Ishingiro ryo Kwizera (Fundamentals of Faith)

Igice ca Cumi na Kane (Chapter Fourteen)

Kand’uwutizera ntibishoboka kw’ayihimbara; kuk’uwegera Imana akwiye kwizera yukw’iriho, igaha impera abayirondera (Heb. 11:6).

Nk’abizera, ukwizera kwacu kwubakiye ku rufatiro rwo kwemera kw’Imana iriho, kandi idafata co kimwe abayirondera hamwe n’abatayirondera. Igihe twizeye koko ivyo bintu bibiri, duca dutangura guhimbara Imana, kuko tubadutanguye kuyirondera. Kurondera Imana ni (1) kwiga ubugombe bwayo, (2) kuyumvira, hamwe no (3) kwizigira amasezerano yayo. Ivyo bintu bitatu ni vyo biranga ubuzima bwacu bwa misi yose.

Iki gice kivuga cane ingene tugendera mu kwizera. Birababaje kubona abantu basobanura ukwizera gushika aho kurwanya inyigisho za Bibiliya, cane cane kuvy’ubutunzi bwo kw’isi. Kubw’iyo mvo, har’abandi batagomba no kwumva ku vyo kwizera. Umuntu asomye nturi mu ruzi ntibituma tudasubira kunywa ku mazi yarwo. Turashobora kugira urugero rwiza no kuguma mu vy’ivyanditswe vyigisha. Bibiliya ifise vyinshi itwigisha mur’iki cigwa, kand’Imana ishaka ko dushira ukwizera mu masezerano yayo.

Yesu ni we karorero keza k’umuntu afise ukwizera mu Mana, kandi yiteze kw’abigishwa biwe bigira kuri we. Nkuko nyene, umukozi agira abigishwa akubitirwa kuba akarorero keza ku kwizera Imana, kandi yigisha abigishwa biwe kwizera amasezerano y’Imana. Ibi ni ngirakamaro cane. Ntidushobora guhimbara Imana tutagira ukwizera, kandi n’amasengesho yacu ntashobora kwishurwa tutagira ukwizera (raba Mat. 21:22; yak. 1:5-8). Ivyanditswe vyigisha kw’abakekeranya badashobora kuronka imigisha abizera baronka. Yesu yaravuze ko, “Vyose bishobokera uwizera” (Mariko 9:23).

Gusobanura Ukwizera (Faith Defined)

Insobanuro ya Bibiliya y’ukwizera iri mu cete candikiwe Abaheburayo 11:1:

Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw’ar’ivy’ukuri.

Dufatiye kur’iyi nsobanuro, turabona ibintu bitandukanye biranga ukwizera. Ica mbere, uwufise ukwizera agira ukudakekeranya, cank’icemezo. Ibi bitandukanye n’ivyizigiro, kubera yuk’ukwizera “ni kumenya rwose ivyizigirwa.” Kwizigira guha ikibanza ugukekeranya. Ivyizigiro vyama bivuga ngo “kumbure.” Akarorero mvuze nti, “ndizigiye kw’imvura iza kurwa uyu musi kugira umurima wanje uvomerwe.” Ndifuza imvura, ariko sinzi neza kw’ihava igwa. Ariko, kwizera, kwama kuzi neza yuko biba, “kumenya rwose ivyizigirwa.”

Ivy’abantu bita ukwizera , ivyizerwa, kenshi usanga atar’ukwizera nkuko Bibiliya igusobanura. Barashobora kubona ibicu vyirabuye, ni akarorero, ugaca wumva ngo, “Ndizera kw’imvura ihava igwa.” Kandi usanga batazi neza kw’ihav’igwa—ico bakora gusa biyumvira yukw’ata cobuza kw’imvura igwa. Uko s’ukwizera kwa Bibiliya. Ukwizera kwa Bibiliya ntikugira ugukekeranya. Nta kibanza guha ibindi bintu shiti ivyasezeranwe n’Imana gusa.

Ukwizera n’Icemezo c’Ibintu Bitaboneka (Faith is the Conviction of Things Not Seen)

Insobanuro dusanga mu cete candikiwe Abaheburayo 11:1 yerekana kandi yukw’ “ibitabonwa ni kwo kumenyesha kw’ar’ivy’ukuri.” Igihe tubona canke twumva ikintu n’umubiri wacu, nta kwizera kuba gukenewe.

Iyumvire nk’umuntu yokubwira ubu nyene ati, “n’aho ntashobora kubisobanura, ndizera k’ufise igitabo mu kuboko kwawe.” Urashobora kwiyumvira ko har’ikitagenda neza kur’uyo muntu. Uc’umubwira uti, “Namba na gato, ntukeneye kwizera ko mfise igitabo mu maboko, kuko ubona neza ko ndagifise.”

Ukwizera gukorera mw’isi itaboneka. Akarorero, igihe nandika aya majambo, ndizera ko har’umumarayika i ruhande yanje. Kandi, ndabizi ntakekeranya. Ni kuki ndavyizera? Ndamaze kubona umumarayika? Oya. Mbega ndamaze kubona canke kwumva umumarayika aguruka i ruhande yanje? Oya. Iyo noba maze kubona kwumva canke gukora ku mumarayika ari i ruhande yanje—noba ndabizi gusa.

None n’igiki gituma nemera ko har’umumarayika i ruhande yanje? Ukwizera kwanje guhagaze kw’isezerano ry’Imana. Muri Zaburi 34:7, yarasezeranye ko, “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.” Nta kintu na kimwe mfise gituma nizera atari ijambo ry’Imana gusa. Ni ko kwizera kwa Bibiliya— “ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha yukw’ar’ivy’ukuri.” Abantu bo mw’isi bakoresha ijambo, “Kubona ni kwo Kwizera.” Ariko mu bwami bw’Imana igihushanye c’ivyo ni co kuri: “Kwizera ni ko kubona.”

Igihe dushize ukwizera mu masezerano y’Imana, duca mu bintu bituma dushobora gukekeranya, canke tugaca mu bihe aho umenga Imana ntishikije amasezerano yayo kukw’ibihe turimwo bidahinduka. Mu bihe nk’ivyo, wewe guma mu kwizera, kandi ugeme wizera mu mutima kw’Imana ishitsa ijambo ryayo. Ntizi kubesha (raba Tit. 1:2).

Turonka Gute Ukwizera? (How Do We Acquire Faith?)

Kubera yuk’ukwizera kwubakwa ku masezerano y’Imana gusa, ukwizera kwa Bibiliya gufise isoko imwe gusa—Ijambo ry’Imana. Abaroma 10:17 haravuga ngo, “Nuk’ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo ry’Imana rya Kristo (Rom. 10:17, hongeweko insobanuro). Ijambo ry’Imana ni ryo rihishura ubugombe bwayo. Igihe tumenye ubugombe bw’Imana ni ho dushobora kubwizera.

Rero namba ugomba kugira ukwizera, utegerezwa kwumva (canke gusoma) amasezerano y’Imana. Ukwizera ntikuzanwa no gusenga, kwisonzesha canke kurambikwak’ibiganza. Kuzanwa no kwumva ijambo ry’Imana, kandi utegerezwa guhitamwo kuryakira no kuryizera.

Hejuru yo kuronka ukwizera, ukwizera kwacu kurashobora gukura. Bibiliya yerekana intambuko zitandukanye zo kwizera—uhereye ku kwizera gutoya ugashitsa ukwizera guterura imisozi. Ukwizera gukura kandi kukamenyerezwa, nk’imitsi y’umuntu. Dutegerezwa gushishikara kugaburira ukwizera kwacu biciye mu kwiyumvira ijambo ry’Imana. Na ca gihe duca mu bibazo, ubwoba no kwiganyira cane. Imana ntishaka kw’abana bayo biganyira, ahubwo ishaka ko bayizera mu kintu cose kigize ubuzimana (raba Mat. 6:25-34; Flp. 4:6-8; 1 Pet. 5:7). Kwanka kwiganyira n’inzira imwe yo kwizera.

Namba twizeye vy’ukuri ivyo Imana yavuze, tuzokora no kuba mu buzima bwiza. Namba twizera ko Yesu ar’Umwana w’Imana, azoba kandi uvuge nk’umuntu avyizera. Iyo wizeye kw’Imana izokumara ubukene, uzovuga kandi ube mur’ubwo buzima. Iyo wizeye kw’Imana igomba kuguha amagara meza, uzovyatura kandi ubibemwo. Bibiliya yuzuye uturorero tw’abantu, hagati y’ibibagerageza vyinshi, bagendeye ku kwizera bafise mu Mana kandi bahawe ibitangaza nk’impera. Turaraba bimwe mur’ivyo mur’iki gice no mu gice co gukira kuva mw’ijuru. (ushaka utundi turorero twiza, raba 2 Abam. 4:1-7; Mariko 5:25-34; Luka 19:1-10; n’ivyakozwe n’intumwa 14:7-10.)

Ukwizera Kuba mu Mutima (Faith is of the Heart)

Ukwizera kwa Bibiliya ntigurana n’ubwenge bwacu, ahubwo gukorera mu mitima yacu. Paulo yanditse ati, “Kuk’umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka” (Rom. 10:10a). Yesu aravuga ati,

Ndababwira ukuri y’uk’umuntu wese yobwira uyu musozi uyu musozi, ati “Shinguka utabwe mu kiyaga,” ntabikekeranye mu mutima, arikw’akizera yukw’ico avuze gikorwa, azokibona (Mariko 11:23, hongweko insobanuro).

Birashoboka cane gukekeranye mu mutwe arik’ukagira ukwizera mu mutima bigatuma wakira ivyo Imana yasezeranye. Kanatsinda, igihe cose duhisemwo kwizera amasezerano y’Imana, ubwenge bwacu, kubera ivyo twiyumvamwo mu mubiri n’ibinyoma vya Satani, duterwa n’ugukekeranya. Aho ni ho dukenera gukuraho ivyiyumvira vyo gukekeranya tukabisubiriza amasezerano y’Imana kandi tukaguma twizeye tudahugumbwa.

Amakosha Agirwa mu Kwizera (Common Faith Mistakes)

Igihe tugerageje kugira ukwizera mu Mana, birashika ntituronke ico twifuza kuko tutisunze ijambo ry’Imana. Rimwe mu makosha amenyerewe gukorwa ni igihe dushize ukwizera ku bintu Imana itadusezeranye.

Akarorero, ivyanditswe biremera kw’abubakanye bizera Imana ibahe ivyara kukw’amasezerano y’Imana arimwo isezerano bashobora guhagarara ko. Ndaz’umuryango w’abakristo babwiwe n’abaganga ko badashobora kuvyara. Bahitamwo, hamwe n’ivyo, kwizera Imana, bahagarara ku masezerana abiri akurikira, kand’ubu bitwa abavyeyi b’abana beza cane:

Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokura indwara muri mwebwe. Mu gihugu canyu nta wuzokoresha inda, ntawuzoba intavyara: Ibitigiri vy’imisi y’ukubaho kwanyu nzobishitsa, ntimuzokenyuka (Kuv. 23:25-26).

Muzogira umuhezagiro gusumba ayandi mahanga yose; ntihazoba ingumba y’umugabo canke y’umugore muri mwebwe, canke mumasho yanyu (Gus. 7:14).

Aya masezerano arashobora gutera intege imiryango itagira abana! Kugerageza kwizera kuronka umuhungu cank’umukobwa, n’iyindi nkuru. Muri Bibliya nta sezerano ritubwira guhitamwo igitsina c’abana tugomba kuvyara. Tugomba ko ukwizera kwacu gukora dutegerezwa ku guma mu nzitiro z’ijambo ry’Imana. Dushobora kwizera Imana ku yvo yadusezeranye gusa.

Dufate isezerano riri mw’ijambo ry’Imana duce tuvuga ico dushobora kwizera mu kwisunga iryo sezerano:

Kuk’Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka (1 Tes. 4:16).

Dufatiye kur’iki canditswe, turashobora kwizigira ko Yesu azogaruka.

Mbega turashobora gusenga, dufise ukwizera, ngo Yesu azomanuke ejo? Oya, kuko haba iki canditswe haba ibindi vyose nta na kimwe kibudusezerana. Kanatsinda, Yesu yavuze ubwiwe yukw’ata muntu n’umwe azi umusi cank’isaha azogarukira ko.

Turashobora gusenga, tubishatse, mu kwizigira ko Yesu azogaruka ejo, ariko nta kimenyamenya c’uko bitegerezwa kuba. Igihe dusenga mu kwizera, turamenya neza tudakekerana kw’ico dusavye gikoretse kuko tugifisekw’ isezerano ry’Imana.

Dufatiye kur’ico canditswe nyene, turashobora kwizigira kw’imibiri y’abizera bapfuye izo zuka igihe co kugaruka kwa Yesu. Mbega turashobora kugira ukwizera yuko bamwe muri twebwe bazoba bakiri bazima igihe Kristo azogaruka bazokwambikwa imibiri y’izuka igihe kimwe n’”abapfiriye muri Kristo”, cank’imbere yabo? Oya, kubera yukw’iki canditswe kidusezerana igihushanye c’ivyo: “abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka.”Kanatsinda, umurongo uwukurikira ni wo uvuga ngo, “Maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu” (1 Tes. 4:17). Rero, ntibishoboka yuko “abapfiriye muri Kristo”batabanza guhabwa imibiri yabo y’izuka igihe Yesu azogaruka. Ijambo ry’Imana risezerana ivyo gusa.

Twizera Imana ku kintu tuzi neza kw’ari ubugombe bw’Imana kuduha ico dusavye. Ubugombe bw’Imana dushobora kubumenya neza igihe turavye amasezerano y’Imana yanditse muri Bibiliya.

Ni ko ukwizera gukora no mw’isi isanzwe. Woba urwaye igihe wizera ko nzoza i wawe ejo ku muhingamo kandi ntagusezeranye ko nzoza i wawe kur’uyo mwanya.

Ukwizera, kudahagaze kw’isezerano, s’ukwizera na gato—ni ubujuju. Rero utarasaba Imana ikintu na kimwe, banza wibaze ikibazo gikurikira—n’ikihe canditswe muri Bibiliya kinsezerana kumpa ico ngomba gusaba? Shiti ufise isezerano, ukwizera kwawe nta rufatiro rugira.

Ikosha rya Kabiri Rimenyerewe (A Second Common Mistake)

Kenshi abakristo barizera isezerano runaka riva ku Mana ko rikoreka kandi nabo badakwije ibisabwa biherekeza iryo sezerano. Akarorero, ndamaze kwumva abakristo bavuga umurongo uri muri Zaburi 37 bakavuga ngo: “Bibiliya iravuga kw’Imana izobaha ivyo imitima yanyu yifuza. Ngw’ivyo nivyo nizera.”

Ahubwo, Bibiliya ntivuga gusa kw’Imana izoduha ivyo imitima yacu yifuza. Raba neza ico ivuga:

Ntuhagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi, kandi ntukagirire ishari abakora ivy’ukugabiranya. Kuko bazotemwa vuba nk’ubwatsi, bazokwuma nk’ukw’imboga zitotahaye zuma. Wizigire Uhuroha, ukore ivyiza, Guma mu gihugu, ushishikare ivy’ukuri. Uhimbarirwe n’Uhoraho, na we azoguha ivy’umutima wawe ugomba. Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, abe ari we wishimira, na we azobishitsa (Zab. 37:1-5).

Har’ivyitonderwa bitandukanye ku muntu agomba kwizera kw’Imana ihaza umutima wiwe. Kanatsinda, har’ibisabwa bigera ku munani biri mur’iryo sezerano. Shiti dushikiriye ibisabwa, nta burenganzira dufise bwo kwakira imigisha twasezeranywe. Ukwizera kwacu nta rufatiro kuzoba gufise.

Abakristo barakunda kuvuga isezerano riri mu b’i Filipi 4:19: “Kandi Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nkukw’itunga ry’ubwiza ryayo riri.” None, har’ivyitonderwa mur’iryo sezerano? Nta kabuza, birimwo.

Iyo uraba imiringo ikikuje iryo sezerano ryo mu b’i Filipi 4:19, uzosanga atar’isezerano ryahawe abakristo bose. Ahubwo ryahawe abakristo batangira Imana amatungo yabo. Paulo yar’azi kw’Imana izomara ubukene ab’i Filipi kuko bamurungikiye ishikanwa. Kuko barondera mbere na mbere ubwami bw’Imana nkuko Yesu yategetse, ni ho rero Imana izobamara ubukene, nkuko Yesu yasezeranye (raba Mat. 6:33). Amasezerano menshi avuga ku migisha y’umubiri twiteze ku Mana ategeka ko tuba abatangira Imana.

Nta burenganzira dufise bwo kwizera imigisha y’umubiri ku Mana igihe tutubaha amabwirizwa y’Imana ku butunzi bwacu. Mw’isezerano rya kera, Imana yabwiye abantu bayo ko bavumwe kuko batatanga ibigiracumi, arikw’ibasezerana imigisha igihe bemeye gutanga ibigiracumi n’amashikanwa (raba Mal. 3:8-12).

Imigisha myinshi dusezeraniwe muri Bibiliya izanwa no kwumvira Imana. Nuko, imbere yo gutangura kwizera Imana ku mugisha, reka twibaze duti: “Ndashitsa amategeko ari mur’iryo sezerano?”

Ikosha rya Gatatu Rimenyerewe (A Third Common Mistake)

Mw’Isezerano Rishasha, Yesu yaratubwiye igisabwa igihe cose dusaba ikintu:

Mwamane ukwizera Imana. Ndababwira ukuri yuk’umuntu yobwira uyu musozi, “ati Shinguka utabwe mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw’akizera yukw’ico avuze gikorwa, azokibona. Nico gitumye mbabwira yukw’ ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere ko mubihawe kandi muzobibona (Mariko 11:22-24, hongeweko insobanuro).

Igisabwa Yesu yavuze ni kugira ukwizera igihe dusenga. Abakristo benshi barihenda mu kuvuga yukw’igihe basenze mu kwizera igihe babonye inyishu y’ivyo basengeye. Bizera yuko bagiye guhabwa ariko ntibarahabwa.

Igihe dusaba Imana ikintu yadusezeranye, dutegerezwa kwizera ko twaronse inyishu igihe dusenze tugatangura gushima Imana kubw’inyishu buno nyene. Dutegerezwa kwizera ko twahawe tutarabibona atar’igihe tumaze kubibona. Dutegerezwa guherekeza isengesho ryacu amashimwe, nkuko Paulo yanditse:

Nti mugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka (Fil. 4:6).

Nk’uko maze kubivuga, dufise ukwizera mu mitima yacu, amajambo n’ibikorwa vyacu bizohuriza hamwe n’ivyo twizera. Yesu yavuze ati, “Akanwa kasamira ibibogaboga mu mutima” (Mat. 12:34).

Hari abakristo bagira ikosha ryo kuguma basubiramw’isengesho rimwe, bisigura yuko batizera ko bamaze kuronka. Iyo tuba twarizeye ko twahawe igihe twasanze, ntitwobaye tugisubiramwo isengesho rimwe igihe cose. Kuguma usaba ikintu kimwe vyerekana yuko ukekeranya kw’Imana itoba yakwumvise igihe wasenga.

Yesu Ubwiwe Ntiyasubiyemwo Isengesho Incuro Nyinshi?

(Didn’t Jesus Make the Same Request More Than Once?)

Yesu, na we, yarigeze gusenga isengesho rimwe incuro zitatu zose yikurikiranya igihe yasengero I Gestemane (raba Mat. 26:39-44). Arik’uramenya yukw’atarikw’asenga mu kwizera ubugombe bw’Imana yahishuriwe. Kanatsinda, igihe yasenga incuro zitatu ngo ntaje ku musaraba, yaramenye kw’isengesho ryiwe rihushanya n’ubugombe bw’Imana. Ni co gituma yaciye aca bugufi yemera ubugombe bwa Se incuro zitatu mur’iri sengesho gusa.

Iri sengesho rya Yesu rikoreshwa nabi n’abantu barigira isengesho ry’icitegerezo, igihe abantu batwigisha yuko dutegerezwa kurangiza isengesho n’amajambo, “ubugombe bwawe bube” canke ngo, “nimba ari vy’ushaka,” canke “ariko ntibibe nk’uko nshaka,” ngo ni kwo gukurikiza akarorero ka Yesu.

Vyongeye, menya ko Yesu yagize iryo sengesho ryose kuko ritari mu bugombe bw’Imana. Gukurikira akarorero kiwe igihe dusenga twisunze ubugombe bw’Imana ryoba ari kosha kandi vyerekana kw’ata kwizera tugira. Akarorero, gusenga uti, “mwami, ndatuye ivyaha vyanje iwawe, turazi yuko Bibiliya isezerana guharira ivyaha vyacu igihe twatuye (raba 1Yohana 1:9). Gusenga uti ubugombe bwawe bube vyerekana kw’ata kwizera ufise mw’isezerano ry’Imana.

Kandi na Yesu ubwiwe ntiyarangije iri sengesho n’ijambo, “atari uko ngomba, yamara ivy’ugomba bibe.” Har’akarorero kamwe gusa k’iryo sengesho, kuko yarazi amagorwa agiye guca mwo mu kwemera ubugombe bwa Se.

Ku rundi ruhande, igihe tutazi ubugombe bw’Imana mu bintu runaka tugomba gusengera kuko bitahishuwe, ni ho dushobora kurangiza ishengesho tuvuga ya majambo duti, “ubugombe bwawe bube.” Yakobo ni we yanditse ati,

Umve rero, yemwe abavuga ng’”Uyu musi cank’ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomarayo umwaka, tudandaze, turonke inyungu.” Ariko murazi ibizoba ejo. Ubugingo bwanyu ni nk’iki? Mur’umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga. Ariko mwari mukwiriye kuvuga mut’ “Umwami wacu ni ya bikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.” Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’uko ni kubi (Yak. 4:13-16).

Twogira dute tumaze gusenga twisunze isezerano ry’Imana kandi dukwije ibisabwa vyose? Dukwiriye kwama dushimira Imana kubera inyishu twizeye ko tumaze guhabwa kugeza igihe bishika. Amasezerano y’Imana tuyaronka mu kwizera no kwihangana (Heb. 6:12). Satani azogeragezwa kudusambura adutera ukugukekeranya, kandi dutegerezwa kumenya kw’ivyiyumviro vyacu ari ikabanza c’intambara. Igihe ivyiyumviro vyo gukekeranya biteye umutima wacu, dusabwa kubisubiriza n’ivyiyumviro bishingiye ku masezerano y’Imana no kuvuga ijambo ry’Imana mu kwizera. Nitwabikora durtyo, Satani azoduhunga (raba Yak. 4:7; 1 Pet. 5:8-9).

Akarorero k’Ukwizera Mu Bikorwa (An Example of Faith in Action)

Kamwe mu turorero two gushira ukwizera mu bikorwa n’inkuru ya Petero agendera ku kiyaga. Reka dusome inkuru yiwe turabe ivyo dushobora gukuramwo.

Uyo mwanya [Yesu] agobera abigishwa ngo batambukire mu bwato ngo bitangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero. Ahejeje gusezera ishengero, uduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ari yo wenyene gusa. Arik’ubwato bushitse hagati mu kiyaga bari batamijwe n’imipfunda, kuk’umuyaga war’ubaturutse imbere. Ku muteramyi agira kane, aza aho bari agendesha amaguru hejuru ku kiyaga. Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbwa n’umutima, bati “N’igihume”baturishwa ubuku n’ubwoba. Uwo mwanya Yesu arababwira, ati “Humura, ni jewe ni mureke gutinya.” Petero aramwishura, ati “Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze ah’uri ku mazi.” Nawe ati “Ngo” Petero yururuka mu bwato, agendesha amaguru ku mazi, ngw’aje aho Yesu ari. Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka arataka, ati “Ntabara mugenzi” Buno Yesu aramvura ukuboko, aramucakira, aramubwira, ati “yewe w’ukwizera guke, n’iki cagukekeranishije?” Buriye mu bwato, umuyaga uraca. Abari mu bwato baramupfukamira, bati “N’ukuri ur’Umwana w’Imana”(Mat. 14:22-33).

Abigishwa ba Yesu bari bamaze guca mu yindi mipfunda imbere y’aho mu bwato bajabuka ikiyaga c’i Galilaya (raba Mat. 8:23-27). Mur’ico gihe, Yesu yarikumwe na bo, kand’amaze gucecekesha umuyaga awukankamira, yaciye akankamira abigishwa biwe kubera ukwizera guke kwabo. Imbere yuko bafata urundi rugendo yar’amaze kubamenyesha kw’ari ubugombe bwiwe ko baja hakurya y’ikiyaga (raba Mariko 4:35). Igihe impfunda yavyuka, bahanze amaso cane ingorane bari mwo, gushika aho bizera ko bahonye bose. Yesu ntiyashaka ko bagira ubwoba.

Yesu arasubiye kubatuma kujabuka ikiyaga c’i Galilaya bo nyene. Nta nkeka yar’arongowe na Mpwemu gurtyo, kand’Imana yar’izi k’umuyaga uhava ubaturuka imbere mur’iryo joro. Nih’Imana yabaretse ngo baronke ikintu kigerageza ukwizera kwabo. Kubera iyo miyaga ibaturuka imbere, ikintu co giza amasaha makeye cafashe ijoro ryose. Dukwiriye gushimira abigishwa ku gushishikara kwabo, ariko sinzi ko hari n’umwe hagati yabo yagize ukwizera ngw’acecekeshe iyo miyaga, nkuko babonye Yesu abigira mu rugendo baheruka kugira bari kumwe na Yesu. Biratangaje kubona mw’injili ya Mariko havugwa ko Yesu yaje agendesha amaguru ku kiyaga, “Agira nk’uwubarenganye” (Mariko 6:48). Yar’abaretse barwane intambara yabo bonyene nkuko n’ubu yarikw’agendesha amaguru yiwe! Ibi vyerekana ko batariko barasenga canke ngo barondere Imana. Ndibaza incuro zingaye Nyene-Ibitangaza aduca ku ruhande ntitumubone kuko turiko turarwana n’imipfunda y’ubuzima.

Ishimikiro ryo Kwizera (Principles of Faith)

Yesu yishuye ikibazo ca Petero mw’ijambo rimwe ati: “Ngo.” Iyo Petero agerageza gusimbira ku kiyaga ngw’atambuka atarabwirwa iryo jambo, yarigusoma nturi buno nyene, kukw’ata sezerano yari kuba afise ngo yubakire ko ukwizera kiwe. Yarigusimbira ku kiyaga kubw’ivyiyumviro vyiwe mu gishingo co kwizera. Nkuko nyene, n’inyuma y’iryo jambo rya Yesu, abandi bigishwa bagaca bagerageza kugendera ku kiyaga nab o, bari kuhasiga ubuzima, kuko Yesu yar’ahaye isezerano Petero gusa. Nta n’umwe muri bo yar’akwije ibisabwa vy’iryo sezerano. Nkuko nyene, imbere yuko dutangura kwizera isezerano ry’Imana, dutegerezwa kumenya neza yukw’ar’iryacu kandi n’uko dukwije ibisabwa n’iryo sezerano.

Petero yaciye ahonyora ku kiyaga. Yabitumwe n’uko yizera, n’aho yari mu bahinze agashitsi biyumvira kw’ar’igihume n’aho yakekeranya mu mutima wiwe yarateye intambuko ahonyora ku kiyaga. Ariko kugira ngw’ aronke igitangaza, yategerezwa gukoresha ukwizera kwiwe. Wiyumvira ko yatanguye gutobora ubwato ah’acisha ino ryiwe ngw’arabe kw’ikiyaga kigumye ntahave arokerayo, iy’agira gurtyo nta gitangaza yari kubona. Nkuko nyene, imbere yo kwakira igitangaza, dutegerezwa kwizera isezerano ry’Imana no gukora ico twizera. Habah’igihe co kugerageza ukwizera kwacu. Har’aho ico gihe kiba kigufi; ikindi gihe kikaba kirekire. Ariko hategerezwa kuba igihe mu buzima bwacu twirengagiza ivy’ubwenge bwacu butubwira tukisunga ijambo ry’Imana.

Petero yatanguye neza. Arikw’amaze kubona kw’ivy’arikw’arakora bidakorwa, atandura kwitegereza imipfunda, aca aratinya. Kumbure yarahagaze, atinya gutera intambwe ya kabiri. Umwe yar’atanguye kubona igitangaza c’Imana atangura gucokera mu kiyaga. Dukeneye kubanya mu kwizera iyo tumaze gutangura, tugashishikara gukora ico ukwizera kwacu kutubwira. Tugakovya cane.

Petero yacokeye kukw’atanguye gukekeranya. Abantu ntibakunda kwigaya ukubura kwizera kwabo. Bihutira kwidodombera Imana. Wiyumvira ko Yesu yarikugira gute igihe Petero asubiye mu bwato abaza abandi bigishwa ati, “bwar’ubugombe bw’Imana ko ngendera ku kiyaga hamwe na Yesu”?

Petero yananiwe kuko yatinye aca atakaza ukwizera kwiwe. Ivyo ni bintu bigaragara. Yesu ntiyamuciriye urubanza, ariko yaciye amugororera ukuboko kugira ngo Petero aronke ico yishimikiza. Kandi yaciye abaza Petero igitumye akekeranya. Nta kintu na kimwe cari gutuma Petero akekerana, kukw’ijambo ry’Umwana w’Imana ritabesha nk’ayandi majwi. Nta n’umwe muri twebwe akwiye gukekeranya,gutinya canke kwiganyira.

Ivyanditswe vyuzuyemwo ukunesha kuzanwa n’ukwizera n’ukuneshwa kuzanwa n’ugukekeranya. Yosuwa na Kalebu binjiye mu gihugu c’isezerano kubera kwizera arikw’abandi bari kumwe nabo bapfiriye mu bugaragwa kubera ugukekeranya kwabo (raba Guh. 14:26-30). Abigishwa ba Yesu ntaco bakenye igihe baja kuvuga ubutumwa babiri babiri (raba Luka 22:35), ariko barigeze kunanirwa gusenda abadayimoni kubera ukutizera kwabo (raba Mat. 17:19-20). Abantu benshi baronse ibitangaza bibakiza indwara igihe Kristo yakorera muri bo arikw’abarwayi bo mu gisagara ciwe Nazareti bagumye barwaye kubera kutizera kwabo (raba Mariko 6:5-6).

Nka bose muri bo, nanje ubwanje ndamaze kugendera mu kunesha no kuneshwa nk’uk’ ukwizera no gukekeranya kwanje biri. Ariko sinshobora kuguma mu kuneshwa canke kwidodombera Imana. Sinshobora kwitsindanishiriza mu kuyitakw’imiragwe. Sinshobora kurondera insobanuro y’ivyizerwa karuharuwe bisobanura ukundi ubugombe bw’Imana iamaze kutumenyesha. Ndazikw’Imana idashobora kubesha. Rero igihe naniwe, nca nihana kutizera kwanje nkaca nsubira kugendera ku kiyaga ubugira kandi. Ndamaze kubona ko Yesu yama amparira kand’akandokora iyo ntanguye kwibira!

Urubanza ruriciye: Abizera barahezagirwa; abakekeranya ntibahezagirwa! Umukozi agira abigishwa yigana Yesu. Yuzuye ukwizera, kandi ahanura abigishwa biwe, “kwizera Imana!” (Mariko 11:22).