Amasakaramentu (The Sacraments)

Igice ca Mirongwibiri na Gatatu (Chapter Twenty-Three)

Yesu yahaye ishengero amasakaramentu abiri gusa: Umubatizo w’Amazi (raba Mat. 28:19) n’Ingaburo y’Umwami (raba 1 Kor. 11:23-26). Reka duhere k’mubatizo w’amazi.

Mw’Isezerano Rishasha, uwizera wese ategerezwa kuronka imibatizo itatu. Nayo ni: umubatizo wo mu mubiri wa Kristo, umubatizo w’amazi, n’umubatizo wa Mpwemu Yera.

Igihe umuntu avutse ubwa kabiri, aba abatijwe mu mubiri wa Kristo. Bisigura kw’aba abaye urugingo rw’umubiri wa Kristo, na wo ni ishengero:

Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatirijwe ngo tube umubiri umwe (1 Kor. 12:13; raba na Rom. 6:3; Efe. 1:22-23; Kol. 1:18, 24).

Kubatizwa muri Mpwemu Yera biba umuntu amaze gukizwa, kand’uwizera wese ategerezwa kuronka uyo mubatizo.

Ikindi, uwizera ategerezwa kubatizwa mu mazi igihe yihanye no kwizera Umwami Yesu. Kubatizwa ni co kimenyetso ca mbere co kwumvira kw’umukristo mushasha:

[Yesu] Arababarira, “ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’uwurizera azotsindwa n’urubanza” (Mariko 16:15-16, dushimikiye ku nsobanuro).

Ishengero rya mbere ryarubahirije cane itegeko rya Yesu ryo kubatiza. Ata n’umwe avuye mwo, abizera bashasha babatijwe buno nyene bahejeje kwihana ( raba Ivyak. 2:37-41; 8:12-16, 36-39; 9:17-19; 10:44-48; 16:31-33; 18:5-8; 19:1-5).

Ivyiyumviro Bitemewe na Bibiliya ku Vyerekeye Umubatizo

(Some Unscriptural Ideas About Baptism)

Har’abamijagira utuzi ku bizera bashasha bakavyita umubatizo. Mbeg’ivyo ni vyo? Irivuga ryasobanuwemwo kubatiza mw’Isezerano Rishasha ni ijambo ry’i Kigiriki batizo,risobanuro “kwibiza.” Ababatijwe mu mazi rero bategerezwa kwibizwa mu mazi atari kumijagirwako amama makeya y’amazi. Ikimenyetso c’umubatizo rukristo, ari no co tugomba kwigako gatoya, ntikirwanya iciyumviro co kumijagirwakw’amazi.

Har’abandi babatiza abana, ariko nta canditswe na kimwe gishigikira uyo mubatizo muri Bibiliya. Ivyo biva ku nyigisho y’ibinyoma yitwa “umubatizo uzana agakiza”—bisugirak’umuntu avuka ubwa kabiri igihe abatijwe. Ivyanditswe vyerekana neza k’umuntu abanza kwizera Yesu hanyuma akabatizwa. Rero, abana bakuze bashobora kwihana vy’ukuri no gukurikira Yesu barashobora kubatizwa, atar’inzoya n’abana bato.

Abandi bigishako nah’umuntu yizera Yesu, ntashobora gukizwa atara batizwa. Ivyanditswe si ko bivuga. Ivyak. 10:44-48 na 11:17, tubona kw’abo mu nzu ya Korneliyo bakijijwe no kubatizwa muri Mpwemu Yera imbere yo kubatizwa mu mazi. Tuzi yukw’ata muntu ashobora kubatizwa muri Mpwemu Yera atarakizwa (raba Yohana 14:17).

Abandi bigishakw’umuntu adashobora gukizwa atabatijwe nk’uko bo babatiza. Ivyanditswe nta bwoko runaka bw’urubatizo abizera bategerezwa gukurikiza. Akarorero, har’abavugak’umuntu yabatijwe “mw’izina rya Data, ni rya Mwana, ni rya Mpwemu Yera “ adashobora gukizwa (Mat. 28:19) shiti abatijwe “mw’izina rya Yesu” (Ivyak. 8:16). Abo bantu barangwa n’umutima wari mu Bafarisayo, bamimina agatuku bakayongobeza ingamiye. Birababaje kubona abakristo birigwa baharira ku vy’umubatizo igihe isi na yo irindiriye kwumva ubutumwa bayibwira.

Ikimenyetso c’Umubatizo kiri mu Vyanditswe(The Scriptural Symbolism of Baptism)

Umubatizo w’amazi usigura ibintu vyinshi bimaze gukoreka mu buzima bw’umukristo mushasha. Mu bisanzwe, vyerekanakw’ivyaha vyacu vyogejwe kandi tur’abera ku Mana. Igihe Ananiya yarungikwa kuri Sauli (Paulo) amaze gukizwa, yamubwiye ati:

Non’ikigutevya ni iki? Va hasi, ubatizwe, wiyuhagire ivyaha vyawe, wambaze izina ryiwe (Ivyak. 22:16, dushimikiye ku nsobanuro).

Ica kabiri, umubatizo w’amazi n’ikimenyetso co kwishushanya na Kristo mu rupfu, guhambwa no kuzuka kwiwe. Igihe tuvutse ubwa kabiri tukinjizwa mu mubiri wa Kristo, Imana itubonera “muri Kristo” guhera ako kanya nyene. Kuko Yesu yatubereye incungu, Imana yaduhaye ivyo Kristo yakoreye vyose. Ni co gituma “muri Kristo,” twapfuye, turahambwa, maze tuzurwa mu bapfuye ngo tube ibiremwa bishasha:

Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe? None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubwiza bwa Data wa twese, abe ari ko natwe tugenda ubugingo bushasha (Rom. 6:3-4).

Kuko mwahambanywe na we mw’ibatizwa, ni ho kandi mwazutanywe na we, kubwo kwizera ubushobozi bw’Imana yamuzuye mu bapfuye (Kol. 2:12).

Uwizera mushasha wese ategerezwa kwigishwa uku kuri igihe abatijwe mu mazi, kand’ategerezwa kubatizwa buno nyene ahajeje kwizera Yesu.

Ingaburo y’Umwami (The Lord’s Supper)

Ingaburo y’Umwami yakomotse ku musi mukuru wa Pasika y’Isezerano rya Kera. Mw’ijoro Imana yakura Abisirayeli mu buja muri Egiputa, yategetse urugo rwose kubaga umwagazi atarenza umwaka umwe no kumijagira amarosi yawo ku bishimaryango vyabo. Igihe “umumarayika atikiza” yaca mur’ico gihugu mw’ijoro, yica imfura zose za Egiputa, abonye amaraso ku bishimaryango vy’inzu z’Abisirayeli yaca “arengana.”

Ikirengeye vyose, Abisirayeli bategerezwa guhimbaza uwo musi mukuru mu kurya umwagazi wa Pasika no kurya imikate itambiye imisi ndwi bikurikiranya. Iki car’icagezwe kibandanya mu Bisirayeli, buri mwaka (raba Kuv. 12:1-28). Bigaragarak’uwo mwagazi agereranywa na Kristo, kuko nawe yiswe “Pasiko yacu” mu b’i Korinto ba 1 igice 5:7.

Igihe Yesu yatanguza Ingaburo Yera, we n’abigishwa biwe bariko baninahaza umusi mukuru wa Pasika. Yesu yabambwe ku musi mukuru wa Pasika, ni ho yashikije vy’ukuri umuhamagaro wiwe w’”umwagazi w’Imana ukura abantu ibicumuro” (Yohana 1:29).

Umutsima turya n’umuvinyu tunywa n’ikimenyetso c’umubiri wa Kristo, watanzwe ku bwacu, n’amaraso yiwe, yasesetse ngw’akureho ivyaha vyacu:

Bariko bararya, Yesu yabira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, “ati Ni mwabire, murye, uyu ni umubiri wanje.” Yabira igikombe, agishimira Imana, arakibaha, “ati Ni munywe mwese, kukw’iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha. Ariko ndababwira yuk’uhereye none ntazokwongera kunywa kur’izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzasangirira namwe umutobe wazo musha mu bwami bwa Data” (Mat. 26:26-29).

Intumwa Paulo yiganye iyi nkuru mur’ubu buryo:

Kukw’ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’Umwami Yesu mw’ijoro yaguzwemwo yabiriye umutsima, akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, “at’Uyu ni umubiri wanje wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.” N’igikombe akigenza artyo, bahejeje kurya, arababwira, “at’Iki gikombe ni isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira murtya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje.” Uko murya uwo mutsima kand’uko munywera kur’ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugez’ah’azogarukira (1 Kor. 11:23-26).

Ryari na Gute (When and How)

Ivyanditswe ntibitubwira incuro tworya ingaburo y’Umwami, ariko bigaragarako mw’ishengero rya mbere, vyakorwa igihe bakoraniye mu mazu basangira indya( raba 1 Kor. 11:20-34). Kuberakw’ingaburo y’Umwami ikomoka mu ndya za Pasika, yagirwa igihe co gufungura mur’ivo bihe vya Yesu, kand’ishengero rya mbere ryayirya nk’izi ndya, ari nako itegerezwa kugirwa mu bihe vyacu. Arikw’amashengero menshi akurikira “imigenzo y’abana b’abantu.”

Dutegerezwa kurya ku Ngaburo y’Umwami n’icubahiro. Intumwa Paulo yavuzekw’ari caha kinini kurya ku Ngaburo y’Umwami mu buryo butabereye:

Ni co gituma, umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakengerereye umubiri n’amaraso y’Umwami. Arik’umuntu yibaze ukw’ameze, abone kurya kur’uwo mutsima, no kunywera kur’ico gikombe. Kuk’uwurya cank’uwunywa, atamenye umubiri w’Umwami wacu, arya kand’anywa ibimuzanira gutsindwa n’urubanza. Ni co gituma muri mwebwe benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kand’abatari bake bakaba barapfuye. Arikw’iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n’urubanza. Arikw’iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamw’ab’isi (1 Kor. 11:27-32).

Duhanuwe kwisuzuma imbere yo kurya ku Ngaburo y’Umwami, kandi twisanzekw’icaha, twihane no kucatura. Bitameze gurtyo, tuzotsindwa n’urubanza kuko “twakengereye umubiri n’amaraso y’Umwami.”

Kubera ko Yesu yapfuye kandi asesa amaraso yiwe adukize icaha, ntidukwiriye kwegera iyo Ngaburo, ari yo Umubiri n’Amaraso, n’icaha tunyegeje. Twanse naho, tuzoba turikoturarya no kunyuwa gutsindwa n’urubanza rutuzanira indwara n’urupfu giturumbuka, nk’uko vyashikiye abakristo b’i Korinto. Inzira yogukira urubanza rw’Imana ni “kwisuzuma ubwacu,” bisigura, kwemera ivyaha dufise no kuvyihana.

Icaha ca mbere c’ab’i Koronti kwar’ukubura urukunda; baranyinyurana no kurwana. Kanatsinda, ukutitaho kwabo kwagaragara igihe c’Ingaburo y’Umwami igihe bamwe barya bagahaga abandi bagataha bashonje, abandi baraborerwa (raba 1 Kor. 11:20-22).

Umutsima turya werekana umubiri wa Kristo, ari wo shengero. Dusangira umutsima umwe, bisigurako tur’umwe nk’umubiri (1 Kor. 10:17). Ese ibara riri mu kurya ibituranga nk’umubiri umwe kandi turangwa no kurwanya no kudahuza n’izindi ngingo z’uyo mubiri nyene! Imbere yo kurya ku Ngaburo y’Umwa, dutegerezwa kugiriranira imigenderanire mwiza n’incuti zacu muri Kristo.