Umugambi w’Imana Uhoraho (God’s Eternal Plan)

Igice ca Mirongwibiri n’Umunani (Chapter Twenty-Eight)

Imana yaturemeye iki? Mbega hari umugambi yari ifise guhera kw’itanguriro? Ntiyarizi kw’abantu bazoyigarariza? Ntiyobona ingaruka y’ubugarariji bwacu, amagorwa n’imibabaro y’abazaba kw’isi? None ni kuki yaremwe umuntu imuha ikibanza ca mbere?

Bibiliya iratanga inyishu y’ivyo bibazo vyose. Ivugako n’imbere yo kurema Adamu na Eva, Imana yaramenyeko bo n’abana bazovyara bazocumura. Biratangaje kubona yari imaze gushiraho umugambi wo gucungura isi icishirije muri Yesu. Paulo yanditse kuvy’imbere y’irema ati,

Nk’uk’ubushobozi bw’Imana bugushoboza, yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’utewe n’ uko yabigabiye ubwayo, kand’utewe n’ubuntu bwayo, twaherewe muri Kristo ibihe vyose bitaraba (2 Tim. 1:8b-9, dushimikiye ku nsobanuro.

Twaronkeye ubuntu bw’Imana muri Kristo ibihe vyose bitaraba, atari kubw’ ibihe vyose. ibi vyerekana yuko n’urupfu rwa Yesu rwari rwarateguwe kuva kera cane.

Nk’uko nyene, Paulo yandikiye Abanyefeso:

Nk’ukw’imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu (Efe. 3:11, dushimikiye ku nsobanuro).

Urupfu rwa Yesu ku musaraba ntirwabaye giturumbuka, s’ingingo yafashwe gihutihuti cank’ikintu Imana itigeze itegura.

Imana ntiyari ifise gusa iyo integuro yo gutanga ubuntu bwayo imbere y’ibihe vyose, yaramenye abazokwemera ubwo buntu bwayo yandika amazina mu gitabo:

Kand’ababa kw’isi bose bazogisenga [igikoko kiri mu vyahishuwe], umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’umwagazi w’Intama yatanzwe kw’ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi [Yesu] (Ivyah. 13:8, dushimikiye ku nsobanuro).

Ugucumura kwa Adamu ntikwatangaje Imana. N’ukwawe cank’ukwanje ntigutangaza Imana. Imana yaramenyeko tuzokora ivyaha, kandi yaramenye uwuzogira umuntima wo kwihana no kwizera Umwami yesu.

Ikibazo Gikurikira (The Next Question)

Nimba Imana yaramenyeko hari abazokwizera n’abatazokwizera Yesu, ni kuki yaremye abantu izi ko bazoyanka? Ni kuki itaremye gusa abantu bazokwihana no kwizera Yesu?

Inyishu y’ico kibazo iragoye gutahura, ariko irumvikana.

Ica mbere, dutegerezwa gutahura yukw’Imana yaduhaye uguhitamwo igihe yaturema. Bisigurako twese dushobora gufata ingingo yo guhitamwo ubwacu gukorera Imana canke kutayikorera. Guhitamwo kwumvira canke kutumvira, kwihana canke kutihana, ivyo vyose s’Imana ibitegura. Ni uguhitamwo kwacu.

Ko bimeze gurtyo, umuntu wese muri twebwe ategerezwa kugeragezwa. Imana irazi ico tuzokora, ariko dutegerezwa kugira ico dukoze kugira ishobore kumenya ico tuzokora.

Akarorero, Imana irazi ingene urukino ruza kumera imbere y’uko rukinwa, ariko hategerezwa urukino rutegerezwa gukinwa kugira ngw’Imana ishobora kumenya uko ruza kugenda. Imana ntimenya (kandi ntishobora) kumenya uko urukino ruhava rugenda igihe rutakinywe kuko nta kintu na kimwe kigiye gukoreka.

Nk’uko nyene, Imana ishobora kumenya ivy’abantu bahitamwo igihe abo bantu bahabwa akaryo ko guhitamwo no gukora ivyo bahisemwo. Bategerezwa kugeragezwa. Ni co gituma Imana itaremye (kand’itarikurema) gusa abantu izi ko bazokwihana no gukurikira Yesu.

Ikindi Kibazo (Another Question)

Umuntu arashobora kubaza ati, “Nimba Imana ishaka abayubaha gusa, ni kuki yaduhaye umwidengemvyo wo guhitamwo? Ni kuki itagize ihanga ry’abantu bamwumvira gusa?”

Inyishu ni kuberako Imana ari Data. Ishaka kugira imigenderanire n’abana bayo nk’uwundi muvyeyi wese. Imana yifuza kugira ihanga ry’abana batoranijwe, bahisemwo kuyikunda ata kagobero. Nk’ukw’ivyanditswe bivuga, uyo ni wo mugambi wayo uhoraho:

Kugira ngo tube abera tutagira agasembwa imbere yayo, turi mu rukundo. Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubwayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara (Efe. 1:4b-5, dushimikiye ku nsobanuro).

Ushaka kumenya uko umunezero w’Imana wongana igihe yogira imigenderanire n’ivyuma bitavuga? Fata igikinisho gifise ishusho ry’umwana ugiterure ugitwengere uce ugisaba kikubwireko kigukunda. Ndaziko atamunezero wogira gihindutse umwana wawe Ico gishushanyo nticanse gusa kukubwira yuko kigukunda, ntikigunda na gato.

Igituma urukundo ruryoha ni ugukundwa n’umuntu yafashe ingingo yo kugukunda. Ibishushanyo nta kintu na kimwe c’urukundo bizi kuko bitifatira ingingo ubwavyo.

Kuberako Imana yifuje ihanga rigizwe n’abana bahisemwo kuyikunda no kuyikorera bivuye mu mitima yabo, ni co gituma yategerezwa kurema abantu bihitiramwo ubwabo. Iyo ngingo ni yo yatumye haremwa abantu bashobora guhitamwo kwanka Imana no kutayiko- rera. Kand’ivyo binyabugingo yaremye, ni vyava mw’isi bigarariza Imana yihishura kuri vyo icishirije mu vyo yaremye vyose, mu bwenge bwo kwemera ubutumwa, bizoronka igihano bikwiranye kuko vyahisemwo gucirwako iteka mu burake bw’Imana.

Nta muntu n’umwe ashobora kurega canke kwidodombera Imana ari i kuzimu kuko yahaye umuntu wese akaryo ko guhunga no gukira igihano c’icaha. Imana yifuza kw’abantu bose bakira (raba 1Tim. 2:4; 2 Pet. 3:9), arik’umuntu ni we yifatira ingingo.

Gutoranywa muri Bibiliya (Biblical Predestination)

None twofata gute ya miringo iri mw’Isezerano Rishasha ivugako Imana yadutoranije, idutoranya itarashiraho amatanguriro y’isi?

Birababaje kubona hari abantu biyumvira kw’Imana yatoranirije bamwe gukizwa abandi gucirwako urubanza, itarinze no kuraba ivy’abo bantu bakoze. Bisigurakw’Imana imaze guhitamwo ubwayo abazokizwa n’abazocirwako urubanza. Ico ciyumviro kirwanya ivyo duhejeje kuvuga. Umuntu ubwiwe ni we yihitaramwo nk’uko n’ivyanditswe bivuga. Reka turabe ico Bibiliya yigisha ku vyo gutoranywa.

Vy’ukuri, ivyanditswe bivugakw’Imana yadutoranije. Imana yahisemwo gucungura abantu itarashiraho amatanguriro y’isi. Abo nibo yamenye ko bazokwihana no kwizera ubutumwa bwiza bari musi y’uburongozi bwiwe, ariko ni bo bifatira ingingo ubwabo. Reka dusome ico intumwa Paulo yavuze kur’uko guhitamwo gutandukanye:

Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw’ivaynditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana, ati “Mwami, bishe abavugishwa nawe, basambuye ibicaniro vyawe, nanje nsigaye jenyene, kandi barengenza ngo banyice.” Arikw’Imana yamwishuye ngw’iki? Iti “ Nishigarije abantu ibihumbi ndwi batapfukamiye Bayali.” Nuko ni ko biri no mur’iki gihe, har’amasigarira nk’uko yatoranijwe n’ubuntu bw’Imana (Rom. 11:2-5, dushimikiye ku nsobanuro).

Menya yukw’Imana yabwiye Eliya ko “Yisigarije abantu ibihumbi ndwi.” Abo bantu nibo bahisemwo ubwabo “kudapfukamira Bayali.” Paulo avuga ati nuko ni ko biri, hari amasigarira y’abayuda nk’uko yotoranijwe n’Imana. Turashobora natwe kuvuga duti, Imana yaradutoranije, arikw’Imana yatoranije ababanje gufata ingingo zikiza ubugingo bwabo. Imana yatoranije gukiza abantu bose bazokwizera Yesu, ni wo mugambi wayo uhereye imbere y’irema.

Ugutoranya kw’Imana Uhereye Kera (God’s Foreknowledge)

Muri iyi mirongo nyene, ivyanditswe bitwigishakw’Imana yamenye uhereye kera abazofata ingingo nziza. Akarorero, tubona Petero yandika ati:

Abatoranijwe b’inyambukira…mwatoranijwe mu kwezwa kwa Mpwemu nk’ukw’Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera (1 Pet. 1:1-2a, dushimikiye ku nsobanuro).

Twatoranijwe n’Imana nk’uko yatumenye uhereye kera. Paulo yaravuze ku bizera yamenye uhereye kera ati:

Kukw’abo [Yesu] yamenye kera yabatoranije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw’abe imfura muri bene Se benshi: Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije yabahaye ubwiza (Rom. 8:29-30).

Imana yamenye kera abo muri twebwe bazohitamwo kwizera Yesu, kandi yadutoranije kera gushushanywa n’ishusho ry’Umwana wayo, tube abana bavyawe gusha ngo tube mu muryango wayo munini. Mu kuduha ubuzima budashira, yaduhamagaye icishirije mu butumwa bwiza, iradutsindanishiriza (itugira abagororotsi) kand’izoduha ubwiza mu bwami bwayo.

Paulo asubira kwandika mu kindi cete ati:

Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw’ijuru muri Kristo, nk’uko yadutoranije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembwa imbere yayo, turi mu rukundo. Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubwayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara: kugira ng’ubwiza bw’ubuntu bwayo bushimwe, ubwo yatugabiriye mu wo ikunda (Efe. 1:3-6, dushimikiye ku nsobanuro).

Kwa kuri kurasubiye kuvugwa ngaha—Imana yaradutoranije (abo yamenye kera ko bazokwihana no kwizera) itararema isi ngo bayibere abana bera icishirije muri Yesu Kristo.

Nk’uko tumaze kubivuga, hari abanntu bahindura iyo mirongo bibagira ico Bibiliya yose yigisha. Bavugako atari twebwe ubwacu twahisemwo gukiza—bavugako ukwo guhitamwo ari Imana yakuduhaye ariko ikwima abandi. Ni co bita inyigisho yo “gutoranywa n’Imana ubwayo,” bisigura yuko twatoranijwe ata kintu na kimwe turinze gukora? Mu bihugu vyikukiye, dutora abatware dufise ico twisunga mu bwenge cank’ukwitegereza kwacu. Turongora abagore kuko bafise ico bashobora, ingeso bafise zituma tubakunda. Arikw’abigisha Bibiliya bamwe bamwe bagombako twizera kw’Imana ari yo ihitamwo abo ishaka gukiza n’abo idashaka gukiza kukw’ari yo “itoranya ubwayo,” itarinze kuraba yuk’umuntu ashitsa ibisabwa. Ugukizwa kwoba ari ibakwe ry’umuntu, bibaye gurtyo Imana yoba irenganya, itagororoka, yoba ari igisigo kitagira ubwenge! Iryo jambo , “gutoranywa n’Imana ubwayo” risobanuwe gurtyo, ryirwanya insobanuro y’ijambo gutoranya kuko ugutoranya kwisunga ibisabwa banaka. Igihe ari ”ugutoranya ikivunga” ntikuba kukiri ugutoranywa, riba ari ibakwe gusa.

Ishusho Rinini (The Big Picture)

Turabe iciyumviro nyamukuru. Imana yari izi ko twese tuzokora ivyaha, ica igira umugambi wo kuducungura tutaravuka. Uyo mugambi uhishura urukundo ryayo ruhebuje n’ukugororoka kwayo, kuko Umwana wayo atagira icaha yategerezwa gupfa ahongere ivyaha vyacu. Kand’Imana ntiyateguye kw’igihe twihanye tubabarirwa gusa, ariko ko turonka ishusho ry’Umwana wayo Yesu, nk’uko Paulo abivuga, “Si jewe nkiriho ariko ni Kristo muri jewe.” (Gal. 2:20).

Twebwe abana b’Imana twavutse ubwa kabiri tuzohabwa imibiri itabora, kandi tuzoba mu kwezwa, dukundana no gukorana na Data wo mw’ijuru! Tuzoba mw’isi nsha na Yerusalemu nsha. Ibi vyose bizoshoboka kubw’ukwitanga kwa Yesu gushika ku rupfu rw’umusaraba! Imana ishimwe kubw’umugambi wiwe wo kudutoranya!

Ubu Bugingo (This Present Life)

Igihe dutahuye umugambi uhoraho w’Imana, duca dutahura neza ivy’ubu buzima turimwo. Ica mbere, ubu buzima n’igipimo c’umuntu wese. Uguhitamwo kw’umuntu ni kwo gutuma yinjira mu migisha yo kuba umwana w’Imana akazobana na we ibihe vyose. Uyo acisha bugufi bakemerere kiwe, yemera kurongorwa n’ Imana, arihana akizera. Uyo ni we azoshirwa hejuru (raba Luka 18:14). Ubu buzima ni igipimo ciza c’ubuzima buzoza.

Bituma kandi dutahura amabanga agize ubu buzima bwa none. Akarorero, hari abantu benshi bibajije bati, “Ni kuki Satani n’abadayimoni biwe bemererwa kugerageza abantu?” Canke, “Igihe Satani yakororwa ava mw’ijuru, ni kuki atabujijwe gushika kw’isi?”

Duca tubonako Satani afasha mu gushitsa intumbero y’Imana. Ikindi, Satani ni we ab’isi bategerezwa kwizera igihe banes kwizera Imana. Iyo abantu batagira ikindi bahitamwo Atari ukwizera Yesu, umuntu wese yategerezwa gukorera Yesu vyanka vyakunda.

Vyogereranywa n’amatora bategeka umuntu wese kuja gutora, ariko bagashiraho uwitoza umwe gusa. Yotorwa na bose, ariko ntashobora kumenya igitigiri c’abamukunda n’aho bamutoye! Bamutoye kukw’ata wundi bari gutora. Niko vyobaye no ku Mana igihe idafise uwo bahiganwa.

Rabire k’uru ruhande: Vyari kugenda gute iy’Imana ishira Adamu na Eva mw’itongo ritagira ikizira na kimwe? Adamu na Eva bogereranijwe n’ibikoko. Ntibarikwigera bavuga bati, vy’ukuri “Twarahisemwo Imana,” kukw’ata karyo bahawe ko kugarariza Imana.

Ikirengeye vyose, Imana ntiyarigushobora kuvuga iti, “Ndabonyeko Adamu na Eva bankunda,” kuko Adamu na Eva batahawe akaryo na gato ko gukunda Imana. Imana itegerezwa gutanga uguhitamwo kugira ngw’iboneko hai ’abayikunda kuko bahisemwo kuyubaha. Ntawe Imana igerageza (raba Yak. 1:13), arikw’isuzuma abantu bose (raba Zab. 11:5; Imig. 17:3). Imwe mu nzira zo gusuzuma abantu ni ukureka Satani abagerageze, kuko ni vyo bishitsa intumbero y’Imana.

Akarorero Keza Cane (A Perfect Example)

Dusome Gusubira mu Vyagezwe 13:1-3:

Muri mwebwe ni haduka umuvugishwa cank’umurosi, akabaha ikimenyamenya cank’akababarira igitangaza, ico kimenyamenya cank’ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati “Tuzetugendanire izindi mana, tuzisabe; kand’ar’imana mutigeze kumenya, nti muze mwemere amajambo y’uwo muvugishwa cank’uyo murosi, kuk’Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw’amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose (dushimikiye ku nsobanuro).

S’Imana yahaye uyo muvugishwa w’ibinyoma ubushobozi bwo gukora ikimenyetso cank’igitangaza—Satani ni we yabikoze. Arikw’Imana ni yo yakoresheje ico kigeragezo ca Satani nka rwiwe kugira ngw’ibone ikiri mu mitima y’abo bantu.

Ni ko biri no mugitabo c’abazamanza 2:21-3:8 ah’Imana yaretse ayandi mahanga agerageza Isirayeli, Imana irabeko bayumvira canke batayumvira. Na Yesu nyene yarongowe na Mpwemu kuja kugeragezwa na wa mubi (raba Mat. 4:1) mu gusuzumwa n’Imana. Yategerezwa kubonekako ata caha afise, nico gituma yageragejwe.

Ntidute Imirarwe kuri Satani (Satan Does Not Deserve All the Blame)

Satani amaze guhenda amasinzi y’abantu kw’isi mu kubahuma amaso ntibabone ukuri kuzanwa n’ubutumwa bwiza, ariko ni vyiza kumenyako adashobora kuboha umuntu wese abonye. Ashobora gusa guhenda abemera guhendwa na we, abantu banse ukuri.

Paulo ni we yavuzekw’abatizera “ugutahura kwabo kwashizwe umwiza” (Efe. 4:18) ntibatahura na gato. Ntiyibagiye kwerekana ikibituma:

Ngo ntimube mukigenda nk’ukw’abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bwenge bwabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubw’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo. Kandi babaye ibiti, bishira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bwose bifatanije n’ukwifuza. (Efe. 4:17b-19, dushimikiye ku nsobanuro).

Ingorane y’abatizera s’uko Satani yabahenze gusa. Ariko, yabagize abanyavyaha b’abagarariji bahisemwo kuguma bubujuju no kwama bahendwa kukw’imitima yabo yakomantajwe.

Nta muntu n’umwe akunda guhendwa, asanga yahenzwe! Igihe woroheje umutima ku Mana, Satani ntashobora kwama aguhenda.

Turaziko Satani azobohwa imyaka igihumbi igihe c’inganji ya Kristo, kandi nta muntu n’umwe azoba agifiseko ububasha:

[Umumarayika] afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw’ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushik’ah’iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito (Ivyah. 20:2-3).

Menya yukw’imbere yo kubohwa, Satani “azimiza amahanga,” arikw’aboshe ntazoba akiyazimiza ukundi. Ni yabohorwa, azosubira kuyazimiza ubugira kandi:

Kand’iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw’ave mw’ibohero, azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi…bakikiza ah’ingabo z’abera zishagaje….umuriro uratibuka uvuye mw’ijuru, urabarigata (Ivyah. 20:7-9, dushimikiye ku nsobanuro).

Ni kuki Imana izohobora Satani igihe gito? Ni kugira ngo bamwe banka Kristo mu mitima yabo ariko bakigirishako bamukunda baje ahabona igihe c’inganji yiwe. Bashobore gucirwa urubanza izuba riva. Ni co gipimo ca nyuma.

Kubw’iyo mvo nyene, Satani yarahawe gukorera kw’isi mur’iki gihe—kugira ngw’abantu bose banka Kristo mu mitima yabo baje ahabona bacirwe urubanza rubakwiriye. Igihe Imana itazoba igikeneye Satani, ni hamwe handitse ko wa mubeshi azoca atererwa mu kiyaga caka umuriro ngw’ababarizweyo (raba Ivyah. 20:10).

Kwitegurira Isi Igiye Kuza (Preparing For the Future World)

Ukaba warihanye ukizera ubutumwa bwiza, menyako umaze kunesha ikigeragezo ca mbere gikomeye mu buzima bwawe. Ntiwiyumvireko uzobura ibikugerageza kukw’Imana ishaka kumenya aho ugeza kuyikunda n’ubwizigirwa bwawe kuri yo. “Abazoshishikara mu kwizera” gusa ni bo bazoshikanirwa Imana “bera ata gasembwa bagira” (Kol. 1:22-23).

Ikirengeye ibi, ivyanditswe bitubwira twese ko tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana, ari nah’umuntu wese azohemberwa ico yakoze bingana n’ingene wumvira ukiri kw’isi. Ni co gituma tugisuzumwa kugira ivyo tuzohembwa mu bwami bw’Imana bimenyekane. Paulo yanditse, ati

Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukengera mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana. Kuko handitswe, ngo “Nk’uko ndiho, n’uk’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizovuga ishemwe ry’Imana.” Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azobazwa n’Imana ivyo yakoze (Rom. 14:10-12, dushimikiye ku nsobanuro).

Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabwe ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi (2 Kor. 5:10).

Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye (1 Kor. 4:5, hongeweko insobanuro).

Udushimwe Tuzoba Utuhe? (What Will be the Rewards?)

Mbega aberekanye urukundo no kwihebera Yesu, bazohembwa iki?

Ivyanditswe bivuga ubwoko bubiri bw’impembo—gushimwa n’Imana n’ukuyikorera. Zompi zavuzwe na Yesu mu mugani w’umutunzi:

Nukw’aravuga, ati “Habaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngw’agaruke. Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha amahera cumi yitwa mina, arababarira, ati ‘Muyacuruze mugeze aho nzozira.’ Arikw’abantu biwe baramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’’Uyo ntitugomba kw’atuganza.’ Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngw’amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacururza. Uwa mbere arengutse, aravuga, ati ‘Mugenzi, mina yawe yungutsemw’izindi mina cumi.’ Aramubwira, ati , ‘Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi.’ Uwa kabiri arengutse, aravuga, ati ‘Mugenzi, mina yawe yungutsemw’izindi mina zitanu’. Uwo na we aramubarira, ati ‘Nawe twara ibisagara bitanu.’ Uwundi arengutse, aravuga, ati ‘Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabitse itekeye mu kiremo: kuko nagutinye kur’umuntu w’umuhambazi, uterura ivy’utahateretse, wimbura ivy’utarimye.’ Aramubarira, ati ‘Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’uzi yuko nd’umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntahateretse, nimbura ivyo ntarimwe: none se n’iki cakubujije guha abacuruza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n’inyungu yayo?’ abarira abahagazeho, ati ‘Ni mumwake ya mina muyihe uwufise imina cumi.’ Baramubwira, bati ‘Mugenzi mbegakw’afise cumi!’ Ndababwire, ‘Uwufise wese azohabwa, arik’uwudafise azokwakwa n’ico yar’afise. Arikw’abo bansi banje batakunze kombaganza ni mubazane hano, mubicire imbere yanje’” (Luka 19:12-27).

Biragaragarako Yesu agereranywa n’uyo mutware yamaze igihe adahari ariko yaragarutse. Igihe Yesu azogarukirako, tuzomubwira ico twakoresheje ingabire zacu, ubushobozi, amabango, n’ubutunzi yaduhaye, ari vyo bigereranywa na mina yahawe umukozi wese mur’uyu mugani. Tubaye abizigirwa, tuzohabwa amashimwe ava iwe n’ubushobozi bwo kuganza no gutegeka isi (raba 2Tim. 2:12; Ivyah. 2:26-27; 5:10; 20:6), bigereranywa n’ibisagara umukozi wese w’umwizigirwa yahawe gutwara.

Ukugororoka kw’Imanza Tuzocibwa (The Fairness of Our Future Judgment)

Uwundi mugani Yesu yavuze werekana ingene imanza tuzocibwa zigororoka:

Ubwami bwo mw’ijuru busa na ny’urugo azindutse kurondera abamukorera mu ruzabibu rwiwe. Ategeranya n’abakozi ku musi kubaha idenariyo, abarungika mu ruzabibu rwiwe. Nko kw’isaha zitanu aragenda, abona abandi bihagarariye mu kaguriro ata co bakora. Na bo arababwira, ati ‘Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mu kwiranye,’ Baragenda. Yongera kugenda kw’isaha zitandatu no ku y’icenda, agira kuno. Kandi nko kw’isaha cumi n’imwe aragenda, abona abandi bihagarariye; arababwira; ati ‘Mbega ko mwahagaze hano umusi wose ataco mukora?’ Baramwishura, bati ‘N’ukw’ata waturaritse. Arababwira, ati ‘Namwe ni mungire mu ruzabibu.’ Bugorovye, nyen’uruzabibu abwira umukoresha wiwe, ati ‘Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.’ Abaje kw’isaha cumi n’imwe bahabwa idenariyo imwe-imwe. Abatanguye kare baje, bagira ngo bagererwa ibirenze. Ariko bahabwa idenariyo imwe-imwe na bo. Bayahawe bidodombera nyen’uruzabibu, bat’’Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none k’ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba!’ Nawe yishura umwe muri bo, ati “ Mugenzi wanje, sinkugiriye nabi; ntitwemeranije idenariyo imwe? Fata iyawe, ugende. Uyo wo hanyumu nagomvye kumugerera nkawe. Har’ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?” Uko ni kw’ab’inyuma bazoba ab’imbere, kand’ab’imbere bazoba ab’inyuma (Mat. 20:1-16).

Muri uyu mugani Yesu ntiyariko yigishako abakozi b’Imana bose bazohabwa ingero imwe. Ntivyoba bibi gusa, vyoba binyuranije n’ibindi vyanditswe (raba, Luka 19:12-27; 1Kor. 3:8).

Ahubwo, Yesu yariko yigisha yuko umukozi w’Imana wese azoshimirwa hisunzwe ubwinshi cank’ubuke bw’ivyo yahawe mu gukorere Imana. Rero abakoreye neza Imana kw’isaha yabo imwe banganije n’abakoreye Imana umusi wose nk’uko uyu mugani uvyerekana, nyene uruzabibu yarishe umukozi wese avyo akwiriye.

Kuri bamwe, Imana itanga umwanya munini wogukorera no guhezagira ibihumbi vy’abantu mu gukoresha ingabire zitandukanye bahawa nayo. Abandi bahabwa umwana mutoya n’ingabire nke, ariko bashobora guhembwa co kimwe n’aba mbere igihe bakoze mu bwizigirwa ivy’Imana ibategeka.

[1]

 

Incamake (The Conclusion)

Nta kintu ngirakamaro nko kwumvira Imana, kandi hari umusi umuntu wese azobitahura. Abanyabwenge basanzwe babizi kandi barabigendera!

Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw’ivy’ari vyo bibereye rwose umuntu wese. Kukw’Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza (Umus. 12:13-14).

Umukozi agira abigishwa yumvira Imana n’umutima wiwe wose agakora ibishoboka vyose atere intege abigishwa biwe kugira nk’uko nyene!

Ushaka kumenya vyinshi ku mateka azoba, raba Mat. 6:1-6, 16-18; 10:41-42; 12:36-37; 19:28-29; 25:14-30; Luka 12:2-3; 14:12-14; 16:10-13; 1Kor. 3:5-15; 2 Tim. 2:12; 1Pet. 1:17; Ivyah. 2:26-27; 5:10; 20:6.

 


[1]

Kand’uyu mugani ntiwigishakw’abihanye bakiri bato bagakorera Imana mu bwizigirwa imyaka myinshi bazohembwa ibingana n’ibihanye basigaje kuba kw’isi imyaka mikeya bagakorera Imana mu bwizigirwa nk’umwaka umwe. Koba ari akarenganyo, kandi ntihoba hakurikijwe ivy’Imana yahaye buri muntu gukora, bivanye n’igihe umuntu yihaniyeko mu buzima bwiwe. Rero abakoze igihe kirekire bazohembwa vyinshi kuruta abakoze akanya gato.