Ingabire za Mpwemu (The Gifts of the Spirit)

Igice ca Cumi n’Indwi (Chapter Seventeen)

Bibiliya yuzuyemwo imirongo yerekana abagabo n’abagore bahawe na Mpwemu Yera ubushobozi budasanzwe. Mw’Isezerano Rishasha, ubwo bushobozi budasanzwe bwitwa “ingabire za Mpwemu Yera” Ni ingabire kuko budashobora kugurwa. Ntidukwiriye kwibagira, hamwe n’ivyo, Imana ishira hejuru abantu ishobora kwizigira. Yesu ni we yavuze ati, “Uwukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: uwugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no kugikomeye”(Luka 16:10). Rero turashobora kwizigira kuronka izo ngabire za Mpwemu ariko tuzi yuko zihabwa abizigirwa ku Mana. Kwishikana rwose ku Mana no kwizigira Mpwemu Yera ni nkenerwa cane, kukw’Imana yitegura gukoresha abantu bene abo mu buryo bw’ibitangaza. Ku rundi ruhande, Imana yarigeze kuvugisha indogoba, bisigura kw’ishobora gukoresha buri muntu. Yorindira ko dutunganywa rwose kugira idukoreshe, nta numwe muri twebwe yokoresheje!

Mw’Isezerano Rishasha, igabire za Mpwemu Yera zanditswe mu b’i Korinto 2 igice ni 12, kandi zose ni icenda:

Kuk’umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ry’ubwenge, uwundi agaheshwa n’uyo Mpwemu ijambo ryo kumenya, uwundi ageshwa n’uwo Mpwemu ukwizera, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu umwe ingabire zo gukiza indwara, uwundi agahabwa gukora ibitangaza, uwundi agahabwa kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabwa kurobanura impwemu, uwundi agahabwa na Mpwemu kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabwa gusobanura indimi (1 Kor. 12:8-10).

Kumenya ingabire y’umuntu wese sivyo bituma Imana ikoresha abantu mu ngabire zayo za Mpwemu. Abami, abaherezi n’abavugishwa n’Imana, co kimwe n’abandi bakozi bose b’Imana bo mw’ishengero ry’isezerano Rishasha, bose bakoreye mu ngabire za Mpwemu n’aho batamenye uko zitwa. Ingabire za Mpwemu zashizwe mu mirwi itandukanye mw’Isezerano rishasha, kubiitahura ni vyiza. Ni co gituma Paulo yanditse ati “Bene Data singomba ko mutamenya ivy’ingabire za Mpwemu (1 Kor. 12:1).

Ugutandukana Kw’Izo Ngabire Cenda (The Nine Gifts Categorized)

Izo ngabire cenda ca Mpwemu zashizwe mu mirwi itatu mu gihe ca none: (1) ingabire zokuvuga, arizo: kuvuga indimi nyinshi, gusobanura indimi, no kuvugishwa n’Imana; (2) ingabire zo guhishurirwa, arizo: ijambo ry’ubwenge, ijambo ryo kumenya, no kurobanura indimi; hamwe na (3) ingabire z’ubushobozi, arizo: gukora ibitangaza, ukwizera kudasanzwe, n’ingabire zo gukiza indwara. Zitatu mur’izo ngabire zivuga ikintu runaka; izindi zitatu zihishura ikintu runaka; kandi zitatu zikora ikintu runaka. Izi ngabire zose zarakora mw’Isezerano rya Kera kiretse kuvuga mu zindi ndimi no kuzisobanura. Izo ngabire zibir ziri mw’Isezerano Rishasha gusa.

Isezerano Rishasha ntizitwereka ingene umuntu yokeresha “igabiri z’ubushobozi” ariko dusangamwo inyigisho nkeya cane zo gukoresha “ingabire zo guhishurirwa.” Har’impanuro nyinshi duhabwa na Paulo kw’ikoreshwa ry’ “ingabire zo kuvuga,” kandi zavyo ni zibiri.

Ica mbere, ingabire zivuga nizo zikunda kugaragara igihe abera bakoranye, arikw’ingabire zo guhishurirwa zigaragara gake, ingabire z’ubushobozi zozo zikora incuro nke zibaho. Rero tukeneye impanuro n’inyigisho zikunda kugaragara cane igihe ishengero rikoranye.

Ica kabiri, ingabire zo kuvuga zisaba gukorana n’abandi mu rwego rudasanzwe, kandi ni zo ngabire zikunda gukoreshwa nabi. Biroroha cane kwongera no guhindura ibiriko biravugishwa kuruta guhindura ivy’ingabire yo gukiza indwara iriko irakora.

Nk’uko Mpwemu Avyishakiye (As the Spirit Wills)

Ni nkenerwa cane kumenya yukw’ingabire za Mpwemu zitangwa nkuko Mpwemu avyishakiye kandi nta bugombe bw’umuntu bukora ngaho. Bibiliya irabitomora:

Arikw’ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw’agomba (1 Kor. 12:11, hongeweko).

Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bwose n’ingabire za Mpwemu Year zagabanganijwe nk’uko yagomvye (Heb. 2:4, hongweko insobanuro).

Umuntu arashobora gukoreshwa kenshi mu ngabire runaka, uriko nta n’umwe afise ingabire. Umuntu arashobora gusigwa amavuta agakora igitangaza runaka ariko ntibisigura kw’aca akora ibitangaza ukw’avyishakiye; kandi nta cemezo c’uko uzosubira gukora ico gitangaza.

Turiga no gusuzuma uturorero dukeya twa Bibiliya kuri buri ngabire. Menya neza, Imana ishobora guhishura ubuntu n’ubushobozi bwayo mu nzira zitagira igitigiri, rero biragoye kumenya ingabire Imana iza gukoresha igihe kanaka. Ikirengeye vyose, nta nsobanuro y’izo ngabire cenda dusanga mu vyanditswe—ico tuzi ni ibimenyetso vyazo. Rero turashobora kuraba uturorero muri Bibiliya tukagerageza kumenya ni iyihe ngabire yakoze, no kuzisobanura twisunze ingene zitandukanye. Kubera yuko har’inzira nyinshi Mpwemu Yera ashobora kwigaragaza acishirije mu ngabire zidasanzwe, ntivyoba vyiza iyo dutanze insobanuro tugashirako n’akaburungu. Har’ingabire zishobora kuba ihuriro ry’izindi nyinshi. Nico gituma Paulo yanditse ati:

Yamara har’ingabire z’uburyo bwinshi, ariko Mpwemu n’umwe. Kandi har’amabango menshi, arik’Umwami n’umwe. Kandi hariho uburyo bwinshi bwo gukora, arikw’Imana ni imwe, ikorera vyose muri vyose. yamara, umuntu wese ahabwa ikimwerekanako Mpwemu, kugira ngo bigire ikimazi (1 Kor. 12:4-7, hongeweko insobanuro).

Ingabire Z’Ubushobozi (The Power Gifts)

1) Ingabire zo gukiza indwara: izi ngabire zo gukiza indwara zashiriweho gukiza abantu barwaye. Zisigurwa kw’ar’ ububasha giturumbuka bwo gukiza imibiri irwaye, naje sinshobora guharira. Mu gice giheruka twabonye akarorero k’ingabire yo gukiza indwara yari muri Yesu igihe yakiza umurwayi ku kidengeri c’i Betesida (raba Yohana 5:2-17).

Imana yakoresheje Elisa akiza Nahamani umunyasiriya, yasenga ibigirwamana (raba 2Abam. 5:1-14). Nkuko twabonye igihe twasuzuma amajambo ya Yesu muri Luka 4:27 avuga k’ugukira kwa Nahamani, Elisa ntayar’ashoboye gukiza umunyamibembe wese bahuye. Yarongowe na Mpwemu kubwira Nahamani aje kwinjira muri Yorodani incuro ndwi, kand’igihe Nahamani yavyabaha, yaciye akira imibembe.

Imana yakoresheje Petero akiza ikimuga kw’irembo ryitwa ryiza akoresheje ingabire yo gukiza indwara (Ivyak. 3:1-10). Ico kimuga nticamugurutse gusa, arikw’ico kimenyetso catumye abantu benshi bumviriza amajambo ava mu kanwa ka Petero, maze abantu bababa ibihumbi bitanu biyongera kw’ishengero uyo musi nyene. Ingabire zo gukiza indwara zikorana intumbero zibiri arizo gukiza abarwaye no kuzana abadakijijwe kuri Kristo.

Igihe Petero yarikw’arabwiriza abantu bari bakoraniye ngaho uyo musi, yavuze ati:

Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ubushobozi bwacu cank’ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha? (Ivyak. 3:12).

Petero yamenye yuko bidakoretse kubera ubushobozi afise muri we, canke kuber’ukwera kwiwe, ariko ni ubushobozi buva ku Mana bwakoreye muri we. Ibuka yuko Petero, amezi abiri atarakora ico gitangaza, yihakanye Yesu. Kubona Imana ikoresha Petero mu bushobozi kun tango z’igitabo c’ivyakozwe n’intumwa bitegerezwa kudufasha kwemera kw’Imana izodukoresha uko ivyishakiye.

Igihe Petero atanguye gusobanura ingene uyo mugabo yakize, ntiyari kuvuga yukw’ar’ingabire yo “gukiza indwara.” Ivyo Petero yar’azi vyose n’uko we na Yohana bari baciye iruhande y’ikimuga aza yumva amavuta n’ukwizera k’uyo mugabo agiye gukira. Yaciye ategeka uyu mugabo guhaguruka mw’izina rya Yesu, amucakira ku kuboko kw’i buryo,aramuhagurutsa. Ca kimuga gitangura “kugenda no gusimbagurika gishima Imana” Uku niko Petero yabisobanuye:

Kand’uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mbere ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese (Ivyak. 3:16).

Bisaba ukwizera kudasanzwe gufata ikimuga ku kuboko no kugihagurutsa witega ko gitambuka! Iyi ngabire idasanzwe iherekezwa n’ukwizera kugira ngo bishoboke.

Bamwe bavuye kw’igituma iyi ngabire iri mu bwinshi (mu Kirundi yitwa ingabire zo gukiza indwara) n’ukw’irimwo ingabire zitandukanye zikiza ubwoko bw’indwara zitandukanye. Abamaze gukoreshwa kenshi mu ngabire zo gukiza indwara barashobora kubona ubwoko bw’indwara zikunda gukira kuruta izindi igihe basengera abarwaye. Akarorero, umuvugabutumwa Filipo igihe asabira abantu gukira ibimuga n’abanyunyutse ni bo bakunda gukira (Ivyak. 8:7). Har’abavugabutumwa bamwe bo mu binjana vyaheze, basengeye impumyi cank’ibitumva canke abarwaye imitima, n’izindi, babona bakira nkukw’igabire zabo zakiza indwara imwe mur’izo.

2) Ingabire y’ukwizera no gukora ibitangaza: ingabire y’ukwizera n’iyo gukora ibitangaza zihakwa kwitiranywa. Izo ngabire zompi, umuntu azifise igihe agomba gukoreshwa igitangaza ahabwa ukwizera kudasanzwe mu kanya isase ikidashobora kigashoboka. Itandukaniro riri hagati y’izo ngabire isobanurwa uku: uwufise ingabire yo kwizera, ahabwa ukwizera gutuma yakira igitangaza ciwe ubwiwe, mu gihe uwufise ingabire yo gukora ibitangaza, ahabwa ukwizera kwo gukora igitangaza kubw’uwundi muntu.

Ingabire yo kwizera har’igihe yitwa “ukwizera kudasanzwe” kuko ar’ubushobozi buza ku muntu mu kanya nk’ako gukubita urugohe akisanga ari mu kwizera kurengeye kumwe tumenyereye. Mu bisanzwe ukwizera kuzanwa no kwumva isezerano ry’Imana, ariko uko kwizera kudasanzwe kuzanwa no guhabwa na Mpwemu Yera ubushobozi giturumbuka. Abamaze kuba mur’iyi ngabire yo kwizera kudasanzwe bavuga kw’ibintu bari bazi ko bidashoboka baca babona ko bishoboka buno nyene , kanatsinda basanga gukekeranya bitagishoboka. N’ingabire yo gukora ibitangaza ni nk’uko nyene.

Inkuru y’abagenzi batatu ba Daniyeli, Shaduraka, Meshaki, na Abedinego yerekana ingene “ukwizera kudasanzwe” gutuma umuntu adashobora gukekeranya. Igihe batererwa mw’itanure kuko banes gusenga ikigirwamana c’umwami, baciye bahabwa ingabire y’ukwizera kudasanzwe. Bisaba kugira ukwizera kudasanzwe ngo ushobore kuguma muzima uterewe mu birimi vy’umuriro nya muriro! Reka turabe ubwoko bw’uku kwizera iyi misore yerekanye iri imbere y’umwami:

Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati “Ntiturinda tugira ico tukwishura kur’iryo jambo. Asangw’ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’iryo tenure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi. Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse” (Dan. 3:16-18, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya kw’ingabire yatanguye gukora batara tabwa no mw’itanure. Nta gukekeranya kw’Imana igiye kubarokora mur’iryo tanure.

Eliya yakoreye mu ngabire y’ukwizera kudasanzwe igihe yafungurirwa n’ibisiga ca gihe c’ikigoyi c’imyaka itatu n’igice aho Ahabu umwami mubi yatwara (raba 2 Abam. 17:1-6). Bisaba ukwizera kurengeye kumwe tumenyereye kugira ushobore kwizera kw’Imana ishobora gukoresha ibisiga bikuzanire indwa ku murango no mw’ijoro. Nah’ata hantu na hamwe Imana yadusezeranye kw’izotuma ibisiga bituzanire ivyo kurya buri musi, turashobora gukoresha ukwizera gusanzwe kandi Imana ikishura imitwaro yacu—kukw’iryo ar’isezerano (raba Mat. 6:25-34).

Gukora ibitangaza vyari no mugikorwa ca Mose. Yakoreye mur’iyi ngabire igihe yacamwo kubiri amazi y’ikiyaha gitukura (raba Kuv. 14:13-31) n’igihe Egiputa yakubitwa n’ivyago.

Yesu yarakoreye mur’iyo ngabire y’ibitangaza igihe yahaza abagabo 5,000 mu kurwiza amafi n’imitsima mikeya (raba Mat. 14:15-21).

Igihe Paulo yategeka ko Eluma umunyamareba ahuma umwanya mutoya igihe yar’i Kupuro, birashobora kuba akarorero ko gukorera mu ngabire y’ibitangaza (raba Ivyak. 13:4-12).

Ingabire Zihishura (The Revelation Gifts)

1). Ijambo ry’ubwenge n’ijambo ryo kumenya: Ingabire y’ijambo ryo kumenya isobanurwa kenshi nk’ububasha buza ku muntu mu kumumenyesha ibintu kanaka, vyo muri kahise canke kubu. Imana, nyen’ukumenya kwose, har’igihe iha umuntu agace k’uko kumenya, ari na co gituma yitwa ijambo ryo kumenya. Ijambo n’igice c’iryungane, kandi ijambo ryo kumenya n’agace k’ukumenya kw’Imana.

Ijambo ry’ubwenge rigomba kwitiranywa n’ijambo ryo kumenya, ariko risobanurwa nko guhabwa ububasha kanaka butuma umenya ibizokoreka muri kazoza. Ubwenge bur’imwo agace ko kumenya ibizoba. Ubugira kandi, menya kw’izo nsobanuro ar’izo abantu biyumvira.

Reka turabe akarorero k’ijambo ryo kumenya dusanga mw’Isezerano rya Kera. Elisa amaze guhumanura Nahamani umunyasiriya, Nahami aha Elisa amafaranga menshi amushimira kuko yamukijije. Elisa yanka iyo ngabire, kugira ngo ntihagire umuntu yiyumvira ko amafaranga ya Nahamani ari yo yamukijije kandi yakize kubw’ubuntu bw’Imana. Umukozi wa Elisa, Gehazi, we, abona kw’ariwo mwanya wogutunga kwiwe, maze yiyakirira bimwe mu vyo Nahamani yari yategekanije kuriha umuntu amuvura. Nahamani amaze kunyegeza amafaranga yaronse mu nzira mbi, atonda kwa Elisa. Niho dusoma ibikurikira,

Elisa aramubaza, ati “Uvuye hehe ga Gehazi?” Uwundi at’”Eka ntaho nagiye.” Aramubarira, ati “Mbeg’ugira umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhure?” (2 Abam. 5:25b-26a).

Imana, yar’izi igikorwa kibi Gehazi yakoze, igihishurira Elisa mu buryo butangaje. Iyi nkuru irabigaragaza, uko bimeze kwose, Elisa nti “yaganza” ingabire y’ijambo ryo kumenya; bisigura yukw’atar’azi ikintu na kimwe ku muntu n’umwe. Iy’aba azi vyose, Gehazi ntayari kwiyumvira na gato kunyegeza icaha ciwe. Elisa yamenya ibintu igihe Imana ibimumenyesheje igihe kanaka. Iyo ngabire yakora ukwo Mpwemu yishakiye.

Yesu yakoreye mw’ijambo ryo kumenya igihe yabwira wa mugore kw’iriba ry’i Samariya ko yar’afise abagabo batanu (raba Yohana 4:17-18).

Petero yakoreshejwe mur’iyi ngabire y’ijambo ryo kumenya igihe yamenya yukw’ Ananiya na Safira bariko babesha ishengero ko bazanye amafaranga yose bagurishije itango ryabo (raba Ivyak. 5:1-11).

Ingabire y’ijambo ry’ubwenge, tubona ingene yakora ku bavugishwa n’Imana mw’Isezerano rya Kera. Igihe cose bavuga ibizoba muri kazoza, ryar’ijambo ry’ubwenge rivuye muri bo. Yesu na we yarakoreye mur’iyo ngabire cane. Igihe yavugishwa avuga ko Yerusalemu izosamburwa, avuga kw’azobambwa, avuga ku magorwa isi izobona imbere y’ukw’agaruka ubugira kabiri (raba Luka 17:22-36, 21:6-28).

Intumwa Yohana yakoreshejwe mur’iyo ngabire mu kuvuga ku mateka y’igihe c’ihamwa nk’uko yabihishuriwe. Ivyo tubisanga mu gitabo c’ivyahishuriwe Yohana.

2). Ingabire yo kurobanura impwemu: ingabire yo kurobanura impwemu n’ububasha giturumbuka butuma umuntu amenya canke abona ibiriko bikorerwa mw’isi y’impwemu.

Ukwerekwa, uwizera aronse , kurashobora gushirwa mu gitigiri co kurobanura impwemu. Iyo ngabire ishobora gutuma uwizera abona abamarayika, abadayimoni, canke Yesu ubwiwe, nkuko vyashikiye Paulo kenshi (raba Ivyak. 18:9-10; 22:17-21; 23:11).

Igihe Elisa n’umukozi wiwe bakurikiranwa n’ingabo za Siriya, bisanze bakikujwe mu gisagara citwa Datoni. Bakiri ngaho, arunguruka acishiriza kw’idirisha abona ku mpome z’igisagara, amasinzi y’abasoda abakikuje, umutima uramwanka:

[Elisa] aramwishura, ati “Nta co utinya, kukw’abo turikumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo.” Maze Elisa arasenga, at’”Uhoraho ndakwinginze, muhumure amaso, arabe.” N’uk’Uhoraho ahumura amaso y’uwo musore, araraba, abona umusozi wuzuyekw’amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa” (2 Abam. 6:16-17).

Waruzi kw’abamarayika badukikije bafise amafarasi n’imikogote yo mu buryo bwa mpwemu? Uzobabona umusi umwe mw’ijuru, arik’umukozi wa Elisha yarahawe akaryo ko kubibona akira kw’isi.

Mur’iyi ngabire, uwizera arashobora kumenya impwemu mbi ibangamiye umuntu kanaka.

Iyi ngabire ntiyoba iyo kubona mu mpwemu gusa ariko no gutahura ibintu mur’iyo si nyene y’impwemu, nk’ukw’Imana ishaka.

Rero, iyi ngabire, ntimeze nk’uko bamwe bavyiyumvira, “ingabire yo kurobanura impwemu.” Abantu biyumvira ko bakorera mur’iyi ngabire biyumvira ko bashobora kumenya ikiri mu mutima w’uwundi, arikw’ingabire yabo ishobora gusobanurwa nk’” impwemu yogucira abandi imanza no gusuzugura abandi.” Ukuri ni, utegerezwa kuba waronse iyo “ngabire” utarakizwa, rero ubu k’umaze gukizwa, Imana iragomba kuyigukurako burundu!

Ingabire Zo Kuvuga (The Utterance Gifts)

1). Ingabire yo kuvugishwa n’Imana: ingabire yo kuvugishwa n’Imana n’ubushobozi giturumbuka bushoboza umuntu ivyo ahumekewe na Mpwemu ariko akavuga mu rurimi rwumvikana. Irashobora gutanguzwa na, “nik’Uhoraho agize.”

Iyi ngabiri iratandukanye no kuvuga ubutumwa canke kwigisha. Gusigura no kwigisha bihumekewe usanga birimwo agace k’ubuhanuzi kuko bahumekewe na Mpwemu Year, ari ntaba ar’ubuhanuzi nk’uko tubizi. Kenshi umusiguzi cank’umwigisha ahumekewe ashobora kuvuga ibintu bije muri we ariko atigeze ategura, n’aho ata ar’ubuhanuzi koko, ariko turazi ko bushobora kuba ubuhanuzi.

Ingabire yo kuvugishwa n’Imana ubwayo ikorera kwubaka, guhanura no kuremesha:

Arik’uwuvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanura n’ivyo kubirura (1 Kor. 14:3).

Rero ingabire yo kuvugishwa n’Imana, ubwayo, nta guhishurirwa igira. Bisigura kw’idahishura ikintu na kimwe muri kahisi, kubu na kazoza nk’ijambo ryo kumenya cank’iry’ubwenge. Nk’uko maze kubivuga, ingabire za Mpwemu zirashobora gukorana ari zibiri canke zirenga mur’ico gihe ni ho ijambo ryo kumenya cank’ ijambo ry’ ubwenge zishobora gukorana n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana.

Igihe twumvise umuntu asohora ubuhanuzi mw’ikoraniro, ntuba twumvise ukuvugishwa n’Imana gusa; tuba twumvise ijambo ry’ubwenge rivuye mur’iyo ngabire yo kuvugishwa n’Imana. Ingabire yo kuvugishwa n’Imana muri rudende yo gereranywa n’igihe umuntu atubwiye ijambo riri muri Bibiliya ati “Mukomezwe mu nkomezi z’ububasha bw’Imana” canke “Ntaho nzigera nkuheba canke nkwibagire.”

Bamwe biyumvira k’ubuhanuzi bw’iki gihe c’Isezerano Rishasha budategerezwa kugira “ijambo ryo gukankama,” kuko ntiryoba rije “kwubaka no guhanura canke kwirura.” Niyimvira yukw’atari vyo. Gushingira Imana akarimbi ntibwire abana bayo ivy’igomba vyose, kugira ngw’ivuga “ibiryohera amatwi gusa” kandi hageze kubakankamira, n’ukwishira hejuru y’Imana. Gukankama birashobora guharurwa mu mugabane wo kwubaka no guhanura. Nibuka ijambo ry’Umwami ku mashengero ndwi yo muri Asiya, nk’uko vyanditswe mu vyahishuriwe Yohana, ririmwo gukankama. None tuvyanke? Oya.

2). Ingabire yo kuvuga mu ndimi no kuzisobanura: Ingabire yo kuvuga indimi nyinshi n’ububasha buza giturumbuka ku muntu mu rurimi atazi. Iyo ngabire iherekezwa n’ingabire yo gusobanura izo ndimi, ari nabw’ububasha giturumbuka bwo gusobanura ururimi rutamenyekana.

Iyi ngabire yitwa gusobanura indimi s’uguhindura indimi. Rero ntidukwiriye kwitega kubwirwa ijambo ku rindi ry’ibiriko biravuhwa mur’iryo ganuke ry’indimi nyinshi. Kubw’ivyo birashoboka k’uronka “iganuke ritoya havuzwe ndimi nyinshi”. Cank’insobanuro ndende havuzwe indimi nkeya, gurtyo na gurtyo.

Ingabire yo gusobanura indimi nyinshi igereranywa n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana kukw’ataguhishurirwa kuba kurimwo kandi iza kuremesha no kwubaka no kwirura abera , nk’ukobiri 1 Ab’I Korinto 14:5, indimi nyinshi ugashirako insobanuro yazo bitanga kuvugishwa n’Imana:

Kand’uwuvugishwa n’Imana niwe mukuru gusumba uwuvuga mu ndimi nyinshi, kiretse azisobanuye, kugira ngw’ishengero ryubakwe.

Nk’uko natanguye kubivuga, nta mpanuro cank’inyigisho z’ikoreshwa ry’ingabire z’ubushobozi dusanga muri Bibiliya, nkeya dusangayo zivuga kw’ikoreshwa ry’ingabire zihishura, ariko kenshi cane izo dusangayo zivuga ku ngabire zo kuvuga. Kuko har’iho kuzazanirwa mw’ishengero ry’i Korinto kubera gukoresha nabi izo ngabire, Paulo yarahebeye ico kibazo igice cose ca cumi na kane c’icete ca mbere candikiwe ab’i Korinto.

Ikibanzo ca mbere ni ikoreshwa ry’ingabire yo kuvuga indimi nsha, kuko nk’uko tumaze kubibona mu gice no kubatizwa muri Mpwemu Yera, uwizera wese amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera afise ububasha bwo kuvuga mu ndimi nsha igihe cose yishakiye. Ab’i Korinto bavuga mu ndimi nsha cane iyo bakoranye, ariko na vyo nyene bakabigira mu mivurungano.

Ingene Ingabire yo Kuvuga Izindi Ndimi Ikoreshwa

(The Different Uses of Other Tongues)

Ni nkenerwa cane ko dutahura itandukaniro riri hagari yo gukoresha indimi zitamenyeka mu bantu hamwe no kuzikoresha wiherereye. N’aho uwizera wese amaze kubatizwa muri Mpwemu Yera ashobora kuvuga ururimi rutamenyekana ah’ashakiye hose, ntibisobanura kw’Imana ica imukoresha muri ya ngabire yo kuvuga ururimi rutamenyekana ku nyungu y’ishengero. Intumbero ya mbere y’ikoreshwa ry’ururimi rutamenyekana wiherereye ni kwishikanira Imana. Ab’i Korinto, barakorana bagaca batangura kuvuga mu ndimi bose ata n’umwe asobanura ivyo bavuga, kandi rero, nta muntu n’umwe yubakwa cank’afashwe n’ivy’uwundi avuga (raba 1Kor. 14:6-12, 16-19, 23, 26-28).

Inzira yo gutandukanya ingabire y’ururimi rusha ruvugwa ku nyungu y’ishengero ryose cank’ingabire y’ururimi ruvugwa wiherereye ku nyungu ya wewe nyene ni uko ururimi ruvugirwa mu mwiherero vyitwa gusenga mu ndimi nsha ariko ururimi ruvugwa ku nyungu y’ishengero rwitwa kuvuga mu ndimi nsha. Paulo yarabivuze ko mu gice ca cumi na kane c’icete yandikiye ab’i Korinto. Itandukaniro riri hehe?

Iyo dusenga mu ndimi nsha, n’impwemu yacu iba iriko irasenga Imana (raba 1Kor. 14:2, 14). Ariko, igihe umuntu asizwe amavuta giturumbuka yo kuvuga mu zindi ndimi, kukw’Imana igomba kuvugana n’ishengero ryayo (raba 1Kor. 14:5), ubimenya igihe Imana iciye itanga gusobanura urwo rurimi.

Nkukw’ivyanditswe bibivuga, dushobora gusenga mu ndimi nsha nkuko dushaka (raba 1Kor. 14:15), arikw’ingabire yo kuvuga izindi ndimi ikora nkuko Mpwemu Yera avyishakiye (raba 1Kor. 12:11).

Ingabire yo kuvuga mu zindi ndimi iherekezwa n’ingabire yo gusobanura izo ndimi nsha. Gusenga mu ndimi kubw’inyungu zawe, ntibisaba ko hagira ingabire yo gusobanuro urwo rurimi rusha. Paulo yavuzekw’igihe asenga mu ndimi nsha ubwenge bwiwe buragumbaha (raba 1 Kor. 14:14).

Igihe umuntu asenga mu ndimi aba arikw’ariyubaka wenyene (raba 1 Kor. 14:4), arikw’ ikoraniro ryose ryubakwa igihe ingabire yo kuvuga izindi ndimi itanguye gukora kandi iherekejwe n’ingabire yo gusobanura indimi (raba 1 Kor. 14:4b-5).

Uwizera wese ategerezwa gusenga mu ndimi imisi yose kugira ateze imbere imigenderanire yiwe n’Umwami. Ikintu ciza kiri mu gusenga mu ndimi ntibisaba ubwenge bwawe kugira ico bukora. Urashobora gusenga mu ndimi n’igihe ubwenge bwawe buba buriko burakora ibindi. Paulo yabwiye ab’i Korinto, “Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga mu ndimi zitamenyekana”(1 Kor. 14:18, hongeweko insobanuro). Yategerezwa kuba afata akanya gakwiye ko kuvuga mu ndimi kugira ashik’aho arusha ishengero ry’ ab’i Korinto!

Paulo yaravuze kandi yukw’igihe dusenga mu ndimi nsha, tuba turiko “dushima Imana” (1 Kor. 14:16-17). Gatatu kose “ururimi rwanje rutamenyekana”igihe nsenga ndamaze kwumva abantu bene urwo rurimi bambwira ivyo nasenze. Aho hose navuga mu kiyapani. Rimwe nabwiye Imana mu kiyapani, nti “Uri mwiza cane.” Ikindi gihe mvuga. Nti “Urakoze cane.” Ikindi gihe mvuga, nti “Nuze vuba, nuze vuba, ndakurindiriye.” Mbega ntibitangaje? Sinigeze n’iga n’ijambo rimwe ry’ikiyapani, arikw’incuro zitatu zose “narashimye Umwami” mu rurimi rw’ikiyapani!

Impanuro ya Paulo Igihe Tuvuga Izindi Ndimi

(Paul’s Instructions for Speaking in Tongues)

Impanuro ya Paulo kw’ishengero ry’i Korinto yarumvikana cane. Mw’ikoraniro iryariryo ryose, abantu bari bemerewe kuvugira izindi ndimi hejuru bari babiri canke batatu. Kandi bose ntibashobora kuvugira rimwe, ariko bategerezwa guhana imbu mu kuvuga (raba 1Kor. 14:27).

Paulo ntiyavuze gusa yuko “izindi ndimi” zivugwa n’abantu batatu, yavuze kandi ko kizira abantu barenga batatu bavuga mu ndimi mw’ikoraniro iryari ryo ryose. Biyumvira ko hagize abantu batatu bakunda kuvugishwa mu zindi ndimi, umwe wese muri bo ashobora kurindira Mpwemu Yera akamuha “iganuke mu rundi rurimi” nkuko Mpwemu agomba kwigaragaza mw’ishengero ryiwe. Si ko bimeze, impanuro ya Paulo yarigushobora gushingira Mpwemu Yera akarimgi mu gushinga akarimbi k’igitigiri c’abantu bategerezwa gutanga ubuhanuzi kw’ikoraniro. Iyo Mpwemu ataba ashobora guha iyo ngabire abantu barenga batatu mw’ikoraniro rimwe, Paulo ntiyari kurinda abivugako.

Niko bimeze no ku ngabire yo gusobanura izindi ndimi. Vyiyumvirwa yuko abantu barenga umwe bashobora kurindira Mpwemu gushika abahaye insobanuro “ururimi rutamenyeka.” Abo bantu bakwitwa “abasobanuzi b’indome ku yindi” (raba 1 Kor. 14:28), igihe cose bakoreshejwe mur’iyo ngabire yo gusobanura izindi ndimi. Namba bimeze gurtyo, ivyo Paulo yahanura, aho yavuga ati, “hagire umuntu umwe abisobanura” (1 Kor. 14:27). Kumbure ntiyarikw’avuga yuk’umuntu umwe gusa ari we ategerezwa gusobanura indimi zose zitamenyekana zivugirwa ngaho; ahubwo yahanura ko “batosigana canke bahiganire gusobanura “ ubuhanuzi bumwe nyene. Igihe umusobanuzi umwe asobanuye ubuhanuzi buri mu rurimi rumwe rutamenyekana, ni ho uwundi musobanuzi atari yemerewe gusobanura ubwo buhanuzi nyene, naho yiyumvira kw’ari we yatanze insobanuro nziza cane.

Muri rusangi, vyose bitegerezwa kugirwa “neza kandi mu rutonde” mw’ishengero—ntihakwiriye kuba urudavagi rw’insobanuro zizazanira abantu. Vyongeye, abizera bategerezwa kwubaha abandi bizera bari mw’ikoraniro, nkuko Paulo yanditse:

Nukw’ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’abantu cank’abatizera ntibovuga yuko mwasaze? (1 Kor. 14:23).

Ico ni co car’ikibazo mw’ishengero ry’i Korinto—bose bavugira rimwe mu zindi ndimi, kandi kenshi na bazisobanura bariho.

Impanuro Zijanye n’Ingabire zo Guhishura

(Some Instruction Concerning Revelation Gifts)

Paulo yaratanze impanuro zijanye n’”ingabire zo guhishura” n’ingene zikoreshwa n’abavugishwa n’Imana:

Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure. Arik’uwundi yicaye niyagira ico ahishurirwa, uwabanje ahore. Kuko mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe-umwe, ngo bose bige, ngo bose bahanurwe. Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo: kukw’Imana atar’iy’umuvuru- ngano, ariko n’iy’amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera (1 Kor. 14:29-33).

Nk’uko har’abanyeshengero b’i Korinto benshi bakoreshwa mu ngabire yo gusobanura izindi ndimi bari bazwi nk’”abasobanuzi,” ni ko har’abantu bakoreshwa cane mu ngabire yo kuvugishwa n’Imana bazwi nk’ “abavugishwa n’Imana.” Aba ntibashobora kugereranywa n’abavugishwa n’Imana bo mw’Isezerano rya Kera cank’uwitwa Agabo mw’Isezerano Rishasha (raba Ivyak. 11:28; 21:10). Ahubwo, igikorwa cabo ca garukira mw’ishengero barimwo.

Kuko vyashika hakaba abavugishwa n’Imana barenga batatu mw’ikoraniro rimwe, Paulo yongeye gushinga akarimbi, avuga yukw’”abavugishwa n’Imana bategerezwa kuba babiri canke batatu.”ibi birasubira kutwereka yukw’igihe Mpwemu Yera atanze ingabire mw’ishengero, umwe canke batatu bategerezwa kurindira gushika aho bakira izo ngabire. Namba bimeze gurtyo, impanuro ya Paulo yotuma Mpwemu atagitanga impanuro zungura umubiri wose, kuko yashingiye Mpwemu akarimbi k’abantu bategerezwa kuvuga.

Igihe har’abavugishwa barenga batatu, abo barengako, n’aho babujijwe kuvuga, barashobora gufasha gusuzuma y’ukw’ivyacuzwe ari vyo. Ibi kandi vyerekana ububasha bafise bwo kurobanura impwemu kandi bisobanura ko na bo bashobora kurindira Mpwemu Yera abakoreshe mu ngabire arikw’akoreshamwo abandi nkukw’avyishakiye. Ahandi ho bashobora gusuzuma ubuhanuzi n’uguhishurirwa muri rusangi, mu kwemezwa ko bijanye n’uguhishurirwa Imana iriko irabaha (nkuko bimeze mu vyanditswe), ikintu uwizera wese ashobora gukora iyo akuze mu kwizera.

Paulo yavuze yukw’aba bavugishwa n’Imana bategerezwa kuvugisha bakurikirana (raba 1Kor. 14:31) kandi kw’“impwemu z’abavugishwa ziganzwa na bo” (1 Kor. 14:32), vyerekana k’umuvugishwa wese ashobora kwigumya nta ciremwo uwundi, n’ah’aba ahawe ubuhanuzi cank’uguhishurirwa kuva kuri Mpwemu ashaka kubwira ishengero, arik’umwe wese ashobora gusuzuma ibitangwa n’uwundi abwira umubiri wose.

Ni co kimwe n’ingabire zo kuvuga zikoreshwa mu bizera. Igihe umuntu ahawe iganuke mu rurimi rutamenyekana cank’ubuhanuzi bivuye ku Mwami, arashobora kubiguma gushika igihe ciza mw’ikoraniro. Vyoba bibi cane gucira hagati ubuvugishwa bw’uwundi cank’inyigisho kugira utange ubuhanuzi Imana iguhaye.

Igihe Paulo yavuga, ati “Mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe-umwe” (1 Kor. 14:31), ibukako yarikw’abwira abavugishwa n’Imana baronse uubuhanuzi. Har’abantu bakuye amajambo ya Paulo mu yandi, bigisha k’umuntu wese ashobora kuvugishwa igihe cose bakoranye. Ingabire yo kuvugishwa itangwa nk’uko Mpwemu avyishakiye.

Mur’iki gihe, kiruta ibindi bihe vyose, ishengero rirakenye imfashanyo ya Mpwemu Yera, ububasha bwiwe, ukubaho kwiwe n’ingabire ziwe. Paulo yahanuye abizera b’i Korinto “kwifuza cane ingabire za Mpwemu, cane cane kuvugishwa n’Imana” (1 Kor. 14:1). Ibi vyerekanak’urugero rwacu rwo kwifuza rutegerezwa kugaragarira mu ngabire za Mpwemu, ahandi ho Paulo ntiyari gutanga iyo nyigisho. Umukozi agira abigishwa, yifuza gukoreshwa kubw’icubahiro c’Imana, azokwifuza ingabire za Mpwemu kandi yigishw n’abigishwa biwe kugira nk’uko nyene.