Gusenga no Gutazira (Praise and Worship)

Igice ca Mirongwibiri (Chapter Twenty)

 

Uno mugore aramubwira [Yesu], “ati Mugenzi, ndabona k’ur’umuntu avugishwa n’Imana. Basogokuruza bacu basengera kur’uyu musozi, ariko mweho mugira ngw’ i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.” Yesu aramubwira, “ati Nyizera nyina wanje; igihe kuja kuza, si kur’uyu musozi cank’i Yerusalemu muzosengera Data….arikw’igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo. Imana ni mpwemu, kand’abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri” (Yohana 4:19-24).

Aya majambo ya Yesu ni rwo rufatiro rwo gutahura ivyo gusenga. Yesu aravuga “abayisenga b’ukuri” n’ibibaranga. Bisigurako hari abantu bayisenga mu buryarya. Bashobora kwiyumvira ko basenga Imana kand’atari vyo kuko badashitsa ibisabwa.

Yesu yaravuze ibiranga abasenga b’ukuri—basenga “mu mpwemu no mu kuri.” Turashobora kuvuga kw’abatayisenga mu kuri bayisenga “mu mubiri no mu buryarya.” Abatayisenga mu kuri, barashobora kwigana abasenga, ariko bo ubwabo ntibasenga kuko badakunda Imana.

Gusenga Imana vy’ukuri biva ku mutima ukunda Imana. Gusenga, s’igikorwa tugira igihe ishengero rikoranye, abubaha Kristo basenga badahumeka. Biratangaje, kubona uyo mugore yarikw’avugana na Yesu yari amaze kugira abagabo batanu kandi n’uwo yarafise mur’ako kanya atari rwiwe, arikw’agashaka kuvuga ivy’ikibanza co gusengeramwo Imana! Agereranywa n’abanyedini binjira mu makoraniro yo gusenga bakayigarariza mu vyo bakora. Ntibasenga mu kuri.

Yesu yarigeze gukankamira Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe kubera uburyarya bwo mu mitima yabo:

Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebwe, “at’Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw’imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw’inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu” (Mat. 15:7-9, dushimikiye ku nsobanuro).

N’ah’Abayuda n’Abasamariya b’igihe ca Yesu bashimikira cane ku kibanza co gusengeramwo, Yesu yavuze kw’atari co gikenewe cane. Ahubwo, uk’umutima w’umuntu wese uhagaze n’ingendo y’uwo muntu mu nyonga z’Imana ni vyo biranga ugusenga.

Vyinshi mu vyo bita “gusenga” n’ibikorwa bipfuye bikorwa n’abapfu. “Indirimbo zo mu mpwemu” nyinshi usanga ari ugusubiramwo abandi baririmvyi. Ukwo gusenga ntikugira ubushobozi kukw’ingeso z’abitwa ko basenga zirwanya ivyo bamamaza.

Imana yonezerezwa n’ijambo rimwe rivuye mu mutima w’umwigishwa w’ukuri rivuga ngo “Mana ndagukunda” ha kwumviriza indirimbo z’abaririmvyi injojo baririmba ibitava mu mitima yabo igihe cose bakoranye ku wamungumugitondo ngo “Uri nkuru Mana.”

Gusenga mu Mpwemu (Worshipping in Spirit)

Har’abavugako gusenga “mu mpwemu” ar’ugusenga no kuririmba mu zindi ndimi, ariko si vyo ugereranije n’ivyo Yesu yavuze. Yavuzeko “igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri,” bisigurako har’abantu bashobora gusenga “mu mpwemu“ igihe yarikw’aravuga. Kandi tuzikw’abantu batanguye gusenga mu zindi ndimi ku musi wa Pentekote. Rero, uwizera wese, ar’uwuvuga mu zindi ndimi cank’atazivuga, ashobora gusenga Imana mu mpwemu no mu kuri. Kuririmba no gusenga mu zindi ndimi bishobora gufasha uwizera mur’uku gusenga, ariko no gusenga mu zindi ndimi birashobora kugirwa umuntu adasenga ibivuye ku mutima.

Tubona ugesenga kwagizwe n’ishengero rya mbere mu Vyakozwe n’intumwa 13:1-2:

Kandi muri Antiyokiya, mw’ishengero ryaho, har’abavugishwa n’Imana n’abigisha; umwe ni Barunaba na Simeyoni ari we Nigeru, na Lukiyoni Umunyakurene, na Manayeni yarerewe hamwe n’umwami Herode, hariho na Sauli. Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, “ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye” (dushimikiye ku nsobanuro).

Bibiliya y’icongereza ivugako bariko “bakorera Umwami.” Bisigurako bariko barasenga, tubonako gusenga kw’ukuri ar’ugukorera Imana. Ivyo bishoboka igihe dukunda no kwihebera Umwami.

Inzira zo Gusenga (Ways to Worship)

Igitabo ca Zaburi dushobora kucita igitabo c’indirimbo z’ab’Isirayeli, kiduhanura gusenga Imana mu nzira zitandukanye. Akarorero, muri Zaburi 32 dusoma ngo:

“Yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu” (Zab 32:11b, dushimikiye ku nsobanuro).

N’aho vyogirwa mu gacerere, gusenga gufise ikibanza kugirirwamwo, no kuvuza impundu gufise ikibanza ciza.

Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi. Gushima kurabereye abatunganye. Mushimishe Uhoraho ikembe, mumuririmbire muvuza ishimwe ryiwe mu nanga y’imirya cumi. Mumuririmbire indirimbo nsha: mucurarangishe ubuhinga muyomanze (Zab. 33:1-3, dushimikiye ku nsobanuro).

Igihe dusenga, dutegerezwa kuririmbira Umwami, arik’ukuririmba kwacu gutegerezwa kuba mu munezero, ni k’umutima utegerezwa kumera. Turashobora guherekeza umunezero wacu n’ibicurarangisho vy’umuzika. Ntegerezwa kuvugako mu makoraniro menshi, ibikoresho vy’umuzika birusha ijwi ukuririmba. Bitegerezwa kugabanwa ijwi canke bikazimwa. Uwaririmvye zaburi nta kibazo nk’ico yar’afise!

Uko ni ko nzoguhimbaza, nkiriho: Nzotarika amaboko mw’izina ryawe (Zab. 63:4, dushimikiye ku nsobanuro).

Nk’ikimenyetso co kwishikana no kwubaha, turashobora gutarika amaboko ku Mana.

Yemw’abari mw’isi yose, muvugirize Imana impundu, muririmbe mwerekana icubahiro c’izina ryayo, muhimbaze ishimiwe ryayo. Mubwire Imana, “mut’erega ibikorwa vyawe biteye ubwoba! Ubushobozi bwawe bwinshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema. Abo mw’isi bose bazogusenga, bakuririmbire: Bazoririmbira izina ryawe” (Zab. 66:1-4, dushimikiye ku nsobanuro).

Dutegerezwa kubwira Umwami ingene ari mwiza n’ibituma aba mwiza. Zaburi ni co kibanza ciza tworondereramwo amajambo yo gushima Uhoraho. Dukwiriye kurengera amajambo y’isubiramwo twamenyereye nka “Ndagushima, Mwami!” Harihw’ayandi.

Nimuze tumusenge, twunamwe; Dupfukamire Uhoraho Umuremyi (Zab. 95:6).

N’ingene twifata mu kumusenga vyerekana ingene umutima wacu uri, duhagaze, dupfukamye canke twunamye.

Abakunzi biwe bavugirize impundu mur’ico cubahiro: Baririmbishwe n’akanyamuneza bari ku mariri yabo (Zab. 149:5, dushimikiye ku nsobanuro).

Ntidukwiriye guhagarara canke gupfukama gusa igihe dusenga—twosenga turi no ku mariri yacu.

Mushike mu birimba vyiwe mushima, no mu nyubakwa ziwe muhimbaza; mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe (Zab. 100:4, dushimikiye ku nsobanuro).

Gushima kugira ikibanza iyo dusenga.

Bashimire izina ryiwe mu mvyino (Zab. 149:3, dushimikiye ku nsobanuro).

Turashobora gushima Umwami n’imvyino. Arikw’imvyino ntizibe iz’umubiri, cank’izo kwiyereka canke kunezereza abantu.

Muyishimishe ijwi ry’inzamba, muyishimishe ikembe n’inanga; Muyishimishe agashako k’ingoma n’imvyino, Muyishimishe ibifise imirya n’imyironge, Muyishimishe kuvuza cane ivyitwa matowazi, Muyishimishe kuvuza matowazi mw’ijwi rirengera. Igihumeka cose ni gishime Uhoraho! Haleluya! (Zab. 150:3-6).

Imana ishimwe ko yashizeho abacuraranzi. Ingabire zabo zirashobora guhimbaza igihe bacuraranze bivuye ku mutima.

Indirimbo zo mu Mpwemu (Spiritual Songs)

Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, kuko yakoze ibitangaza (Zab. 98:1a, dushimikiye ku nsobanuro).

Nta kibi co kuririmba indirimbo za kera, ikibi ni kumenyera indirimbo imwe. Ni ho duca dukenera indirimbo nsha iva mu mutima. Mw’Isezerano Rishasha, dutegerezwa kumenyako Mpwemu Yera adufasha gutegura indirimbo nshasha:

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye rigwiriye, ririmw’ubwenge bwose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bwayo (Kol. 3:16).

Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu, ariko mwuzure Mpwemu. Mubwirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu; Imana, Data wa twese, muyishimire imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu (Efe. 5:18-20).

Paulo yavuzeko turirimba “zaburi, amatazirano, n’indirimbo zo mu mpwemu,” hategerezwa kuba itandukaniro hagati y’ivyo bitatu. Ijambo ry’Ikigiriki ryasobanura “zaburi”risigura kuririmba no gucuraranga. “Amatazirano,” ashobora kuba indirimbo zose abera baririmba mu gushima Imana mu mashengero atandukanye. “Amatazirano yo muri Mpwemu” ashobora kuba indirimbo ziva kuri Mpwemu zikagereranywa n’ingabire yo kuvugishwa n’Imana, arikw’ingabire zindi zo kuvuga zishobora guca mu ndirimbo.

Gusenga no gutazira bitegerezwa kuba mu buzima bwacu bwa misi yose—s’ibintu tugira iyo dukoranye gusa. Imisi yose dushobora gukorera Umwami no kurushirizaho kumwegera.

Gutazira—Ukwizera mu Bikorwa ( Praise—Faith in Action)

Gusenga no gutazira vyerekana ukwizera kwacu mu Mana. Igihe twizera amasezerano ari mw’ijambo ry’Imana, biduha umunezero, bikatwuzuza amatazirano. Yosuwa n’ab’Isirayeli babwiwe kuvuza akamo, impome zirasambuka. Bibiliya iduhanura “kunezerwa mu Mwami igihe cose” (Fil. 4:4) no “gushima muri vyose” (1 Tes. 5:18a).

Akarorero kadasanzwe katwereka ububasha buri mu gutazira tugasanga mu 2 Ngoma 20 igihe ihanga ry’Abayuda ryaterwa n’iganbo z’i Mowabu na b’Amoni. Umwami Yehoshafati asenze Imana, Imana imubwira iti:

Nta co mutinya, canke ngo muranduke Imitima kubw’ayo masinzi y’ingabo, kukw’intambara atar’iy’iyanyu, ariko n’iy’Imana. Ejo muze mumanuke mubatege….mur’iyo ntambara ntimuzorinda kurwana, ariko muze mutonde urugamba, mwihagararire gusa, murabe agakiza Uhoraho azobakirisha, yemwe Bayuda namwe b’i Yerusalemu (2 Ngo. 20:15b-17).

Inkuru irabandanya:

Bukeye bwaho barazinduka, bafata inzira ngo baje mu bugararwa bw’i Tekowa; bagitangura kugenda, Yohoshafati ahagarara ngaho, aravuga, ati “Ni muntege amatwi, yemwe Bayuda, namwe ababa i Yerusalemuu; mwizere Uhoraho Imana yanyu, mubone gushikama; mwizere n’abavugishwa na we, mubone gutsinda.” N’ukw’amaze kuja inama n’abantu, ashirakw’abo kuririmba Uhoraho no kumutazira, bashazishije ukwera, kugira ngo bagende bitangiye imbere y’ingabo, baririmbe, bati “Ni mushime Uhoraho kukw’imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira. Nuko bakiririmba no gutazira, Uhoraho ashirah’abo guca igico abari baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’Abanyamowabu n’abavuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo. Kukw’Abamoni n’Abanyamowabu baciye bahindukirana abavuye ku musozi Seyiri, kugira ngo babice, babageseze; nuko bamazw guherengereza abo Banyaseyiri, bisubiraniramw’ubwabo, umuntu wese na mugenzi we bashirako baricana . Hanyuma Abayuda bashitse ku munara wo kushibamako wo mubugararwa, baginze ngo bararaba ayo masinzi y’ingabo, basanga n’imirambararo hasi, ata warushe akira n’umwe. Maze Yoheshafati n’ingabo ziwe bagiye ngo bisahurire isahu, bahasanga ibigenda vy’ibitayega, n’impuzi, n’ibintu vyinshi, n’utugenegene tw’igiciro, nuko bamaze kubakoba, bibananira kubitwara kuko vyari vyinshi; bamara imisi itatu bisahurira isahu, kuko vyar’isinzi” (2 Ngo. 20: 20-25, dushimikiye ku nsobanuro).

Ugutazira kuva ku kwizera kuzana ukurindwa no guhazwa!

Ushaka kumenya vyinshi k’ubushobozi buri mu gutazira, raba Fil. 4:6-7 (gutazira kuzana amahoro), 2Ngo. 5:1-14 (gutazira kuzana ukubaho kw’Imana), Ivyak. 13:1-2 (gutazira guhishura intumbero n’imigambi y’Imana), n’ivyak. 16:22-26 (gutazira gukura mw’ibohero).