Amashengero Yo Mu Nzu (House Churches)

Igice Ca Kane (Chapter Four)

Ari ubwa mbere wumva ivy’amashengero yo mu nzu ushobora kwiyumvira kw’atandukaniye n’amashengero manini-manini “ku mikore” n’ubunini. Har’abavuga kw’amashengero yo mu nzu adashobora gutunganiriza abera nk’amashengero tumenyereye. Arik’utahuye kw’“ibango” ari ryo rigira abigishwa, ugatahura ko vyoroshe cane gutunganiriza no kwitwararika abantu bakeya uca ubona igituma amashengero manini-manini ananirwa kugira abigishwa. Amashengero yo mu nzu ni yo akorera abera neza cane kukw’atagira ibikorwa bitandukanye bikorerwa mu mashengero manini-manini.

Har’abantu bavuga kw’amashengero yo mu nzu adakwije ibiranga ishengero nyakuri kukw’ata nyubako yogukoraniramwo agira. Abo Bantu ntibazi kahise k’ishengero ko mu binjana bitatu vya mbere. Iyo babona ishengero rya mbere bariguhava ba kekeranya kw’atari ryo. Yesu yavuze, ati “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo” (Mat. 18:20). Yesu ntiyivuze ikibanza co gukoraniramwo. N’aho boba abantu babiri gusa bakoraniye mw’izina ryiwe, asezerana kubana na bo. Abigishwa ba Kristo bakoranira mu buriro, bagasangira indya bigishanya no guhanurana Yesu aba hagati muri bo kuruta abakorana mu rusengero runini batagira intumbero yo kugira abigishwa.

Mu gice giheruka, naravuze ku karusho amashengero yo munzu agira ku mashengero manini-manini. Ntangure iki gice mvuga ku bindi bituma ishengero ryo munzu rigira imikorere ya Bibiliya kandi rigafasha cane mu gikorwa co kugira abigishwa. Ica mbere, ndabamenyesha ko ntarwanya amashengero manini-manini n’abungere bayarongora. Har’abungere beza bakunda Imana mu mashengero manini-manini bagakora ibishoboka vyose bahimbare Imana. Uk’umwaka utashe nigisha abungere benshi kw’isi, ndabakunda cane. Bari mu Bantu beza nzi kw’isi. Ndazi ingene ibikorwa vyabo biruhisha ni co gituma ngomba kubereka uburyo bwo kuva mur’ayo magorwa baronke umunezero n’ukuroranirwa. Imikorere y’ishengero ryo mu nzu ni ya Bibiliya kandi yagura ubwami bw’Imana mu kugira abigishwa. Abungure benshi b’amashengero manini-manini bonezerezwa n’iyi mpanuro bakayishira ku muzirikanyi yobashoboza gushitsa intumbero y’ishengero ryabo.

Igihe narongora ishengero rinini imyaka irenga mirongwibiri nakora ibishoboka vyose ngo nezereze Imana. Narafashe ingingo yo kugendera amashengero manini-manini ku misi ya mungu mugitondo, ni co gihe natahura icitwa kuja mw’ishengero utagira ico ukorayo kuko ari “umuntu mutoya.” Naratahuye kandi igituma abantu benshi batagira umwete wo kwitaba amakoraniro y’amashengero yacu. Kiretse mwungere, naricara nk’abandi bose nkatekereza gushika aho ikoraniro rirangira. Abarorerezi bose twari twemerewe kuramukanya no kuvuga na ikoraniro rirangiye. Ico kiri mu vyatumye ntangura kwiyumvira ikiruta ikindi ntangura gutohoza ivy’amashengero yo mu nzu. Naratangaye kwumva ko har’amamiriyoni y’amashengero yo mu nzu kw’isi ndibwira ko ntegerezwa kurondera ako karusho amashengero yo munzu afise ku mashengero manini- manini.

Ndazi kw’abungere benshi basoma iki gitabo baba rongoye amashengero manini- manini. Har’ibintu vyinsi nanditse mur’iki gitabo batihutira kwemera kuko umuntu wese abisoma aribwo mbere agira ngo ni ugushikuza. Ariko ndabasaba gufata akanya ko kwuyumvira ku vyo basoma, singomba ko bajaniranywa. Nandikiye abungere kubera urukundo ndabakunda n’amashengero yabo.

Ubwoko Bw’ishengero rya Bibiliya

(The Only Kind of Church in the Bible)

Amashengero manini-manini afise inyubako n’amakoraniro atazwi n’Isezerano Rishasha arikw’amashengero yo mu nzu ni yo mashengero y’igihe c’intumwa:

Amaze kuvyiyumvira, aja mu nzu kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bari bakoraniye benshi, bariko barasenga (Ivyak. 12:12, hashimikiwe ku nsobanuro).

…murazi yukw’ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabwira canke kubigishiriza imbere y’abantu [atari mu nyubako z’amakoraniro] mu nzu no mu yindi …(Ivyak. 20:20, hashimikiwe ku nsobanuro)

Muntahirize Purisikila na akwila….kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo (Rom. 16:3-5, hashimikiwe ku nsobanuro; raba n’Abaroma 16:14-15 havugwa ayandi mashengero abiri yo mu nzu mu Buroma).

Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganutsa. Akwila na Pirusikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n’ishengero ryo mu nzu yabo (1 kor. 16:19, hashimikiwe ku nsobanuro).

Muntahirize bene Data b’ishengero ry’i Lawodekiya na Numfa n’ishengero ryo mu nzu yiwe (Kol. 4:15, hashimikiwe ku nsobanuro).

Na Apiya mushiki wacu, na Arupiko turwanana, n’ishengero ryo mu nzu yawe… (Filemoni 1:2, hashimikiwe ku nsobanuro).

Har’abavuga kw’ishengero rya mbere ritagira inyubako kuko ryari rikiri ritoya. Non’ ubwo buto bwabandanije gute mu myika cumi yo gukura kw’ishengero (n’ibinjana birenga bitatu) nk’uko biri mw’Isezerano Rishasha. Tuvuze k’urusengero ari co kimenyetso co gukura kw’ishengero, inshengero ry’intumwa ntiryigeze rikura na gato.

Icatumye intumwa zitubaka insengero ni uko insengero zijana hanze y’ubugombe bw’imana, Yesu ntiyigeze abaha ako karorero cank’izo nyigisho. Yaragize abigishwa adafise inyubako, yabwiye abigishwa biwe kugira abigishwa gusa. Nta nyungu yo kwubaka urusengero bigeze kubona. Biroroshe, igihe Yesu yabwira abigishwa biwe guhindura amahanga ntibavuze ngo “Yesu agomba twubake insengero zokugiriramwo abigishwa rimwe canke kabiri mu ndwi.”

Vyongeye, kwubaka insengero bigereranywa no guhonyanga itegeko rya Yesu ritubuza kwirundaniriza ubutunzi mw’isi, gutakaza amafaranga ku bintu bidakenewe na gato. Ni ukwonona ivyo shigikiye no kwagura ubwami bw’Imana mu kugira abigishwa.

Ubunyabigega bwa Bibiliya (Biblical Stewardship)

Tugomba kuraba akarusho ka kabiri amashengero yo mu nzu afise ku mashengero manini-manini: Imikorere y’ishengero ryo mu nzu iteza imbere ingeso yo kubugabunga no gukoresha neza ubutunzi Imana ishira mw’ishengero, iyo ngeso ni nkenerwa k’uwushaka kuba canke kugira abigishwa.

[1]

Ntarufaranga rwononwa mu kwubaka insengero, gusanura, gukodesha, gushariza, kwagura, gukanyisha canke gususurutsa urusengero. Ya mafaranga yokoreshejwe mu kwubaka arashobora gukoreshwa mu gufungurira no kwambika abakene, kwamamaza ubutumwa no kugira abigishwa nk’uko vyakorwa mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa. Iyumvire ivyiza vyokorwa mu bwami bw’Imana igihe ayo mamiliyoni y’amadolari akoreshwa ku nsengero akoreshwa mu kwamamaza ubutumwa no gufasha aboro! Birasiga ubwenge.

Amashengero yo mu nzu agira abantu batarenga mirongwibiri barongowe n’umuntu ashobora “kwironderera” iki mubeshaho. Abashingantahe b’ishengero/abungere/ abazezwashengero ( “badakorera guhembwa”) barashobora gushigikirwa n’abizera bamaze gukura mu mpwemu. Ayo mashengero ntakenera amafaranga ngw’abeho.

Bibiliya ivuga kw’abashingantahe b’ishengero/abungere/abazezwashengero bakora neza bahemberwa ubutame bwabo, abitanga mu bikorwa vy’Imana mu bwizigirwa bategerezwa kurya ivyamwa vy’igikorwa cabo (raba 1Tim. 5:17-18). Ibigiracumi vy’abantu cumi birashobora gushigikira umwungere umwe mw’ishengero ryo mu nzu. Ibigiracumi vy’abantu batanu bishobora gufasha umwungere guheba imirimo imusamaza agakoresha uyo mwanya mu bikorwa vy’ishengero.

Twisunze akarorero k’ishengero ryo mu nzu tubona kw’amafaranga yokoreshejwe ku nyubako akoreshwa mu gushigikira abungere. Abungere b’amashengero manini-manini bayobora abantu bashaka gutanguza amashengero yo mu nzu ntibiyumvire ko baje kubakuza mu kazi. Banezerezwe n’ukw’abandi bakozi bashizwemwo umutima gufatanya ibikorwa bahamagariwe.

[2]

Uwo ni wo mutima utuma kugira abigishwa bishoboka. Igihe ishengero ryo mu nzu rigizwe n’abantu mirongwibiri bikorera utwabo rirashobora gutanga ica kabiri c’amashikanwa n’ibigiracumi rironka mu vugabutmwa no gufasha abakene.

[3]

 

Igihe ishengero rinini ryigabuye mu mashengero yo mu nzu, abajejwe gutunganya ivy’ishengero n’abahagarikizi b’imigambi canke imirwi ni bo bashobora kubura imishahara (nk’abarongozi b’urwaruka, abana bafise imishahara mu mashengero manini- manini). Ivyo ntibishobora gusubirira ico Bibiliya idutegeka gukora. Amashengero yo mu nzu ntakeneye imirwi y’abana n’urwaruka kukw’abavyeyi bahawe ico gikorwa na Bibiliya, ishengero ryo mu nzu rikurikiza inyigisho za Bibiliya kuruta imitegekere n’imico y’iki gihe cacu. Urwaruka rudafise abavyeyi bizera rushirwa mu mashengero yo mu nzu ashobora kubitwararika ukuri kwamye. Har’uwumaze kwibaza igituma ata “bungere b’urwaruka” n’ “abungere b’abana” bavugwa mw’Isezerano Rishasha? Ivyo bikorwa ntivyigize kubaho gushika mu mwaka wa 1900 Ubukristo butanguye. Mbega batanguye gukenerwa gute cane cane mu bihugu vya buraya bitunze?

[4]

 

Mukurangiza, abungere bari mu bihugu bikenye ntibashobora gukodesha canke kwubaka insengero badashigikiwe n’abakristo bo mu bihugu vya Buraya. Inkurikizi mbi zo kuzera inze ni nyinshi. Mu myaka 300 yambere ico kibazo nticavugwa mu bukristo. Nimba uri umwungere ukorera mu gihugu kitaratera imbere kandi ishengero ryawe ridashobora kwiyubakira urusengero ntukwiriye guhendahenda abanyamerika ngo wironkere izahabu. Imana iramaze gutorera umuti ikibazo cawe. Nta rusengero ukeneye mu kugira abigishwa. Kurikira akarorero ka Bibiliya.

Inyishu Y’Ingo Zasambutse (The End of Fragmented Families)

Akandi karusho amashengero yo mu nzu afise ni: kurera neza abana n’imiyabaga. Ikinyoma amashengero manini-manini ashira imbere (cane cane muri Amerika) ni ukubwira abantu ko bafise ibikorwa bifasha abana n’imiyabaga yabo. Arikw’abo bana n’imiyabaga bakamenyerezwa inkuru ziryohera amatwi zitigisha Bibiliya. Ni co gituma badasubira kw’ishengero igihe bacutse “batakiganzwa n’abavyeyi.” (Baza umwungere wese w’urwaruka aguhe ibiharuro—ategerezwa kubimenya.)

Ikindi, abo bungere b’abana n’urwaruka ntibemera ko bananiwe gutoza indero abo bana n’urwaruka mu mpwemu. Bama bavuga, bati “Reka tubandanye kubatoza indero mu mpwemu impera n’imperuka bazohinduka. Twebe ni ba karuhariwe.”

Uburyo bakoresha ni bwo butuma bananirwa. Ico bubaka cose kiruhira gusambuka. Abavyeyi barondera gusa amashengero abana bahurudukanye. Umusore Yohana atashe akavuga ko babanejereje cane kw’ishengero, abavyeyi bararyoherwa cane kuko bitiranya kunezerwa kwa Yohana mw’ishengero no gutozwa indero mu mpwemu. Ni ukwihenda.

Abungere bakuru baharanira kubona amashengero yabo akura, abungere b’abana n’urwaruka nabo bakubitirwa kugira integuro z’“akataraboneka” zinezereza abana. (“Akataraboneka”kuribo ni “ugutwenza abana” s’ugushikana abana ku kwihana, ku kwizera canke kwumvira amategeko ya Yesu.”) Abana boramuka bakunze iyi gahunda, abavyeyi bazobatuzeza bazane amafaranga ishengero na ryo rihatorera akoyoko.

Igitigiri c’abaza mu makoraniro y’urwaruka cisununuye bavuga kw’ibintu bigenda neza. Umwungere w’urwaruka yama yiyumvira ubuhinga bushasha bwo gukwega urwaruka, ntiyibuka kurondera uburongozi bwa Mpwemu. Abavyeyi b’urwo rwaruka bidoze kwa mwungere mukuru kw’inyigisho umwungere w’urwaruka asigaye yigisha zirambira no gucira imanza abana babo, umwungere w’urwaruka aca yirukanwa.

Mbega umugisha abungere b’urwaruka boronka barongoye amashengero yo mu nzu. Barafise ubuhinga bwo kwegeranya abantu, umwete n’inkomezi barafise. Abenshi batangurira mu rwego rw’abungere b’urwaruka kugira ngo bakwize ubwenge busabwa ibihangange vyitwa abungere bakuru. Biyumvira ko kuragira ishengero ryo mu nzu ar’igikorwa c’abakiri bato mu gakiza. Mu bisanzwe ibikorerwa mu murwi w’urwaruka ntibitandukanye n’ibikorerwa mw’ishengero ryemewe na Bibiliya, bisumba n’ibikorerwa mu makoraniro yo ku wamungu mugitondo mu rusengero! Ni co kimwe n’abungere b’abana, usanga barusha kure cane abungere bakuru ubukerebutsi bwo gukorera mu mashengero yo mu nzu aho umuntu wese n’abana barimwo, yicara mu kazingi gatoya, ashikiriza iciyumviro, abaza ikibazo canke atanga inyishu y’ikibazo mu munezero.

Abana n’urwaruka bo mu mashengero yo mu nzu baronka inyigisho zikwiye igihe babona ingene abakristo babana no kuvugana, babaza no kwishura ibibazo abantu bata-ndukanye batanganya imyaka ariko bagize umubiri umwe. Mu mashengero menshi, abana bahabwa inyigisho “ziryohera”amatwi yabo gusa ntibabone ingene umubiri wa Kristo ukora bagakura batemenye, nk’uko bigirwa kw’ishule, ico batazi cose bakimenyera kuri bagenzi babo.

None kw’ayo makoraniro agizwe n’abantu batandukanye, inzoya zirira n’abana bakubagana bobo bahabwa ikihe kibanza?

Dutegerezwa kubibuka tukabagirira integuro ituma batadurumbanya amakoraniro. Bashobora kujanwa ku ruhande bagahendahendwa canke bagahabwa ikaramu n’adupapuro bakandika mu kiringo co kudurumbanya ikoraniro. Mw’ishengero ryo mu nzu abana baritwararikwa, nti bajanwa mu bibanza bisigarana abana. Mu makoraniro yo mu nzu, umuntu wese anezerezwa no kubona umwana. Umwana atanguye kurira mw’ishengero rinini aba ateye uruyogoyogo no guhungabanya urutonde abavyeyi biwe bagacirwa urubanza canke bakarabwa igitsure n’abakoraniye aho hantu. Mw’ishengero ryo mu nzu, umwana ni ingabire y’Imana, ategerezwa gukundwa no gusengerwa n’umuntu wese ari mw’ikoraniro.

Abavyeyi b’abana bakubagana barashobora kwigishwa n’abandi bavyeyi ico bakeneye kumenya mu ndero y’abana. Vyongeye, abizera bategerezwa kwitwararikana no kwihanganirana. Baramenyana no gukundana.

Abungere Bahiriwe (Happy Pastors)

Kuba nararongoye ishengero imyaka irenga mirongwibiri, kuba mazekwigisha ibihumbi vy’abungere kw’isi, no kugira abagenzi benshi b’abungere, ndashobora kuvuga ko nzi imwe mu mitwaro y’abungere b’amashengero y’iki gihe. Nk’umwungere wese w’ishengero rinini, naraciye “mu mwiza” ntewe n’ivyo nkora. Har’igihe c’umwijima. Insibonuro nziza y’uwo mwijima ni “Umubabaro”.

Ivyo abungere benshi bizera ni vyo bibashira mu gatengo bikonona imigenderanire yabo ubwabo n’imiryango yabo. Har’ibintu vyinshi bica integer abungere. Kugira ngo baganze neza, bategerezwa kuba abanye politike, abacamanza, abakoresha, abavura indwara zo mu mutwe, abayobozi, abubakisha, abahanuzi b’ababiranye, imvuzi za cane, abatunganya ibintu, abafise ubwenge bwo gusoma no kuyobora. Bama bahiganwa n’abandi bungere bahiganirwa kwigarurira igihimba kinini c’umubiri wa Kristo. Bafise umwanya muto wokwitoza indero ubwabo. Bamwe bavuga k’umuhamagaro wabo wababereye umutego kuko bahembwa intica ntikize. Abanyeshengero babo ni bo bakozi n’abakoresha babo. Har’igihe abo banyeshengero nyene batuma ubuzima bubiha kurusha.

Umwungere w’ishengero yo mu nzu aroroherwa cane. Abaye icitegerezo nk’umwi-gishwa mwiza ashobora kwigisha abigishwa biwe kwumvira amategeko ya Kristo, impene nkeya cane ni zo zizobandanya mur’iryo shengero. Kanatsinda, gukoranira mu nzu guhindira hanze impene kukw’atakwiyorobeka mu bantu bakuzi nko mu mashengero tumenyereye.

Umwungere w’ishengero ryo mu nzu arashobora kugira intama ziwe abigishwa no kuzereka urukundo kukw’aragira abantu cumi na babiri gushika kuri mirongwibiri. Nka Se rugo, umwungere anezerezwa n’ukunywana kuri hagari y’intama ziwe. Arazironkera umwanya zifuza. Ndibuka igihe nar’umwungere w’ishengero rinini, kenshi nagira irungu. Nta muntu n’umwe mw’ishengero yamba hafi, abatari mu murwi w’abagenzi banje ba hafi baranyanka canke bagapfuhira abari mur’uyo murwi. Naranyoterwa kunywana n’abandi bizera ariko sinshobore kuriha ikiguzi binsaba.

Kubera ukunywana kuba mw’ishengero ryo mu nzu, abizera baritwararikana mu buryo biruhurira umwungere wabo. Kukw’ar’abagenzi n’abakozi basangiye intumbero, ntibatererana ibikorwa ariko bahana imbu.

Umwungere w’ishengero ryo mu nzu araronka umwanya wo gutegura abazorongora amashengero mashasha, hagize ishengero rishasha rivyarwa, abarongozi baba barateguwe kera. Ntiyihanganira gutakaza abarongozi ba kazoza baza kuzimirira mu mashule ya Bibiliya.

Araronka umwanya wo kujana no gushigikira igikorwa c’Imana hanze y’ishengero ryiwe. Arashobora gufasha imbohe, kugendera amazu y’irerero ry’imfuvyi n’abandi canke agashira ubutumwa impunzi n’abadandaza. Afatiye ku vyo amaze gutahura, araronka umwanya wo gutanguza amashengero mashasha no gufasha abungere b’amashengero amaze kuramura.

Ntashobora kuba umukozi wo ku wamungu mugitondo gusa. Ntategura ubutumwa bw’ingingo zitatu buca ari ku wamungu canke ngo yibaza ingene yoshimisha abazoza ku wamungu n’aho batanganya gutahura ivya Mpwemu.

[5]

Yemerera Mpwemu Yera gukoreshe uwo ashaka iyo bakoranye agaha ikibanza ingabire zose. N’aho yosiba ikoraniro ibikorwa vyose birarangurwa ukuri kwamye.

Nta nyubako zimusamaza kandi atunganiriza abakozi bakeya.

Nta gituma ahiganwa n’abandi bungere.

Nta “rwego rukuru rw’ishengero” ryo kumugora ruhari kukw’ari yo nzira ya politike zitera intambara mu bera.

Muri make, ategerezwa gushika aho Imana yamuteguriye gushika, ari hejuru y’icitwa imigenzo rukristo. Ntatamba yirorera, s’umukuru w’ishirahamwe, siwe agize umutima w’ishengero. Agira abigishwa agatunganya abera.

Intama Zihiriwe (Happy Sheep)

Amashengero yo mu nzu yemewe na Bibiliya ni co kibanza c’abera.

Abizera b’ukuri bagira inyota yo kunywana n’abandi kuk’urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yabo. Ukunywana ni ko kuranga amashengero yo mu nzu. Bibiliya ivyita ugufatanya, ni ugusangira ubugingo na bene Data. Amashengero yo mu nzu atuma abizera bakora icobahamagariwe gukora. Bimwe mu vyo bahamagariwe gukora tubisanga mu mirongo myinshi y’Isezerano Rishasha ivuga “ivyo twokorera abandi”. Mw’ishengero ryo mu nzu, abizera barashobora guhanura, kuremesha, gukomeza, kwitwararika, kwigisha, gukorera no gusengera abandi. Barashobora kwereka abandi urukundo n’ibikorwa vyiza, kwaturirana ivyaha, kwikorerana imitwaro no kuremeshanya n’izaburi, indirimbo n’amashimwe yo mu mpwemu. Barirana n’abarira bakanezerwa n’abanezerewe. Ivyo ntibishobora gukorwa mu makoraniro yo ku wamungu mugitondo muri ya mashengero manini-manini kukw’abizera bose ari abarorerezi. Har’umuntu yinjira mw’ishengero ryo mu nzu yigeze kumbwira ngo, “Igihe har’umurwayi muri twebwe, sinja i we nk’uwugiye ku nzu y’umunyamahanga ‘kumugaburira.’ Njana indya ndazishira umuntu nzi kandi nkunda” kukw’abo dusangana tuzinanyi twese.

Abizera b’ukuri baranywana no gushirana imbere. Kwicara wumviriza ubutumwa budahindura abantu umwaka ugahera uwundi agatangura bisubiza abantu inyuma cane mu mpwemu. Abizera bashimishwa no kuronka akaryo ko gusangira n’abandi ivyo bazi canke ivyo biyumvira ku Mana n’Ijambo ryayo. Amashengero yo mu nzu ni yo atanga ako karyo yonyene. Kwumvira ico Bibiliya yigisha kuruta imigenzo y’abantu, bituma uwizera wese “afita indirimbo, cank’amajambo yo kwigisha, cank’amajambo ahishuriwe, cank’ururimi rutamenyekana, cank’amajambo yo kurusobanura” (1 Kor. 14:26). Mu mashengero yo mu nzu, nta n’umwe yinyegeza mu Bantu canke akumirwa.

Abizera b’ukuri bemera gukoreshwa n’Imana mu makoraniro yabo. Mw’ishengero ryo mu nzu, umuntu wese arashobora gukoreshwa n’Imana agahezagira abandi, kandi bose basangira ibikorwa, nta muntu n’umwe agira irungu nk’uko tubibona mu mashengero y’iki gihe. N’imiburiburi, umwe wese arashobora kuzana indya asangira n’uwundi, mbega Ivyanditswe bibwira iki “abakunda imisi mikuru” (Yuda 1:12). Amashengero menshi yo mu nzu yigana akarorero k’Ingaburo Yera mu kumenya ko car’igice c’indya za Pasika. Isangira Ryera si, nkuk’umuhungu ar’aho yayise mw’ishengero narongora ngw’“Ibinoboye vyeranda vy’Imana.” Iciyumviro co kurya umutsima mutoya no kunywa ikinyobwa gikeya hagati y’abanyamahanga babagendeye ntaho tubisanga muri Bibiliya canke mw’ishengero ryo mu nzu. Isakaramentu ryo gusangira ni ugusangira indya n’abandi bigishwa mu mutima w’urukundo n’ubumwe.

Mw’ishengero ryo mu nzu, ugusenga biroroha. Basenga mu kuri si ku cagezwe. Abizera nyabo basenga Imana mu mpwemu no mu kuri.

Gusuzuma no Kwemeranya n’Inyigisho (Doctrinal Balance and Toleration)

Igihe tugira ibiyago mu makoraniro yacu, inyigisho tuharonkera zitegerezwa gusuzumwa n’umuntu wese. Bene Data bakundana kandi bazinanyi bubaha ic’iyumviro c’umuntu wese n’aho coza gitandukanye n’ibindi vyose, n’aho ico ciyumviro kitemewe n’ikoraniro, urukundo rushishikara kubabohera hamwe. Inyigisho y’umuntu wese harimwo n’abashingantahe/abungere/abazezwashengero, irasuzumwa mu rukundo n’uwushaka wese kuk’Umwigisha mukuru aba mu muntu wese (raba 1Yohana 2:27). Ugusuzuma kwubaka kuva muri Bibiliya idufasha kuguma mu kuri.

Iki ni igihushanye c’ibikorerwa mu mashengero manini-manini, ishengero ryizera ikivuye i bukuru ata muntu wo hasi yemerewe kugisuzuma. Ingaruka ya vyo, ni uk’ata muntu yubahuka guhagarika iryo rwirirana ry’inyigisho mbi. Kukw’ata muntu yemerewe kuvuga ico yiyumvira n’ico ashaka kwizera, ubutumwa buvuzwe har’imirwi itandukanye ishobora kuva mw’ishengero nk’uko bamwe bose “biyumvira kumwe.” Baziko kubwira umwengere ivyo batemera mu nyigisho yatanze ari ukwikwegera intambara. Ukudahuza ku nyigisho kuri mu mashengero y’iki gihe gukiza bamwe kugacinyiza abandi. Kugira ngo batsinde iyo ngorane iva ku vyigishijwe, baca bigisha muri rusangi kugira ngo ntihagire ibihari vyotuma bacikamw’ibice. Ivyo na vyo bituma abantu bose biyumvirako bakijijwe.

Ikiranga Igihe ca None (A Modern Trend)

Biratangaje kubona kw’amashengero manini manini atanguza amakoraniro matomato. Baba berekanye ko batahura akamaro k’ayo makoraniro mu kugira abigishwa. Amashengero amwe ashika kure mu gushiraho integuro y’amakoraniro matomato mw’ishengero, ayafata nk’umushinge w’ibikorwa vyose bikorerwa mw’ishengero. “Amakoraniro manini-manini “ ahabwa ikibanza ca kabiri ugereranije n’amakoraniro matomato (n’imiburiburi mu mvugo).

Izo ntambuko zijana mu nzira nziza kandi Imana irazihezagira nkuk’ukw’imigisha yiwe ingana. “Ibiteramo”vy’imirwi y’amasengesho usanga birusha amakoraniro manini-manini kugira abigishwa. Bari hagati y’amashengero manini-manini n’amashengero yo mu nzu, bagerageza gukora vyompi.

Amashengero manini-manini n’iyo mirwi mitomito ikoranira mu nzu bitandukaniye hehe n’amashengero yo mu nzu? Turabe iryo tandukaniro.

Imirwi mitoto yo mu mashengero manini-manini irashobora gukwiza ibibi bikorerwa mu mashengero irimwo cane cane igihe igihe iyo mirwi mitomito yashinzwe ngo yagure ubwami bw’ishengero rya mwungere akoresha abantu ku nyungu ziwe. Imirwi mitomito rero ikora ngo ishitse kandi ishigikire uwo mugambi mubi. Igihe bishitse, abarongozi b’imirwi mitomito batoranywa hisunzwe amategeko y’ishengero rya bavyaye kandi ntibashobora kugira ingabire nyinshi canke ubushobozi kugira umwansi ntabaje mu gutwi ngo batanguze iryabo shengero. Iyi politike irabuza iyo mirwi gukora ico itegerezwa gukorera Imana. Nk’ayandi mashengero manini-manini, barungika abafise umuhamagaro n’abarongozi bashasha ku mashule n’inganda za Bibiliya, ishengero riba ryatswe ingabire z’ukuri n’iz’ubushobozi, igikorwa co kugara abigishwa kigahagarikwa.

Imirwi mitomito yo mu mashengero manini-manini kenshi ntikora ivy’ubugombe bw’Imana. Igikorwa co kugira abigishwa ntigikorwa nk’uko vyategetswe n’Imana. Abantu bagize iyo mirwi mitomito biyumvirako bagaburirwa neza mu makoraniro yo ku wamungu. Har’igihe imirwi mitomoto itegekwa gusubiramwo inyigisho zo ku wamungu igihe cose iyo mirwi ikoranye.

Imirwi mitomito yo mu mashengero manini-manini usanga itunganywa n’umurongozi w’ishengero, Mpwemu agakumirwa. Ni ho ayo makoraniro ahinduka programu imwe muri programu nyinshi ziri mw’ishengero. Abantu bakoranywa hisunzwe imyaka, icubahiro c’abo mu kibano, kahise kabo, inyungu bazanira ishengero, ingo zabo canke intara baturukamwo. Impene zivangatirana n’intama. Iyo mitegekere yose y’abantu buntu ntituma abizera bakundana ahubwo irabatandukanya. Wibuke kw’amashengero menshi ya mbere yarimwo abayuda n’abanyamahanga. Barasangira n’aho cari ikizira mu mico y’abayuda. Iyumvire ubwiza bw’amakoraniro nk’ayo! Iyumviro urukundo bagenderamwo! Ubwo ni bwo bubasha bw’ubutumwa bwiza! Ni kuki twiyumvirako imirwi mitomito ituma ishengero rikura?

Amashengero manini-manini afise iyo mirwi yibandanyiriza kwitwararika amakoraniro yabo yo ku wamungu aho abantu baza kuraba gusa ibiriko birakoreka. Ya mirwi mitomito ntiyemererwa gukorana igiye ishengero “nya zina” rikoranye, ni vyo bigaragariza bose kw’ikoraniro ry’ishengero rikuru ari ryo ngirakamaro. Ni co gituma abantu benshi binjira ku wamungu mu gitondo badashobora kuja mu mirwi mitoto n’aho babibwirwa, babona at’agaciro babiha. Babumbwa n’amakoraniro ya rimwe mu ndwi. N’aho imirwi mitomito ivugwa mw’ishengero, nta gaciro kanini ihabwa nk’amakoraniro yo ku wamungu. Kunywana, kugira abigishwa no gukura mu mpwemu neza bica vyibagirwa. Ubutumwa bubi ni ko bwamamazwa. Amakoraniro y’ivyagezwe agahangama ku ngoma.

Iri Tandukaniro (More Differences)

Har’amashengero manini-manini afise imirwi mitomito itunganijwe nk’amashirahamwe y’ab’isi. Umuntu wese agira ikibanza ciwe mur’iyo ntwaro. Abari hejuru cane biyita “abatware” ataho batandukaniye n’aboyobozi bakuru b’amashirahamwe canke Leta kukw’aribo bafise ijambo rya nyuma ku bintu vyose. Ukw’ishengero rikura, ni ko mwungere aja kure y’intama. Abungere benshi bavuga kw’igihe barongora ishengero ritoya ariho baronse amahoro n’umunezero.

Amashengero manini-manini afise imirwi mitomito ashira hejuru akarwi k’abakozi bakeya. Abarongozi b’imirwi mitomito bakorera munsi y’abarongozi babushitse. Inyigisho zitangirwa mu mirwi mitomito zemezwa canke zigahakanwa n’akarwi k’abakozi bari hejuru kukw’abarongozi b’imirwi badafise ububasha bwo kurongora. Imirwi mitomito ntiyemererwa kugira Ingaburo Yera canke kubatiza. Ivyo bikorwa vy’icubahiro vyabikiwe ka karwi k’abakozi bafise impamya bushobozi. Abafise umuhamagaro wo gukorera Imana babanza guca mu mashule ya Bibiliya imbere yo kwemererwa nk’abakozi “babushitse” n’imbere yo kwinjira muri ka karwi.

Har’igihe iyo mirwi ikora nk’udushengero duto-duto tutarenza hagati y’iminota 60 na 90 yo gukorana. Umuntu afise ingabire arongora ikoraniro uwundi agashikiriza inyigisho nta rengwa. Mpwemu ahabwa akanya gato cane ko gukoresha abandi Bantu, gutanga ingabire no gukomeza abakozi.

Abantu ntibitanga mu bikorwa vy’iyo mirwi nk’uko bitanga mu bikorwa vy’ishengero rinini, baza igihe bavyibutse kukw’imirwi iri ikintu c’imfatakibanza nta guhitamwo kurimwo.

Imirwi mitoto ikorana hagati mu ndwi kukw’ishengero rikuru ridashaka kugira irindi koraniro rya kabiri. Ingaruka zavyo ni uko iyo mirwi itaronka umwanya ukwiye wo gushira mu ngiro ubugombe bw’Imana. Bakoranye ntibarenza amasaha abiri kuko bashaka kworohereza abana biga canke bava kure.

Nahw’amashengero manini-manini avugira bikorwa vy’imirwi mitomito, amafaranga yokuyishigikira aherera ku nyubako. Imirwi mitomito izana abantu mw’ishengero amafaranga akongerekana. Iciza c’amashengero yo mu nzu ni ukw’amafaranga akoreshwa atarenza umushahara w’umukozi umwe ayasigaye agafasha mu kugira abigishwa.

Abungere b’amashengero manini-manini n’ah’afise imirwi mitomito usanga badashobora kugira abigishwa ubwabo. Bafise umwanya muto wo kugira abigishwa kuko bamara umwanya muremure mu bikorwa vy’ishengero. Abinumuye bashiraho umurwi motoya w’abarongozi bahura rimwe mu kwezi.

Ibi vyose vyerekana kw’amashengero yo mu nzu, iki ni iciyumviro canje, ari meza kukw’agira abigishwa bakabarwiza. Ndaziko iciyumviro canje kidashobora buno nyene guhindura imigenzo ishengero rimazemwo ibinjana vyinshi. Ni co gituma mpanura abungere b’amashengero manini-manini kugira ibishoboka vyose bagahindura amashengero gushika aho agira abigishwa nk’uko Bibiliya ivyigisha.

[6]

Bashobora gutangurira ku barongozi bafise canke bagatanguza imirwi mitomito. Bashobora kugira “ishengero ryo ku wamungu,” igihe urusengero rwugaye abantu bagasangirira indya mu nzu zabo bakagerageza gukorana nkukw’Abakristo babikora mu binjana bitatu vya mbere.

Abungere bafise imirwi mitomito mu mashengero yabo barashobora kwemerera iyo mirwi guhinduka amashengero yo mu nzu bakaraba uko bigenda. Imirwi mitomito irongowe n’abungere/abashingantahe/abazezwashengero bafise umuhamagaro w’Imana irashobora kubandanyiriza aho igeze. Ntibakeneye ishengero rikuru ngo babandanye. Ni kuki badahabwa kwidegemvya?

[7]

Amafaranga y’abakoranira mw’ishengero ryo mu nzu arashobora gufasha umwungere wabo kukw’ atazoba akija mw’ishengero rikuru.

Mbega imvugo yanje ku mashengero yo mu nzu yerekana kw’ata ciza mfise novuga ku mashengero manini-manini? Haba namba. Urugero rwo kwumvira Kristo mu mashengero manini-manini rushobora kwisununura igihe inzego n’imikorere yabo ihinduwe. Iyo ni yo nzitiro ituma tutagendera mu ntumbero Kristo yaduhaye.

Bigenda Gute Igihe Ishengero ryo mu nzu Rikoranye?

(What Happens at a House Church Gathering?)

Amashengero yo mu nzu ntayoborwa co kimwe. Bigenda bitandukana kubw’imvo nyinshi. Inshengero ryose ryo mu nzu ritegerezwa kugira imico yaryo n’ubudasa—ni co gituma amashengero yo mu nzu ashobora igikorwa co kuvuga ubutumwa mu bihugu bidafise imico rukristo. Abo mw’ishengero ryo mu nzu ntibatumira abantu batazi—gutumira abantu utazi bituma batihana. Batumira abagenzi n’ababanyi bagasangira.

Gusangira ni kirumara mw’ishengero ryo mu nzu. Ku mashengero menshi yo mu nzu, bagira Ingaburo Year mur’ukwo gusangira. Ishengero ryose ryo mu nzu ryifatira ingingo zisigura canke zihishura ivyizerwa n’intumbero zabo. Nk’uko maze kubivuga, Ingaburo y’Umwami ya mbere yatangujwe igihe co gusangira indya za pasika ariko ifise insiguro ikomeye mu mpwemu. Kurya ku ngaburo y’Umwami igihe co gusangira ivy’umubiri ni ikimenyetso c’amakoraniro y’abizera ba mbere. Dusoma kw’Abakristo ba mbere:

Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga….kand’imisi yose bashishikara kuja mu rusengero n’umutima uhuye, kandi i wabo bamanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’ imitima itagira akarohe (Ivyak. 2:42, 46, hashimikiwe ku nsobanuro).

Abakristo ba mbere bafata imitsima, bakayimanyagura, bagasangira igihe barya indya izarizo zose. Mbega kumanyagura imitsima igihe bafungura vyari bifise insobanuro yo mu mpwemu? Bibiliya ntavyo yatura. N’aho bimeze gurtyo, William Barclay yanditse mu gitabo ciwe, Ingaburo y’Umwami, ati “Ntawokekeranya kw’ingaburo y’Umwami yatangujwe igihe c’indya zo ku mu muryango canke c’ugusangira kw’abagenzi mu nzu y’umwe muri bo….Iciyumviro c’agace k’umutsima n’utuvinyu dukeya ntaho gihuriye n’ingaburo y’Umwami….Ingaburo y’Umwami yabaye bariko barafungura nk’abagenzi.” Biratangaje kwumva k’uwize Bibiliya wese mur’iki gihe yemeranya na Barclay arikw’ishengero rikabandanya gukurikiza imigenzo yaryo kuruta Ijambo ry’Imana ku ngaburo Yera!

Yesu yategetse abigishwa biwe kwigisha ivyo yabageze vyose. Igihe yabagera kurya umutsima no kunywa umuvinyu bamwibuka, ni co na bo bigishije abigishwa babo. Mbega ivyo vyagirwa igihe cose co gufungura? Reka dusome bimwe mu vyo Paul yandikiye Abizera b’i Korinto:

Nukw’iyo mu koranye [aha ntavuze amakoraniro yo mu nyubako z’insengero, kuko ntiyari bwabeho] burya ntikuba ar’ukurya ingaburo y’Umwami wacu, kuko mu kurya, umuntu wese yisangiza ivyiwe agacura abandi: maz’umwe agasonza, uwundi akaborerwa (1 Kor. 11:20-21, hashimikiwe ku nsobanuro).

Wumva ayo majambo twoyasigura gute nimba ingaburo y’Umwami Paul yavuga ari iyi tumenyereye kubona mu mashengero atandukanye? Uramaze kwumva ingorane zatewe n’umuntu yisangiza ivyiwe mu makoraniro y’iki gihe, umwe agasonza uwundi akaborerwa igihe c’ingaburo y’Umwami? Ayo majambo atahurika igihe ingaburo y’Umwami igizwe mu mwanya wo gusangira ibifungurwa bisanzwe. Paulo arasubira ati :

Mbega yemwe: nti mufise ingo zo kuriramwo no kunyweramwo? Canke mukengera ishengero ry’Imana [ibuka, Paulo ntiyavuga ku nyubako z’urusengero, yavuga ikoraniro ry’abantu, ishengero ry’Imana], mugatetereza abadafise? Ndababwire iki? Ndabashime? Kur’ivyo simbashima (1 Kor. 11:22).

Abantu botetereza abadafise gute kand’ivyo bakora ataho bihuriye no kurya no kunywa? Paulo yarikw’avuga ko bamwe mu bizera b’i Korinto, igihe bashitse kare bafungura ivyabo ntibarindire kw’abandi bashika. Igihe abashitse bacirewe ata ndya bashoboye kuzana kubw’imvo z’ubukene, ntibasonza gusa ariko bateterezwa n’ukw’ato bazanye.

Paulo yanditse ibintu bitari bike ku ngaburo y’Umwami. Avyita isakaramentu “yahawe n’Umwami” (1 Kor. 11:23) igihe avuga ku ngaburo ya mbere Umwami yatanguje ubwiwe (raba 1Kor. 11:24-25). Yaragabishije ab’i Korinto bamenyereye kurya Ingaburo y’Umwami uko bitabereye ati, batisuzumye bashobora kurya no kunywa ibibacira urubanza rwo kugira intege nke, indwara n’urupfu giturumbuka (raba 1Kor. 11:26-32).

Asozera, ati

Nuko, bene Data, uko mukoranye kurya, murorerane. Umuntu ni yasonza, ararya i we, kugira ngo ntimukoranire gutsindwa n’urubanza (1 Kor. 11:33-34).

Dufatiye ngaho, icaha cakorwa ku ngaburo y’Umwami kwar’ugukengera abandi bizera. Paulo ati abisangiza indya bizaniye kandi zari gusangirwa n’abandi, bariko bikwegera urubanza (igihano) rw’Imana. Umuti uroroshe. Hagize uwusonza cane akiyumvira kw’adashobora kurindira abandi, ave i muhira yariye. Kandi abashitse kare bategerezwa kurindira abacerewe ngo basangire, ingaburo y’Umwami yagirwa igihe co gufungura.

Igihe twihweje ivyp vyose, dusanga Paulo yarikw’avuga ku gihe co kurya ingaburo y’Umwami, vyose bikorwe muguhimbaza Umwami, mu rukundo no kwubahana.

Biragaragara cane kw’ishengero rya mbere ryagira ingaburo y’Umwami igihe co gufungura mu nzu zabo ata murongozi abihagarikiye. Tweho tubuzwa ni iki?

Umutsima n’Umuvinyu (Bread and Wine)

Ibigize ingaburo y’Umwami si nkenerwa cane. Nimba tugomba kwigana vyose vyakozwe igihe c’ingaburo Umwami yatanze ubwa mbere, dutegerezwa kumenya ido n’ido y’ivyakoze nya mutsima n’igitigiri c’inzabibu zagize nya mivinyu. (bamwe mu bakuru b’ishengero mu binjana vya mbere bategeka k’umuvinyu uvangwa n’amazi ngo kuk’umutsima woba utanzwe ukutariko.)

Umutsima n’umuvinyu zari indya Abayuda bari bamenyereye cane. Yesu yahaye insiguro nini ibintu bibiri vyaribisanzwe bikoreshwa, indya umuntu wese yafungura buri musi. Iyo agendera ab’iyindi mico bo mu kindi gihe, ingaburo y’Umwami yari kugirwa n’amavuta y’inka n’amata y’impene canke umutsima uhinguwe mu muceri n’amazi y’inanasi. Imfungurwa n’ikinyobwa icari co cose vyari kugereranywa n’umubiri n’amaraso Yiwe mu gusangira gusanzwe hamwe n’abigishwa Biwe. Insiguro yo mu mpwemu dukuramwo ni yo ikenewe kuruta ibindi vyose. Ntitwibagira impwemu y’ivyanditswe igihe duserangura inyuguti zavyo!

Ntibikenewe kw’abantu bafungurira ku mayira abiri ngo babonwe n’abahita bose. Abakristo ba mbere nk’uko tumaze kubibona, bamanyagura “imitsima inzu ku yindi…basangira imfungurwa zabo mu munezero n’umutima utagira akarohe” (Ivyak. 2:46, hashimikiwe ku nsobanuro). Ni ngombwa ko twibuka urupfu n’izuka rya Yesu mu kurya ku ngaburo Yera. Umuntu wese ategerezwa kwisuzuma imbere yo kurya ku ngaburo y’Umwami nk’uko Paulo agabisha Ab’i Korinto muri 1Korinto 11:17-34. Uguhonyanga amategeko ya Kristo kurahanwa n’Imana. Intambara no kwica imice bitegerezwa gutunganywa imbere yo kuyiryako. Uwizera wese ategerezwa kwisuzuma no kwatura ivyaha vyiwe, ni kwo “kwisuzuma ubwawe” mu mvugo ya Paulo.

Mpwemu Yaje mu Mubiri (The Spirit Manifested Through the Body)

Kurya vyaza imbere cank’inyuma yo gusenga, kwiga no kugirirwa neza na Mpwemu. Ishengero ryose ni ryo ryihitamwo ingene bizokorwa igihe cose bakoranye, birashobora gutandukana nk’uko n’amakoraniro y’ishengero ryose ryo mu nzu atandukanye.

Ivyanditswe bigaragaza kw’amakoraniro y’ishengero rya mbere yari atandukanye cane na ay’iki gihe. 1Korinto 11-14 haduhishurira ibintu vyinshi vyakorerwa mu makoraniro y’abakristo ba mbere, kandi nta gituma na kimwe kiriho co kwiyumvira ko harengeranye. Nk’uko Paulo abitwereka ivyakorwa mu makoraniro y’ishengero rya mbere bishoboka igihe bikozwe mu mirwi mitomito gusa. Ivyo Paulo avuga ntivyashobora gukorerwa mw’ikoraniro rinini.

Ndazi ko ntatahura neza ibintu vyose Paulo yanditse mur’ivyo bice bine vya 1 Korinto. Arikw’ikimenyetso dusanga mu makoraniro yose avugwa muri 1Korinto 11-14 ni Mpwemu Yera yigaragaza hagati yabo no mu rugingo rwose rugize umubiri. Yaha abantu ingabire kugira ng’umubiri wose ukomezwe.

Paulo aradondagura ingabiri cenda za Mpwemu: uguhishurirwa, kuvuga mu ndimi, gusobanura indimi, ijambo ry’ubwenge, ijambo ryo kumenya, kurobanura impwemu, ingabire zo gukiza indwara, ukwizera, gukora ibitangaza. Ntavuga kw’izo ngabire zose zigaragara igihe cose bakoranye. Har’ingabire ingabire avuga ko Mpwemu akunda kugaragara kuruta izindi muri 1Korinto 14:26:

Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’amajambo yo kwigisha, cank’amajambo ahishuriwe, cank’ururimi rutamenyekana, cank’amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw’abantu bakomezwe.

Duhere kur’izi ngabiri zitanu zikunda kugaragara kuruta izindi, mu gice gikurikira turaraba ingabire icenda za Mpwemu zivugwa muri 1Korinto 12:8-10.

Indirimbo ziza ubwa mbere. Mu vyete yandikiye amashengero, Paulo avuga incuro zibiri zose ku ndirimbo ziva kuri Mpwemu, arashimangira akamaro kazo mu makoraniro rukristo.

Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu. Mu bwirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba mu curarangira Umwami wacu mu mitima yanyu (Efeso 5:18-19).

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmw’ubwenge bwose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bwayo (Kol. 3:16).

Itandukaniro riri hagati ya zaburi, indirimbo n’amatazirano y’ivya mpwemu ntirigaragara neza, arikw’ico tuzi zose zishingiye kw’ijambo rya Kristo, zivugutirwa na Mpwemu zikaririmbwa n’abizera mu ntumbero yo kuremesha abera. Indirimbo n’amatazirano abizera baririmba kuva ishengero ribaho dusanga zija mu murwi umwe mur’iyo mirwi yavuzwe. Birababaje kuvuga kw’indirimbo n’amatazirano menshe yo mur’iki gihe adashingiye kuri Bibiliya, bigaragara ko zitavuye kuri Mpwemu, kubera ko zidashemeye ntizigira ubushobozi bwo kwigisha no kuremesha abizera. Abakoraniye mw’ishengero ryo mu nzu bategerezwa kumenya ko Mpwemu atarongora umukristo wese kuririmbisha indirimbo imenyerewe gusa, ya kera canke nshasha, ariko ni we atanga indirimbo zishobora gukomeza abera. Ishengero ritegerezwa gucuraranga indirimbo ryihariye nk’uko Mpwemu ahishura!

Inyigisho (Teaching)

Ikintu ca kabiri ku rutonde rwa Paulo ni inyigisho. Vyerekana k’umuntu wese ashobora kuvugutirwa na Mpwemu agatanga inyigisho ifasha ikoraniro. Kandi, inyigisho yose itegerezwa gusuzumwa kugira ntize kurwanya inyigisho z’intumwa (nkuko babikora: raba Ivyak. 2:42 na twe turashobora kugira gurtyo mur’iki gihe). Kandi nta hantu na hamwe mw’Isezerano Rishasha tubona umuntu umwe gusa yigisha buri ndwi igihe bakoranye akiganzira ikoraniro ryose.

Hari insengero zari zifise amakoraniro manini-manini intumwa zigishirizamwo. Abashingantahe b’ishengero barahabwa kwigisha mu mashengero hamwe n’abandi bose bafise ibango ryo kwigisha. Paulo yigisha cane amakoraniro manini-manini n’inzu ku yindi (raba Ivyak. 20:20). Mu makoraniro matomato y’abizera, Mpwemu Yera yarashobora gukoresha abandi bizera mu kwigisha turestse intumwa, abashingantahe b’ishengero n’abigisha.

Ku vyo kwigisha, turafise akarusho kw’ishengero rya mbere kuko dushobora kujana Bibiliya mu makoraniro yacu. Ariko n’aho nyene ukugendana Bibiliya vyatumye twongera insobanuro zacu ku nyigisho zo gukundisha Imana imitima yacu yose no gukunda abandi nkuko twikunda, bituma tutaronka ubugingo ijambo ry’Imana ryategerezwa kuduha. Twigishijwe ibituzanira urupfu. Har’imirwi mitomito itanga inyigisho za Bibiliya zirambira abantu nka za nyigisho zo ku wamungu mu gitondo mu rusengero. Ikintu ciza dushobora gukurikirana mu mashengero yo mu nzu ni iki: abana bisununuye baremera kurambikwako ibiganza no gukorera Imana cane kuruta abakuze. Abana ni igipimo ciza.

Guhishurirwa (Revelation)

Ica gatatu Paulo avuga ni “uguhishurirwa.” Ni ikintu cose gihishuwe n’Imana ku bagize umubiri wa Kristo. Akarorero, Paulo avuga yukw’igihe umuntu atizera yinjiye mw’ikoraniro ry’abakristo afise “ibihishijwe mu mutima…bigaserurwa” n’ingabire yo guhishurirwa, “aremezwa” “akitahura” “agakubita inkoro hasi agasenga Imana kukw’abonye kw’iri hagati yanyu” (1 Kor. 14:24-25).

Turabona kw’igihe Mpwemu Yera akorana n’ishengero ibitangaza vyiwe bigaragarira abantu bose. Abakristo ba mbere bagendera mw’isezerano rya Yesu kuko yababwiye ati “aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw’izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo” (Mat. 18:20). Kuko Yesu ari hagati muri bo ibitangaza bitegerezwa gukoreka. Abo bakristo “basengera mu Mpwemu y’Imana” (Fil. 3:3).

Uguhishurirwa, nzokuvugako hanyuma, kugaragaza ibihishijwe mu mitima y’abantu. Uko guhishurirwa gutangwa ku ntumbero zitandukanye mu buryo bw’inzozi canke iyerekwa (raba Ivyak. 2:17).

Indimi Nsha no Kuzisobanura (Tongues and Interpretation)

Paulo aravuga ku ngabire zibiri zikorana, kuvuga indimi nsha no kuzisobanura. I korinto, indimi zitamenyekana zavugwa mu muvurungano. Bavuga mu ndimi zitamenyekana mu makoraniro yabo ntihagire umuntu azisobanura bigatuma hatagira umuntu n’umwe atahura ibiriko biravugwa. Ni igiki catumye ab’i Korinto bagawa? Mbega ni Mpwemu Yera yatanze ingabire yo kuvuga mu ndimi zitamenyekana ntiyatanga ingabire yo kuzisobanura? Har’inyishu ishimisha dusanga mu gice gikurikira. Paulo ntiyabujije abantu kuvuga mu ndimi zitamenyekana (nkukw’amashengero menshi yiyumvira), yabujije kuvuga mu ndimi zitamenyekana igihe ata muntu ashobora kuzisobanura, iryo ni itegeko ry’Umwami (raba 1Kor. 14:37-39)!

[8]

Igihe ingabire ikoreshejwe neza yubaka umubiri ikagaragaza ukubaho kw’Imana muri wo. Imana iba iriko ivugana n’abantu bayo ibibutsa ukuri n’ico ishaka.

Paulo yavuze mu gice ca 14 k’ukuvugishwa n’Imana gusumba ukuvuga ururimi rutamenyekana rutagira uwurusobanura. Yabwiye ab’i Korinto kwifuza kuvugishwa n’Imana. Ivyo bigaragaza kw’ingabire za Mpwemu zikorera mu Bantu bazifuza. Nk’uko nyene, Paulo arahanura abizera b’i Tesalonika, ati “Ntimukazimye Mpwemu; ntimugakengere ivy’abavugishwa n’Imana” (1 Tes. 5:19). Ibi bisigura kw’abizera bashobora “kuzimya umucanwa wa Mpwemu” iguhe barwanya igikorwa co kuvugishwa n’Imana. Ni co gituma ingabire yo kuvugishwa n’Imana igaragara gake cane mu bizera b’iki gihe.

Uko Twotangura (How to Start)

Amashengero yo mu nzu yemerera igikorwa ca Mpwemu Yera mu bakozi b’Imana cank’abashingantahe/abungere/abazezwashengero. Menya k’uwitwa umushingantahe/ umwungere/umuzezwashengero muri Bibikiya agereranywa n’umukristo wo mw’ishengero rinini amaze gukura mu mpwemu. Gutanguza amashengero yo mu nzu ntibisaba ko wiga amashule ya Bibiliya.

Mpwemu Yera ahaye umuntu ihishurirwa ryo gutanguza ishengero ryo mu nzu, uyo muntu ategerezwa gusenga Imana imurongorere ku bantu bazokwifatanya nawe. Umwami aca amuha kumenyana no kuvugana n’abantu bahuje iryo yerekwa, ico kime-nyetso cerekana kw’Imana ari yo yamuhamagaye. Uyo muntu yahawe iyerekwa ashobora kuja ku batizera Imana yateguye ko bigishwa no kwigisha ivya Kristo mw’ishengero ryo mu nzu.

Abantu bagitangura ishengero ryo mu nzu bategerezwa kumenyako bizofata akanya imbere yukw’abantu bakunda no kubwira abandi ingene boyoborwa na Mpwemu mw’ishengero ryo mu nzu. Hazoba ibigeragezo n’ukwihenda mu gikorwa. Kugira ng’umuntu wese ashike aho avuga iciyumviro ciwe mw’ikoraniro, yemere gukorera abandi nk’uko tubibona muri Bibiliya canke ngw’ishengero ryo mu nzu rishobore gutegura abarongozi, kuyoborwa na Mpwemu, gukoresha ingabire ryahawe, gusangira imfungurwa bizofata umwanya kuko biboneka nk’ibintu bishasha ku bantu bamenyereye amakoraniro manini-manini yo ku wamungu mu gitondo. Ubuntu no kwihangana ni kirumara igihe ishengero ryo mu nzu rishasha rivutse. Ritangura nk’umurwi w’inyigisho za Bibiliya, umuntu umwe ararongora amasengesho, uwundi akavuga ubutumwa yateguye, umuntu wese akisengera bahejeje bagasangira imfungurwa bagataha. Har’igihe abagize umurwi batabona iyo baja n’iyo bava, umushingantahe w’ishengero /umwungere/ umuzezwa-shengero ategerezwa gutera abantu intege ngo bashishikare. Maze bakirabira!

Amakoraniro y’ishengero ryo mu nzu arashobora kugirwa inzu ku yindi nkukw’igitigiri c’abizera bangana rimwe mu ndwi. Har’igihe amashengero yo mu nzu aja gukoranira mu bibanza vyo kwinezereza. Umusi n’ikibanza ntibitegerezwa kuba ku wamungu mu gitondo. Bafata umwanya worohereza bose. Mutangure mutarenga abantu cumi na babiri.

Guhindura Ishengero Rinini Ishengero Ryo Mu Nzu

(How to Transition from Institution to House Church)

Abungere basoma iki gitabo usanga bakorera mu mashengero yo ku wamungu. Na we ushobora kuba umwe muri bo. Umutima wawe wifuza kugira ishengero nk’iryo ndiko ndavuga, raba ingene ushobora kubigenza. Wihe umwanya ukwiye wo kwiyumvira. Tangura kwigisha ukuri kwa Bibiliya ukore ivyo ushobora vyose abigishwa bawe bumvire amategeko yose ya Yesu. Abigishwa nyabo batanguza amashengero afise imitegekere ya Bibiliya igihe baronse iri yerekwa. Impene n’abanyedini bazorwanya bivuye inyuma iciyumviro cose kibasaba guhindura ivyo bamenyereye.

Ica kabiri, iyigishe ico ivyanditswe bivuga kandi wigishe ishengero ryawe ivyerekeye amashengero yo mu nzu n’imigisha yayo. Urashobora guhagarika amakoraniro yo hagati mu ndwi canke ku wamungu ku mugoroba ugatanguza amakoraniro yo mu nzu ukayazeza abakristo bamaze gukura. Tumira abantu bose. Shishikara kwigisha ayo makoraniro kwisunga akarorero Bibiliya yerekana ku mashengero yo mu nzu. Reka abantu banezererwe imigisha y’ayo makoraniro matomato.

Igihe umuntu wese ashimishwa no gukoranira mu nzu, urashobora kuvuga ku wamungu w’ukwezi kuza ko muzogira “Uwamungu w’Ishengero Rya Mbere.” Kur’uyo wamungu, urusengero ruzokugarwa umuntu wese aje mu nzu akorane n’abandi nkukw’ishengero rya mbere ryabigenza, basangire imfungurwa, Ingaburo y’Umwami, bagiranire ubucuti, basenge, batazire, bigishanye kandi bahe umwanya ingabire za Mpwemu. Bigenze neza, urashobora kubikora rimwe mu kwezi, kabiri mu kwezi gushika kuri gatatu mu kwezi. Aho ni ho ushobora kwemera no kurungika umurwi wose nk’ishengero ryo mu nzu, bagakura bidegemvya, mugakorana mwese rimwe mu kwezi canke igihe cose muvyifuje.

Iryo hinduka mvuze rirashobora gufata umwaka umwe canke ibiri.

Ushaka kubikora mu bwitonzi ntangere na ho, urashobora gutangura ikoraniro rimwe hamwe n’abakristo bavyifuza mubo urongoye ubwawe. (ndabisubiyemwo, ishengero ryo mu nzu ntiritegerezwa guhura ku wamungu mu gitondo.) Urashobora kubigerageza mu bwitonzi abantu bose bakaharonkera icigwa.

Bigenze neza, rondera umuntu abahagarikira bigenge nk’ishengero. Bashobora gukorana rimwe mu kwezi. Ishengero ryo mu nzu rishasha rirashobora kwegukira iryo ryakomotseko. Bigenze gurtyo, abasigaye muri rya shengero rinini barashobora kwifatanya namwe.

Uwo murwi ukuze, wigaburemwo imirwi ibiri mu kurongorwa na Mpwemu kugira ngw’iyo mirwi yompi igire abarongozi beza n’ingabire za Mpwemu. Iyo mirwi irashobora gukoranira hamwe rimwe mu kwezi canke mu mezi atatu.

Muhange amaso iyerekwa ryanyu igihe mucitse intege kuko bitazobura gushika. Amashengero yo mu nzu agirwa n’abantu kandi ahari abantu ntihabura uruntu-runtu. Ntubivemwo Umwami arakubona.

Abantu bose mw’ishengero ryawe ntibazokwemera iryo hinduka. Utegerezwa kumenya neza igihe co gufata ingingo ukihebera igikorwa co kugira amashengero yo mu nzu, ugahebera inyubako abashaka kuzigumamwo. Uyo umusi ntuzokwigera uwibagira!

Ishengero Twifuza (The Ideal Church)

Mbeg’umwungere w’ishengero ryo mu nzu arashobora kuroranirwa mu gikorwa ciwe kuruta umwungere w’ishengero rinini rifise urusengero n’ibihumbi vy’abanyeshengero batonda buri wamungu? Ego cane, bishoboka igihe uyo mwungure agira abigishwa bashobora kugira bigishwa ubwabo, abigishwa bigana Yesu atari impene ziyeza rimwe mu ndwi kuko zitemera amajambo yose ava mu vyanditswe.

Umwungere ahisemwo gukurikira akarorero k’ishengero ryo mu nzu ntazokwigera yirundaniriza abanyeshengero. Agira ivyamwa bihoraho, abigishwa biwe bagira abigishwa. Abungere bafise amashengero “matoya”y’abantu 40 canke 50 baruhishwa n’ibintu vyinshi bitari bikwiriye kubaruhisha. Ayo mashengero ashobora kuba amaze kubarambira. Bahagarike gusaba Imana ibahe urusengero runini. Batangure gusenga Imana ibahe abarongozi babiri bazorongora amashengero abiri igihe iryo shengero bariciyemwo kubiri. (Igihe bishitse ntuhe izina iryo shengero rwawe ntuhave ushaka kwitwa “mwungere mukuru”!)

Igihe tuvuga ivy’ishengero ntidukwiriye kuvuga k’uwufise abanyeshengero benshi ari we mukuru. Dukwiriye guca imanza twisunga Bibiliya. Biratangaje kubona ibihumbi vy’abantu bidibamira mu rusengero ntibashake kugira abigishwa. Intumwa za mbere zogendera amashengero yacu zoribwa mu mitwe!

Uguhakana kwa Nyuma (A Final Objection)

Biravugwa kenshi ko mu bihugu vya Buraya ah’ubukristo bumaze kuba umugenzo nk’iyindi migenzo abantu ntibashobora kwemera iciyumviro co gukoranira mu nzu. Ivyo babivuga ngo tugume mu mashengero ukw’ameze kwose.

Ica mbere, barabesha kukw’amashengero yo mu nzu ariko yigarura ibihugu vya buraya.

Ica kabiri, abantu banezererwa gukoranira mu nzu ku misi mikuru igihe bazi ko har’imfungurwa n’ibinyobwa. Ntibashobora kwanka kwiga Bibiliya mur’ubwo buryo. Kugira abantu bemere iciyumviro c’ishengero rikoranira mu nzu bategerezwa kwiga ivyiyumviro bitandukanye vy’abandi Bantu kw’isi.

Ica gatatu, abanyedini, “impene mu mpwemu” ntizishobora kwemera amashengero akoranira mu nzu. Ntibashobora gukora ikintu cotuma abanywanyi babo bababona nabi. Arikw’abigishwa ba Yesu Kristo bemera amashengero yo mu nzu igihe cose batahuye kw’ari yo dusanga muri Bibiliya. Baratahura neza kw’ata sano riri hagati y’inyubako no kugira abigishwa. Ugomba kwubakisha “ibiti, ivyatsi n’ibishakashaka” (raba 1Kor. 3:12) ubaka urusengero ariko uramenya ko ruzoturirwa kuri wa musi. Ugomba kugwiza abigishwa bagira abigishwa? Ubaka ishengero rya Yesu Kristo mw’“izahabu, ifeza n’amabuye y’igiciro”. Amafaranga n’inguvu zawe ntibizotemarurwa n’inyubako.

Biratangaje kubona ko umuhari munini kw’isi w’ivugabutumwa witwa “back to Jerusalem” (mu Kirundi ni “Gusubira I Yerusalemu”) ukorera mu mashengero yo mu nzu mu Bushinwa, ufise intumbero yo kubwira ubutumwa ibihugu bitarashikirwa n’ubutumwa bwiza vyitwa mu congereza: the 10/40 window bavuze, bati “Nta ciyumviro dufise co kwubaka urusengero na rumwe kw’isi! Kutubaka insengero bituma ubutumwa bwiza bwamamara n’umuvuduko munini. Abategetsi ntibashobora kutumenya, uburyo bwose dufise tubushira mw’ivugabutumwa.”

[9]

Ni akarorero twokurikiza natwe kuko Bibiliya ntaho ibahinyuza!

 


[1]

Raba “Yesu n’Amahera” mu Nyigisho za Bibiliya kuri www.shepherdserve.org.

[2]

N’aho wokwiyumvira ko nshikuje, imvo imwe ituma insegero zubakwa ni ukubura abarongozi bashobora guhagarikira amashengero yo mu nzu. Nta gikorwa co kugira abigishwa canke kugira abarongozi kiri mu mashengero manini-manini. Mbega ni kubera kw’abungere b’amashengero manini-manini banka kw’amabango mashasha akora kugira ngo bagume biganzira ishengero ryose? Ishinyu ni Ego.

[3]

Abakozi bahindurwa uk’ukw’ikiringo cabo giheze, umwaka umwe cumi canke mirongwibiri, bashobora kuba abungere nk’uko Yesu avyerekana ku bigishwa biwe no kuri Mose mu gushinga ibikorwa abantu cumi (raba Kuv. 18:25). Amashengero manini-manini akunda guhagarikira abantu benshi badashobora gukurikirana na gato.

[4]

Dutegerezwa kwibaza igituma ata “mwungere mukuru”,“icigera ca mwungere” cank’ “abungere batoya” bavugwa mu vyanditswe. Vyongeye, ivyo vyubahiro bose baharanira mu mashengero y’iki gihe vyashizwe n’integuro z’abana b’abantu arikw’ishengero rya mbere ntiryigeze kuzigira kuko ryisunga integuro ziva ku Mana. Ishengero ryo mu nzu rigizwe n’abantu mirongwibiri ntirikeneye umwungere mukuru, ivyariho canke ivyegera vy’umwungere.

[5]

Abungere benshi s’imvuzi za cane. Bahamagawe n’Imana ngo bitwararike intama za Kristo. Sinogenda ntavuze k’ubutumwa bw’abungere benshi burambira abantu, si vyo none? Har’abandi bungere b’imvuzi za cane, n’aho nyene abantu bararambirwa. Ikiyago ni co kitarambira abantu. Ni co gituma inyigisho ifasha abanyeshengero guserura ivyiyumviro vyabo ari nziza. Umwunya ukoreshwa n’abantu bose, s’umwanya wa mwungere gusa. Abungere b’amashengero yo mu nzu ntibarambira abantu.

[6]

Imwe mu nsobanuro zanje ry’ijambo ubujuju ni: Kwama ukora ikintu kimwe wizigira ko uzoronka inyishu itandukanye. Abungere barashobora kwigisha imyaka n’imyaka babwira umukristo wese igikorwa atagerezwa gukora mu kugira abigishwa ariko batagize gahunda nshasha canke bahindure bimwe mu vyo bamenyereye gukora, abantu bazomenyera kuja kw’ishengero nk’abaje kurorera ibirori biheze bagataha. Mwungere, ni wabandanya gukora ibintu bidashobora guhindura abantu, menya ko no muri kazoza bitazobahindura. Hindura ivy’ukora!

[7]

Nta nkeka, ikintu ca mbere gituma abungere benshi barwanya iki ciyumviro ni uko bagomba kwiyubakira ubwami bwabo, si ubwami bw’Imana bubaka.

[8]

Ndazi ko hari abavuga kw’ibiminyetso vya Mpwemu vyaheranye n’ikinjana ca mbere gusa. Bavuga ko tudashobora kuba mu mugisha ishengero rya mbere ryagendeyemwo kuk’ukuvuga mu ndimi kutakiriho. Ngirira impuhwe abo bantu bagereranywa n’abasadukayo mur’iki gihe. Narashimagiza Imana kenshi mu kiyapani ntabizi nk’uko nabibwiwe n’abavuga urwo rurimi. Izo ngabire ntizihengeshanya gutangwa na Mpwemu Yera. Ndibaza igituma abo basadukayo bavuga ko Mpwemu Yera agitumira, acemeza no guhindura abanyavyaha, ariko bagahakana igikorwa ciwe kirengeye ivyo bitangaza. Ubu bwoko bw’“inyigisho” ni ingaruka y’ubugarariji n’ukutizera kw’abantu. Nta canditswe na kimwe cemeranya n’izo nyigisho kuko zirwanya ibikorwa vya Kristo. Paulo yavyise ubugarariji muri 1 Kor. 14:37.

[9]

Mwene Data yitwa Yun mu gitabo citwa Back to Jerusalem, urupapuro rwa 58.