uturorero two kugabishwa ku kaga ko guhurumbira ubutunzi.

Igihe Amahera Abaye Umwami (When Money is Master)

Kumbere nta gipimo cokwerekana aho tugeza gukunda Imana n’aho tugeza gukunda amahera nk’iki. Amahera—umwanya n’ingene tugira mu kuyaronka—ni vyo bihishura cane ingene ubuzima bwacu bwo mu mpwemu bumeze. Amahera, igihetuyafise mbere n’igihe tutayafise, ni vyo bitugerageza kuruta ibindi vyose. Amafaranga ashobora kudufasha gushitsa amatego makuru makuru abiri, kand’ashobora kutubera imana agafata ikibanza Imana yo nyene ikwiye guhabwa, kandi arashobora gutuma twikunda ababanyi ntitubakunde. Ku rundi ruhande, amahera arashobora kwerekana urukundo dukunda Imana n’ababanyi bacu.

Yesu yaravuze umugani w’umuntu yemereye amahera kumuganza kuruta Imana:

Umuntu w’umutunzi yarafise itongo rimera cane. Yiyumvira mu mutima wiwe, ati “Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?” Ati ndabigenza ntya: “Ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yanje yose n’ibintu vyanje vyose. nzobwira umutima wanje, nti ‘Mutima wanje, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.’” Maz’Imana iramubwira, iti “Wagipfu we, mur’iri joro barakwaka ubugingo bwawe: none ivyo wohitikiranije bizoba ivya ndeB? “umuntu yishingurira nikw’amera, atar’umutunzi mu vy’Imana (Luka 12:16-21).

Yesu yagereranije uyu mutunzi n’ikijuju. N’aho yarafise ubutunzi, itongo rimera cane n’ubwenge bwo kurima, ntiyamenye Imana, kuko ntiyari kwirundaniriza umwimbu ngw’aruhuke abeho ubuzima bwo kwikunda no kworoherwa. Ahubwo, yarikubaza Imana ico akoresha uwo mwimbu, iyo amenyakw’ar’uwubikijwe ubutunzi bw’Imana. Nta nkeka, Imana yarikumwereka ingene asangira umwimbu wiwe n’abandi kandi agashishikara gukora no kubera abandi umugisha. Kumbure ikindi cari gukoreka yari guhagarika uburimyi agatanguza igikorwa c’Imana agishigikiza amahera yiwe, namba ari vyo Imana imuhamagarira gukora.

Uyomutunzi mu mugani wa Yesu yaharuye nabi umusi azopfirako. Yiyumviriyekw’agifise imyaka myinshi yo kubaho, kandi hasigaye amasaha makeya asandabe. Ico Yesu yarikw’aravuga ng’iki: Tubeho umusi wose nk’umusi wacu wa nyuma wo kubaho kw’isi, twame twiteguriye guhagarara imbere y’Imana n’ivyo twakoze mw’isi.

Ivyiyumviro Bibiri (Two Perspectives)

Ese ingene ivyiyumviro vy’Imana bitandukanye n’ivy’umuntu! Uyo mutunzi ategerezwa kuba yifuzwa n’abantu benshi bamuzi, arikw’Imana yamwumvira impuhwe. Yar’umutunzi mu maso y’abantu, n’umutindi mu maso y’Imana. Yari kubika ubutunzi bwiwe mw’ijuru ah’azoba ibihe bidashira, arikw’ahitamwo kubushira mw’isi kand’ata co buzomufasha igihe azopfa. Kandi turavye ivyo Yesu yigishije ku nkunzi z’amahera, nta wovugako Yesu yagomba kutubwira yuk’uyo mutunzi yagiye mw’ijuru igihe apfuye.

Uyu mugani udufasha gutahura yukw’ivyo dufise vyose ar’ingabire iva ku Mana, kand’ishaka ko tuyibera abizigirwa ku vyo yatujeje. Ibi ntibibwirwa abafise ubutunzi bwo kw’isi gusa, n’umuntu wese aha agaciro kanini ubutunzi bwo kw’isi. Yesu yabandanije kubisobanura neza igihe yabwira abigishwa biwe ibikurikira:

Ni co gitumye [bisigurakw’ivyo yagomba kuvuga vyenena ku vyo ahejeje kubabwira] ndababarira, nti nti mukiganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Kukw’amagara aruta ivyo kurya, n’umubiri uruta ivyambarwa. Ni mwitegereze ibikona, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububiko cank’ikigega, kand’Imana irabitunga: erega mwebwe muruta ibisiga cane. Ni nde muri mwebwe yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko areha n’ukuboko kumwe? N’uko nimutashobora gukora igito rwose, ni iki gituma mwiganyira ibindi? Ni mwitegereze amashurwe, ingene akura: ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu, ariko ndababwire: Na Salomo, mu bwiza bwiwe bwose ntiyar’ashajije nka rimwe mur’ayo. None Imana koyambika ivyatsi vyo kumisozi irtyo, biriho nk’uyu musi arikw’ejo bigategererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke mwe? Kandi ntimukitwararike ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire. Kukw’ivyo vyose abanyamahanga bo kw’isi ari vyo bitwararika. Ariko So arazi ko mubikena ivyo. Ariko mwitwararike ubwami bwiwe, ni ho ivyo muzovyongererwa. Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubwami.

Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubw’ubuntu, mwibaririre impfundo idashira, ubutunzi budashira buri mw’ijuru, ahategererwa n’igisuma, ata nyenzi zonona: kukw’ah’ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba (Luka 12:22-34).

Ese ingene amajambo ya Yesu ahushanya n’insiguro z’iki gihe zizanwa n’”abasigura ku vyo kuroranirwa gusa”! mur’iyi misi batubwirakw’Imana ishaka ko tugira vyinshi, kandi tubonako Yesu yabwiye abigishwa biwe kugurisha ivyo batunze ibiguzi vyavyo babitange kubw’ubuntu! Yongera kwerekana ubujuju bw’abirundaniriza ubutunzi kw’isi—ah’ubwo butunzi bohonera, ni ho imitima yabenebwo iri.

Menyako Yesu yavuze umugani w’umuntu w’igipfu abwira abantu ko badakwiriye kwitwararika ibintu vyinshi atar’ukurya no kwambara. Wiganyiye kubw’ivyo bintu vyerekana kw’intumbero yawe atari yo. Iyo twemeyeko Data atwitwararika, ntitwiganyira, kand’iyo ngeso yo kutiganyira ituma twitwararika ivyubaka ubwami bw’Imana.

Akarorero ka Kristo (Christ’s Example)

Har’ibindi bijanye n’amahera Yesu yavuze. Yigishije yuk’umukozi wese agira abigishwa ategerezwa kwigisha atanga akarorero. Yigisha ivya agendera. Mbega Yesu yabayeho gute?

Yesu ntiyirundanirije ubutunzi kw’isi, n’aho yar’afise inzira yo yokwitungisha cane. Har’abakozi benshi biyumvirakw’igihe ibikorwa vyabo bibazaniye amahera bababaronse akaryo ko kwitungisha ubwabo. Yesu ntiyakoresheje amavuta n’ubushobozi yar’afise ngo yirundanirize ubutunzi. Amahera yahabwa yayakoresha mu gikorwa co kugira abigishwa. Ni we yishura imitwaro y’umurwi wa mugendanira kuko bar’abigishwa biwe.

[1]

Mur’iyi misi, abigishwa bakiri bato bategekwa kwirihira kugira ngo bashobore kuronka inyigisho mu mashele ya Bibiliya. Ariko Yesu yigishije igihushanye c’ivyo!

Yesu yabayeho mu kwizigira, yizerako Se amumara ubukene no kumuhezagira kugira ngw’amare abandi ubukene. Har’igihe yatumurwa mu misi mikuru gufungura, ikindi igihe yarya ingano amyoje mu murima (raba Luka 6:1).

Incuro zibiri zose yafunguriye abantu ibihumbi vyinshi bari baje kumwumviriza. Ese ingene bitandukanye cane n’inganda z’inyigisho zebera mu bihugu vya Buraya ah’umuntu wese ashoka kwigishwa ategerezwa kwirihira amahera yo kwinjira! Twebwe dutanga ku buntu indya ku bantu baje mu nganda z’inyigisho zacu baradutwenga ngo “turiha abantu baze kutwumviriza.” Vy’ukuri, tuba turiko twigira kuri Yesu.

Yesu yaritwararitse abantu, igihe abigishwa biwe bariko barondera uwushobora gutanga amahera ngw’imfashanyo ikwire abantu bari ngaho. Gufasha aboro c’ar’ikemeyetso kiranga igikorwa ca Yesu kugeza aho yabwira Yuda gutebuka igihe yava ku meza bariko basangira indya za nyuma, abandi bigishwa biyumviriye yuko Yuda agiye kugura imfungurwa canke kuzana amahera yo guha aboro (raba Yohana 13:27-30).

Yesu yarakunda umubanyi wiwe nk’uko yikunda, ni co catumye abaho yiyoroheje kand’asangira n’abandi. Ntiyashobora kwihana kukw’inyigisho za Yohana Umubatizi yarazikurikije, “uwufise imitamana ibiri ahe uwudafise n’umwe” (Luka 3:11). Yesu yar’afise umutamana umwe gusa. Arikw’abigisha ubutumwa bwo kuroranirwa bigisha ko Yesu yar’umutunzi kuko yambara umwinjiro utagira umubariro (raba Yohana 19:23), yar’impuzu yambarwa n’abatunzi gusa. Biratangaje kubona ingene umuntu agerageza kwumira ku canditswe kimwe gihushanya n’ibindi vyansitswe vyose! turashobora kuvuga nk’ukw’ibipfu bivugako Yesu yarikw’anyegeza ubutunzi bwiwe, kukw’atambaye impuzu y’ inyuma itagira umubariro.

Yesu yar’afise ibintu vyinshi avuga ku mahera tudashobora kuronka aho tuvyandika mur’iki gitabo. Reka dusuzume bimwe mu biharawe kwigishwa mu nyigisho zo kuroranirwa kuko bihirika ivyanditswe no guhenda ibintazi.

“Imana Yarahaye Salomo Ubutunzi” (“God Made Solomon Rich”)

Iki ni co citwazo abantu benshi bigisha ivyo kuroranirwa bavuga mu guhisha ubugunge bwabo. Bibagirakw’Imana yahaye Salomo ubutunzi kubw’intumbero kanaka. Iyo ntumbero ni, igihe Imana yabwira Salomo kw’imuha ico asaba cose, Salomo yasavye ubwenge bwo kurongora abantu b’Imana. Imana inezerezwa n’uko Salomo atasavye ubutunzi (kubw’intumbero kanaka) ni co gituma yamuhaye ubwnge imuhana n’ubutunzi. Salomo, ntiyakoresheje ubwenge bwiwe nk’ukw’Imana yabigabiye, bituma aba igipfu mu bantu bose bigeze kubaho. Iy’agira ubwenge, yarikwitondera ic’Imana yabwiye abisirayeli kuva kera ataranavuka:

Umwami muzoshiraho ntaz’abure kuba uwo Uhoraho Imana yanyu atoranya; uwo mwami muzoshiraho wo kubaganza azab’uwo mu biwanyu; ntimuze mushireh’umunyamahanga ngw’abe ari we abaganza, atar’uwo mu biwanyu. Ikibujijwe ntaze yironderere amafarasi menshi, canke ngw’agire abantu atuma muri Egiputa kugira ngo yironkere umukimba w’amafarasi; kuk’Uhoraho yababariye, ati “Ntimuze musubire kujana iyo nzira ukundi.” Kandi ntaz’agire umukimba w’abagore, kugira ngo ntibize bihindure umutima wiwe; kandi ntaze yirundanirize amafeza n’izahabu ngo bibi isinzi (Gus. 17:15-17).

Iki n’ikindi canditswe abigisha ivyo kuroranirwa bibagira, mu gukurikira akarorero ka Salomo na we nyene yavyibagiye bimutera kuranduka. Nka we nyene, bahinduka abasenga ibigirwamana. Menyak’umutima wa Salomo wajanywe kuri yo gusenga Imana y’ukuri kubera ubwinshi bw’abagore biwe, kand’abo bagore yabaronse kubera ugukoresha nabi ubutunzi bwiwe.

Imana yagomba ko Salomo akoresha ubutunzi ahawe n’Imana mu gukunda ababanyi biwe, ariko Salomo yabukoresheje mu kwikunda ubwiwe. Yirundanirije izahabu, amafeza, ifarasi n’abagore, ntiyumvira amategeko y’Imana. Yaciye arongora abagore amajana ndwi n’incoreke amajana atatu, bingana no kwaka abagabo igihumbi abagore babo. Haguha umworo, Salomo yiha ubwiwe. Bisigura kw’abigisha ivyo kuroranirwa bigira kuri Salomo bakamugira icitegererezo cabo co mw’Isezerano Rishasha bigatuma bikunda no gusenga ibigirwamana. Mbega ntitwahamagariwe gusa na Kristo?

“Imana Yahaye Aburahamu Ubutunzi, kandi Idusezerana Imigisha ya Aburahamu”

(“God Made Abraham Rich, and Abraham’s Blessings Are Promised To Us”)

Iki citwazo bagikura mu majambo ya Paulo ari mu gice ca gatatu c’icete yandikiye Abagalatiya. Ndavuga umurongo bakunda gukoresha bawukura mu yindi, ariko ndawurekere mu kibanza cawo:

Kand’ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw’Imana izotsindanishiriza abanyamahanga kubw’ukwizera. Bibarira Aburahamu ubutumwa bwiza bw’ibitaraba, biti “Muri wewe ni ho amahanga yose azoherwa umugisha.” “nukw’abishimira ukwizera bahabwa umugisha hamwe na Aburahamu yizera.

Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari mu muvumo: kuko handitswe “ngw’Azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe ngw’avyitondere.” Biraseruka yukw’ata muntu atsindanishirizwa n’ivyagezwe imbere y’Imana, kuko handitswe ngw’”umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.” Arikw’ivyagezwe ntibiva ku kwizera, yamara ng’uwuzovyitondera ni we bizobeshaho. Kritso yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yicitse ikivume kubwacu— kuko handitswe ngw’”azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti” — kugira ng’Umugisha wa Aburahamu ushike kubanyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe (Gal. 3:8-14, hongeweko insobanuro).

“Imigisha ya Aburahamu” Paulo yanditse kumurongo wa 14 ryar’isezerano ry’Imana ribwira Aburahamu kw’amahanga yose azohezagirirwa muri we (Paulo yabikuye ku murongo wa 8), canke mu majambo yumvikana, nk’uko Paulo yasobanuye mu yindi mirongo, uwakomotse mu ruvyaro rwa Aburahamu, Yesu (Gal. 3:16). Dufatiye kuvyo duhejeje gusoma, Yesu ni we yatanze iyo migisha ku mahanga yose yasezeranywe biciye mu kuvumwa n’Imana, gupfira ivyaha vy’isi ku musaraba. Rero “umugisha w’Imana ku banyamahanga” s’ugutungisha abanyamahanga mu buryo bw’umubiri nka Aburahamu, ariko ni isezerano ry’Imana ryo guhezagira amahanga biciye mu ruvyaro rwiwe—vyashikijwe n’urupfu rwa Yesu ku musaraba. (Ico Paulo yashikirije ngaha n’ukw’abanyamahanga bakizwa mu kwizera Yesu, nk’Abayuda.)

Ukundi Guhirika (Another Twisting)

Uyu murongo nyene har’ubundi buryo ukoreshwamwo n’abasigura ivyo kuroranirwa mu kwemeza ivyizerwa vyabo. Bavuga yuko, kubera yukw’ivyagezwe bivuga ku muvomo w’ubukene ku bantu badashobora kubishitsa (raba Gus. 28:30-31, 33, 38-40, 47-48, 51, 68), ngo kandi Paulo yanditse ati, “Kristo yaducunguye adukura mu muvumo w’ubukene” mu Bagalatiya 3:13, twebwe abai muri Kristo twacunguwe dukurwa mu muvumo w’ubukene.

Ica mbere, turashobora kwibuaza yuko Paulo yariko yiyumvira ku bwoko butandukanye bw’imivumo iri mu Gusubira mu vyagezwe 28 igihe yandika “umuvumo w’ivyagezwe” Kristo yaducunguye. Menyako Paulo atavuzeko Kristo yaducunguye adukura mu “mivumo” (mu bwinshi) y’ivyagezwe, ariko yavuze “umuvumo” w’ivyagezwe, muri rudende, mu kwerekana kw’ivyanditswe vyose war’umuvumo kubaronderera agakiza muri vyo. igihe ducunguwe na Kristo, ntidushobora kandi kugerageza kuronderera agakiza mu kwitondera ivyagezwe na Mose, kuko “twacunguwe umuvumo w’ivyagezwe.”

Namba Paulo yavuzeko Kristo yaducunguye icago cose kivugwa mu Gusubira mu Vyagezwe 28, akatwemerera ubutunzi bwo kw’isi, duca twibaza icatumye Paulo yandika ati, “Gushika n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo, dukoresha amaboko yacu gutama” (1 Kor. 4:11). Duca twibaza kandi icatumye asubira kwandika n’ahandi ngo,

Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw’irinde, canke n’inkota? Nk’uko handitswe, ngo “twirirwa twicwa, bakuduhora, twagereranijwe n’intama zibarwa” (Rom. 8:35-36).

Biragaragara, Paulo ntiyarikwandika amajambo nk’ayo iy’aba Abakristo bose badashobora guhamwa, gusonza, guterwa n’inkota kubera yuko Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe.

Turashobora no kwibaza icatumye Yesu avuga inkuru y’uko bizenda mw’ijuru,

Maz’Umwami abwira abar’i buryo bwiwe, ati “Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi. Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nywa, nar’ingenzi mumpa indaro; nagenda gusa muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko meze; nari mw’ibohero muza kundaba.” Maze abagororotsi bazomubaza, bati “Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, tukakugaburira; cank’ufise inyota, tuguha ic’unywa? Twakobonye ryari ur’ingenzi, tuguha indaro, cank’ugenda gusa tukakwambika? Twakubonye ryari urwaye, cank’uri mw’ibohero, tuza kukuraba?” Umwami nawe azobishura, ati “Ndababwire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.” (Mat. 25:34-40, hongeweko insobanuro).

Rero turashobora gukekeranya gatoya yukw’abizera “bacunguwe umuvumo w’ivyagezwe” bashobora kwisanga mu buzima butangana n’ubw’abatunzi. Hamwe n’ivyo, ura menya yuko mu kugerageza ibihe Yesu yavuze ati, Imana yaramaze ubukene abayizera, kandi yacishiriza mu bandi bizera bafise uburyo bwisununuye kubasumba. Dutegerezwa kwita Imana itumara ubukene, n’aho bishobora kuboneka ko bidashoboka.

Ni ho rero, abigisha ivyo kuroranirwa bashaka gutunga nka Aburahamu biyumvire ko biteguye kuba mu mahema ubuzima bwabo bwose ata muyagankuba cank’amazi mu nzu! Abantu Imana yahezagiye mu buryo kanaka imigisha mw’Isezerano rya Kera bategerezwa gukoresha ubutunzi bwabo kubw’icubahiro c’Imana, basangira n’abandi no kubamara ubukene. Aburahamu yarabikoze, yahaye akazi abantu amajana abamara ubukene (raba Ita. 14:14). Na Yobu yarabigize, yivugiyeko yakoresheje ubutunzi bwiwe afasha abapfakazi n’impfuvyi (Yobu 29:12-13, 31:16-22). Abahawe imigisha bakagira ubuzi bategerezwa kumenya k’ubuzi bwabo butuma bakunda Imana na bagenzi babo nk’uko bikunda.

“Ivyanditswe Bivugako Yesu Yagizwe Umukene Kugira ngw’Adutungishe”

(“Scripture Says That Jesus Became Poor So That We Could Become Rich”)

Ni vyo Bibiliya ivuga yuko,

Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko n’aho yar’umutunzi, yahindutse umworo kubwanyu, kugira ng’ubworo bwiwe bubatungishe (2 Kor. 8:9).

Har’abavuga bati namba Yesu yar’ umutunzi mw’ijuru ahinduka umworo kw’isi, none ubutunzi Paulo avuga igihe yandika abwira abo bantu yuko batungishijwe n’ubworo bwa Kristo. Ni ho baca bavuga, bati namba Paulo yavuze k’ubutunzi n’ubworo bwo mw’isi ku ku gice ca mbere c’umurongo, ntiyashobora kuvuga ivy’ubutunzi bwo mu mpwemu ku gice ca kabiri c’uyo murongo nyene.

Ko bimeze gurtyo, namba Paulo yavuzeko tuzotunga mw’isi kuko Yesu yigize umworo kw’isi, duca twibaza icatumye yandika imirongo ikurikira mur’ico cete nyene,

Mu butame no mu bucumukure, ndara maso kenshi, ngir’inzara n’inyota, mmara ubusa kenshi, nicwa n’imbeho, nambara ubusa (2 Kor. 11:27).

Namba Paulo yavuze muri 2 Korinto 8:9 yuko Kristo yahindutse umwaro mu mubiri kugira ngo twebwe duhinduke abatunzi mu mubiri, intumbero ya Kristo ntiyarikw’irakorwa mu buzima bwa Paulo ! Bisigura yuko Paulo atavuze yuko Kristo yahindutse umworo mu mubiri kugira ngo duhinduke abatunzi mu mubiri ngaha kw’isi. Ahubwo yavuzeko tuzogirwa abatunzi mu mpwemu, “abatunzi kubw’Imana,” twitije ijambo Yesu yakoresheje (raba Luka 12:21), ubutunzi bwo mw’ijuru ni ho amatungo n’imitima yacu biri.

Ni vyiza kuvuga kubera yuko Paulo yarikw’avuga ku butunzi bwo kw’isi mu gice kimwe c’iryungane atari kuvuga ku butunzi bwo mu mpwemu mu kindi gice c’iryo ryungane nyene, nk’ukw’abigisha ivyo kuroranirwa bavuga? Raba amajambo Yesu yabwaye bamwe mu bamukurikira mu gisagara ca Samariya:

Ndaz’amarushwa yawe n’ubworo bwawe (yamar’ur’umutunzi)…(Ivyah. 2:9a).

Ngaha, Yesu yarikw’avuga ubworo bwo mw’isi ab’i Simuruna barimwo, amajambo ane yakurikije, avuga ku butunzi bwo mu mpwemu bw’abo bizera nyene.

“Yesu Yasezeranye Ibihetangabo Ijana Igihe Igihe Dutanze”

(“Jesus Promised a Hundred-Fold Return on Our Giving”)

Yesu yasezeranye gushumbusha incuro ijana ku bantu bafise ivyo bahevye. Reka dusome neza ico yavuze:

Yesu arababwira, ati ndababwire ukuri, Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubwanje no kubw’ubutumwa bwiza, atazobishumbushwa ijana mur’iki gihe ca none, amazu na bene nyina, na bashiki biwe, na ba nyina, n’abana, n’itongo bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabwa ubugingo budashira (Mariko 10:29-30).

Menyakw’iri sezerano ritabwirwa abaha amahera abasiguzi, nk’ukw’abasiguzi b’ivyo kuroranirwa babivuga. Ahubwo, iri sezerano ryahawe abaheba inzu zabo, itongo n’incuti zabo baja kuvuga ubutumwa kuri mw’isi. Yesu yasezeranye abo bantu “incuro ijana mu gihe ca none.”

Mbega Yesu yarikw’avugakw’abo bantu bazohabwa amazu ijana n’amatongo nk’ukw’ibigisha ivyo kuroranirwa bavyigisha? Oya, kandi ntiyarikw’avugakw’abo bantu bazoronka ba nyina, bashiki babo n’abana ijana. Yesu yarikw’avuga yukw’abantu baheba inzu zabo n’imiryango yabo bazoronka abandi bizera babakira mu nzu zabo no kubana nk’umuryango umwe.

Menya kandi yuko Yesu yabasezeranye imibabaro n’ubugingo budashira. Ibi bitwibutsa iciyumviro nyamukuru c’iki gice c’ivyanditswe, ah’abigishwa babonye umutunzi yar’aje kurondera ubugingo budashira ataha abababaye igihe Yesu yamubwira, ati “Icoroshe n’ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bwami bw’Imana” (Mariko 10:25).

Abigishwa barababajwe n’iryo jambo rya Yesu, batangura kwibaza kobazogira ibakwe ryo kwinjira ubwami bw’Imana. Bibutsa Yesu ivyo basize inyuma bamukurikira. Ni ho Yesu yabaha isezerano ryo gushumbushwa “incuro ijana”.

Ko bimeze gurtyo, vyogora umusiguzi w’ivyo kuroranirwa kutwemeza yuko Yesu yarikw’asezerano umugisha wo kw’isi dushobora kuronka mu kanya gato igihe tumukurikiye, twisunze ivyo, n’imbere y’ivyo, Yesu yatanguye kubwira uyo mutunzi kugurisha ivyo atunze vyose n’ibiguzi vyavyo abigaburire aboro kugira ngw’aronke ubugingo budashira!

Har’iyindi mirongo myinshi abigisha ivyo kuroranirwa bigisha bahirika turetse iyo tumaze kubona, ariko nta kibanza ntoronka tuvyandikamwo vyose. Muragaba!

Ico Twokwibuka (A Maxim to Remember)

Uwitwa John Wesley, ari we yatanguje ishengero ryitwa Methodiste mu gihugu c’Ubwongereza, yaravuze ingene umuntu yohagarara imbere y’amafaranga. Ati, “Gira ivy’ushoboye vyose; uziganye ivy’ushobora vyose; utange ivyo ushobora vyose.”

Bisigurakw’abakristo bategerezwa gukora cane, bagakoresha ubushobozi Imana yabahaye n’akaryo kose ko kuronkamwo amahera, arikw’ivyo babikore batahonyanga amategeko ya Kristo.

Ica kabiri, bategerezwa kuba mu buzima busanzwe, bakoresha amafaranga makeya cane ashoboka kuvy’inyungu zabo, ni vyo bituma “baziganya uko bashobora kwose.”

Ica nyuma, bamaze gukora ivyo bibiri vya mbere, barashobora “gutanga uko bashoboye kwose,” ntibibohere gutanga ikigira cumi gusa, ariko biyanke uko bashobora kwose kugira ngw’abapfakazi n’impfuvyi bagaburirwe n’ubutumwa buvugwe kw’isi yose.

Ishengero rya mbere ryaragize ivyo bintu baba abizigirwa ku vyo bazezwa, kandi gusangira no gufasha abakene nti vyahara mu buzima bwabo mw’Isezerano Rishasha. Abo bizera ba mbere bitondeye amategeko Yesu yabwiye abamukurikira, “Mugure ivyo mutunze ibiguzi vyavyo mubitange kubw’ubuntu; mwibaririre imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw’ijuru, ahategerwa n’igisuma, ata nyenzi zonona” (Luka 12:33). Turasoma inkuru ya Luka y’ishengero rya mbere:

Abizeye bose baba hamwe, basangira ivyabo vyose: amatongo yabo n’ibintu vyabo barabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’umuntu wese akenye…kand’abizeye b’akavuvu bari bahuje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakimbukira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose barabisangira. Kand’intumwa zashingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bwinshi, kand’ubuntu bw’Imana bwinshi buba kuri bose. Nta mukene yari muri bo, kukw’abari bafise amashamvu cank’amazu babigura, bakazana ibiguzi vy’ivyo baguze, bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa, maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw’akenye (Ivyak. 2:44-45; 4:32-35).

Ivyanditswe bivuga neza kw’ishengero rya mbere ryafungurira no kwitwararika ico aboro bakenye (raba Ivyak. 6:1; 1 Tim. 5:3-10).

Paulo, intumwa ikomeye cane, yahawe n’Imana ubutumwa bwiza ashira banyamahanga, umuntu yanditse ivyete vyinshi cane vy’Isezerano Rishasha, yafashe igikorwa ciwe agishiramwo ugufasha no kwitwararika aboro. Mu mashengero yose yatanguje, Paulo yarotororokanya amahera atari make kubw’ico gikorwa co gufasha abakristo bakenye (raba Ivyak. 11:27-30; 24:17; Rom. 15:25-28; 1 Kor. 16:1-4; 2 Kor. 8-9; Gal. 2:10). Haheze imyaka cumi n’indwi akijijwe, Paulo yagiye kwereka intumwa Petero, Yakobo na Yohana ubutumwa yahawe gushira abanyamahanga. Nta n’umwe muri bo yabonye ikibi kiri mur’ubwo butumwa yarikw’aravuga, kandi igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Galatiya, ati “Nasavye kwibuka aboro—ikintu nanje ubwanje nitwararika kugira (Gal. 2:10). Mu ciyumviro ca Petero, Yakobo, Yohana na Paulo, kugirira ubuntu aboro car’ikintu ca kabiri mu kuvuga ubutumwa bwiza.

Mu Ncamake (In Summary)

Kur’iki cigwa, impanuro nziza ihabwa umukozi agira abigishwa itangwa n’intumwa Paulo, igihe yaheza guhanura Timoteyo yuko “gukunda amahera ar’umuzi w’ibibi vyose,” no kuvuga yuko “bamwe kubwo kubikurikirana cane bavuye mu kwizera kandi bishira mu mitego myinshi,” ni ho yaciye abahanura ati,

Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’uburwaneza (1 Tim. 6:11, hongeweko insobanuro).

 


[1]

Abigisha ukuroranirwa bakoresha ico kintu mu kwerekana kw’igikorwa ca Yesu cari gitunze. Nta nkeka Imana yamaze Yesu ubukene kugira ngw’ashitse igikorwa cayo. Itandukaniro riri hagati ya Yesu n’abigishwa ukuroranirwa n’uko Yesu atikunda, ntiyakoresheje amahera y’igikorwa c’Imana mu kwitungisha ubwiwe.