Amabango (The Ministry Gifts)

Igice ca Cumi n’Umunani (Chapter Eighteen)

 

Arik’umuntu wese muri twebwe yahawe ubuntu, nk’uko tugererwa ingabire ya Kristo….Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’ abigisha: kugira ngw’abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristo: kugeza aho twese tuzoshikira ku kugirirana ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no kurugezo rw’ubwinshi bwo kunengesera kwa Kristo (Ef. 4:7, 11-13, hongeweko insobanuro).

Kand’Imana yabanje gushira mw’ishengero bamwe kuba intumwa, maz’abakabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’abagatatu ibashiraho kuba abigisha, maz’ishiraho abakora ibitangaza, maz’ishirah’abahawe ingabire zo gukiza indwara, n’abahawe gufasha abandi, n’abahawe kurongora, n’abahawe kuvuga indimi nyinshi (1 Kor. 12:28, hongeweko insobanuro).

Ambango, nk’uko bayita kenshi, n’imihamagaro hamwe n’ubushobozi butandukanye buhabwa abizera kanaka bigatuma bahagarara mu gikorwa c’intumwa, abavugishwa n’Imana, abavugabutumwa, abungere cank’abigisha. Nta muntu n’umwe ashibora kwishira mur’ivyo bikorwa. Ahubwo, umuntu ategerezwa guhamagarwa no guhabwa ubushobozi n’Imana.

Birashoboka cane k’umuntu ashobora kugira amabango ababiri cank’arenga, ariko har’ayadashobora kubangikanwa. Akarorero, birashoboka k’uwizera ahabwa ibango ry’ubwungere n’umwigisha cank’umuvugishwa n’Imana n’umwigisha gusa. Ntivyotahurika, k’umuntu aba mw’ibango ry’umwungere n’umuvugabutumwa kukw’igikorwa c’umwungere kimusaba kuguma mu kibanza kimwe akorera ishengero rimwe, rero ntashobora gukora nk’umuvugabutumwa kuk’uyu afata ingendo cane.

N’ah’ibi bikorwa bitanu biva ku Mana kandi bishiriweho intumbero zitandukanye, zose zahawe ishengero mu ntumbero imwe—kugira ngw’ “abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa” (Ef. 4:12).

[1]

Intumbero y’umukozi wese itegerezwa kuba iyo gutunganya abera (iri nayo nsobanuro y’ijambo “abera”) baheze bakore igikorwa. Kenshi cane, abari mu gikorwa bakora nk’abatahamagariwe gutunganya abera, ariko nk’abaryohera abanyamubiri bicara ngo bakorerwe—amakoraniro y’ishengero. Umuntu wese yahamagariwe kimwe mur’ivyo bikorwa ategerezwa kwama asuzuma intererano yiwe mu “gutunganya abera baheze bakore igikorwa c’Imana.” Iy’ab’umukozi wese arivyo akora, benshi bahagaritse bimwe mu “bikorwa” vy’ubupfu bakora.

Hari Ibikorwa Vyakorwa mw’Ishengero rya Mbere gusa?

(Were Some Ministry Gifts Only for the Early Church?)

Ivyo bikorwa vyahawe ishengero gushika ryari? Yesu azokwama abitanga igihe cose abera biwe bazoba bagikewe gutunganywa, bisigura gushika igihe azogarukira. Ishengero ryama rironka abakristo bashasha bagikeneye gukura, kandi natwe dusigaye twama dufise ibikeneye gukura mu mpwemu.

Har’abamaze kuvugakw’ibikorwa bibiri gusa ari vyo bikora mur’iki gihe cacu—abungere n’abavugabutumwa—nk’ah’umengo Imana yarahinduye umugambi wiwe. Oya, turacakeneye intumwa, abavugishwa n’Imana n’abigisha nk’ukw’ishengero rya mbere ryari ribikeneye. Igituma tutabona uturorero tw’ibi bikorwa mu mashengero menshi yo kw’isi n’uko Yesu atanga ibi bikorwa kw’ishengero ryiwe, atar’ishengero ry’’ibinyoma, rihumanye, ryigisha ubutmwa bw’ibinyoma. Mw’ishengero ry’ibinyoma dusanga ababesha ko bafise ivyo bikorwa mu gushitsa intumbero zabo (kenshi usanga ar’abungere n’abavugabutumwa), ariko bihatira gusa n’abahamagawe n’Imana n’abahawe amavuta yo gukorera ishengero. Ntibashobora gukora ngo batunganye abera bashikire gukora igikorwa c’Imana, kuk’ubutumwa batanga ntibutuma abantu bezwa; buguma bubesha abantu ko bamaze guharirwa. Kand’abo bantu ntibifuza na gato gutunganya abera baheze bakore igikorwa c’Imana. Ntibiteguye kwiyanka canke kwikorera imisaraba yabo.

Womenya Gute Ko Wahamagawe? (How do You Know if You are Called?)

Umuntu yomenya gute ko yahamagariwe kimwe mur’ivyo bikorwa mw’ishengero? Mbere na mbere, yiyumvamwo guhamagarwa n’Imana. Yumva ashaka gukora ikintu kubw’Imana. Ibi birengeye kubona gusa ko har’igikenewe gukorwa. Ahubwo, ni inzara itangwa n’Imana igatuma umuntu yifuza gukora igikorwa kanaka. Namba yarahamagawe n’Imana koko, ntashobora guhazwa atarakora ico gikorwa. Ibi biratandukanye cane no kugenwa n’abantu cank’inama y’abantu kanaka. Imana niyo ihamagara.

Ica kabiri, umuntu yahamagawe vy’ukuri asanga Imana irikw’imwegeraniriza ibikenewe kugirangw’akore neza igikorwa yamuhamagariye. Ugusigwa kuzanwa n’umuhamagaro. Iy’ata gusigwa guhari, nta muhamagaro uba uriho. Umuntu arashobora guhamagarirwa gukorera mu ngabire kanaka, akaja kwiga imyaka ine amashule ya Bibiliya no kwitegurira ico gikorwa, arikw’ata gusigwa kuva ku Mana, ntashobora gukora ahimbaze Imana.

Ica gatatu, asanga Imana imaze kumwugururira inzira kanaka kugirangw’ashobore gukora ico yahamagariwe. Ni ho ashobora kwiyerekana kuba umwizigirwa, ni vyo bituma yizerwa kuri vyinshi, amabanga n’ibikorwa.

Iyo umuntu atiyumvamwo ishaka n’umuhamagaro w’igikorwa kimwe mur’ivyo bitanu, canke ntabone ugusigwa runaka butuma ashobora gukora igikorwa c’Imana, cank’ata karyo na kamwe araronka ngw’akorere mur’iyo ngabire yiyumvira kw’afise, uyu muntu yoreka kwigira ico Imana itamuhamagariye. Ahubwo, yokora ivyo ashoboye kugira ngw’abere umugisha ishengero ryiwe, imicungararo yiwe, n’ahw’akorera mu buzima bwa misi yose. Nahw’atahamagariwe gukora rimwe mur’ayo “mabango atanu”, yahamagariwe gukoresha ingabire yahawe n’Imana, akagerageza kuba umwizigirwa kur’ivyo.

Nah’ivyanditswe bivuga amabongo atanu gusa, ntibisobanura k’umuntu wese afise igkorwa kanaka akora ategerezwa gusangira ingabire n’uwundi. Paulo yanditse yuko har’”amabango menshi” (1 Kor. 12:5), yerekana ko har’itandukaniro ry’amabango. Vyongeye, bibonekako har’ugusigwa gutandukanye ku bantu bari mu mabango atandukanye, tuzokwerekana umurwi wa buri bango twisunze urugero rwo gusigwa umwe wese afise. Akarorero, har’abigisha bafise ugusigwa kwinshi gusumba abandi bigisha. Ni ko bimeze no kuyandi mabango. Ndizera k’umukozi wese afise ibintu ashobora kugira bigatuma ugusigwa kwiwe kwongerekana mu gikorwa ciwe, nko kuba umwizigwa mu kiringo runaka no kwishikanira Imana rwose.

Kwihweza Cane Ibango ry’Intumwa (A Closer Look at the Office of Apostle)

Ijambo ry’ikigiriki ryasobanuwe intumwa ni apostolos kandi risobanura “uwatumwe.” Intumwa y’ukuri mw’Isezerano Rishasha ni uwizera arungitse n’Imana ahantu gushinga amashengero. Ashirah’itanguriro ryo mu mpwemu mu “kwubaka” igikorwa c’Imana kandi agereranywa n’”umwubakisha mukuru,” nkuko Paulo, intumwa na wenye, yanditse:

Kukw’Imana ari yo dukorana, namwe mur’indimiro y’Imana, mur’inzu yubakwa n’Imana. Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’itanguriro, nk’umwubakisha w’ubwenge, uwundi yubakako (1 Kor. 3:9-10a, hongeweko insobanuro).

“Umwubakisha w’ubwenge,” cank’umwubakisha mukuru, acungera ukw’inyubako ibandanya—afise umutwaro wo kubona inyubako isozerwa. Ntameze nk’umuhinga wo gusakara canke kugerekeranyakw’amatafari. Arashobora gukora igikorwa co gusakara canke co kugerekeranya amabuye, ariko ntiyonganya n’ababinonosoye. Nkuko nyene, intumwa ifise ubushobozi bwo kuvuga ubutumwa canke kuba umwungere, ariko mu kiringo gitoya agishinga amashengero. (Intumwa Paulo yagira hagati y’amezi atandatu n’imyaka itatu mu kibanza kimwe).

Intumwa ishobora cane igikorwa co gushinga amashengero no kuyakurikirana iyagumiza ku murongo w’Imana. Intumwa ni yo igena abashingantahe b’ishengero/abungere/abazezwashengero baragire imikuku yavye (raba Ivyak. 14:21-23; Tit. 1:5).

Intumwa z’Ukuri n’Izibinyoma (True and False Apostles)

Bisa nah’abakozi b’iki gihe, bifuza kuganza amashengero, bihutira kwamamaza kw’ari intumwa, ariko benshi bagira ingorane nyinshi. Abo ntaho bigeze bashinga ishengero (canke bashinze rimwe cank’abiri) kand’ata ngabire cank’ugusigwa kw’intumwa bafise, barondera abungere bahumirije bashobora kubemerera kugira ububasha ku mashengero yabo. Namba ur’umwungere, ntagahendwe n’izo ntumwa zikakisha, zinyotewe gutwara, kandi zibinyoma. Usanga ar’amabingira mu nsato z’intama. Kenshi usanga bironderera amafaranga. Ivyagezwe biratugabisha ku ntumwa z’ibinyoma (raba 2 Kor. 11:13; Ivyah. 2:2). Namba bakeneye kukubwira kw’ar’intumwa, vyerekana kw’atar’intumwa z’ukuri. Ivyamwa vyabo ni vyo bibatumenyesha.

Umwungere ahagarikiye ishengero ryiwe kandi akaguma irirongoye imyaka n’imyaka ntashobora kwitwa intumw. Abo bungere, kumbure, bashobora kwitwa “abungere bafise ugusigwa kw’intumwa” kukw’ari bo batanguye ayo mashengero yabo. Ariko, ntibashobora kwitwa intumwa kukw’intumwa zigenda zishinga amashengero.

“abamisiyoneri” barungitswe no gusigwa n’Imana, nkuko bitwa mur’iki gihe, bafise igikorwa co gushinga amashengero, bashobora kuja mu gitigiri c’intumwa. Ku rundi ruhande, abamisiyoneri bagenzwa no kwubaka amashule ya Bibiliya canke kwigisha abungere ntibashobora kwiyita intumwa ariko bitwa abigisha.

Igikorwa c’intumwa y’ukuri kirangwa n’ingabire yo gokora ibirangaza n’utwumiza, ari na vyo bikoresho bimufasha gushinga amashengero. Paulo yanditse ati:

Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ubusa. N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibatangaza n’ibikorwa bikomeye (2 Kor. 12:11b-12).

Umuntu atagira ibimenyetso n’ibitangaza biherekeza igikorwa ciwe, ntashobora kwitwa intumwa. Biragaragara, intumwa nyazo ni nkeya cane, kandi ntibaba mu mashengero y’ibinyoma, ahumanye, yigisha ubutumwa bwo kubesha. Nkunda kubasanga mu bihugu vyo kw’isi bitazi ubutumwa bw’ukuri.

Urwego Rukuru rw’Intumwa (The High Rank of the Apostle)

Mw’Isezerano Rishasha turabona ingene amabango akurikirana, ibango ry’intumwa riza ubwa mbere, vyerekana kw’ar’umuhamagaro mukuru (raba Ef. 4:11; 1 Kor. 12:28).

Ntamuntu atangura igikorwa nk’intumwa. Mu bisanzwe umuntu ashobora kugira umuhamagaro w’intumwa, ariko ntatangurira mur’iryo bango. Ategerezwa kwerekana ubwizigirwa mu kiringo kanaka mu kuvuga ubutumwa no kwigisha, hanyuma, agashika aho ahagarara mu gikorwa Imana yamuhamagariye. Paulo yari yarahamagawe kuba intumwa kuva akiri mu nda ya nyina, ariko yagize imyaka mu gikorwa imbere yo kwinjira neza mur’uwo muhamagaro wiwe (raba Gal. 1:15-2:1). Yatanguye nk’umwigisha n’umuvugishwa n’Imana (raba Ivyak. 13:1-2), ni ho yashirwa ku ruhande atangura gukora nk’intumwa igihe yatumwa na Mpwemu Yera (raba Ivyak. 14:14).

Turabona havugwa izindi ntumwa ukuyemwo Paulo hamwe na zimwe cumi na zibiri mu vyakozwe n’intumwa 1:15-26; 14:14; Rom. 16:7; 2Kor. 8:23; Gal. 1:17-19; Fil. 2:25 and 1Tes. 1:1 with 2:6. (ijambo ryasobanuwe intumwa muri 2Kor. 8:23 na Fil. 2:25 ni ijambo ry’igiheburayo apostolos.) Ibi bikuraho inyigisho zivuga kw’ibango ry’intumwa ryahawe bamze cumi na babiri gusa.

Intumwa cumi na zibiri gusa, zitwa “intumwa z’umwagazi w’intama,” kand’izo cumi na zibiri gusa zizogira ikibanza ziharije igihe Yesu azoganza imyaka igihumbi (raba Mat. 19:28; Ivyah. 21:14). Ntidukeneye intumwa nka Petero, Yakobo na Yohana bakoreshejwe mu kwandika amajambo y’Imana, kuk’uguhishurirwa dusanga muri Bibiliya kurakwiye. Uyu musi, turacakeneye intumwa zishinga amashengero mu bubasha bwa Mpwemu Yera , nk’uko Paulo n’izindi ntumwa zabigize, nk’uko tubisanga mu vyakozwe n’intumwa.

Ibango ryo Kuvugishwa n’Imana (The Office of Prophet)

Umuvugishwa n’Imana n’umuntu ahabwa uguhishirwa kudasanzwe kand’avuga mu guhumekerwa n’Imana. Mu bisanzwe, akoreshwa cane mu ngabire yo gutanga ubuhanuzi hamwe n’ingabire zihishura: ijambo ry’ubwenge, ijambo ryo kumenya, no kurobanura impwemu.

Uwizera wese arashobora gukoreshwa mu ngabire yo gutanga ubuhanuzi nkuko Mpwemu avyishakiye, ariko ivyo ntibituma aba uwuvugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana ni, ica mbere, umukozi ashobora gusigura no kwigisha mu gusigwa kwa Mpwemu. Kuk’uwuvugishwa n’Imana aboneka nk’ibango rikuru rya kabiri (raba urukurikirana nk’uko ruri muri 1 Kor. 12:28), n’umukozi akorera Imana umwanya wiwe wose ntashobora guharurwa mu bavugishwa n’Imana kiretse abaye mu gikorwa c’Imana igihe kitari gito. Igihe ahagaze mur’iryo bango, ahabwa ibikenewe muri mpwemu.

Abagabo babiri biswe intumwa mw’Isezerano Rishasha ni Yuda na Sila. Dusoma mu vyakozwe n’intumwa 15:32 ko bavugishwa n’Imana mw’ishengero ry’i Antiyokiya:

Kandi Yuda na Sila, abavugishwa n’Imana bemewe, bararemesha ishengero no kurikomeza mu majambo bavuga.

Akandi karorero k’umuvugishwa n’Imana wo mw’Isezerano Rishasha ni Agabo. Dusoma mu vyakozwe n’intumwa 11:27-28:

Mur’iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya. Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw’igoyi cinshi kizotera mw’isi yose. Ico yavuga ni kimwe ca tera ku ngomba ya Kilawudiyo.

Menya ko Agabo yahawe ijambo ry’ubwenge—har’ikintu co muri kazoza yahishuriwe. Kandi, Agabo ntiyarazi ibintu vyose bizoba muri kazoza, yamenye gusa ivyo Mpwemu Yera yashatse kumuhishurira.

Mu vyakozwe n’intumwa 21:10-11, har’akandi karorero k’ijambo ry’ubwenge ryaciye muri Agabo. Iri ryabwirwa umuntu umwe, Paulo:

Tugitevy’imisi myinshi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo yar’amanutse avuye i Yudaya. Aza aho turi, yabira umukanda wa Paulo, azibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, “at’Uku ni ko Mpwemu Yera agize”: “Nyen’uyu mukanda, uku ni kw’Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.’”

Mbega ivyanditswe biremerera umuntu wo mw’Isezerano Rishasha kurondera uwuvugishwa n’Imana ngw’amubwire ivy’Imana igomba? Oya. Impamvu ni uko Mpwemu Yera aba mu wizera wese akamurongora. Uwuvugishwa n’Imana ashobora kuza kwemeza gusa ivy’Imana imaze kumuyoboreramwo biciye mu mpwemu yiwe ubwiwe. Akarorero, igihe Agabo yavugishwa kuri Paulo, nti yamubwiye ivyo ategerezwa gukora, yemeje gusa ivyo Paulo yarasanzwe aza kuva kera.

Nk’uko nabivuze, Paulo yakorera mu ngabire y’uwugishwa n’Imana (n’umwigisha) imbere yo kwinjira mw’ibango ry’intumwa (raba Ivyak. 13:1). Tuziko Paulo yaronka uguhishurirwa kuva ku Mwami nkuko tubisanga muri Gal. 1:11-12, kandi yerekwa cane (raba Ivyak. 9:1-9; 18:9-10; 22:17-21; 23:11; 2Kor. 12:1-4).

Kimwe n’intumwa z’ukuri, nta bavugishwa b’Imana b’ukuri dusanga mu mashengero y’ibinyoma. Ishengero ry’ibinyoma rirashobora (kandi niko rikora) kwirukana uwuvugishwa n’Imana w’ukuri nka Sika, Yuda na Agabo. Impamvu n’ukw’abavugishwa n’Imana b’ukuri bategerezwa kuzana uguhishurirwa kw’ingene Imana yanka ukutumvira kwabo (nkuko Yohana yabikoze mu mashengero yo muri Asiya ntoya mu bice bibiri vy’ivyahishuriwe Yohana). Ishengero ry’ibinyoma ntirishobora kuvyemera.

Ibango ryo Kwigisha (The Office of Teacher)

Nk’ukw’urukurikirane ruri mu b’i Korinto ba 1ibice 12:28, ibango ryo kwigisha rigira gatatu nkuba nkuru. Umwigisha n’umuntu yasizwe amavuta adasanzwe ngo yigishe ijambo ry’Imana. Kubona umuntu yigisha Bibiliya ntisobanura kw’ar’umwigisha w’Isezerano Rishasha. Benshi barigisha kuko babikunda canke babitegetswe, arikw’umuntu yahamagariwe kuba umwigisha agira ububasha budasanzwe bwo kwigisha. Yama ahishurirwa amajambo y’Imana kandi akigisha mu buryo bwumvikana kandi butuma abantu bashira mu ngiro ivyo bigishijwe.

Apolo ni akarorero k’umwigisha w’Isezerano. Paulo yaragereranije igikorwa ciwe c’intumwa n’igikorwa co kwigisha ca Apolo mu b’i Korinto ba 1:

Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw’Imana niyo yazikujije….Nashizeh’itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubwenge, uwundi yubakako (1 Kor. 3:6, 10b, dushimikiye ku nsobanuro).

Apolo nk’umwigisha ntiyakoze igikorwa co gutera imbuto canke gushirah’itanguriro. Ariko, yavomeye izo mbuto n’ijambo ry’Imana kandi yubaka kw’itanguriro rimaze gushirwako.

Apolo yongera kuvugwa mu vyakozwe n’intumwa 18:27:

[Apolo] agomvye kujabuka ngw’aje muri Akaya, bene Data baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwakire. Na we ashitseyo, ubuntu bw’Imana bumutera gufasha cane abizeye; kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere ya bantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.

Menya ko Apolo “yafashije cane” abantu bari bamaze kuba abigishwa kand’igikorwa ciwe carimwo “ubuntu bw’Imana.” Inyigisho zirimwo gusigwa zigira ubuntu bw’Imana.

Kw’ishengero, igikorwa co kwigisha gisumba gukora ibitanfaza cank’ingabire yo gukiza indwara. Ni co gituma ico gikorwa cashizwe imbere y’ingabire zo gukiza indwara no gukora ibitangaza. Nk’uko tubisanga mu b’i Korinto ba 1ibice 12:28:

Kandi Imana yabanje gushira mw’ishengero bamwe kuba intumwa, maz’abakabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’abagatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ishirahw’ abahawe ingabiro zo gukiza indwara (dushimikiye ku nsoburo).

Ariko rero, usanga abizera bitaho kubona ibitanga kuruta kwumviriza ijambo ry’Imana rizotuma bama ivyamwa n’ukwera mu bugingo bwabo.

Bibiliya iravuga ku nyigisho n’insiguro. Kwigisha bifise urutonde rwo gukurikiza kandi bigereranywa no gutoza umuntu indero, ariko gusigura bitumira abantu kuvyuka no kugira ishaka. Abavugabiutumwa barasigura. Abigisha n’abungere kenshi usanga bigisha. Intumwa zirasigura kandi zikigisha. Birababaje kubona har’abizera batah’agaciro igikorwa co kwigisha. Abandi biyumvirakw’abavuga n’ijwi rirenga no kwisonzesha cane mu gusigura ari bo bafise amavuta menshi! Ariko siko bimeze.

Yesu ni we karorero keza k’umwigisha yavugutiwe. Kwigisha ni vyo vyaranga cane igikorwa ciwe gushikah’abantu benshi bamwita “Mwigisha” (Mat. 8:19; Mariko 5:35; Yohana 11:28).

Kumenya ku vyerekeye abigisha n’inyigisho, raba ivyakozwe n’intumwa 2:42; 5:21, 25, 28, 42; 11:22-26; 13:1; 15:35; 18:11; 20:18-20; 28:30-31; Rom. 12:6-7; 1Kor. 4:17; Gal. 6:6; Kol. 1:28; 1Tim. 4:11-16; 5:17; 6:2; 2 Tim. 1:11; 2:2 na Yak. 3:1. Ico canditswe ca nyuma kitubwira kw’abigisha bacirwa imanza zikomeye, ni co gituma bategerezwa kwirinda cane igihe bigisha. Bategerezwa kwigisha ijambo ry’Imana gusa.

Ibango ry’Umuvugabutumwa (The Office of Evangelist)

Umuvugabutumwa n’umuntu yasizwe amavuta yo kwamamaza ubutumwa bwiza. Ubutumwa bwiwe butegerezwa gutuma abantu bihana no kwizera Umwami Yesu Kristo. Baherekezwa n’ibitangaza bituma abatizera bitaho ubutumwa bwiwe no kubwemera.

Harihw’abavugabutumwa benshi mw’ishengero, arik’umugabo umwe gusa niwe avugwa nk’umuvugabutumwa mu vyakozwe n’intumwa. Izina ryiwe ni Filipo: “bukeye bwaho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bwiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indaro i we” (Ivyak. 21:8, honngeweko insobanuro).

Filipo yatanguye igikorwa ciwe nk’umukozi (cank’”umudiyakoni”) yagabura ivyo ku meza (raba Ivyak. 6:1-6). Arikw’igihe c’ihamwa ry’ishengero n’igihe Stefano yagandagurwa ni ho Filipo yinjizwa mu gikorwa c’umuvugabutumwa. Yavuze ubutumwa bwiwe bwa mbere i Samariya:

Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo yavuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora. Kuko benshi muri bo baribinjiwemwo n’impwemu zihumanye zabavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abari bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa. Haba umunezero mwinshi mur’ico gisagara (Ivyak. 8:5-8).

Menya ko Filipo yar’afise iganuke rimwe—Kristo. Intumbero yiwe yar’ukugira abigishwa, bisigura, abigishwa bumvira kandi bakurikira Kristo. Yamamaje Kristo akora ibitangaza, Umwana w’Imana, Umwami, Umukiza, n’Umucamanza agiye kuza. Ahanurira abantu kwihana no gukurikira Umwami wiwe.

Menya kandi ko Filipo yakora ibimenyetso n’utwumiza vyashingira intahe ubutumwa bwiwe. Uwufise igikorwa co kuvuga ubutumwa asigwa amavuta yo kukiza indwara no gukora ibitangaza. Ishengero ry’ibinyoma rifise abavuga ubutumwa bw’ibinyoma. Izi yuzuyemw’abo bavuga ubutumwa bw’ibinyoma, ni co gituma Imana itashingira intahe ubutumwa bavuga n’ibitangaza. Imvo nya kuri n’uko batavuga ubutumwa bw’Imana. Ntibavuga Kristo. Bakunda kwigisha ku mitwaro y’abantu n’ingene Imana izobaha ubugingo busagutse, canke bakavuga ku gakiza kidatanguriye mu kwihana. Binjiza abantu mu vyizerwa bidashobora kubakura mu buja bwa Satani. Ingaruka y’ubutumwa bavuga usanga abantu badashobora kuvuka ubwa kabiri, kuko batabona ico tuma barondera ivyo biyumvira ko bamaze kuronka. Abo bantu bariko bafasha Satani kwagura ubwami bwiwe.

Igikorwa co kuvuga ubutumwa nticashinzwe mu ngabire ziri mu b’i Korinto ba 1 ibice 12:28 nkuko biri mu Banyefeso 4:11. Mbona yukw’”ibitangaza n’ingabire zo gukiza indwara” zijana n’igikorwa c’umuvugabutumwa, kandi bishigikira igikorwa c’umuvugabutumwa wese.

Abantu bagendagenda bava mw’ishengero baja murindi n’aho biyita abavugabutumwa si bo kuko babubwira abamaze kuba abakristo, kandi nta bitangaza canke gukiza indwara bafise. (bamwe baribeshera ngo barafise izo ngabire, ariko bahanda impumyi gusa. Igitangaza bakora ni gusunika abantu gushika baguye hasi.) Abo bakozi bagendagenda mu mashengero twobita abigisha canke abahanuzi( raba Rom. 12:8), ariko nta bango ry’abavu- gabutumwa bafise. Birashoboka, hamwe n’ivyo, kw’Imana itanguza umuntu mur’ico gikorwa co guhanura canke gusigura hakagera igihe imishira mw’ibango ryo kubuvuga.

Ushaka kumenya ivyerekeye ibango ry’umuvugabutumwa, soma Ivyak. 8:4-40, inkuru y’ibango rya Filipo. Menya ingene amabango akorera hamwe (raba cane cane imirongo ya 14-25) n’ingene Filipo atavuze ubutumwa gusa ariko yarongowe n’Imana kuva ku muntu aja ku wundi (raba Ivyak. 8:25-39).

Abavugabutumwa bategerezwa kubatiza abo babwiye ubutumwa, ariko ntitegetswe gusengera abizera ngo babatize muri Mpwemu Yera. Ico ni gikorwa c’intumwa cank’abungere/abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero.

Ibango ry’Umwengere (The Office of Pastor)

Mu bice bibiri biheruka, nagereranije ibango ry’umwungere n’umwungere tumenyereye kubona. Ariko haracarih’ibintu vyinshi twovuga kw’ibango ry’umwungere.

Kugira ngo dutahure neza ic’ivyanditswe bivuga kw’ibango ry’umwungere, dukwiriye gutahura amajambo ngenderwako atatu ati mu Kigiriki (1) poimen, (2) presbuteros na (3) episkopos. Asobanurwa (1) umwungere canke pasitori, (2) umukuru w’ishengero, n’ (3) muzezwa shengero canke pasitori mukuru.

Ijambo poimen ryanditswe incuro cumi n’umunani mw’Isezerano Rishasha kandi ryasobanuwe umwungere incuro ndwi na pasitori rimwe gusa muri Bibiliya y’icongereza kenshi cane risobanurwa umwungere.

Ijambo ry’Ikigiriki presbuteros ryanditswe incuro mirongitandatu na zitandatu mw’Isezerano Rishasha. Incuro mirongitandatu muri zo ryasobanuwe umusshingantahe w’ishengero cank’ umukuru w’ishengero.

Hanyuma, ijambo ry’Ikigiriki episkopos ryanditswe incuro zitanu mw’Isezerano Rishasha, kandi ryasobanuwe umuzezwashengero incuro zine muri zo. Insobanuro y’icongereza yitwa The King James Version irisobanura umwungere mukuru rimwe gusa.

Ayo majambo atatu avuga ku gikorwa kimwe mw’ishengero, kandi akoreshwa nk’ijambo rimwe. Aho intumwa Paulo yashinga ishengero, yasigaho abakuru b’ishengero (presbuteros) abasigira kurongora ishengero (raba Ivyak. 14:23, Tit. 1:5). Bakora nk’abazezwashengero (episkopos) n’abungere (poimaino) b’imikuku. akarorero, mu vyakozwe n’intumwa 20:17 havuga ngo:

Ar’i Mileto atuma muri Efeso, atumakw’abakuru b’ishengero [presbuteros] (dushimikiye ku nsobanuro).

Mbega Paulo yabwiy’iki abo bakuru b’ishengero?

Mwirinde ubwanyu, muzigamw n’ubusho bwose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzezwa[episkopos], kugira ngo muragire [poimaino] ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yiwe (Ivyak. 20:28, dushimikiye ku nsobanuro).

Wabonye ingene ayo majambo atatu akoreshwa nk’ijambo rimwe mu Kigiriki. S’amabango atatu atandukanye. Paulo yabwiye abakuru b’ishengero yukw’ arabazezwashengero kandi ko bategerezwa gukora nk’ abungere.

Petero yanditse mu cete ciwe ati:

Abashingantahe b’ishengero [poimaino] bo muri mwebwe ndabahanura, kuko nanje nd’umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’icabona c’imibabaro ya Kristo yababajwe, kandi mfatanije na mwe ubwiza busohishurwa. Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk’abagoberewe, ariko mubikunze, nk’ukw’Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko mu buragire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegerezo vy’ubusho. N’uko umwungere mukuru niyerekanwa, muzokwambikwa mu mutwe igitsibo c’ubwiza kitazoshira (1 Pet. 5:1-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Petero yabwiye abashingantahe b’ishengero ko baragira amasho yabo. Irivuga rikoreshejwe ngaha umwungere ryasobanuwe (mw’izina ry’icongereza) pasitori muri Efeso 4:11:

Kandi [Yesu] yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere (cank’ abapasitori) n’abigisha (dushimikiye ku nsobanuro).

Ibi ni vyo bituma twizera kw’abakuru b’ishengero n’abungere ari co kimwe.

Paulo yakoresheje amajambo abakuru b’ishengero (presbuteros) n’ abazezwashengero (episkopos) nk’ijambo rimwe muri Tito 1:5-7:

Icatumwe ngusiga i Kirete kw’ar’ukugira utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ushinge abakuru b’ishengero….kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’umugayo (dushimikiye ku nsobanuro).

Rero ntibishobora kwumvikana uvuze kw’ibango ry’umwungere, umukuru w’ishengero, n’umuzezwashengero ari amabango atandukanye. Ibintu vyose vyandikiwe abazezwashengero n’abakuru b’ishengero yega n’abanungere.

Kurongora Ishengero (Church Governance)

Biragaragara igihe twisunga imirongo twasomye kw’igikorwa co kurongora ishengero cahawe abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero, kandi barahawe ububasha bwo kurihagarikira. Mu bisanzwe, abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero ni bo bajejwe ishengero, abanyeshengero bategerezwa kubumvira:

Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw’ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazoyibazwa, mugenze gurtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ataco vyo marira mwebwe (Heb. 13:17).

Ni vyo, nta mukristo yokwumvira umwungere atumvira Imana ubwiwe, ariko yo menya kw’ata mwungere yera nk’umumarayika.

Abungere/abakuru b’ishengero/abazezwashengero bafise ububasha ku mashengero ya bo nka Se rugo mu muryango:

N’ukumuzezwashengero [umwungere/umukuru w’ishengero] akwiye kutabak’umugayo….Aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose (Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?) (1 Tim. 3:2-5, dushimikiye ku nsobanuro).

Paulo ashishikara avuga ati,

Abakuru b’ishengero [abungere/abazezwashengero] baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi cane-cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha (1 Tim. 5:17, dushimikiye ku nsobanuro).

Nta nkeka, abakuru b’ishengero bararongora ishengero.

Abakuru b’Ishengero Tudasanga mu Vyanditse (Unscriptural Elders)

Amashengero menshi yibaza kw’integuro yo kurongora ishengero zemewe na Bibiliya kuko bafise akarwi k’abashingantahe b’ishengero babarongora, arikw’ingorane n’uko uko bavyiyumvira atariko bimeze. Usanga abakuru b’ishengero bakurakuranwa mw’ishengero. Bavugwa nk’ “Inama Nkuru y’Abashingantahe b’ishengero.” Ariko ntibasa n’ivyo Bibiliya ivuga. Igihe twihweza ivyo Paulo yategetse abashaka kuba abakuru b’ishengero, bica bitahurika neza. Paulo yanditsekw’abakuru b’ishengero bafise ikibanza co kwigisha/gusigura no kurongora ishengero (raba 1Tim. 3:4-5; 5:17-18; Tit. 1:9). Bake cane , mu bafise ico kibanza c’”inama nkuru y’ishengero” ni bo bakwije ivyo bisabwa. Ntibahembwa; nta butumwa bashobora kuvuga canke ngo bigishe; ntibakorera ishengero umwanya wabo wose; kandi ni gake cane usanga bashobora kurongora ishengero.

Uburongozi bw’amashengero butisunga ijambo ry’Imana burashobora kuba soko ry’ibibazo bidahera mu mashengero kuruta ibindi vyose. Igihe ishengero rirongorwa n’abantu batabikwiriye, ibibazo ntibishobora kubura. Birashobora gutuma haba imivurungano, kuzazanirwa no gutembagaza ishengero. Uburungozi butisunga ijambo ry’Imana busasira indava Satani.

Ndazi ko nandikira abungere b’amashengero afise urutonde ntayegayezwa hamwe n’amashengero yo mu nzu. Amwe mu mashengero y’intonde ntayegayezwa ashobora kuba afise abakuru inama nkuru y’ishengero itemewe na Bibiliya ah’abo bakuru b’ishengero batorwa n’abanyashengero. Izo ntonde ntizishobora guhinduka hatarinze kuba intambara.

Impanuro mpa abungere bari mur’ayo mashengero n’ukwemera iryo hinduka no kwihanganira intambata z’akanya gato zitegerezwa gukurikira iryo hinduka, igihe banse guhindura har’intambara nyinshi muri kazoza ziterwa n’izo ntonde ntayegayezwa kandi zizosenyura ishengero. Canke batanguze amashengero mashasha bace bayashiramwo uburongozi ivyanditswe vyemera.

N’aho bibabaza, muri kazoza azokwama ivyamwa vyinshi mu bwami bw’Imana. Igihe abarongozi b’ishengero ar’abigishwa beza ba Kristo, umwangere aba afise ibakwe ryo kubereka ivyanditswe no kubabwira bahindure imitegekere nk’ukw’ivyanditswe bivuga.

Ubwinshi bw’Abakuru b’Ishengero (The Plurality of Elders?)

Benshi bakunda kuvuga kw’izina abakuru b’ishengero ryama riri mu bwinshi, bigatuma buvuga ko bitemewe kugira umukuru w’ishengero/ umwungere/umuzezwashengero umwe gusa aragira ubusho. Jewe sindabishigikira cane. Bibiliya yerekana yuko, mu bisagara bimwe bimwe, ishengero ryarongorwa n’abakuru b’ishengero benshi, ariko ntidushobora kwemeza kw’abo bakuru b’ishengero bose barongora ishengero rimwe. Akarorero, igihe Paulo yakoranya abakuru b’ishengero muri Efeso (raba Ivyak. 20:17),bigaragarakw’abo bakuru b’ishengero bava mu gisagara kirimwo ibihumbi cank’amajana y’ibihumbi (raba Ivyak.19:19). Rero har’imikuku mwinshi muri Efeso, umukuru w’ishengero wese akaragira nk’ishengero rimwe ryo mu nzu.

Nta na hamwe Imana yahamagaye inama y’abakuru b’ishengero barongore ishengero. Igihe yagomba gukura Isirayeli muri Egiputa, yahamagaye umuntu umwe rudende, Mose, abasigaye bose barongorwa na we, nka we nyene, umwe wese y’ar’afise umurwi mutoya arongora. Ivyo tubisanga ahantu hensi mu vyanditswe. Igihe Imana ifise ic’igomba gukora, ihamagara umuntu umwe gukora, maze igahamagara abandi bamufasha.

Rero ntivyumvikana kw’Imana ishobora guhamagara inama cank’umurwi w’abantu unganya ubushobozi ng’urongore ishengero ritoya ryo mu nzu. Zoba ar’intambara.

Ntibisigurakw’ishengero ryose ryo mu nzu ritegerezwa kurongorwa n’umukuru w’ishengero umwe gusa. Ahubwo, bisigurakw’igihe har’abakuru b’ishengero benshi mw’ishengero rimwe, uwukiri muto mu mpwemu ategerezwa kwumvira uwumaze gukura mu mpwemu. Ivyanditswe vyerekana kw’atari amashule ya Bibiliya, ahubw’ishengero ni ryo rimenyereza no kwigisha abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bakiri bato mu mpwemu, ni co gituma hakenerwa abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero benshi no mw’ishengero ryo mu nzu, igihe abakiri bato mu kwizera bafashwa n’abamaze gukura mu kwizera.

No mu mashengero arongorwa n’abakuru b’ishengero bitwako “bangana”. Habaho umwe abandi bose bisunga. Cank’umwe ni we akora igikorwa cose abandi barorera. Cank’ugasanga barangwa no gucanamwo. Bisigurako n’imirwi ihitamwo uwuyiserukira. Igihe umurwi ugizwe n’abanganya intambuko naho bahitamwo umurongozi umwe. Ni ko bimeze no mw’ishengero.

Vyongeye, igikorwa c’abakuru b’ishengero kigereranywa n’igikorwa ca Se rugo nk’uko Paulo yavuze muri 1Timoteyo 3:4-5. Abakuru b’ishengero bategerezwa kuganza neza ingo zabo, ahandi ho ntibashobora kurongora ishengero. Iyumvire ingene urugo rumwe rwoba igihe rurongowe na ba Se rugo babiri? Ntihoburamwo intambara.

Abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bategerezwa kugira abandi babafasha kugirango hagize ingorane nti habure uwundi aramira igikorwa. Paulo yigeze kwandika ku nama cank’”umurwi w’abakozi” (raba 1Tim. 4:14), warugizwe na presbuteros (abakuru b’ishengero) hamwe n’abandi bakozi bafise ingabire. Igihe ar’intumwa, nayo nyene irashobora kuramira canke gufasha ishengero igihe umukuru w’ishengero afashe inzira y’ubuzimire. Igihe abungere b’amashengero afise imitegekere itemewe n’ivyanditswe bayovye, ishengero rirasambuka kubera imitegekere yaryo. Har’inyubako n’imitegekere bidashobora guhinduka. Arikw’amashengero yo mu nzu ashobora kugaburwamw’imice ija kwifatanya n’abandi bahagaze neza igihe umwungere ayovye.

Ubushobozi bwo Gukora (Authority to Serve)

Kukw’Imana iha umwungere ubushobozi n’ubwenge bwo kurongora ishengero ryiwe, ntibisigurakw’ashobora kuricunaguza. Ntashobora kuba Umwami waryo—ni Yesu gusa. S’imikuku yiwe—ni imikuku y’Imana.

Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk’abagoberwa, ariko mubikunze, nk’ukw’Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko mubiragire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegerezo vy’ubusho.n’uk’Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubwiza kitazoshira (1 Pet. 5:2-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Umwungere wese azovuga ico yakoze umusi umwe imbere y’intebe ya Kristo.

Vyongeye, kubiraba amafaranga, umwungere/amukuru w’ishengero/umuzezwashengero ntakwiriye kuvyigungana. Har’amafaranga atozwa bakoranye canke rimwe rimwe, abandi barashobora kubizezwa kugirango ntihagire ukwikekana kandi amafaranga ntakoreshwe nabi (raba 2Kor. 8: 18-23). Hategerezwa kuba umurwi watorewe ico nyene.

Guhemba Abakuru b’ishengero (Paying Elders)

Ivyanditswe vyerekana neza kw’abakuru b’ishengero/abungere/abazezwashengero bakorera Imana gusa, bategerezwa guhembwa n’ishengero. Paulo yanditse ngo,

Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvireko bakwiriye guhabwa icubahiro kirushiriza, kandi cane-cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha. Kukw’icanditswe kivuga, “ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw’irasekura ingano,” kandi “ng’Umukozi akwiye ingero yiwe” (1 Tim. 5:17-18).

Birumvikana—Paulo yakoresheje ijambo ingero. Ijambo ryiwe ryo guha icubahiro kirushiriza abakuru b’ishengero baganza neza gitahurika neza igihe turavye iyindi mirongo. Umurongo witangira uyo, Paulo yandika igikorwa c’ishengero co gufasha abapfakazi kuko harihw’abatabitaho, kand’akurikiza ijambo nk’iryo nyene ati: “Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri” (raba 1 Tim. 5:3-16). Ngaha rero, ‘kwubaha’ bisigura gushigikira n’amafaranga. Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye icubahiro kirushirije, guhabwa incuro zibiri ibihabwa abapfakazi canke birenze igihe bafise abana bareze.

Amashengero y’imikorere ntayegayezwa yo kw’isi yose arahemba abungere bayo (no mu bihugu bikene), arikw’amashengero menshi yo mu nzu, cane-cane mu bihugu vya buraya, nta gahembo atanga. Ndazi kw’abantu b’i buraya benshi banjira mu mashengero yo mu nzu kukw’ar’abagarariji mu mitima, kandi baronse ishengero kw’isi ridasaba ibintu vyinshi. Bavugako binjiye mu mashengero yo mu nzu kuko bahunze ubuja bw’iyo bavuye, ariko usanga bahunze ukwifatanya na Kristo mu rwego rwo hejuru. Baronse amashengero atabwira abantu gutanga amafaranga, amashengero usanga unyuranya n’ivyo Kristo yabwiye abigishwa biwe. Abafise imana yitwa amafaranga kandi bavyerekanisha ukwirundaniriza ubutunzi kw’isi hako babubika mw’ijuru s’abigishwa ba Kristo vy’ukuri (raba Mat. 6:19-24; Luka 14:33). Igihe ubukristo budahindura ingene ukoresha amafaranga, ntibushobora kwitwa ubukristo na gato.

Amashengero yo mu nzu avugako yisunga ivyanditswe ategerezwa gufasha abungereye bayo, no gufasha abapfakazi hamwe no gushigikira ivugabutumwa. Mugutanga amafaranga akora ivyo, ni ho bazotandukana n’ayandi mashengero, kuko batariha canke ngo basanure inyubako kandi nta bakozi benshi bahemba. Bisaba kw’abantu cumi gusa batanga ibigiracumi bishigikira umwungere. Bandi cumi batanga 20% barashobora guha igice kimwe umwungere n’ikindi gice kikabafasha gushigikira ivugabutumwa.

Abungere bakora Iki ? (What do Pastors do?)

Wobaza umunyashengero wese uti, “Iki ni gikorwa ca nde?”

Ni nde ategerezwa kubwira abatizera ubutumwa bwiza? Ni nde ategerezwa kwera cane? Canke gusenga? Guhanura, kuremesha no gufasha abandi bizera? Kugendera abarwayi? Kurambika ibiganza no gukiza indwara? Kwikorera imitwaro y’abandi? Gukorera abandi? Kwiyanka, kwihebera ubwami bw’Imana? Kugira no kubatiza abigishwa, no kubigisha kwitondera amabwirizwa ya Kristo?

Abanyashengero benshi, ata gukekeranya, bokwishura, “ngw’ivyo bikorwa ni vya mwungere.” Ni vyo?

Nk’ukw’ivyanditswe bivuga, uwizera wese ategerezwa kuvuga ubutumwa bwiza:

Ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw’ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebwe, ariko muri n’uburwaneza, mutinya (1 Pet. 3:15).

Uwizera wese ategerezwa kugendera mu kwera:

Ariko nk’uk’iyabahamgaye ar’iyera, namwe abe ari ko abera mu ngeso zanyu. Kuko vyanditswe, “ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera” (1Pet. 1:15-16)

Uwizera wese ategerezwa gusenga:

Munezerwe imisi yose; musenge ubudasiba (1 Tes. 5:16-17).

Uwizera wese ategerezwa guhanura, kuremesha no gufasha abandi bizera:

Kandi turabahanura, bene Data, muhubure abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose(1Tes. 5:14, dushimikiye ku nsobanuro).

Uwizera wese ategerezwa kuraba abarwayi:

Nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko mmeze; nari mw’ibohero, muza kundaba (Mat. 25:36).

Ibindi Bikorwa Ajejwe (More Responsibilities)

Ariko ntibigarukira ngaha. Uwizera wese ashobora kurambik’ibiganza ku murwayi agakira:

Kand’ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw’izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, ntaco kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire (Mariko 16:17-18, dushimikiye ku nsobanuro).

Uwizera wese ategerezwa kwikorera imitwaro y’abandi bizera:

Mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo (Gal. 6:2).

Uwizera wese ategerezwa gukoresha ingabire yiwe mu kwubaka abandi:

Nuko dufise ingabire zitandukana, nk’uk’ubuntu twahawe butandukana: namba twarahawe kuvugishwa n’Imana, tuvugishwe na yo uk’ukwizera kwacu kungana; canke namba twarahawe igikorwa co mw’ishengero, tugishishikare, cank’uwigisha ashishikarire kwigisha; cank’uwuhanura ashishikarire guhanura; uwugira ubuntu, abugire ata kinubwe; uwuganza aganzanye umwete; uwugira imbabazi, azigire anezerewe (Rom. 12:6-8).

Uwizera wese ategerezwa kwiyanka, no kwihebera ubutumwa bwiza:

Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababwira, “At’umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kuk’ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, arik’uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje no kubw’ubutumwa bwiza, azobukiza” (Mariko 8:34-35, hongeweko insobanuro).

Kand’uwizera wese ategerezwa kugira no kubatiza abigishwa, akabigisha kwitondera amabwirizwa ya Kristo:

Nuk’uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uwuyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Mat. 5:19, dushimikiye ku nsobanuro).

Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiyo kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye (Heb. 5:12, dushimikiye ku nsobanuro).

Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mu babatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi (Mat. 28:19-20, dushimikiye ku nsobanuro).

[2]

 

Aya mabanga yahawe uwizera wese, arikw’abanyeshengero benshi bivugirako yahawe abungere gusa! N’abungere bo ubwabo biyumvirakw’ayo mabanga yahawe bo gusa.

None Abungere Bategerezwa Gukora Iki? (So What are Pastors Supposed to do?)

Namba ayo mabanga yahawe uwizera wese, none abungere bokara iki? Biroroshe, bahamagariwe gutunganya abera bakore ivyo bintu (raba Efe. 4:11-12). Bategerezwa kwigisha abizera kwumvira ivyo Kristo yabageze (raba Mat. 28:19-20) mu mvugo no mu ngiro (rab 1 Tim. 3:2; 4:12-13; 5:17; 2 Tim. 2:2; 3:16-4:4; 1Pet. 5:1-4).

Ivyanditswe ntibishobora kubisobanura kurusha ngaho. Igikorwa c’umwungere s’ugukoranya abantu benshi bashoboka mu makoraniro yo ku wamungu mu gitondo. Ni “gushikiriza umuntu wese atunganye muri Kristo” (Kol. 1:28). Abungere ba Bibiliya ntibadigadiga abantu (raba 2 Tim. 4:3); barigisha, bakamenyereza, bagahanura, bararemesha, barahubura, barahana no gukankamira, nk’uko biri mw’ijambo ry’Imana (raba 2Tim. 3:16-4:4).

Paulo yaravuze ibisabwa uwuri mw’ibango ry’umwungere mu cete ciwe ca mbere yandikiye Timoteyo. Cumi na bine kuri cumi na bitano bivuga ku ngeso, vyerekanakw’akarorero ubuzima bwiwe butanga ari ngirakamaro cane:

Iri jambo n’iryo kwizerwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza. N’uk’umuzezwashengero akwiye kutabak’umugayo, kand’akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe utarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indaro, afise ubwenge bwo kwigisha, atar’umunoho wa vino, cank’umusinzi, arikw’abe umurwaneza, atitoraguza, atar’inkunzi y’amahera, aganza neza abo mu rugo rwiwe, abana biwe bamwumvira, yanka umugayo wose. (Uwutazi kuganza abo mu rugo rwiwe yoshobora ate kuzigama ishengero ry’Imana?) Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe ngw’atembe, agazirwakw’iteka wa Murwanizi yaciriweko. Kand’akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi (1 Tim. 3:1-7).

Tugereranije ibi bisabwa n’ivy’amashengero menshi asaba igihe arondera umwungere mushasha dusanga amashengero menshi afise ingorane. Barondera umukozi atunganya ibikorwa/umuyobozi/uwize ivy’ubwenge/uwurongora ibikorwa/uwuzi gutangisha amahera/uwukundwa na bose/inka ya kurimisha. Barondera umuntu “ashobora guteza imbere ishengero ryabo.” Umuzezwashengero wo muri Bibiliya, ategerezwa kub’umuntu w’ingeso nziza kandi yahisemwo Kristo, umukozi w’ukuri, kukw’intumbero yiwe ar’ukwivyara. Ategerezwa gushika aho abwira amasho yiwe, ati “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristo” (1 Kor. 11:1).

Ushaka kwiga cane ku bango ry’umwungere, raba Ivyak. 20:28-31; 1 Tim. 5:17-20; na Tit. 1:5-9.

Igikorwa c’Umudiyakoni (The Office of Deacon)

Mu kurangiza, reka mvuge ku badiyakoni. Igikorwa c’ubudiyakoni ni rudende mw’ishengero, kandi ntikiri muri ya mabango atanu. Abadiyakoni ntibarongora ishengero nk’abakuru b’ishengero. Mu kigiriki ijambo ryasobanuwe umudiyakoni ni diakonos, risigura “umukozi.”

Ba bagabo ndwi bashiriweho igikorwa co kugaburira abapfakazi mw’ishengero ry’i Yerusalemu ni bo badiyakoni ba mbere (raba Ivyak. 6:1-6). Batowe n’ishengero maze basengerwa n’intumwa. Babiri muri bo, Filipo na Stefano, bahavuye bashirwa n’Imana mw’ibango ryo kuvuga ubutumwa.

Abadiyakoni tubasanga no muri 1 Timothy 3:8-13 n’Ab’i Filipi 1:1. Iki gikorwa gishobora gukorwa n’umugabo cank’umugore (raba 1 Tim. 3:11).

 


[1]

N’ubundi buryo bwo kuvuga, “Kugira abigishwa ba Yesu Kristo.”

[2]

Nimba abigishwa ba Yesu bategerezwa kwigisha abigishwa babo kwumvira ivyo Kristo yabageze, na bo bategerezwa kwigisha abigishwa babo kugira abigishwa no, kubabatiza no kubigisha ivyo Kristo yategetse. Rero kugira abigishwa, kubatiza no kwigisha abigishwa car’icagezwe gihoraho umwigisha wese ategerezwa kwubaha.