Kubandanya Neza (Continuing Properly)

Igice ca Gatatu (Chapter Three)

Haheze imyaka itari mike ntaziko igikorwa canke kirwanya intumbero y’Imana yo kugira abigishwa. Mpwemu Yera yaranyuguruye amaso kubw’ubuntu bwiwe ndatahura amakosha yanje buhoro buhoro. Ico natahuye ni iki: Ntegerezwa gusuzuma ivyo nizera n’ivyo nigisha vyose nisunze ijambo ry’Imana. Imico yacu, iduhuma amaso kuruta ibindi vyose ntitubone ivy’Imana ivuga. Twishimira cane imico yacu tukizerako tur’abakristo beza kandi batahura cane kuruta abandi. Har’umwigisha yigeze kuvuga, ati “Hari amadini 32,000 kw’isi. S’ibakwe ubaye mury’ukuri?”

Ingaruka y’ubwibone bwacu ni ukurwanywa n’Imana, Irwanya abibone. Tugomvye kukwitegurira guhagarara imbere ya Yesu tudateterwa ni duce bugufi. Kukw’abaciye bugufi, Imana ibagirira ubuntu.

Kwihweza Igikorwa c’Umwungere (The Role of the Pastor Considered)

Kugira abigishwa ni yo ntumbero ibikorwa vyose vy’umukozi w’Imana vyenenako. Ategerezwa kwibaza adahengeshanya, ati “Mbeg’ivyo nkora vyunganira gute igikorwa co kugira abigishwa bumvira amategeko yose ya Yesu?” ico kibazo gitoya co kwisuzuma, iyo kibajijwe mu kuri, gituma ibintu bitari bike birandurwa mu gikorwa c’umukozi w’Imana.

Twihweze ibango ry’umwungere/umushingantahe w’ishengero/umuzezwashengero,

[1]

igikorwa ciwe ni ukwitwararika ishengero. Uyo muntu agomba kugira abigishwa bumvira amategeko yose ya Yesu, yotangura gute? Kwigisha ni vyo biza mu ciyumviro. Yesu yavuzekw’abigishwa bazanwa n’ukwigisha (raba Mat. 28:19-20). Umushingantahe w’ishengero/umwungere/umuzezwashengero ategerezwa kuba “ashobora kwigisha” (1 Tim. 3:2). Abakozi “bacumukura basigura no kwigisha ijambo ry’Imana” bategerezwa “kwiyumvirwako bakwiriye guhabwa icubahiro kirushiriza” (1 Tim. 5:17).

Umwungere ategerezwa gusuzuma iyingisho zose atanga mu kwibaza ubwiwe, ati “Mbega izi nyigisho zishitsa gute itegeko ryo kugira abigishwa?”

Mbega ibango ryo kwigisha ry’umwungere rigaragarira mu butumwa bwo ku wamungu canke mu ndwi hagati gusa? Uwiyumvira gurtyo, aba yibagiye kw’ivyanditswe bivuga kw’inyigisho ziwe zibonekera mbere na mbere mu buzima bwiwe. Ingeso ziwe ni zo zunganira inyigisho atanga ku wamungu. Ni co gituma ibisabwa ku mushingantahe w’ishengero /umwungere/umuzezwashengero bifatira cane ku ngeso n’ubuzima bwiwe bwa misi yose gusumba inyigisho z’ubwenge bwiwe. Mu bintu cumi na bitanu umuzezwa-shengero usabwa nk’uko tubisanga muri 1Timoteyo 3:1-7, cumi na bine bifatiye ku ngeso, kimwe ni ubwenge bwo kwigisha. Mu bintu cumi n’umunani bisabwa umushingantahe w’ishengero nk’uko biri muri Tito 1:5-9, cumi n’indwi bifatiye ku ngeso, kimwe ni ubwenge bwo kwigisha. Paulo yihanuye Timoteyo, ati “Mu vy’uvuga, mu ngeso zawe, mu rukundo, mu kwizera no ku mutima utanduye, ubere abizera icitegerezo ciza” (1 Tim. 4:12, hashimikiwe ku nsobanuro). Yongerako, ati “Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanura no kubigisha”(1 Tim. 4:13). N’aha nyene ingeso ya Timoteyo yashizwe imbere y’ibango ryiwe ryo kwigisha kukw’ingeso ziwe ari kirumara.

Petero na we yandika ati:

Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebwe ndabahanura, kuko nanje nd’umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubwiza buzohishurwa: Muragire ubusho bw’Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk’abagoberwa, ariko mubikunze, nk’ukw’Imana igomba; ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo, kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegerezo vy’ubusho (1 Pet. 5:1-3, hashimikiwe ku nsobanuro).

Ninde atuma twiyanka no kwumvira Kristo? Ni uwigisha neza cank’uwufise ingeso nziza? Abungere batiyanka bakiyorohereza mu vyo bakora ntibashobora gutera umuntu intege zo kwikorera umusaraba. Bishitse bakigisha ivyo kwihebera Kristo, ntibadomako urutoke kuko bazikw’ababumviriza bazi ivyo bakora. Abarongozi Rukristo ntibibukwa kubera ubutumwa bavuze muri kahise, bibukwa kubera ingingo zo kwiyanka bafashe. N’aho baganutse kuva kera icitegerezo badusigiye kiradutera intege.

Umwungere aterekana ko yumvira nk’umwigishwa mwiza, yiruhiriza ubusa n’inyigisho atanga. Mwungere, ingeso zawe zisumba ijwi ibihetangabo cumi ubutumwa uvuga. Ubona ukwiyanka n’ugukurikira Kristo kwawe gutera intege abantu bangahe?

Mbega ingeso z’umwungere zishobora gute kwigisha abantu bazi neza kw’ari umusiguzi wo ku wamungu gusa? Ukobashishikara kubona ingeso ziwe mbi ni ko bihutira kuva mu rusengero rwiwe. Har’ikintu kitagenda neza mu buryo ishengero ry’iki gihe riragirwa.

Ubutumwa Bwo Ku Wamungu Mugitondo (The Weekly Sunday Morning Sermon)

Umwungere yiyumvira kw’ibango ryiwe ryo kwigisha rigizwe gusa n’ubutumwa atanga buri ndwi aba yihenze cane. Ibango rya Yesu ryo kwigisha ntiryashimikira ku majambo gusa (yari amajambo atarambira abantu) ariko ryagaragarira ku kiyago ciwe n’abigishwa. Kand’ivyo biyago ntivyagirwa mu minota mirongwitatu rimwe mu ndwi mu nyubako z’urusengero, vyabera ku nkengera z’ibiyaga, mu mihana no mu mabarabara mabi. Yesu yereka abigishwa biwe ubuzima abamwo. Ubwo ni bwo buryo bwo kwigisha intumwa zakurikije. Umusi wa Pentekoti ushize, bamwe cumi na babiri “bashishikara mu rusengero no mu mihana” (Ivyak. 5:42, hashimikiwe ku nsobanuro). Bamana n’abandi. Paulo yigisha “ku mugaragaro inzu ku yindi”(Ivyak. 20:20 hashimikiwe ku nsobanuro).

Mbega ga Mwungere, ubona ibango ryawe ryo kwigisha rigereranywa n’irya Yesu n’Intumwa. Canke wiyumvirakw’ivyo ukora ari vyo Imana igutegeka, cank’ukora nk’ukw’imigenzo y’idini ryawe ikwigisha? Fata akanya uvyiyumvireko. Ni yo ntango y’inzira nziza.

Canke urashobora kubawiyumviriye kure cane, wibwira uti, “Mbega nokura hehe umwanya usabwa n’igikorwa nk’ico, kwigisha abantu inzu ku yindi, canke kubinjiza mu buzima bwanje bwa misi yose ngo bakwegwe n’akarorero kanje?” Ico rero nico kibazo ciza, kuko gishobora kugufasha gushika aho ubonako har’ibintu bibi igiheutahura ibango ry’umwungere mur’ibi bihe vya none.

Cank’uriko wibwira ngo “Sinshobora kwemera kw’abantu bo mw’ishengero babona ubuzima mbamwo. Vyobaca intege. Nigishijwe mw’ishule rya Bibiliya k’umwungere adakwiriye kwegera cane abanyashengero biwe. Ategerezwa kwitandukanya na bo bagume bamwubaha no kumwizera. Ntashobora kuba umugenzi wabo.”

Ico ni co gituma tuvugako har’ibitagenda neza mu mikorere y’amashengero yo mur’iki gihe cacu. Yesu yaguma hafi ya bamwe cumi na babiri gushika aho umwe muri bo yegamira ku gikiriza Ciwe bariko barafungura (raba Yohana 13:23-25). Barabanye imyaka itari mike. Ntiyigiye kure abigishwa biwe ngo bamwubahe ahubwo bamwubashe kuko yigize umukozi wabo!

Kugereranya Imikorere Ya Kera n’Iy’Iki Gihe

(A Comparison of Methods, Ancient and Modern)

Kw’intumbera twahawe ari ukwubaha Yesu no kugira abigishwa bamwubaha, ni kuki tutokwigira kuri we mu kugira abigishwa? Abigishwa biwe babikoze neza kuko bamwiganye.

Mbega imikorere y’iki gihe yoroheza igikorwa co kugira abigishwa bumvira Kristo? Ivyigwa vyagizwe ku bakristo bo muri Amerika vyerekanye kw’atatandukaniro riri hagati y’imibereho y’abiyita abakristo n’abapagani, ni akanya ko gukanguka kuri bo.

Ikibazo kizana ihishurirwa dukwiriye kwibaza ni iki: mbega ko Ishengero rya mbere ryagize abigishwa beza ata nsengero rifise, ata bakozi b’Imana babinonosoye, ata mashure ya Bibiliya, ata bikoresho vy’umizika, ata matara n’ibimuri binini-binini , ata bikoresho biduza no guhingura amajwi, ata mirwi y’abana, imirwi y’urwaruka, ata baririmvyi, ata mashine zo kwandika no kugwiza ivyanditswe, ata maradiyo n’imbonesha kure rukristo, ata bitabo vy’inyigisho canke Bibiliya? Nta na kimwe mur’ivyo vyose baribakeneye mu kugira abigishwa, na Yesu ntaco yari akeneye. Nta na kimwe gikenewe mur’ivyo mu kugira abigishwa. Birashobora gufasha ariko ntibikenewe. Kanatsinda, vyinshi mur’ivyo ni vyo bitubuza kugira abigishwa. Reka ndabahe uturorero tubiri.

Twihweze ingene kwiga amashule ya Bibiliya canke inganda z’inyigisho zibera intambamyi umwungere yifuza kuragira ishengero. Ntaho tubibona mu gihe ca Paulo. Mu bisagara bimwe-bimwe, amaze gutanguzayo amashengero, yarigira akamara imisi itari mike atari kumwe na bo, akagaruka kugena abashingantahe b’ishengero (raba Ivyak. 13:14-14:23). Bisigurakw’ayo mashengero, igihe Paulo atar’ariho, atagira abarongozi barambitswekw’ibiganza bakamara indwi cank’amezi atari make. Abashingantahe b’ishengero bari abizera bashasha igihe bagenwa. Nta mashure y’imyaka ibiri canke itatu bagira imbere yo kuja mur’ayo mabanga.

Nta hantu na hamwe Bibliya ivuga ko abungere/abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero bategerezwa kwiga imyaka ibiri canke itatu imbere yo gukora igikorwa bahamagariwe. Nta munyabwenge ashobora kubihakana. Ariko mur’iki gihe cacu bavuga bati: “Ugomba kuba umurongozi w’ishengero utegerezwa kwiga imyaka n’iyindi.”

[2]

Ibi ni vyo bikerereza igikorwa co kuramura abarongozi bashasha no kugira abigishwa bigatuma ishengero ritaguka. Amahinguriro yitwa Avon na Amway yo muri Amerika ntiyari kuronka amasoko afise iyo ategeka k’umudandaza wabo wese ategerezwa kwimuka n’umuryango wiwe akaja mu gisagara ca kure aronswe inyigisho z’imyaka itatu imbere yo kudandaza amasabuni n’ibimota neza bahingura!

“Igikorwa c’umwungere kiragoye cane!” ni ko bakunda kubivuga. Abandi bati “Bibiliya ivuga k’uwizera muto mu gakiza adashobora kuba umuzezwashengero” (raba 1Tim. 3:6).

Ica mbere, turondere insiguro y’uwizera mushasha kuk’ugutahura kwa Paulo gutandu-kana cane n’ukw’iwacu. Yatanga igikorwa c’ubushingantahe mw’ishengero/ubwungere/ ubuzezwashengero ku bantu bamaze amezi makeya bizeye.

Ica kabiri, ubwungere bwa kino gihe buragoye cane kukw’ibikorerwa mu mashengero yacu bitandukanye n’ivyo dusanga muri Bibiliya. Twarabigize ibikomeye cane gushika aho ibisabwa bishobokera abantu bakeya cane bashoboka!

“Mbega Imana yaranse kw’inshengero rirongorwa n’umuntu atize amashure ya Bibiliya!” Har’abandi bavuga ko “umuzezwashengero atize ashobora kwigisha intama ziwe inyigisho z’ibinyoma!”

Paulo si ko yabibona. Mbega abakozi bize amashure ya Bibiliya si bo bavugako Yesu atavyawe n’inkumi, bagashingira abagabo barongorana, bigishakw’Imana izoha umuntu wese imodoka igezweho, bubahuka kuvugako har’abantu Imana yateguriye kurandurwa, canke bavuga badatinya k’umuntu ashobora kuja mw’ijuru n’aho atubaha Kristo. Amashure ya Bibiliya yo mur’iki gihe ni yo yandagaje inyigisho z’ibinyoma. Abayizemwo bakamamaza ivyo binyoma bivuye inyuma.

Abo mw’ishengero “batize” bagatinya kubarwanya kukw’abakozi baciye mw’ishure bashobora kubahendera “mu vyanditswe bibambika izera.” Abo bakozi ni bo baryanisha ishengero no kurigabangana gushika aho bashira ivyapa bivugakw’idini ryabo ridasa n’ayandi n’ayandi yo mu mubiri wa Kristo no kubwiira abo mw’isi ngo: “Ntitumeze nk’abo bakristo bandi.” Igisongera isibe n’uko umuntu yanse izo nyigisho zabo mbi zitandukanya ishengero baca bamwita “uwusambura” bakamuca mu makoraniro yabo. Aho hose baba bariko barondera kurongorwa n’abafise impamya bushobozi. Mbega ni co citegerezo Yesu agomba ku Bantu bagira abigisha barangwa no gukundana mw’isi?

Abakristo batora amashengero bafatiye ku nyigisho zitandukanye, kugira inyigisho nziza vyasubiriye kugira ingeso nziza. Ni inkurikizi y’ukutigira kuri Bibiliya.

Inyishu Itangwa na Bibiliya (A Biblical Alternative)

Mvuze ngw’uburongozi bw’ishengero burashobora guhabwa uwizera amaze amezi atatu ? (ni ko Paulo yabigenza) Ego cane, ivyo bishoboka igihe uyu muntu akwije ibisabwa umushingantahe w’ishengero/umuzezwashengero/umwungere, cane cane iyo ishengero ajejwe rikurikiza akarorero ka Bibiliya. Ayo mashengero ategerezwa kuba mashasha yashinzwe n’uwizera amaze gukura mu mpwemu, nk’intumwa, ashobora kubakurikirana.

[3]

Bimeze gurtyo abo barongozi bashasha ntibazokwicishiriza ahabo.

Ica kabiri, abantu bategerezwa kuba bake bakwira mu nzu nkukw’ishengero rya mbere rya bigenza.

[4]

Bituma amashengero aronngorwa neza. Ni co gituma umushingantahe w’ishengero/umuzezwashengero ategerezwa kuba aganza neza abo m nzu yiwe (raba 1 Tim. 3:4-5). Kurongora “inzu ntoya y’abizera” biratandukanye no kurongora umuryango.

Ica gatatu, ishengero ritegerezwa kugirwa n’abantu bihanye no kwemera ubutumwa bwa Bibiliya. Ni abigishwa beza ba Yesu Kristo. Imivurungano izanwa no kuyobora impene wiyumvirakw’ar’ intama.

Ica kane, abungere/abanshingantahe b’ishengero/abazezwashengero bategerezwa gukurikirana ico Bibiliya ibitezeko kuruta ico imico ibitezeko. Ntibemerewe kwigarurira uburongozi bwose n’inzego zose nk’uko biboneka mu mashengero y’iki gihe

[5]

Na bo nyene ni ingingo hamwe n’izindi zigize umubiri umwe. Abakozi baciye bugufi bigisha mu mvugo no mu ngiro, bagira intumbero yo kugira abigishwa si abigisha bo ku wamungu gusa, bigana Yesu muri vyose.

Ivyo bikurikijwe, ba bizera bakiri bato mu gakiza barashobora kurongora amashengero.

Inyubako Z’Urusengero (Church Buildings)

Inyubako z’urusengero zo? Ni ikindi kintu gishasha bita “ngira kamaro” arikw’ ishengero rya kera gukira kandi riraroranirwa. Mbega inyubako zifasha kugira abigishwa?

Igihe nar’umwungere, numva nd’umwubakisha, nk’umukozi w’ibanki, cank’uwutoza amashikanwa. Narota inyubako, narondera inyubako, narasubiramwo inyubako zishaje, nkakodesha inyubako, nubatse inyubako nshasha Imana irungitse imvura zigasenyaka nanje nkajako nka sanura. Inyubako zinunuza inguvu n’umwanya. Icatuma ngira ivyo nshoboye vyose mbungabunge inyubako ni uko nizera, nk’abandi bungere bose, ko ntashobora kuroranirwa ntafise urusengero dukoraniramwo.

Inyubako zitwara amahera menshi canke yose. (Muri Amerika, har’amadini ahenurira ibihimbi vy’amamiliyoni y’amadolari bubaka insengero zabo.) Maze kugira inyubako, naca ntangura kwiyumvira amadeni twafashe mu kwubaka igihe azomara. Iyo tuyakoresha igikorwa c’Imana. Har’igihe nigisha ishengero kuba abazigiwe beza no kuva mu madeni nsanga ari jewe nyene nabashize mu madeni! (Nigisha mu mvugo no mu ngiro koko.)

Inyubako nyinshi z’amasengero zikorerwamwo amasaha make canke kabiri mu ndwi. Mbwira amashirahamwe yo kw’isi yubaka inyubako zogukoreramwo gake nk’abakristo? (Inyishu ni: abaterekera ibintazi hamwe n’amadini y’ibinyoma.)

Ivyo binogo bimira amafaranga yacu birakiyogeje. Umwungere afise inyubako yama akenerako amafaranga yisuka bikonona igikorwa ciwe. Yama yitwararika gukuyakuya abatunzi (bitangira ata mubabaro kuko bafise menshi) akama azibukira inyigisho yose yabatsitaza, ahindura Ivyanditswe kugira bivuge ic’atumbereye. Ubutumwa bwiwe bwama bukebereza kubitabuza amafaranga kwisuka kandi bugatera intege ivyotuma yongerekana. Kubera ivyo, Abakristo benshi biyumvirakw’ibiranga abizera ari (1) gutanga ibigira cumi (mbere, Yesu yavuze kwar’itegeko ritoya) no (2) kuza mu rusengero (aho batangira ibigira cumi buri musi wa mungu). Barababaje kuvugakw’ishusho ry’abigishwa bagira ar’iryo. Kanatsinda abungere benshi barota kubona bagira amadini aho umuntu wese yumvira ivyo bintu bibiri. Umwungere yogira ica kabiri c’abagize ishengero ryiwe bashitsa ivyo bintu bibiri yokwandika ibitabo akagurisha ibituma abakristo bakora ivyo bintu bibiri kandi imiliyoni z’abungere bobigura!

Igitangaje ni iki: Nta na hamwe handitse kw’ishengero ryaguze canke ryubatse izo nyubako zigezweho mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa. Kuko ahanini, abizera bakoranira mu nzu.

[6]

Ntibigeze batororokanya amafaranga yo kwubaka. Ntaho tubwirwa mu vyete vyandikiwe amashengero ngo twubake insengero zacu. Vyongeye, nta n’umwe yiyumviriye kugira inyubako kugeza aho ubukristo bumaze imyaka 300, igihe ishengero ryabirana n’isi ku ngoma ya Constantino. Imyaka amajana atatu! Iyumvire co gihe cose! Ishengero riaratera imbere rirarwirirana ibihetangabo vyinshi no mu bihe vy’ihamwa, aho hose nta nyubako bagira. Ubwo buryo bwo gukora bwarabandinije no mu binjana vyakurikiye. Vyarabaye mu Bushinwa. Har’amashengero yo mu nzu arenga umuliyoni mu Bushinwa.

Isaha Zitanu Ku Wamungu ni Isaha Yatoranijwe

(Eleven O’Clock Sunday is the Most Segregated Hour)

Insengero zubakwa nk’iz’abanyamerika zifise n’imiburiburi, ivyicaro vy’imirwi yose y’abakozi b’Imana nk’uko inzego zabo ziri. Igabanganwa ry’ivyicaro vy’abagabo, abakenyezi n’abana ntivyigeze kuvugwa mw’ishengero rya mbere. Ishengero ryagira umurwi umwe wunzwe neza ata bice bibamwo. Ryar’umuryango umwe kandi itunganywa ry’ishengero ryateze imbere ubucuti bw’ishengero n’ayandi rimaze kuvyara, ntiryacinyiza amashengero mashasha rivyara nk’uko bigirwa mu mashengero y’iki gihe.

Mbega inyubako zirorohereza canke ntiryorohereza igikorwa co kugira abigishwa? Ishengero rya kera ryagira abigishwa ritagira insengero zo gukoraniramwo.

Gukoranira mu nzu, nk’uko vyagirwa n’ishengero rya kera gushika mu binjana bitatu vya mbere, vyagirwa mu munezero. Inyigisho, indirimbo n’ingabire za mpwemu vygirwa mu mwana uri hagati y’amasaha atatu n’atanu. Ni co gituma abizera bose bashishikara mu vya mpwemu. Ingingo zose z’umubiri wa Kristo zarakorera Imana, ntibicara nk’imburakimazi z’iki gihe—ab’iki gihe ni abarorerezi biyicarira ku nyegamo barungurukira inyuma y’imitwe y’abandi ibirori ntibibacike. Gusangira, kwitwararikana, kugira imigenderanire n’abucuti nyabwo ni vyo vyazana icuka ciza mw’ishengero. Si nk’“ubucuti” bw’ab’iki gihe bicarana ku ntebe imwe batazinanye ah’umwungere atamba yirorera ishengero ryose ryiyicariye ku ntebe zo ku wamungu gusa.

Inyigisho ni akanya k’ikiyago, kubaza ibibazo no gutanga inyishu si umwanya w’insiguro zitangwa n’abambaye neza gusa, bazi guhibongoza bashizwe hejuru y’ikoraniro ryose (ivyo ni vyo birambira ikoraniro). Abungere “si bo bategura ubutumwa bwo ku wamungu.” Umuntu wese (harimwo n’abashingantahe b’ishengero/ ubungere/ abazezwashengero) ategerezwa kwigishwa na Mpwemu Yera.

Mur’iryo shengero ndiko ndavuga, igihe inzu itagikwirwamwo abantu, abashingantahe b’ishengero ntibaja kurondera inzu nini yo gukoraniramwo. Birazwi neza kw’iryo koraniro riba rigeze kugaburwamwo amakoraniro abiri bagaca bararondera Mpwemu abayoborere mu kibanza ashaka akababwira n’uwutegerezwa kuyobora iryo shengero. Ntibari bakeneye kurondera inyigisho n’ibitabo vy’abigisha ivyo gukura no gutanguza amashengero mashasha kugira ngo bamenye uko babigenza; baba bamaze kwumva muri bo uwuzoshingwa iryo shengero rishasha, uwo na we yaca ashishikara kwigisha izo ntama ziwe nkeya kukw’asanzwe azizi neza. Iryo shengero ro mu nzu ryaca rija mu karere gashasha kuvuga ubutumwa ryereka abatizera kw’abakristo—bakundana. Vyari vyoroshe gutumira abatizera kuko babatumira gusangira imfungurwa.

Umwungere Ahiriwe (The Blessed Pastor)

Nta mushingantahe w’ishengero/umwungere/umuzezwashengero “yarengerwa” n’ibikorwa vy’ishengero nk’uko tubibona mw’ishengero ry’iki gihe. (Har’icigwa cerekana kw’abungere 1,800 baheba ibango ry’ubwungere muri Amerika uko umwaka utashe) Umwungere yazezwa intama nkeya ashobora kwitwararika, kand’izo ntama zirashobora kumumara ubukene akaronka umwanya wo gusenga, kwiga ijambo, kuvuga ubutumwa bwiza, kwitwararika abakene, gusura no gusengera abarwayi no kugira bigishwa bashasha. Kuyobora ishengero ntivyar’amananiza.

Abashingantahe b’ishengero/abungere/abazezwashengero babwiriza karere baherereyemwo ata ngorane. Nta murongozi yiyumvira kugira “ishengero risumba amashengero yose” canke ngw’ahiganire kugira “ibikorane vy’urwaruka binini cane” cank’ “ibikorane bizana abana benshi mw’ishengero.” Abantu ntibaza mw’ishengero kuraba kw’abaririmvyi batamba neza canke ko mwungere yigishije neza. Abakristo bamaze kuvuka ubwa kabiri bagendera mu rukundo rwa Yesu n’abantu Biwe. Basangira ivyo Imana yabahezagiye mu munezero. Intumbero yabo yari ukwumvira Yesu no kwitegurira guhagarara imbere y’intebe y’amateka ata kinubwe.

Amashengero yo mu nzu yaragira ingorane nk’uko bivugwa mu vyete vyandikiwe amashengero. Izo ngorane ntaho zihuriye n’izihanze amashengero menshi y’iki gihe kukw’iz’iki gihe zizibira igikorwa co kugira abigishwa kubera inyubako n’imikorere irondera inyungu mbi. Nta nyubako zavugwa gushika ku ntango y’ikinjana ca kane. Iy’uba mu binjana bitatu vya mbere igikorwa cawe cogize iyindi ntumbero?

Uko dushishikara gusobanura nabi Bibiliya ni ko tubandanya duta intumbero y’Imana yo kugira abigishwa. Imitegekere n’ibikorwa bitisunga ico Bibiliya ni vyo bizibira igikorwa co kugira abigishwa.

 


[1]

Umwungere (izina ry’ikigiriki ni poimain, risobanura uwuragira) ni co kimwe n’umushingantahe w’ishengero (izina ry’ikigiriki presbuteros), hamwe n’umuzezwashengero (izina ry’ikigiriki episkopos, ryasobanuwe bishop muri bibiliya yitwa KJV). Paulo yabwiye abashingantahe b’ishengero muri Efeso (presbuteros) ko Mpwemu Yera yabagize abazezwashengero (episkopos), ngo baragire (irivuga ry’ikigiriki poimaino) ubusho bw’Imana (raba Ivyak.20:28). Yakoresheje amajambo abashingantahe b’ishengero (presbuteros) n’ abazezwashengero (episkopos) nk’ayitiranwa muri Tito 1:5-7. Petero na we ahanura abashingantahe b’ishengero (presbuteros) kuragira (poimaino) ubusho (raba 1 Pet. 5:1-2). Iciyumviro c’uko bishop (bibiliya yitwa KJV isobanura episkopos) canke pasitori mukuru ariwe aruta abandi bungere cank’abashingantahe b’ishengero, akaba ari we azezwa amashengero menshi ni ivyiyumviro vy’abantu buntu.

[2]

Kuvuga k’umurongozi ategerezwa kuba yarize ni ikimenyetso c’akaranda kabi mw’ishengero, kuko bitiranya ubwenge bwo kw’ishure n’ugukura mu mpwemu. Bakiyumvirak’umuntu azi vyinshi ari we akuze mu mpwemu, ntibamenyeko ashobora kuba atarakura, yikakisha kuber’ivyo yize. Paulo yanditse, ati“ubwenge burakakisha” (1 kor. 8:1). Kanatsinda, umuntu yumviriza inyigisho zirambira imisi yose y’ubuzima bwiwe nyene ni zo azokwigisha kuk’umuntu atanga ico afise!

[3]

Mu cete ca mbere Paul yandikiye Timoteyo n’ico yandikiye Tito avugako yabasize inyuma ngo bashireho abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero mu mashengero. Timoteyo na Tito bari bashoboye gukurikirana abo bashingantahe/bazezwashengero iyo bekenewe. Barashobora guhura n’abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero bakabigisha, nk’uko Paulo yanditse, “Ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bashobora kuvyigisha abandi” (2 Tim. 2:2).

[4]

Raba Ivyak. 2:2, 46; 5:42; 8:3; 12:12; 16:40: 20:20; Rom. 16:5: 1 Kor. 16:19; Kol. 4:15; Fil. 1:2; 2 Yohana 1:10

[5]

Ivyete vya Paulo ku mashengero vyandikiwe abantu bo mu mashengero atandukanye, si ku bashingantahe b’amashengero cank’abazezwashengero gusa. Mu vyete vyiwe bibiri Paulo aradomako urutoke abashingantahe b’Ishengero/abungere/abazezwashengero. Igihe abavuga mu ndamukanyo, ntaba ashaka ko biyumvire yukw’ivyo yanditse bitabaraba (raba Fil. 1:1). Ahandi Paulo arashira abungere mu murwi w’abakozi bakora mu gutunganya abera (raba Ef. 4:11-12). Biratangaje kubona Paulo ataco avuga ku bashingantahe b’ishengero igihe atanga ivyitonderwa nk’ah’umengo ntibibaraba, nk’ivyo kurya ku Ngaburo Yera, no gutunganyiriza Abera. Ibi vyose vyerekanakw’abashingantahe b’ishengero/abungere batari vyose muri vyose nk’uko bimeze mu mashengero ya none.

[6]

Raba Ivyak. 2:2, 46; 5:42; 8:3; 12:12; 16:40: 20:20; Rom. 16:5: 1 Kor. 16:19; Kol. 4:15; Fil. 1:2; 2 Yohana 1:10