Ibango Ryo Kwigisha (The Ministry of Teaching)

Igice Ca Gatandatu (Chapter Six)

Mur’iki gice twihweza ibintu bitandukanye bigize ibango ryo kwigisha. Kwigisha ni igikorwa c’intumwa, abavugishwa n’Imana, abavugabutumwa,[1] abungere/ abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero n’ abigishwa (nk’uko bisanzwe). Mu buryo bumwe canke ubundi, abakurikira Kristo twese twahamagariwe kugira abigishwa bubaha amategeko yose ya Kristo.[2]

Nk’uko nigize kubivuga, umwungere cank’umukozi wese agira abigishwa yigisha mu mvugo no mu ngiro. Yigisha ivyo akora. Intumwa Paulo yashoboye igikorwa co kugira abigishwa ni we yanditse, ati:

Munyigana, nk’uko nanje nigana Kristo (1 Kor. 11:1).

Iyi ni yo ntumbero y’umukozi wese—kubwira abo uyobora, uti “Munyigane. Ushaka kumenya ingene abigishwa ba Kristo babayeho itegereze ingene mbayeho.”

Igihe narongora ishengero rinini, nararibwira nti “Ntimunyigane…Igane Kristo!” N’aho ntabitahura mur’ico gihe, nariko nemeza ko ntari icitegerezo ku bantu narongora. Kanatsinda, nariko nemeza ko ntigana Kristo nk’uko nategerezwa, nabwira abantu bagire ivyo jewe ubwanje ntashobora kugira! Biratandukanye cane n’ivyo Paulo yavuze. Tudashobora kubwira abantu batwigane nk’uko natwe twigana Kristo, iryo bango si ryacu kukw’abarongozi bategerezwa kuba icitegerezo. Ishengero rigira ishusho ry’abarirongora.

Kwigisha Ubumwe Bugaragarira Mu Ngeso (Teaching Unity by Example)

Turabire hamwe ukwigisha gushimikiye ku ngeso zacu dufatiye ku karorero ko kwigisha ubumwe. Abungere/abashingantahe b’ishengero/abazezwashengero barifuza kw’imikuku yabo igira umubiri umwe. Abafise iyo ntumbero, barwanya ukwicamwo ibice mu mashengero yabo. Ukwicamwo ibice ntiguhimbara Umwami. Yesu yaradutegetse gukundana nk’uko yadukunze (raba Yohana 13:34-35). Urukundo dukundana rumenyesha ab’isi ko turi abigishwa Biwe. Ni co gituma abarongozi bategerezwa guhanura intama zabo gukundana no gukomeza ubumwe.

Imbere y’izindi nyigisho dutanga, ingeso zacu ni zo abo twigisha barereka. Igihe ingeso zacu zidashingirwa intahe n’inyigisho z’urukundo n’ubumwe twigisha, turatsindwa. Igihe tugaragaje ubumwe n’urukundo rw’uruheyiheyi ku bandi bungere, ingeso zacu zirwanya ivyo twigisha mu mashengero yacu. Tuba tubwiye abanyeshengero bacu gukora ivyo natwe dukora.

Biboneka yukw’amajambo menshi Yesu yavuze kuvy’ubumwe yafatira cane ku migenderanire iri hagati y’ abarongozi na bagenzi babo. Akarorero, igihe c’ingaburo Yera ahejeje kwoza intumwa ziwe ibirenge, Yesu avuga, ati

Munyita Mwigisha na Shobuja; kandi mubivuga ko, kukw’ariko ndi. Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira (Yohana 13:13-15). [Yesu yakoze ivyo yigisha.]

Kenshi, abungere bakoresha iki gice c’Ivyanditswe igihe bigisha imikuku yabo gukundana, kandi ni vyiza. Amajambo yo mur’iki gice yabwirwa abarongozi, za ntumwa cumi na zibiri. Yesu yamenye kw’igihe ishengero ryiwe ryicamwo ibice canke rikoriba rihiganwa riba ryerekanye ivyizigiro bikeya. Ni co gituma yategetse abigishwa biwe guca bugufi no kwikoreranira imitwaro.

Yesu yerekanye uguca bugufi igihe yakora igikorwa cakorwa n’umukozi mutoya wa nyuma mu gihe ciwe: kwoza ibirenge. Mu mico y’ibindi bihugu, yarikuzibura umusarani cank’agakubura mu nzu z’abigishwa biwe. Ni abarongozi bangahe bashobora kwerekana ubumwe n’urukundo bakunda bagenzi babo mur’ubwo buryo?

Isaha itarahera, Yesu asubiramwo iyo nyigisho. Ahejeje kwoza abigishwa biwe ibirenge, Yesu avuga ati:

Ndabaha icagezwe gisha, ni mukundane; Nk’uko nabakunze, abe ariko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje (Yohana 13:34-35).

Ayo majambo abwirwa abigishwa bose ba Kristo cane cane abarongozi kugira ngo bitwararike imigenderanire yabo n’abandi.

Haheze iminota mikeya, Yesu yongera kuvuga ati,

Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze. Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe (Yohana 15:12-13).

Menya kandi ko Yesu yavuga abwira abarongozi.

Buno nyene, yongerako ati,

Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane (Yohana 15:17).

Ako kanya nyene, asengera abigishwa biwe aranguruye ijwi, ati

Sinkiri mw’isi, ariko bo bari mw’isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw’izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi umwe (Yohana 17:11, hashimikiwe ku nsobanuro).

Haheze akanya isase, Yesu ari kumwe n’abigishwa biwe n’ishengero ryamugendanira aravuga, ati

Sinsabira aba gusa, ariko nsabira n’abo bazonyizera kubw’ijambo ry’aba; kugira ngo bose babe umwe; nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebwe, ngw’isi yizere kw’ari wewe wantumye. Nanje nabahaye ubwiza wampaye; ngo babe umwe, nk’uko natwe tur’umwe; Jewe mbe muri bo, ube muri jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngw’isi imenye kw’ari wewe wantumye, ukabakunda, nk’uko wankunze (Yohana 17:20-23, hashimikiwe ku nsobanuro).

Mw’isaha imwe, Yesu yavuze ku barongozi bashasha incuro zitandatu. Yavuzeko ubu-mwe bugaragirira mu guca bugufi, umuntu wese agakorera uwundi. Ivyo ni vyo Yesu yashimikiyeko cane. Ubumwe bwabo ni bwo rufunguruzo rwo kwizera kw’ab’isi.

Mbega Tubigejeje Hehe? (How Well Are We Doing?)

Ni akaga kubona twifuza kw’imikuku yacu igendera mu bumwe n’urukundo kandi duhiganwa n’abandi barongozi, twubaka amashengero yacu twifuza kw’ayandi yugarwa. Benshi muri twebwe tuzinukwa abungere bafise inyigisho zitandukanye n’iz’iwacu. Ibicapo dushira imbere y’insengero zacu ni vyo vyamamaza ukudashirahamwe kwacu. Bimwe muri vyo bitanga ubutumwa bukurikira: “Ntitumeze nk’abandi bakristo bo mu yandi mashengero.” (Ni co gituma igikorwa cose dukora cerekana ko tutagira ubumwe. Abatizera bazi yuk’ubukristo burangwa no kwicamwo imice.)

Muri make, ntitugendera muvyo twigisha, kandi ingeso zacu zisumba ijwi ubutumwa tuvugira mu mashengero yacu ku vyerekeye ubumwe. Ni ubujuju kwiyumvira kw’abakristo bashobora kuba mu bumwe n’urukundo abarongozi babo batabikora.

Umuti ni umwe, ni ukwihana. Dutegerezwa kwihana ingeso zacu mbi tugaragariza isi n’abizera. Dushingure uturimbi twokwicamwo imice dukundane nk’uko Yesu yadukunze.

Imbere ya vyose, twihutire kuvugana n’abungere n’abandi bakozi hamwe na bamwe tuvugako bigisha inyigisho zitandukanye n’izacu. Simvuze gufatanya n’abungere bataravuka ubwa kabiri, batumvira Yesu, canke abashaka gutungira mu gikorwa c’Imana. Ayo ni amabingira mu nsato z’intama. Yesu yavuzeko tuzobamenyera ku vyo bama.

N’aho bimeze gurtyo, ntiwibagire ko ndiko mvuga ku bungere n’abakozi bubaha amategeko ya Kristo mu vyo bakora vyose, bene Data muri Kristo. Mwungere, kunda abandi bungere. Garagariza imikuku yawe urwo rukundo mu buryo butandukanye. Gendera abandi bungere bo mu micungararo yawe, basabe imbabazi kuk’utabakunda nk’uko wategerezwa kubakunda. Ivyo birashobora gusangangura ibisika bimwe-bimwe. Mutegure imyanya yo gusangirira hamwe, mwirurana, muremeshanya no gusengeranira. Aho ni ho mushobora kuvugana mu rukundo ku nyigisho zibatandukanya. Mukorere mu bumwe n’aho mudahuza canke mutemeranya ku nyigisho kanaka. Ubugingo bwanje n’igikorwa canje vyarateye imbere cane igihe natangura kwumviriza abandi bakozi n’aho tudahuriza ku nyigisho kanaka. Ukwitandukanya n’abandi vyanyaze imigisha myinshi.

Urashobora kugaragaza ubumwe n’urukundo igihe utumira abandi bungere kwigisha mw’ishengero ryawe cank’ishengero ryo mu nzu. Ishengero ryawe rirashobora gutegurira hamwe n’irindi shengero ibikorane kanaka.

Urashobora guhindura izina ry’ishengero ryawe igihe rigaragariza abo mw’isi ko utandukanye n’abagize umubiri wa Kristo. Uca uhindura ibintu vyose biri mw’ishengero ryawe bituma utishushanya n’umubiri wa Kristo. Uba utanze ubutumwa buvuga ko wizerako Yesu afise ishengero rimwe gusa, rigizwe n’amashami yumvikana n’ayandi.

Ndaziko bitoroshe. Ni kuki wokora ico Yesu atigeze ashakako ukora? Ni kuki wokora ibitamushimisha? Nta dini cank’ishirahamwe rivugwa mu vyanditswe. Igihe ab’i Korinto bica ibice kubera abigisha babo, Paulo yarabakankamiye avuga k’ibice vyabo vyerekana ko ari abanyamubiri n’inzoya mu mpwemu (raba 1Kor. 3:1-7). Har’ikindi kintu imice isigura?

Dutegerezwa guhunga ikintu cose kidutandukanya. Amashengero yo mu nzu ategerezwa kwirinda amazina canke gushirahamwe n’amashirahamwe afise izina. Mu vyanditswe, amashengero yamenyekana ku nzu bakoraniramwo. Imirwi y’amashengero yamenyekana ku mazina y’ibisagara yari iherereyemwo. Abo bose bizera ko bagize ishengero rimwe, umubiri wa Kristo.

Hari Umwami umwe n’ubwami bumwe gusa. Umuntu wese yishira hejuru akiyitirira abizera canke amashengero kanaka, yubaka ubwami bwiwe mu bwami bw’ Imana. Yitegure guhagarara imbere y’Umwami “Adashobora gukaba Icubahiro Ciwe” (Yes. 48:11).

Ibi bisigura kw’abakozi b’Imana bategerezwa kugaragariza abantu bose babitegereza ko bumvira Kristo, kukw’abantu bakurikiza akarorero kabo. Akarorero batanga ni inyigisho ikomeye. Paulo yandikiye abizera b’i Filipi, ati:

Bene Data, munyigane, mwitegereze abagenda batwigana nkuko badufise ko icitegerezo (Fil. 3:17, hashimikiwe ku nsobanuro).

Ivyo Twigisha (What to Teach)

Nka Paulo, umukozi agira abigishwa afita intumbero. Iyo ntumbero ni “gushikiriza Kristo umuntu wese atunganye” (Kol. 1:28b). Nka Paulo, umukozi w’Imana ategerezwa “guhanura no kwigisha umuntu wese n’ubwenge bwose” (Kol. 1:28a, hashimikiwe ku nsobanuro). Paulo ntiyigisha mu majambo gusa canke ngo yigishe ibinezereze abantu.

Umukozi agira abigishwa ategerezwa kuvuga nka Paulo, ati “Inyanduruko y’ukwigisha kwacu ni kugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ijwi ribagiriza ikibi, n’ukwizera kutarimwo uburyarya” (1 Tim. 1:5). Vyerekana kw’agomba kugira abantu bafise ishusho rya Kristo kandi bagendera mu kwera. Ni co gituma yigisha abizera kwubaha amategeko yose ya Kristo. Yigisha ukuri, agahanura abamwumviriza “kurondera amahoro n’abantu bose n’ukwezwa [kugendera mu kwera] kuk’utejejwe atazobona Umwami” (Heb. 12:14).

Umukozi agira abigishwa aratahura ko Yesu yategetse abigishwa biwe kugira abigishwa bumvira amategeko yiwe yose yabategetse (raba Mat. 28:19-20). Ategerezwa gusuzuma kw’ata tegeko na rimwe rya Kristo ryirengagizwa. Yigisha umurongo ku wundi injili n’ivyete vyandikiwe amashengero. Aho ni ho amategeko ya Yesu yanditswe.

Kwigisha umurongo ku wundi bituma inyigisho ziwe zitahurwa ku rugero rwiza. Igihe twigisha ubutumwa bw’akarongo kamwe gusa, dushobora kuguma ku nyigisho ziharawe gusa, ibitagezweho tukabica ku ruhande. Uwigisha umurongo ku wundi, ntazokwigisha ku rukundo rw’Imana gusa, yigisha n’ivy’amateka y’Imana na vyo. Ntazokwigisha ku mihezagiro y’ubukristo gusa, yigisha inshingiro z’ivyanditswe na zo. Ntazohengamira ku nyigisho nini-nini canke ntonto, ntazoshimangira ibitagira ikimazi canke ngo yirengagize ibifise akamaro. (Nkuko Yesu avyerekana, ayo ni yo makosha y’abafarisayo; Mat. 23:23-24.)

Kunesha Ubwoba Bwo Kwigisha Umurongo ku Wundi

(Overcoming Fears of Expository Teaching)

Abungere benshi baratinya kwigisha umurongo ku wundi kuko har’ibintu vyinshi mu vyanditswe badatahura, kandi ntibashaka kw’amashengero yabo amenya ko hari ivyo batazi! Ubwo ni ubwibone. Nta muntu n’umwe kw’isi atahura ivyanditswe vyose. Na Petero yaravuze ko bimwe mu vyo Paulo yanditse bigoye gutahura (raba 2Pet. 3:16).

Igihe umwungere yigisha umurongo ku wundi agashika ku murongo adatahura, abwira umukuku wiwe kw’adatahura ico gice, akagisimba. Arashobora kubwira ishengero ryiwe rimusengere kuri Mpemu Yera amuhe ugutahura. Uguca bugufi kwiwe imbere y’ishengero ryiwe ni ubutumwa mu bundi.

Umwungere/umushingantahe w’ishengero/umuzezwashengero arongoye ishengero ryo munzu arashobora kwigisha neza ubwo bwoko bw’inyigisho kukw’ibibazo bishobora kubazwa igihe yigisha. Ubwo buhinga bukingurira Mpwemu Yera urugi rwo guha abantu ubwenge butahuza abandi bo mu murwi ivyanditswe biriko biravugwa. Ico ni icigwa ciza ku umuntu wese ari aho.

Umuntu ashaka kwigisha amategeko ya Kristo yohera ku nsiguro yo ku musozi dusanga muri Matayo 5-7. Yesu yarahatangiye amabwirizwa atari make. yarafashije abayuda bamukurikira gutahura neza amabwirizwa ya Mose. Kure mur’iki gitabo, har’inyigisho kuri ubwo butumwa, uzobona uko bikorwa.

Gutegura Ubutumwa (Sermon Preparation)

Nta cemeza ko mw’Isezerano Risha umwungere/umushingantahe w’ishengero/ umuzezwashengero yigeze gutegura inyigisho/ubutumwa bwo ku wamungu. Ntitubona aho bategura canke bandika ikintu cose n’uturorero twose baza gutanga, nk’ukw’abakozi benshi b’iki gihe babigenza. Nta muntu n’umwe ashobora kuvuga ko Yesu yandika ubutumwa n’uturorero aza gutanga mu nyigisho ziwe! Ukwigisha ko mw’ishengero rya mbere cari ikiyago giha umuntu wese uburenganzira bwo kuvuga canke kubaza ikibazo nkukw’imico y’abayuda imeze, ntikwari ukwivugana, nkukw’Abagiriki n’Abaroma babigenza. Ishengero ryatanguye kwisunga imico y’ab’isi aho ritanguriye gukurikiza imitegekere y’amashirahamwe ari kw’isi. Yesu yabujije abigishwa biwe kwiyumvira ico bazokwishura igihe barengukijwe mu butugane kuko Mpemu Yera azobaha ico bishura, ni co gituma twizera kw’Imana ishoboye gufasha no guha amajambo mashasha abungere igihe bigisha amashengero yabo!

Simvuze kw’abakozi badakwiriye kwitegura mu gusenga no gusoma ijambo ry’Imana. Paulo ni we yahanuye Timoteyo, ati:

Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwumaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri (2 Tim. 2:15).

Abakozi bumvira impanuro Paulo yatanze zivuga kw’“Ijambo rya Kristo riba muri twebwe rigwiriye” (Kol. 3:16) bafita amajambo y’Imana “yiburuka” muri bo igihe bigisha. Mwungere nkunda, usabwa kwibira muri Bibiliya. Nimba utahura kandi unezererwa inyigisho ushikiriza, har’integuro nkeya gusa ushobora kugira ugashikiriza ukuri Imana ishira mu mutima wawe. Vyongeye, igihe wigisha umurongo ku wundi utegerezwa kwitondera ico imirongo iwukikuje yigisha. Integuro yawe ibe ugusenga n’uguhekenyera ivyanditswe ushaka kwigisha. Urongoye ishengero ryo mu nzu na ho, ukw’abantu bashishikara kugira ico bashikirije ku nyigisho yawe nikw’inyota yo kuvuga ubutumwa bwanditswe igabanuka.

Igihe umukozi yizera kw’Imana ari yo imushoboza kwigisha, Imana iramufasha koko. Gabanya ukwiyizigira canke kwizigira integuro yawe n’ivyo wanditse, izigira Umwami. Shishikara kwizera no kwizigira Umwami, andika ibintu bike bishoboka gushika aho usigarana iciyumviro ngenderwako gusa.

Umuntu yiyizigira ubwiwe yishimira cane ivyo yanditse, ntashaka kwihenda ngw’ahave yibagira integuro yiwe. Umukozi amaze gurtyo ategerezwa gutahura yuk’ubwo bwoba buva ku bwibone bwiwe. Ntukwiye kwitwararika cane ingene uboneka mu maso y’abantu, itwararike cane ingene wewe n’abakwumviriza baboneka mu nyonga z’Imana. Nta nyigisho wotegura ifise ububasha bwo kunyiganyiza abantu kurusha inyigisho zibogaboga mu mutima wawe, izivugutiwe na Mpwemu Yera. Iyumvire ingene ikiyago comera igihe abantu bavuga amajambo banditse gusa! Nticoba ari ikiyago! Ikiyago c’abantu bavugana ibibogaboga mu mitima yabo kiruta ikiyago c’abavugana ivyo banditse gusa. Kwigisha s’ugutambatamba. Kwigisha ni uguhishura ukuri kanaka. Twese turamenya igihe turiko twigisha amajambo-jambo. Igihe bimeze gurtyo twumva tugomba kugarukiriza ngaho inyigisho.

Ibindi Vyiyumviro Bine (Four More Thoughts)

(1) Abakozi bamwe-bamwe bagereranywa na ka kanyoni gasubira abantu mu kanwa, ivyo bigisha babikura mu bitabo vyanditswe n’abandi bakozi. Ntibigishwa na Mpwemu Yera, ni co gituma basubiramwo amakosha yakozwe n’abanditse ivyo bitabo basoma.

(2) Abungere benshi bigana uburyo bwo kwigisha canke kuvuga ubutumwa babonye ku bandi bungere cank’abandi bigisha, ubwo buhinga burashaje. Akarorero, har’abantu biyumvira k’ubutumwa bufise inkomezi igihe buvuzwe mw’ijwi rirerire canke buvuzwe n’ingoga-na-n’ingoga. Ni co gituma abinjira mur’iryo shengero bose atakindi bumva Atari ubutumwa bw’induru gusa kuva ku ntango gushika kw’iherezo. Ico bakora, abo bantu bahunga ngo baruhurire amatwi yabo izo nduru, ni ko bimeze n’igihe umuntu yigisha nk’uwivuga amazina. Guhindura amajwi biryohera abumviriza ubutumwa bwawe. Ijwi ryo kuvuga ubutumwa si ryo jwi ryo guhanura, kwigisha kugirwa mw’ijwi ry’ikiyago.

(3) Igihe nitegereje abumviriza ubutumwa mu mashengero atandukanye, ntangazwa n’ukubona kw’ abigisha n’abavugabutumwa bigira nk’abatabona ibimenytetso vyerekana kw’abantu barambiwe/batariko barabumviriza. Mwungere, igihe abantu basa n’abarambiwe baba barambiwe koko! Abataguhanga amaso igihe wigisha ntibariko barakwumviriza. Abantu batakwumviriza ntibafashwa n’inyigisho zawe na gato. Igihe abahizi barambiwe kandi/canke batakikwumviriza, ukeneye guhindura ingene uvuga ubutumwa. Tanga uturorero. Vuga inkuru z’ukuri. C’imigani y’ukuri. Vyoroshe. Igisha ijambo riri mu mutima wawe. Ba imvuga kuri. Ba wewe. Hindura ijwi iyo bikenewe gusa. Hanga amaso abantu benshi bashoboka. Koresha ibimenyetso vy’ishusho ryawe. Koresha amaboko yawe. Genda genda. Nturondogore. Umurwi ari muto, reka abantu babaze ibibazo ku kintu cose badatahura.

(4) Iciyumviro c’uko ubutumwa bwose butegerezwa kugira ibice bitatu cazanywe n’ubwenge bw’abantu. Intumbero ni ukugira abigishwa, s’ugutanga inyigisho ziharawe. Yesu yavuze, ati “Gaburira intama zanje,” ntiyavuze ati “Hendahenda intama zanje.”

Abo Twigisha (Whom to Teach)

Dukurikije akarorero ka Yesu, tubona k’umukozi agira abigishwa ategerezwa kurobanura abantu yigisha. Birashobora kugutangaza, ariko ni ko bimeze. Yesu yabwira amakoraniro mu migani ku ntumbero kanaka: Ntiyashaka k’umuntu wese atahura ivyo yigisha. Ivyanditswe birabigaragaza:

Abigishwa baramwegera, baramubaza, “mbeg’ikigutera kubigishiriza mu migani n’iki?” Arabishura, ati “mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ubwami bwo mw’ijuru, ariko bo ntibabihawe. Kuk’ufise azohabwa, bikamucagatira; arik’udafise azokwakwa n’ico yar’asanzwe afise. Igituma mbabwirira mu migani, n’ukw’iyo baraba batabona, kand’iyo bumva, badatahura” (Mat. 13:10-13).

Abihanye no gukurikira Yesu ni bo bahawe gutahura imigani ya Yesu. Abanse kwihana, bakanka Imana, Imana irabarwanya. Imana irwanya abibone, ikagirira ubuntu abicishije bugufi (raba 1Pet. 5:5).

Nk’uko nyene, Yesu yabwiye abamugendanira, ati: “Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbwa, kand’imarigarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzara zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura” (Mat. 7:6). Aho Yesu yigishije mu migani. Yavuze, ati “Ntimugahe ivy’igiciro ababisuzugura.” Ingurube ntizizi kw’imara-garita zifise igiciro, n’ingurube mu mpwemu ntiziha agaciro ijambo ry’Imana. Iyo bizera kw’ijambo babwirwa ari iry’Imana boryumviye, borihaye agaciro.

Womenya gute k’umuntu ar’ingurube mu mpwemu? Muterere imarigarita urabe ico ayikoresha. Ayikengereye, azoba ari ingurube mu mpwemu. Ayirukiye, azoba atari ingurube mu mpwemu.

Abungere benshi bariko bakora ivyo Yesu yababujije gukora, bashishikara guta imarigarita zabo imbere y’ingurube, bigisha abantu barwanya ijambo ry’Imana. Abo bakozi bafisha ubusa umwanya bahawe n’Imana nk’ingabire. Bategerezwa gukunkumura umuku-ngugu w’inkweto zabo bakaja mu bindi bibanza nk’uko Yesu yabitegetse.

Intama, Impene n’Ingurube (The Sheep, Goats and Pigs)

Umuntu adafise ugushaka, ntushobora kumuhindura umwigishwa, kukw’adashaka kwubaha Yesu. Akaga ni ukw’abantu buzuye mu mashengero menshi ari abo nyene, ni abantu bafise imico nk’iy’abakristo, abenshi muri bo biyumvira ko bamaze kuvuka ubwa kabiri kuk’ubwenge bwabo bwemeye inyigisho za teologiya zivuga ku vya Yesu n’ubukristo. Izo ni ingurube n’impene nsa, s’intama. Ibice 90% vy’umwanya w’abungere benshi vyononekarira k’ukunezereza ingurube n’impene. Abo bungere birengagiza intama z’ukuri zikwiriye kwitwararikwa ngo zishobore gukorera Imana! Mwungere, Yesu agomba ko uragira intama ziwe, si impene canke ingurube (raba Yohana 21:17)!

Womeya gute intama? Ni bamwe bazindukira mu makoraniro bagataha abandi bose batashe. Bafise inyota yo kumenya ukuri, bifuza kunezereza Umwami wabo Yesu. Ntibakorana ku wamungu gusa, bakorana igehe cose bikenewe. Bakorera mu mirwi mito- mito. Bafise ikibazo ntibacigumizamwo. Banezererwa Umwami. Bama bakorera Imana.

Mwungere, shira umwanya wawe ku bantu nk’abo. Abo ni bo bigishwa. Bwira ubutumwa impene n’ingurube zinjira mw’ishengero ryawe zikizwe. Ni wavuga ubutu-mwa bw’ukuri, ntizizo bwihanganira. Zizohunga ishengero canke zifise ububasha, zizokwirukana. Ni zabigenza gurtyo, kunkumura umukungugu w’ibirenge vyawe wigire. (Ivyo ntivyoshika mw’ishengero ryo mu nzu cane cane igihe rikoranira mu nzu yawe!)

Nk’uko nyene, abavugabutumwa ntibakwiriye kwama babwira ubutumwa abantu bamaze kwerekana ko batabushaka. Reka abapfu bahambe abapfu babo (raba Luka 9:60). Wewe userukira Kristo, ufise iganuke ry’Umwami w’abami! Ufise icicaro c’icubahiro mu bwami bw’Imana, igikorwa cawe ntigisanzwe! Ntute umwanya ubwira umuntu umwe ubutumwa incuro zibiri.

Ugomba kuba umukozi agira abigishwa, robanura abantu ukwiye kwigisha, ntute umwanya ku bantu badashaka kwubaha Yesu. Paulo yandikiye Timoteyo, ati

Kand’ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha abandi (2 Tim. 2:2, hashimikiwe ku nsobanuro).

Gushitsa intumbero (Reaching the Goal)

Amashengero y’iki gihe akora ibintu Yesu atigeze akora. Iyumvire nk’igihe Yesu yazutse, yari kwigumira kw’isi agatanguza ishengero rinini cane nk’ayo tubona kw’isi, akarirongora imyaka mirongwitatu. Akigisha iryo shengero ku wamungu gusa. Petero, Yakobo na Yohana bakaguma ku ntebe z’imbere Yesu akama ari we yigisha imyaka irenga mirongwibiri. Petero akama yongorera Yohana mu gutwi ati, “Tumaze kwumva ubu butumwa incuro cumi zose.”

Turaziko bitagenze gurtyo kuko Yesu adashobora kugira ubuzima nk’ubwo canke ngw’abwifurize abigishwa biwe. Yesu yagize abigishwa bazwi mu buryo buzwi n’ikiringo kizwi neza. Yigishije Petero, Yakobo, Yohana n’abandi mu kiringo c’imyaka itatu. Ntiyabigisha rimwe mu ndwi mu rusengero kanaka. Yabana na bo, yishura ibibazo vyabo, akabaha akaryo ko gukorera Imana. Igikorwa ciwe carabandanije gushika uyu musi.

Ni kuki none dukora ivyo Yesu atokoze? Twokwitega gute gushitsa ubugombe bw’Imana igihe tubwira ubutumwa abantu bamwe gusa imyaka n’imyaka? Tuzoshitsa ryari igikorwa twahamagariwe? Ni kuki abigishwa bacu badashobora kugira abigishwa babo n’aho twobigisha imyaka n’imyaka?

Mvuze yukw’igihe dukoze neza igikorwa twahawe, abigishwa bacu bazokura ntibabe bagikenerako twama hafi yabo. Bitagenze gurtyo ntibashobora kugira abigishwa. Dutegerezwa gushikira intumbero Imana yadushize imbere, Yesu yaraduciriye umuhora. Ntararangiza, menya kw’ishengero ryo mu nzu rirangwa n’inyota yo kugira abigishwa no kuramura abarongozi bashasha. Ishengero ryiza ryo mu nzu ntirishobora kwama ryigishwa n’umuntu umwe imyaka yose.

Intumbero Nziza (Right Motives)

Kwigisha inyigisho zishigikira igikorwa co kugira abigishwa, bizanwa no kugira intumbero nziza mu gikorwa. Iyo umuntu afise intumbero mbi mu gikorwa, akora nabi. Ni vyo bizana inyigisho mbi n’uburyarya mw’ishengero. Igihe umukozi afise agatima ko kuba rurangiranwa, ko kubahwa n’abantu, canke ko kwironderera itunga mu gikorwa c’Imana, arananiwe mu nyonga z’Imana. Arashobora gushikira intumbero yiwe, akaba rurangi-ranwa, abantu bakamwubaha no kumushimagiza, agatungira mu gikorwa c’Imana, ikibabaza ni uko har’umusi intumbero ziwe mbi zizohishurirwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, ivyo yakoze vyose bigahinduka umuguruka. N’iyo yokwemererwa kwinjira mw’ijuru,

[3]

umuntu wese azomenya ubupfu bwiwe, ukudashumbushwa n’uguhabwa icubahiro gitoya ni vyo bizobihishura. Hazoba impembo zitandukanye. Yesu yaburiye abantu, ati:

Nuk’uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo muyoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bwami bwo mw’ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’uwuyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw’ijuru (Mat. 5:19).

Abakozi bumvira kandi bakigisha amategeko ya Kristo, bazohamwa aha mw’isi. Yesu yarahaye isezerano abakozi bose bamwumvira (raba Mat. 5:10-12; Yohana 16:33). Ni bato kw’isi, baboneka nk’abadashoboye mu buzima, s’abatunzi kandi si rurangiranwa. Abo basezeranywe amashimwe n’ingororano ziva ku Mana. Utoye iki mur’ivyo? Paulo ni we yanditse ati:

None Apolo ni iki? Kandi Paulo ni iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw’Imana yahaye umuntu wese? Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw’Imana niyo yazikujije. N’uk’uwuzitera nta co amaze, cank’uwuzivomera, atar’Imana izikuza. Uwuzitera n’uwuzikuza ni bamwe: arik’umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe. Kukw’Imana ari yo dukorana, namwe mur’indimiro y’Imana, mur’inzu yubakwa n’Imana.

Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubwenge, uwundi yubakako. Kukw’irindi tanguriro nta muntu ashobora kurishiraho, atar’iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo. Arikw’iryo tanguriro, umuntu niyaryubakishakw’izahabu, cank’ifeza, cank’amabuye y’igiciro kinini, cank’ibiti, cank’ubwatsi, cank’ibishakashaka, igikorwa c’umuntu wese kizoseruka, wa musi uzogiserura, kuk’uzohishuranwa n’umuriro, kand’igikorwa c’umuntu wese uyo muriro uzokigeza ico kirimwo. Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’iryo tanguriro, ni carama, azohabwa ingero; igikorwa c’umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubwiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro (1Kor. 3:5-15).

Paulo yiyita umwubakisha mukuru ashirah’itanguriro. Apolo, umwigisha yashitse i Korinto Paulo amaze gutanguza ishengero, Paulo amugereranya n’uwubaka kw’itanguriro rimaze gushirwaho.

Menya ko Paulo na Apolo bazohembwa hisunzwe ubwoko, si ubwinshi bw’ibikorwa vyabo (raba 3:13).

Mu mvugo ngereranyo, Paulo na Apolo bashobora kwubaka ingoro y’Imana n’ibikoresho vy’ubwoko butandatu, bitatu muri vyo turabimenyereye, ntibizimvye ariko umucanwa urabibasha cane, bitatu bisigaye ntitubimenyereye, birazimvye cane kandi ntibishobora gusha. Umusi umwe, ivyo bikoresho bubakishije bizoca mu muriro ari wo amateka y’Imana. Ibiti, ubwatsi n’ibishakashaka bizotongorwa, ni ho ubwoko bwavyo buzomenyakanako bwari bubi kandi butaramba. Izahabu, ifeza n’amabuye y’igiciro, ni ibikorwa biramba mu nyonga z’Imana, bizohangama bishizwe mu birimi vy’umuriro ubigeza.

Inyigisho zitisunga Bibiliya zizotongorwa n’umuriro w’amateka ya Kristo. Ni vyo bizoshikira ikintu cose cagizwe mu nkomezi, ubuhinga, cank’ubwenge bw’umubiri kiryanya Imana, co kimwe n’ikintu cose cokozwe ku ntumbero mbi. Yesu yaratumenye-sheje kw’ikintu cose dukora mu mutima wironderera amashimwe y’abantu ata mpembo tuzogihererwa (raba Mat. 6:1-6, 16-18). Ibikorwa birumvye, birashobora kudahinyurwa n’abantu gushika kuri nya musi, nk’uko Paulo abivuga. Ku bwanje, nimba ibikorwa vyanje ari ivy’ibiti, ivyatsi n’ibishakashaka, vyombera vyiza kubibona hatararengerana. Iki ni co gihe co kwihana; Ejo ntihagushikeko giturumbuka.

Gusuzuma Intumbero Zacu (Checking Our Motives)

Biroroshe kwihenda igihe dusuzuma intumbero z’imitima yacu. Vyama binshikira. Twomenya gute kw’intumbero zacu ari nziza canke mbi?

Uburyo burashe ni ugusaba Imana ikaduhishurira kw’intumbero zacu ari mbi canke nziza, natwe tugasuzuma ivyiyumviro n’ibikorwa vyacu. Yesu yaratubwiye ibikorwa vyiza dushobora kugira, gusenga, gufasha abakene mw’ibanga kukw’ari yo nzira yo kumenya ko dukoze iciza ngo dushimwe n’Imana canke dushimwe n’abantu. Twumviye Imana igihe tubonwa n’abantu gusa, bisigura ko hari ikitagenda neza muri twebwe. Canke, igihe twirinda ivyiha karuhariwe gusa kuko bishobora gusambura intahe zacu n’igikorwa dukora, ariko dukora ivyaha bitobito ataco twinona, vyerekana kw’intumbero zacu ari mbi. Igihe dushimisha Imana—yo izi ivyiyumviro vyacu vyose, ivyo tuvuga n’ivyo dukora—ni ho tumunezereza akanya kose, bigumye canke vyoroshe, bimenyekanye canke ntibimenyekane.

Intumbero zacu ari nziza, ntidukoresha ubuhinga bubi ngw’ishengero ryacu riboneke ko rikuze canke ngo dupfe kugira abigishwa batumvira amategeko ya Kristo.

Twigisha ijambo ry’Imana rishitse, ntiturondera inyigisho ziharawe canke zikundwa n’abatitaho ivya mpwemu.

Ntidusigura ijambo ry’Imana nk’uko tuvyishakiye canke ngo twigishe ibitari mu vyanditswe kukw’ari ugukaba ukuri kwa Bibiliya.

Ntiturondera ivyubahiro n’amashimwe. Ntiturondera kumenyekana.

Ntitubeshwaho n’ugushimisha abatunzi gusa.

Ntitwirundaniriza ubutunzi kw’isi, ariko tubaho twiyoroheje dutanga uko dushobozwa na Yo, twereka amasho yacu icitegerezo ciza c’ubunyabigega.

Twitwararika cane ivy’Imana yiyumvira k’ubutumwa tuvuga kuruta ivy’abantu biyumvira kuri twebwe.

Mbeg’intumbero zacu zimeze gute?

Inyigisho Zigwanya Ukugira Abigishwa (A Doctrine that Defeats Disciple-Making)

Umukozi agira abigishwa ntiyigisha ibirwanya igikorwa co kugira abigishwa. Ntiyigera yigisha abantu kwidibamira canke kutumvira Umwami Yesu. Ntiyigera yigisha ubuntu butuma abantu bashishikara gucumura badatinya urubanza rw’Imana. Yerekana k’ubuntu bw’Imana ari akaryo ko kwihana no kubaho ubuzima bunesha icaha. Ivyanditswe, nk’uko dusanzwe tubizi, bivuga kw’abanesha ari bo bazoragwa ubwami bw’Imana (raba Ivyah. 2:11; 3:5; 21:7).

Birababaje kubona har’abakozi bigisha inyigisho zirwanya Bibiliya zikonona umutima wo kugira abigishwa. Imwe mur’izo nyigisho ziharawe muri Amerika ni agakiza k’ibihe bidashira, ngo “ukijijwe uzokwama ukijijwe.” Izi nyigisho zemeza kw’abantu bavutse ubwa kabiri badashobora gutakaza agakiza n’iyo bogendera mu vyaha. Ngw’agakiza ni ku buntu , ubwo buntu butuma abantu bakizwa buzobazigamira mu gakiza. Ikindi bakunda kwigisha, ngw’abantu barashobora gukizwa kubera ibikorwa vyabo vyiza.

Mu bisanzwe, izo nyigisho zititura ukwezwa. Kubera yuko n’uwutuvira Kristo ashobora kuja mw’ijuru, nta gituma twumvira Kristo cane cane igihe kumwumvira kutaduha kwidegemvya.

Nk’uko nabivuze ku ntango y’iki gitabo, ubuntu Imana itanga ntibutuma abantu batumvira amategeko yayo. Ivyanditswe vyerekana kw’agakiza atari ku buntu gusa, n’ukwizera nakwo (raba Ef. 2:8). Ubuntu no kwizera bikenerwa vyompi kugira agakiza karonkeke. Ukwizera gutuma twakira ubuntu bw’Imana, kandi ukwizera nyakuri kubangabangana n’ukwihana n’ukwumvira. Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye, ntaco kumaze, ntigushobora gukiza nk’uko Yakobo abivuga (raba Yakobo 2:14-26).

Ni co gituma ivyanditswe bidahengeshanya kwerekana kw’agakiza kazanwa kandi kagashigikirwa n’ukwizera hamwe n’ukwumvira. Har’ivyanditswe vyinshi bigaragaza ivyo mvuze. Paulo yavuze mu cete ciwe ku b’i Kolosayi ati:

Namw’abari baratandukanijwe n’Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n’ivyo mwakoze bibi, none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu kubw’urupfu yapfuye, ngw’ibashikane imbere yayo mur’abera, mudafise agasembwa, mutagira ico mwogawa—asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise bwavuzwe mu baremwe bose bo mw’isi n’ijuru, ubwo jewe Paulo nacikiye umukozi wabwo (Kol. 1:21-23, hashimikiwe ku nsobanuro).

Birasiga ubwenge kwumva hari abize teologiya bahindura ivyo Paulo yavuze. Gushishikara mu kwizera gutuma tutagira agasembwa mu nyonga za Yesu. Uku kuri gusubirwamwo mu Baroma 11:13-24, 1Kor. 15:1-2 n’Abaheburayo 3:12-14; 10:38-39. Ivyo vyanditswe vyemeza yukw’agakiza gashitswa igihe umuntu ashishikaye mu kwizera.

Akamaro k’Ukwezwa (The Necessity of Holiness)

Mbeg’umukristo ashobora gutakaza agakiza iyo agendeye mu vyaha? Inyishu tuyisanga mu vyanditswe bitandukanye vyemeza kw’abagendera mu vyaha batazoragwa ubwami bw’Imana. Uwizera asubiye mu vyaha nk’uko Paulo abivuga, arashobora gutakaza agakiza :

Ntimuzi kw’abagabitanya batazoragwa ubwami bw’Imana? Ntimuzimire: abasha- kanyi, cank ’abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana, cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubwami bw’Imana (1Kor. 6:9-10, hashimikiwe ku nsobanuro).

Kand’ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, ni ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubwansi, intonganya, ishari, uburake, ikeba, kwitandukanya,ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo, Ivyo ndabiba-buriye, nk’uko nabibaburiye kera, yukw’abakora ibisa birtyo batazoragwa ubwami bw’Imana (Gal. 5:19-21, hashimikiwe ku nsobanuro).

Kukw’ibi mubizi neza, yukw’ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana. Ntihakagire umuntu abahendesha amajambo y’ubusa: kukw’ivy’ari vyo bizanira uburake bw’Imana abantu b’intabarirwa (Ef. 5:5-6, hashimikiwe ku nsobanuro).

Uko bimeze kwose, Paulo yandikiye abizera abagabisha. Yabagabishije incuro zibiri zose ngo ntibibeshe. Bisigura ko hari abizera bihenda igihe biyumvira ko bazoragwa ubwami bw’Imana kandi basanzwe bagendera mu caha.

Yesu yagabishije abigishwa biwe bamwama hafi, Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya avuga kw’abantu bose batitegurira ukugaruka kwiwe bazotabwa i kuzimu. Ayo majambo yabwirwa abigishwa (raba Mariko 13:1-4), ntiyabwirwa abatizera:

Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. Arikw’ibi mubimenye, iyaba nyen’urugo yar’asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw’inzu yiwe yibwa. Nuko namwe [Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya] mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.

None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge shebuja yosigarana abo mu rugu rwiwe, ngw’abagaburire igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababwira ukuri yukw’azomuha kugaba ivy’afise vyose. Arik’umushumba mubi ni yibwira mu mutima wiwe, ati “Databuja aratevye”: maz’agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi, azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya; ni ho hazoba amarira no kuryana insya z’amenyo (Mat. 24:42-51, hashimikiwe ku nsobanuro).

Har’inyigisho dukuramwo? “Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya, ntimukagereranywe n’uyo mushumba mubi.”

[4]

 

Mu kwunganira ayo majambo yiwe, Yesu avuga umugani w’inkumi cumi. Izo nkumi cumi zose zariziteguriye umukwe, ariko zitanu muri zo ntizatashe ubukwe kuko zititeguye neza. Yesu yasozereye umugani wiwe ku majambo akurikira, “Nuko [Petero, Yakobo, Yohana na Nderera] mwame mugavye kuko [Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya] mutazi umusi cank’isaha” (Matayo 25:13). Bisigura ngo, “Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya, Ntimube ibipfu nka za nkumi zitanu.” Iyo Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya batari bakwiriye kugabishwa, Yesu ntiyociye n’amate hasi.

Yesu ashishikara mu kuvuga umugani w’italanto. Inyigisho ntirahinduka. “Ntimube nka wa mukozi yabuze inyungu yereka shebuja kuko yimbiye italanto yahawe.” Ni ho shebuja yavuga, ati “Uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba kurira no kuryana insya z’amenyo” (Mat. 25:30). Yesu ntiyashobora kwisobanura kuruta ngaha. Uwiyumvira ko yize teologiya cane gusa ni we ashobora guhindura iyo nyigisho. Iyo Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya batabwa i kuzimu kuko batumviye Yesu ryari kuba ibara. Vyarashoboka kuri Petero, Yakobo, Yohana na Ndereya iyo batumvira inyigisho za Yesu. Ni co gituma natwe twese dushobora gutabwa i kuzimu igihe twanse kwumvira inyigisho za Yesu. Yesu yavuze kw’abakora ubugombe bwa Se gusa ari bo bazoja mu bwami bw’ijuru (raba Mat. 7:21).

[5]

 

Abigisha inyigisho z’ibinyoma, bavugakw’abantu badashobora gutakaza agakiza, bariko barwanya Kristo bagashigikira Satani kuko bigisha igihushanye c’ivyo Yesu n’intumwa bigishije. Bahindura ubusa amategeko ya Yesu yo kugira abigishwa bitondera ivyagezwe vyiwe vyose. Bugara irembo ripfunganye ryo mw’ijuru, bakugurura iry’i kuzimu.

[6]

 

Izindi Nyigisho Ziharawe Zigwanya Ukugira Abigishwa

(Another Modern Doctrine that Defeats Disciple-Making)

Inyigisho ziyovya abantu s’izigisha gusa k’uwizera adashobora gutakaza agakiza n’iyo yogendera mu vyaha, hari izindi zigisha k’ukwezwa Atari ngombwa cane mu buzima bw’uwizera. Urukundo rw’Imana rwigishwa mu buryo butari bwo bigasambura igikorwa co kugira abigishwa. Urashobora kwumva umuvugabutumwa abwira abanyavyaha ati, “Imana irabakunda cane.” Abo Bantu bagatahura yukw’ “Imana ibemera igihe bayumvira canke batayumvira.” Ubwo si bwo butumwa twahawe.

Abo bigisha nyene ni bo bizera kw’Imana ishiburira i kuzimu abantu bose bataravuka ubwa kabiri, ukwo kwizera ni kwo. Reka tuvyiyumvire ko gatoya. Biragaragara, abo bantu Imana ishiburira i kuzimu ntiba ibemera. None ni kuki bigishwa kw’ibakunda? Mbega abantu baja i kuzimu Imana irabakunda? Wiyumvirako k’uwuri i kuzimu yovuga kw’Imana imukunda? Oya namba. Mbega Imana yoyo yovuga kw’ibakunda? Ntibishoboka na gato! Ni igisesema kuri Yo, ni co gituma ibajugunyira i kuzimu. Ntibakunda kandi ntaho yigeze kubemera.

Ko bimeze gurtyo, turashobora kuvuga ko urukundo Imana ikunda abanyavyaha bari kw’isi ni urukundo rutuma ibagirira imbabazi zidahoraho, s’urukundo rutuma ibemera. Ibagirira imbabazi, ifatira urubanza rwayo ikabaha akaryo ko kwihana. Yesu yarabapfiriye, yarabahaye inzira yo guharirwamwo. Gushika ngaho, turashobora kuvuga kw’Imana ibakunda. Ariko ntiyigera ibemera. Ntiyigera ibagirira urukundo umuvyeyi agirira umwana wiwe. Ivyanditswe bivuga ngo, “Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, ni k’uhoraho agirira abamwubaha” (Zab. 103:13, hashimikiwe ku nsobanuro). Turashobora kuvuga kw’Imana atagirira abanyavyaha ikigumbagumba. Urukundo Imana igirira abanyavyaha rugereranywa n’imbabazi umucamanza agirira umwicanyi igihe amuciriye urwo guhera yo yari akwiriye urwo gupfa.

Nta hantu na hamwe mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa tubona umuvugabutumwa abwira abanyavyaha kw’Imana ibakunda. Muri Bibiliya, abavugabutumwa baraburira abantu ku burake bw’Imana bakabahamagarira kwihana. Barabamenyesha kw’Imana idashobora kubemera, bakababwira ko bategerezwa guhinduka bikagaragara. Iyo bahirahira kubwira abanyavyaha kw’Imana ibakunda (nk’ukw’abakozi benshi babigenza), bari kuba babagiriye nabi kukw’abo banyavyaha barikwiyumvira ko batari mu kaga, k’uburake bw’Imana butari kuri bo, bakiberaho ubukristo butazi icitwa kwihana.

Urwanko Imana Yanka Abanyavyaha (God’s Hatred of Sinners)

Biratandukanye n’ivyo abenshi bavuga babesha abanyavyaha ngw’Imana irabakunda, ivyanditswe biragaragaza kw’Imana izinukwa abanyavyaha:

Abibona ntibazohagarara mu nyonga zawe; Wanka inkozi z’ibibi zose. Uzohonya abanyabinyoma: Uhoraho yanka urunuka umwicanyi n’ingunge (Zab. 5:5-6, hashimikiwe ku nsobanuro).

Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’uwukunda umuryano, umutima wiwe urabanka (Zab. 11:5, hashimikiwe ku nsobanuro).

Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi. Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambwe yo mu kibira : irantontomoye, ni co gitumye ndayanka (Yer. 12:7-8, hashimikiwe ku nsobanuro).

Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; Ni ho nabazinukiwe! Kubw’ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje! Sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose ni abagarariji (Hos. 9:15).

Ivyo vyanditswe ntibivuga gusa kw’Imana yanka abanyavyaha—bivuga kandi ko Ibazinukwa. Ibi bihinyanyurirwa muri rya jambo rimenyereye kuvugwa ngo: Imana ikunda abanyavyaha ikanka icaha. Ntidushobora gutandukanya umuntu n’ivyo akora. Ivyo akora vyerekana ico ari co. Ni co gituma Imana yanka abantu bakora icaha, ntiyanka ivyaha vyabo gusa. Imana ntishobora kwemera abantu bakora ivyo yanka, ntishobora kwirwanya ubwayo. Mu bucamanza bw’abantu, umuntu yagirwa n’icaha, aronka igihano gihwanye n’icaha yakoze. Ntidushobora kwanka ivyaha ngo dukunde ababikora.

Abantu Imana Izinukwa (People Whom God Abhors)

Ivyanditswe ntibivuga kw’Imana yanka abanyavyaha gusa, bivuga kandi kw’Imana izinukwa abanyavyaha, mu yandi majambo ni ibisesema ku Mana. Menya kandi kw’ivyanditswe bitavuga kw’Imana izinukwa ivyo abanyavyaha bakora, ariko nibo izinukwa. Ntibisigura kw’Imana yanka ivyaha bakora, Imana yanka ababikora:

[7]

 

Ntihaze hagire izinamukobwa yambarana impuzu n’izinamuhungu cank’izinamuhungu yambarana n’izinamukobwa: kuk’ukoze ivyo wese aba abaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu (Gus. 22:5, hashimikiwe ku nsobanuro).

Kukw’abakora bene ivyo bose, abakora ibidatunganye bose, baba babaye ikizira k’Uhoraho Imana yanyu (Gus. 25:16, hashimikiwe ku nsobanuro).

Muzorya abahungu banyu n’abakobwa banyu. Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu, kandi nzobazinukwa mu mutima wanje (Lew. 26:29-30, hashimikiwe ku nsobanuro).

Abibona ntibazohagarara mu nyonga zawe; Wanka inkozi z’ibibi zose. Uzohonya abanyabinyoma: Uhoraho yanka urunuka umwicanyi n’ingunge (Zab. 5:5-6, hashimikiwe ku nsobanuro).

Kukw’ikidambidambi ni igisesema k’Uhoraho, arikw’abagororotsi bo, asangiye inbanga na bo (Imig. 3:32, hashimikiwe ku nsobanuro).

Abagoreka mu mitima ni igisesema k’Uhoraho, arikw’abatunganya mu nzira baramuhimbara (Imig. 11:20).

Umuntu wese w’ubwibone mu mutima ni igisesema k’Uhoraho;

Vy’ukuri akazobura guhanwa (Imig. 16:5, hashimikiwe ku nsobanuro).

Utsindanishiriza umunyakibi bo n’uwutsindisha umugororotsi, bompi nyene ni igisesema k’Uhoraho (Imig. 17:15, hashimikiwe ku nsobanuro).

Wumva ivyo vyanditswe vyemeranya n’abavuga kw’Imana ikunda abanyavyaha? Abanyavyaha bosesema gute Imana kand’ibakunda?

Dutegerezwa kwemenya k’urukundo rutangana. Har’urukundo rutaraba rw’uruhunyi. Turwita “urukundo rurenzako.” Ni urukundo ruvuga ngo, “Ndagukunda n’aho…” Rukunda abantu rutitaho ivyo bakora. Ni rwo rukundo Imana ikunda ibanyavyaha.

Urwo rukundo ruratandukanye n’urukundo ruvyeyi rushingiye ku bucuti. Turwita “urukundo rufatiye ku kintu kanaka.” Ni urukundo umuntu ashobora kuronka. Ni urukundo ruvuga ngo, “Ndagukunda kuko.”

Bamwe biyumvira kw’igihe urukundo rufatiye ku kintu kanaka, nta gukunda kuba kukirimwo. Har’abavuga k’urwo rukundo ari ukwikunda, ngo s’urw’Imana.

Ukuri ni uko urukundo Imana ikunda abantu rufita ico rufatiye ko, nk’uko tuza kubibona mu vyanditswe. Urukundo rufatira ku kintu kanaka s’urwo kwanjanjwako. Urukundo rufatira ku kintu kanaka Imana irugirira abana bayo nyakuri. Ni twifuze cane urukundo rutuma Imana itwemera kuruta urukundo rwayo rurenzako.

Mbega Urukundo rwatumye twemerwa ni ruto?

Hagarara wibaze ikibazo, uti: “Ni uruhe rukundo ngomba kw’abantu bangirira—-urwo kurenzako canke urufatiye ku bucuti dufitaniye?” ndazi ko ushaka kw’abantu bagukunda “kuko”, ntibagukunde “n’aho.”

Mbega wonezerwa kwumva uwomwubakanye akubwira ati, “Simbona igituma ndagukunda, kandi nta na kimwe cotuma ndakugirira neza” canke, ngo “hari ibintu vyinshi bituma ndakunda, har’ibintu vyinshi nkunda muri wewe”? Twoshima kw’abo twubakanye badukunda urukundo rufatiye ku kintu kanaka, urwo ni rwo urukundo ruhuza kandi rwubaka urugo. Igihe udafise ico ukunda ku wo mwubakanye, igihe ibituma umwemera bidahari, urwo rugo ntirushobora guhangama. Iyo ruramvye n’aho, rurangwa n’urukundo rwo kurenzako, kubera ugushishwa n’ingeso y’uwo mwubakanye.

Ibi vyose bitwereka yukw’urukundo rushingiye ku kintu kanaka, igituma kigaragara, atari rutoya namba. Urukundo rwo kurenzako ni rw’umuntu wese ategerezwa kugira, urukundo rufatiye ku mvo kanaka ni rwo rukundo umuntu ategerezwa kurondera. N’aho bimeze gurtyo, igituma urukundo rufatiye ku kintu kanaka rufise ikibanza ca mbere ni ukw’ari rwo rukundo Data afitiye Yesu. Imana ntiyigeze igirira Yesu urukundo rurenzako, kukw’ata kibi cigeze kuba muri Kristo. Yesu yarabishingiye intahe:

Igituma Data ankunda, ni uko ndekura ubugingo bwanje, mpeze nsubire kubwabira (Yohana 10:17, hashimikiwe ku nsobanuro).

Tubona kw’Imana yakunze Yesu kuko yumviye gushika ku rupfu. Ikintu ciza gusa ni co gituma umuntu akundwa urwo rukundo. Yesu akwiriye urwo rukundo rwa Se kuko yarukoreye.

Yesu yavuze k’ukwitondera amabwirizwa ya Se ari kwo kumuha kuguma muri urwo rukundo:

Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje. Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe (Yohana 15:9-10, hashimikiwe ku nsobanuro).

Nk’ukw’ivyanditswe bivuga, dutegerezwa gukurikira akarorero ka Yesu, tukaguma mu rukundo rwiwe kuko twitondera ivyagezwe vyiwe. Ico ni co gituma umuntu akundwa urwo rukundo. Atweretse ko dushobora gukora ibituma tugirirwa urwo rukundo, kandi turashobora kwikura m’ur’urwo rukundo igihe tutumvira ivyagezwe vyiwe. Tuguma mu rukundo rwiwe igihe twitondeye ivyagezwe vyiwe. Ivyo vyigishwa gake kabaho, bitegerezwa kwigishwa kukw’ari itegeko rya Yesu.

Yesu yemeje abitondera ivyagezwe vy’Imana ari bo bakundwa urwo rukundo:

Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana (Yohana 16:27, hashimikiwe ku nsobanuro).

Uwuri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kandi uwunkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda kandi nzomwihishurira….Nihagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we (Yohana 14:21, 23, hashimikiwe ku nsobanuro).

Mw’ijambo rya kabiri, amasezerano ya Yesu ntahawe abitwa abizera ariko batarahitamwo kwitondera amajambo yiwe, ngo bahave bizera kw’azobiyegereza. Oya, ayo masezerano yahawe umuntu wese akunda Yesu akitondera ijambo ryiwe. Se azokunda uyo muntu, kandi We na Se bazoza kuba mur’uyo muntu, ni kwo kuvuka ubwa kabiri. Umuntu wese amaze kuvuka ubwa kabiri Data na Mwana baba muri we bacishiriza muri Mpwemu Yera (raba Rom. 8:9). Dusubiye kubona kw’abamaze kuvuka ubwa kabiri koko ari abantu bamaze kwihana no gufata ingingo yo kwumvira Yesu, ni bo bashobora kuronka urwo rukundo.

Yesu aragirira abamwizera bose urukundo rurenzako. Igihe batumviye amategeko Yiwe, arabaharira kuko na bo baharira abandi.

Incamake (The Conclusion)

Ibi vyose bisigura kw’Imana idakunda abanyavyaha nkukw’ikunda abana bayo bayumvira. Ikunda abanyavyaha urukundo rurenzako, urukundo rw’akanya gatoya. Urwo rurangira ku musi bapfuye. Tukiri ngaho twovuga kw’Imana ibakunda urukundo rurenzako, ibafitiye urwanko ruzanwa n’ingeso zabo zitabereye. Ni kw’ivyanditswe bitwigisha.

Ku rundi ruhande, Imana ikunda abana bayo kuruta ukw’ikunda abataravuka ubwa kabiri. Imana ibakunda urukundo rushingiye ku kintu kanaka kuko bihanye kandi bahisemwo kwitondera ivyagezwe vyayo. Igihe bakobeje mu kwezwa, ntiba ikibanda urukundo rurenzako kukw’ifise ibituma ibakunda urukundo rushingiye ku kintu kanaka, ni rwo bifuza.

Ibi vyose vyerekana kw’amashusho abavugabutumwa benshi batanga ku rukundo rw’Imana azimiza kandi si yo. Mu kwisunga ico ivyanditswe bivuga, ni wiyumvire ku bintu bitandukanye bavuga k’urukundo rw’Imana:

1.) Nta kintu ushobora gukora cotuma Imana igukunda canke ikwanka.

2.) Nta kintu ushobora gukora cobuza Imana kugukunda.

3.) Urukundo rw’Imana ntirushingiye ku kintu na kimwe.

4.) Imana ikunda abantu bose ku rugezo rumwe.

5.) Imana ikunda abanyavyaha ariko yanka icaha.

6.) Nta kintu ushobora gukora gituma Imana ikwanka.

7.) Urukundo Imana idukunda ntirushingiye ku vyo dukora.

Ivyo vyose twavuze ngaho ni ibinyoma gusa kandi biyovya abatari bake, bamwe banka urukundo rw’Imana rushingiye ku kintu kanaka abandi bagasobanura nabi urukundo rwiwe rurenzako.

Ica mbere (1), har’ibintu abizera bashobora gukora bigatuma Imana ibemera cane: ni ukwumvira. Hari n’ikintu bashobora gukora kigatuma Imana itabemera: ni ukutayumvira. Ku banyavyaha, har’ikintu kimwe bashobora gukora kigatuma Imana ibakunda cane: ni kwihana. Imana ica ibagirira urukundo rushingiye ku kintu kuko babaye abayo. Har’ikindi kintu gituma Imana itabaha urwo rukundo: gupfa batihanye. Uwupfuye atihanye ntaba agikingiwe n’Imana canke ngw’imugirire urukundo rurenzako kukw’ apfuye atihanye.

Ica kabiri (2), umukristo arashobora gutakaza urukundo rwatuma Imana imwemera nk’uwayo igihe ahisemwo gusubira mu caha. Abo yijanye mu murwi w’abakundwa urukundo rurenzako. Ndabisubiyemwo, uwutizera apfuye ntaba akizigamwe na rwa rukundo rurenzako, urwo rukundo arugirirwa ngo yemere kwihana akiri kw’isi.

Ica gatatu (3), urukundo rutuma rw’Imana rushingiye ku kintu kanaka ruzanwa n’ikintu kanaka. Urukundo rurenzako na rwo rushoboka umuntu akiri muzima. Inyuma y’urupfu, Urukundo rurenzako rurarangira, urwo rukundo rugira aho rugarukira.

Ica kane (4), biragaragara kw’Imana idakunda abantu bose co kimwe, kuko bose hamwe, abera n’abanyavyaha abemera canke ntabemere ku rugero rutangana. Nta nkeka urukundo Imana ikunda abera n’urukundo ikunda abanyavyaha ntirungana.

Ica gatanu (5), Imana yanka abanyavyaha n’ivyaha bakora. Bitahurika neza igihe tuvuze kw’ikunda abanyavyaha urukundo rurenzako arikw’ikanka ivyaha bakora. Tugereranije urwo rukundo n’urukundo ikunda abiwe, dusanga Imana yanka abanyavyaha.

Ica gatandatu (6), umuntu wese arashobora kuronka urukundo rutuma yemerwa nk’uw’Imana. Kanatsinda, urukundo rwiwe rurenzako rushika kuri bose ataco urinze gukora, ukira kuba uri umunyavyaha.

Mu kurangiza, twihweje ikigira indwi (7), urukundo rw’Imana rurenzako ntirushingiye kuvyo twakora tutarakizwa, arik’urukundo rw’Imana rutwemera nk’abayo rushingiye ku vyo dukora igihe turi mu gakiza.

Ibi vyose bisigura k’umukozi agira abigishwa ategerezwa kuvuga ku vy’urukundo rw’Imana mu buryo bwiza, nkuko bivugwa muri Bibiliya, kukw’itagomba ko hagira uwibesha cank’abeshe aboyigisha. Abo Imana ikunda ibemera nk’abayo ni bo bazoja mw’ijuru, kandi abo ikunda urwo rukundo ni abantu bavutse ubwa kabiri kandi bumvira Yesu. Umukozi agira abigishwa ntashobora kwigisha ibitandukanya abantu canke bibashira kure yo kwiyeza. Intumbero yiwe ni nk’iy’Imana, kugira abigishwa bitondera amategeko yose ya Kristo.

 


[1]

Ukuvuga ubutumwa kw’abavugabutumwa ni uburyo bumwe bwo kwigisha, bavuga ubutumwa bwa Bibiliya.

[2]

Abizera bose ntibahawe kwigisha imirwi y’abantu ariko twese twahawe itegeko ryo kwigisha umuntu umwe-umwe tugira abigishwa (raba Mat. 5:19; 28:19-20; Kol. 3:16; Heb. 5:12).

[3]

Mvuze “N’iyo” kukw’amabingira yambaye insato z’intama ari “abakozi” bikunda, na bo bazetererwa i kuzimu. Niyumvira kw’ikintu kibatandukanya n’abakozi b’ukuri ni intumbero mbi n’inzego zose zishirirwaho iyo ntumbero.

[4]

Biratangaje kwumva har’abahakana ko Yesu atariko aburira abigishwa biwe kandi ko wa mushumba mubi agereranywa n’uwizera, bavuga kw’ikibanza co kurira no kuryana insya z’amenyo ar’ikibanza kiri hafi y’ijuru. Aho ni ho, abizera batabaye abizigirwa bazobabarizwa gatoya gushika aho Yesu azoza kubahanagura amosozi akabajana mw’ijuru!

[5]

Nta nkeka, igihe abakristo bakoze icaha ntibatakaza agakiza kabo. Abasaba ikigongwe c’ivyaha vyabo Imana irakibaha (basanzwe na bo baharira ababacumurako). Abadasaba ikigongwe Imana bishira mu kaga ko guhanwa n’Imana. Abadakangirwa n’Imana barashobora gutakaza agakiza kabo.

[6]

Abantu bataremera kw’abakristo bashobora gutakaza agakiza ni basome iyi mirongo y’Isezerano Rishasha. Mat. 18:21-35; 24:4-5, 11-13, 23-26, 42-51; 25:1-30; Luka 8:11-15; 11:24-28; 12:42-46; Yohana 6:66-71; 8:31-32, 51; 15:1-6; Ivyah. 11:21-23; 14:21-22; Rom. 6:11-23; 8:12-14, 17; 11:20-22; 1 Kor. 9:23-27; 10:1-21; 11:29-32; 15:1-2; 2 Kor. 1:24; 11:2-4; 12:21-13:5; Gal. 5:1-4; 6:7-9; Fil. 2:12-16; 3:17-4:1; Kol. 1:21-23; 2:4-8, 18-19; 1 Tes. 3:1-8; 1 Tim. 1:3-7, 18-20; 4:1-16; 5:5-6, 11-15, 6:9-12, 17-19, 20-21; 2 Tim. 2:11-18; 3:13-15; Heb. 2:1-3; 3:6-19; 4:1-16: 5:8-9; 6:4-9, 10-20; 10:19-39; 12:1-17, 25-29; Yak. 1:12-16; 4:4-10; 5:19-20; 2 Pet. 1:5-11; 2:1-22; 3:16-17; 1Yohana 2:15-2:28; 5:16; 2Yohana 6-9; Yuda 20-21; Ivyah. 2:7, 10-11, 17-26; 3:4-5, 8-12, 14-22; 21:7-8; 22:18-19. Ivyanditswe vyigishwa n’abavuga ko umuntu adashobora gutakaza agakiza n’aho yogendera mu vyaha usanga ari ivyanditswe bishimikira ku bwizigirwa bw’Imana mu kuzigama gakiza kacu, kandi nta co umuntu ategetswe gukora azigame agakiza kiwe. Bitegerezwa gusobanurwa mu gushigikira ivyanditswe maze kuvuga. Kubera kw’Imana isezerana kuba umwizigirwa nta cameza kw’abantu bose ari abizigirwa. Kubera nsezeranye umugore wanje ko ntazokwigera ndamuta kandi nkubahiriza ijambo ryanje, ntibisugurako we atazokwigera ampeba

[7]

Hari igihe bavuga kw’ivyo vyanditswe vyerekana ingene Imana izinukwa abanyavyaha ar’ivy’ Isezerano rya Kera. Ingene Imana ibona abanyavyaha ntiguhinduka uhereye kw’Isezerano rya Kera ugashika kuri Rishasha. Akarorero keza ni ikiyago ca Yesu n’umunyakaninikazi muri Matayo 15:22-28.Yesu ntiyashotse yumviriza ugutakamba kw’uyo mugore, mbere yamwise imbwa. Ugukovya kwiwe kwatumye Yesu amugirira akagongwe. Ikiyago ca Yesu n’abandishi n’abaferisayo cerekana ubwoko bw’urukundo abafitiye (raba Mat. 23).