Kurongorwa na Mpwemu (How to be Led by the Spirit)

Igice ca Mirongwibiri na Kabiri (Chapter Twenty-Two)

Injili yanditswe na Yohana yerekana amajambo atari make Yesu yavuze yerekana igikorwa ca Mpwemu Yera mu bugingo bw’uwizera wese. Reka dusome bimwe muri vyo:

Nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw’aze abane na mwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi, mweho muramuzi, kukw’abana namwe kand’azoba muri mwebwe (Yohana 14:16-17).

Arik’Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’azobibutsa ivyo nababariye vyose (Yohana 14:26).

Ariko jewe ndababwira ukuri: ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ninagenda nzomubarungikira, nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. Arik’uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kukw’atazovuga ivyo yigeneye, arikw’ivy’azokwumva vyose ni vy’azovuga, kand’azobamenyesha ibigira bize. Uwo azoshimagiza jewe, kukw’azokwabira ku vyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yabira ku vyanje, akabibamenyesha (Yohana 16:7, 12-15).

Yesu yasezeranye abigishwa biwe ko Mpwemu Yera azoba muri bo. Kand’azobafasha, azobigisha, azobarongora no kubamenyesha ibintu bizoba. Nk’abigishwa ba Kristo mur’iki gihe, nta cotuma twiyumvirako Mpwemu Yera atazobigira.

Biratangaje kwumva Yesu abwira abigishwa biwe kw’agomba kugenda ku neza yabo kukw’atagiye Mpwemu Yera ntashobora kuza! Bisigurakw’imigenderanire yabo na Mpwemu Yera izomera nk’imigenderanire bari bafitaniye na Yesu akiri kw’isi. N’ay’ahandi Mpwemu Yera nta kamaro yari kuba abamariye. Yesu yagumye kandi aba muri twebwe, kuko Mpwemu Yera ari muri twebwe.

None Mpwemu Yera yoturongora gute?

Izina ryiwe, Mpwemu Yera, ryerekana yukw’aturongorera mu kwera no kwumvira Imana. Ibintu vyose bijanye n’ukwera hamwe no gushitsa ubugombe bw’Imana kw’isi biri mu kurongorwa na Mpwemu Yera. Azoturongora mu kwumvira amategeko yose ya Kristo muri rusangi no mu buryo bw’umwihariko nk’ukw’Imana yaduhamagaye. Rero ushaka kurongorwa na Mpwemu Yera mu gushitsa igikorwa wahamagariwe, utegerezwa kwemera kurongorwa na we mu kwera. Ica mbere ntigishobora kitari kumwe n’ica kabiri. Abakozi b’Imana benshi bafizu kurongorwa na Mpwemu Yera ngo bakore ibihambaye n’ibitangaza, ariko ntibashaka kwitaho “na gato” kuvyerekeye ukwera. Iryo ni kosha rinini cane. Mbega Yesu yarongora gute abigishwa biwe? Yabanje kubigisha ivyo kwera. Ni gake cane yababwira ivy’ibikorwa bahamagariwe ugereranije ivyo bintu bibiri. Ni ko bimeze no kuri Mpwemu Yera aba muri twebwe. Ushaka kurongorwa na Mpwemu Yera, utegerezwa kumukurikira mu vyo kwera vyose akurongoreramwo.

Intumwa Paulo yanditse, ngo “abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana” (Rom. 8:14). Igihe turongorwa na Mpwemu ni ho tuba mu gitigiri c’abana b’Imana. Rero abana b’Imana bose barongorwa na Mpwemu. Hamwe n’ivyo, nk’ibiremwa vyindengemvya, turashobora guhitamwo kwumvira uburongozi bwiwe.

Ko bimeze gurtyo, nta mukristo n’umwe akeneye kwigishwa uko yorongorwa na Mpwemu Yera, kuko Mpwemu Yera amaze gutangura kumurongora. Mu rundi ruhande na ho, Satani aharanira kuyovya abana b’Imana, kandi turacafise kamere k’umubiri kama karwanya uburongozi n’ubugombe bw’Imana muri twebwe. Abizera bategerezwa kumenya gutandukanya uburongozi bwa Mpwemu n’ubwo burongozi bwose twavuze. Ni yo nzira yo gukura mu mpwemu. Arikw’ikintu ngenderwako ni: Mpwemu Yera yama aturongorera mw’ijambo ry’Imana, kand’aturongora gukora ivyiza no guhimbaza Imana, bigatuma tuyizanira ubwiza n’icubahiro (raba Yohana 16:14).

Ijwi rya Mpwemu Yera (The Voice of the Holy Spirit)

N’ah’ivyanditswe bivugako Mpwemu Yera ashobora kuturongorera mu bikorwa bitangaje, nko guhishurirwa, kuvugishwa n’Imana, canke kwumva ijwi ry’Imana, inzira isanzwe Mpwemu Yera akunda kuturongoreramwo ni “kuvugira” mu mpwemu zacu. Bisigurakw’igihe Mpwemu Yera agomba gukora ikintu, “adusunika”—mu mpwemu zacu—tugaca twumva “turongorewe” ahantu kanaka.

Dushobora kwita iryo jwi “ijwi ryo mu mutima.” Abakristo bose barazi ingene iryo jwi rikora. Igihe tugeragezwe ngo ducumure, nti twumva urujwi muri twebwe ruvuga ngo “ntiwemerere ico kigeragezo.” Ahubwo twumva ishaka rwo kurwanya ico kigeragezo muri twebwe. Kand’igihe tuneshejwe n’ikigeragezo, tugakora icaha, ntitwumba urujwi rutubwira ngo “wacumuye! Wacumuye!” Ahubwo twumva ishaka muri twebwe ritorongora kwihana no kwatura ico caha.

Ni ko na Mpwemu Yera azotwigisha ukuri no kudutahuza ivyo tudatahura. Azotwigisha mu kutuzanira uguhishurirwa runaka (kutarwanya inyigisho za Bibiliya. Gusobanurira umuntu ukwo guhishurirwa vyofata nk’iminota cumi, ariko Mpwemu ashobora kubituzanira mu kanya isase tugatahura ivy’ari vyo.

Ni ko Mpwemu Year azoturongora no mu gikorwa c’Imana. Dusabwa kwumviriza no kwemera ubwo burongozi bw’imbere muri twebwe, kandi tuzomenya (biciye mu ntambara no kwihenda) gukurikira Mpwemu mu bikorwa vyacu. Igihe twemereye imitwe yacu (ivyiyumviro bitazi Imana) gufata ikibanza c’imitima yacu (aho twumva Mpwemu aturongora) ni ho twehenda no gukosha kandi twiyumvira ko turi mu bugombe bw’Imana.

Mpwemu Yarongoye Yesu Gute (How the Spirit Led Jesus)

Yesu yarongorwa na Mpwemu Yera mw’ijwi ryo mu mutima. Akarorero, injili yanditswe na Mariko yerekana ivyabaye Yesu ahejeje kubatizwa muri Mpwemu Yera inyuma yo kubatizwa na Yohana:

Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa” (Mariko 1:12, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesu ntiyumvise ijwi cank’ahishurirwe kuja mu bugaragwa—yashorewe yo. Ni ko Mpwemu aturongora kenshi. Dushobora gusunikwa, kurongorwa, kwemezwa ngo dukore ikintu kanaka.

Igihe Yesu yabwira ca kimuga bacishije kw’idari ry’inzu kw’ivyaha bihariwe, Yesu yaramenyekw’abanyabwenge b’ivyanditswe baringaho bavugakw’atutse Imana. Yari kumenya gute ivyo biyumvira? Dusome mu njili yanditswe na Mariko:

Yesu amenye mu mutima wiwe yuko biburanya muri bo bartyo, aca arababaza, “ati n’iki gitumye mwiburanya ivyo mu mitima yanyu?” (Mariko 2:8, dushimikiye ku nsobanuro).

Yesu yamenye mu mutima wiwe ivyo biyumvira. Twumvirije neza impwemu zacu, natwe turashobora kumenya ingene twishura abarwanya igikorwa c’Imana.

Ingene Mpwemu Yarongora Igikorwa ca Paulo

(The Spirit’s Leading in the Ministry of Paul)

Amaze imyaka mirongibiri akorera Imana, intumwa Paulo yize neza kwumvira uburongozi bwa Mpwemu Yera. Ku rugero runaka, Mpwemu yaramweretse “ibizoba muri kazoza” mu gikorwa ciwe. Akarorero, igihe Paulo yarikw’arangiza igikorwa ciwe muri Efeso, yar’afise iciyumviro c’ingene ubugingo n’igikorwa ciwe bugiye kumere mu myaka itatu yakurikira:

Ivyo bishize Paulo agamira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati “Ninamara gushikayo, nkw’iye kuja kuraba n’i Roma na ho” (Ivyak. 19:21).

Menya ko Paulo atagamiye uru rugendo mu bwenge bwiwe ariko mu mpwemu yiwe. Bisigurako Mpwemu Yera yarikw’amurongora mu mutima wiwe guca i Makedoniya n’i Akaya (hose ni muri Grece), ace i Yerusalemu, ace ashika i Roma. Kand’iyo ni yo nzira yajanye. Namba ufise muri Bibiliya yawe urugengo rwa gatatu rwa Paulo aja kuvuga ubutumwa n’urugendo rwiwe rw’i Roma, urashobora kubonako yahereye muri Efeso (aho yagabira mu mutima wiwe gufata izo ngendo) ugashika i Makedoniya n’i Akaya, n’i Yerusalemu, n’i Roma haheze imyaka itari mike.

Biboneka neza cane ko Paulo yagiye i Makedoniya n’i Akaya, aca asubira guca i Makedoniya ubugira kandi, akikuza ikiyaga kinini co muri Asiya ntoya. Mur’urwo rugendo ni ho yaca i Mileto, ahamagaza abakuru b’ishengero bari hafi ya Efeso, arabasezera avuga ati:

None raba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo atar’uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yukw’ingoyi n’ivyago bintegeyeyo (Ivyak. 20:22-23, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo avugako yar’ “aboshwe mu mutima,” bisigurako yarafise icemezo co kuja i Yerusalemu mu mutima wiwe. Ntiyar’azi neza ibintu vyose bizomushikako i Yerusalemu, ariko yavuzeko mu gisagara cose yajamwo, Mpwemu Yera yamushingira intahe amubwira imibabaro imurindiriye ho. Mpwemu Yera yamushingira “gute”intahe y’imibabaro imirindiriye i Yerusalemu?

Uturorero Tubiri (Two Examples)

Mu gice ca 21 c’ivyakozwe n’intumwa, tubona ibintu bibiri vyishura ico kibazo. Akarorero ka mbere ni igihe Paulo yaja ku kivuko ca Mediterane ahitwa Tiro:

Tuhasanze abigishwa, dusubiray’imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu (Ivyak. 21:4).

Kubera uyu murongo umwe har’abavugako Paulo atumviye Imana yibandaniriza i Yerusalemu. Turavye ivyo tubwirwa mu gitabo cose c’ivyakozwe n’intumw, ntidushobora kwemeranya na bo. Biraza kwumvikana neza twumvise inkuru yose.

Bibonekakw’abigishwa b’i Tiro babonye ivyago birindiriye Paulo i Yerusalemu. Bituma bagerageza kumubuza kuja yo. Indondoro y’Isezerano Risha yitwa William’s translation irabigaragaza, kukw’isobanura uyo murongo nyene ugukurikira: “Kubera ivyo beretswe na Mpwemu bashishikara komuhanura ntahonyoze ikirenge i Yerusalemu.”

Abo bigishwa b’ i Tiro ntabashoboye kumubuza kugenda, Paulo yabandanije urugendo rwiwe gushika i Yerusalemu ntiyumvira izo mpamuro.

Bisigurako tudakwiriye gusobanura uko twishakiye uguhishurirwa turonse mu mitima yacu. Paulo yar’azi neza kw’ingorane zimurindiriye i Yerusalemu, ariko yar’azi kandi kw’ari ubugombe bw’Imana kw’ashika i Yerusalemu n’aho bimeze gurtyo. Imana iduhishuriye ikintu kiva kuri Mpwemu Yera, ntibisigurako duca tugenda kukivuga, kandi dutegerezwa kwirinda gusobanura uko twishakiye ivyo Mpwemu yaduhishuriye.

Guca i Kayisariya (Caesarea Stop Over)

Ahandi hantu Paulo yaciye mu rugendo rumujana i Yerusalemu ni ku kivuko c’i Kayisariya:

Tugitevyey’imisi myinshi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yar’amanutse avuy’i Yudaya. Aza aho turi, yabira umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga “at’uku ni ko Mpwemu Yera agize: ‘Nyen’uyu mukanda, uku nikw’Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga’” (Ivyak. 21:10-11).

Turabona akandi karorero aho Mpwemu Yera avuga ku “mibabaro yar’irindiriye” Paulo i Yerusalemu. Ariko menyako Agabo atavuze ngo, “Nik’Uhoraho agize”. Imana yarongoye Paulo kuja i Yerusalemu kandi yarikw’iramutegura icishirije muri Agabo imubwira imibabaro imurindiriye yo. Uramenya kandi k’ubuhanuzi bwa Agabo bwaje kwemeza ivyo Paulo yar’amaze kubwirwa mu mutima wiwe. Ntidukwiriye kurongorwa n’ibivugishijwe n’Imana. Igihe ibivugishijwe bidahuriza hamwe n’ivyo dusanzwe twaramaze kubwirwa, ntitukavyumvire.

Ivyavugishijwe na Agabo ni “kurongorwa n’Imana mu buryo budasanzwe,” kuko bitavuye mu mutima w’uwubwirwa. Igihe Imana itanze “ukurongorwa kudasanzwe,” nk’uguhishurirwa cank’ijwi ryumvikana, iba izi ko har’intambamyi mu nzira. Turakeneye ukumaramaza kuzanwa n’ukwo kurongorwa bidasanzwe. Kuri Paulo, yar’agiye gukubitwa no gutabwa mw’i bohero imbere yo kuja i Roma nk’imbohe. Kuber’uku kurongorwa kudasanzwe yaronse, yagumye arema no mu bigoye, azi kw’iherezo ari ryiza.

Igihe utaronse uku kurongorwa n’Imana kudasanzwe ntugire ubwoba kukw’igihe ugukeneye koko, Imana izokuguha. Ahubwo twokwiratira kuguma twumviriza uburongozi bwo mu mutima duhabwa.

Gufungwa kand’uri mu Bugombe bw’Imana (In Chains and in God’s Will)

Igihe Paulo yashika i Yerusalemu, yarafashwe atabwa muri yompi. N’aho kandi yongera kuyoborwa n’Imana mu buryo budasanzwe mu guhishurirwa Yesu:

Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara [Paulo] hejuru, “ati Humura; nk’uko washingiye intahe i Yerusalemu, nik’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma” (Ivyak. 23:11).

Menya ko Yesu atavuze, “ati Mbega ukora iki ngaha ga Paulo? Sinarinagukebuye ngo ntuje i Yerusalemu!” Oya, Yesu yemeje ukurongorwa kwo mu mutima kwazanye Paulo ngaho. Paulo yari mu mugambi w’Imana kuja gushingira intahe Yesu i Yerusalemu. Kandi yategerezwa kuvuka Kristo i Roma.

Dutegerezwa kwibuka ko Paulo yahamagariwe kubwira ubutumwa bwiza abayuda n’abanyamahanga ariko kandi n’abami (Ivyak. 9:15). Mu kubohwa kwa Paulo i Yerusalemu n’i Kayisariya, yaronse akaryo ko kubwiriza Feliki, Fesito, n’umwami Agiripa “bakwegwa” (Ivyak. 26:28) ngo bizere Yesu. Ni ho Paulo yarungikwa gushingira intahe Umwami yitwa Nero.

Agenda Kubonana na Nero (On the Way to See Nero)

Bakiri mu bwato bubajana muri Italiya, Paulo yongera kurongorwa n’Imana mu mutima wiwe. Igihe umugabisha w’abasoga n’uwutumbereza ubwato bari baciyumvirako boherera ku kivuko c’i Kirete, Paulo arahishurirwa:

Hashize igihe kirere, kandi kujabuka kubaye irinde, kukw’igihe co kwisonzesha cari gishize, Paulo arabahanura, arababarira, “ati yemwe bagabo, mbonye yuk’uru rugendo rugira rubemw’ivyago n’ubuhombe bwinshi, s’ivy’ubwato ni ibirimwo gusa, ariko n’ivy’amagara yacu na yo” (Ivyak. 27:9-10, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo yeretswe ibigiye gukoreka. Ivyo yabihawe na Mpwemu.

Ibakwe ribi, umugabisha w’abasoda yanka kwumvira Paulo bagerageza kujabukira ku yindi nkombe. Ubwato buca buzibirwa n’igihuhusi kinini indwi zibiri zose. Vyari biteye ubwoba cane gushika aho ku musi ugira kabiri abari mu bwato baterera mu kiyaga imizigo yari muri bwo yose, maze ku musi ugira gatatu batesha amaboko yabo ibikoreshwa mu bwato. Niho Paulo yahabwa ubundi burongozi:

Kand’izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twuhebura rwose kw’ata wuzokira. Bamaze igihe kirekire batakarya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, “ati Yemwe bagabo mw’ari mukwiye kunyumvira, nti muve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe. Kandi none ndabaremesha, ni muhumure, kuko muri mwebwe hatazopfa n’umwe, atar’ubwato. Kuko mur’iri joro, umumarayika w’Imana, nd’uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, arambwira, ‘ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose. nuko ni muhumure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe. Ariko har’ikizinga dukwiye gusukwako” (Ivyak. 27:20-26).

Ndibazakw’icatumye Imana iha Paulo ukwo “kurongorwa kudasanzwe” kiragaragara kubera ivyo vyago barimwo. Ikirenze ico kigeragezo, ubwato Paulo yarimwo bwari bugiye gusambuka. Ivyo biheze yaciye akomorwa n’inzoka (raba Ivyak. 27:41-28:5). Birashimisha cane kugira umumarayika akumenyeshako vyose bigiye kugenda NEZA!

Impanuro Zishobora Kugufasha (Some Practical Advice)

Tangura kwumviriza uko Mpwemu Yera akurongora mu mutima acishije mu ciyumviro canke mu kubona. Urashobora kwihenda k’urongowe na Mpwemu Yera kand’atari we, arikw’ivyo n’ibisanzwe. Ntucike intege; Shishikara.

Kugira akanya k’agacerere imbere y’Imana birafasha cane, gusenga mu zindi ndimi no gusoma Bibiliya. Igihe dusenga mu zindi ndimi impwemu yacu ni yo isenga, ni ho dushobora kwumva ikivugirwa mu mitima yacu. uko dusoma no kwiga ijambo ry’Imana, ni ko turushirizaho kwumviriza imitima yacu kukw’ijambo ry’Imana ari ryo dufungura. Igihe Imana ikurongoye mu buryo bunaka, uburongozi bwayo ntibuba bugabanutse. Ni co gituma igihe ufata ingingo mu buzima bwawe ubanza gusenga ng’umenye kw’ar’ Imana ikurongora vy’ukuri ntibibe ar’ibigumbagumba vyawe. Igihe uburongozi bunaka nturonke amahoro mu mutima wawe, ntufate iyo nzira gushika aho wumva amahoro.

Urongowe n’Imana mu buryo budasanzwe, ni vyiza, ariko nturondere “ukwizera” gutuma uhishurirwa canke wumva ijwi. Imana ntiyasezeranye kuturongora mur’ubwo buryo (nah’ishobora kubikora nk’ukw’ivyishakiye). Ariko tudegerezwa kwizerakw’iturongora mu gushingira intahe imitima yacu.

Mu kurangiza, ntiwongere ku c’Imana ikubwiye. Imana irashobora kukwereka igikorwa yaguteguriye muri kazoza, ukiyumvirakw’igiye kubishitsa mu ndwi nkeya na y’iharura ku bizoshika mu myaka iri imbere. Narabiciyemwo. Ntiwihende na gato. Paulo yaramenye ikimurindiriye muri kazoza ariko ntiyamenye vyose kukw’Imana itabimuhishuriye. Imana igomba ko tubandanya kugendera mu kwizera.