Kugira Intumbero Nziza

Igice Ca Mbere (Chapter One)

 

Kugira umukozi w’Imana aroranirwe, ategerezwa gutahura intumbero Imana yamushize imbere. Adatahuye iyo ntumbero, ntazomenya ko yananiwe canke ko yayishikije. [1]

Azokwiyumvira ko yashoboye kandi yananiwe. Ni akaga. Uyo mukozi agereranywa n’uwusiganwa ajabuka umurongo wa bahiganwa ku metero 800 ari mu kibanza ca mbere yigina instinzi imbere y’abamurorereye ntamenye ko yahiganwa ku metero 1600. Ugutahura nabi intumbero yiwe vyatumye aneshwa. Kwiyumvira ko yatsinze vyatumye atsindwa. “Aba mbere bazoba abanyuma.”

Abakozi bose barafise intumbero bita “imbono” yabo. Ni yo baharanira gushitsa mu buryo bumwe cank’ubundi nk’ukw’ingabire n’imihamagaro yabo iri. Ingabire n’umuha-magaro w’umuntu wese ni rudende. Ushobora kuragira ishengero mu gisagara kanaka, kubwiriza intara kanaka canke kwigisha. Arikw’Intumbero ndiko ndavuga ngaha ni rusangi ku bakozi bose. Ni imbono iruta izindi. Ni yo mbono rusangi izindi zose zenenako. Ariko har’igihe bitubahirizwa. Abakozi benshi ntibafise gusa imbono zidahuza n’imbono rusangi y’Imana, usanga zikorera kuyirwanya. Narigeze kuba mur’uwo murwi naho nitwa umurongozi w’ishengero rinini.

Mbeg’intumbero cank’imbono rusangi Imana yahaye umukozi wese ni iyihe? Dusanga inyishu muri Matayo 28:18-20, igice tumenyereye cane ariko ntidutahure insobanuro. Reka tugice irya n’ino:

Yesu arabegera, arababwira, ati, “Jewe nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi” (Mat. 28:18).

Yesu yifuza kw’abigishwa biwe bamenyako Se yamuhaye ububasha bwose. Kanatsinda, Data yifuza (na bugingo n’ubu) ko Yesu yubahwa, niko bigenda igihe cose Data ahaye umuntu ububasha kanaka. Yesu ategerezwa kwubahwa kuruta abandi bose kuko Data yamuhaye ububasha bwose bo mw’ijuru no mw’isi, ubwo bubasha nta karimbi bwashingiwe nk’uko gashingirwa abana b’abantu. Yesu ni Umwami.

Nk’uko nyene, utizeye Yesu nk’Umwami ntuba umwizera na gato. Yesu, kibirengeye ca vyose, ni Umwami. Yitwa “Umwami” incuro zirenga 600 mw’Isezerano Rishasha. (Yitwa Umukiza incuro 15.) Paulo yanditse ati, “Ni co gituma Yesu yapfuye kandi arazuka, ngw’abe Umwami w’abapfuye n’abakiriho” (Abaroma 14:9, harimw’ugushimika). Yesu yarapfuye arazuka ngw’aganze nk’Umwami mu bantu biwe.

Ukwizera Gukiza Koko (True Saving Faith)

Igihe abavugabutumwa n’abungere batumira abatizera “kwakira Yesu nk’Umukiza,” (iryo jambo nta ho ryigeze gukoreshwa mu vyanditswe), baba berekanye agasembwa kari mu gutahura kwabo ivy’ubutumwa bwiza. Akarorero ni igihe wa murinzi w’ibohero ry’Ifilipi yabaza Paulo icoyokora aronke agakiza, Paulo ntiyishuye ati, “Akira Yesu nk’Umukiza wawe.” Yamubwiye ati, “Izere Umwami Yesu Kristo, urakira” (Ivyakoz. 16:31, harimw’ugushimika). Abantu bakizwa igihe bizeye Umwami Yesu Kristo. Ibuka, ntibakizwa kuko bizeye inyigisho za Yesu canke z’agakiza, bakizwa kuko bizeye umuntuUmwami yitwa Yesu Kristo. Uku ni ko kwizera gukiza. Har’abantu biyumvirako bafise ukwizera gukiza kuko bizera k’urupfu rwa Yesu ar’impongano y’ivyaha vyabo, kw’agakiza kazanwa no kwizera hamwe n’ibindi vyose abantu bashobora kwiyumvira kuri Yesu. Ariko si vyo na gato. N’umurwanizi aravyizera. Ukwizera gukiza ni ukwizera Yesu. Nawe ni Nde? Ni Umwami.

Igihe nizera ko Yesu ari Umwami, ntegerezwa gukora nk’uwukorera Umwami, umutima wanje utegerezwa guca bugufi imbere yiwe. Ntaciye bugufi sinshobora kuvugako ndamwizera. Umuntu avuze, ati “Ndizera ko hari inzoka y’ubumara bubi mu nkweto yanje,” agaca yambara iyo nkweto ataco yinona, aba yerekanye kw’atizera ivyo yavuzeko yizera. Abantu bavuga ko bizera Yesu ntibihane ivyaha vyabo canke ngo bace bugufi mu mitima yabo ntibaba bizera Yesu. Uyo Yesu bavugako bizera si we. Uwo twebwe twizera ni Umwami Yesu nyene ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.

Igihe umukozi w’Imana adatahura neza ivy’ubutumwa bwiza, aba ari mu ngorane. Ntashobora gutera imbere nkukw’Imana ishaka. Aba arikw’arahindura ubutumwa ngenderwako Imana igomba kubwira abantu. Arashobora kuba umwungere w’ishengero rinini ariko ntashike ku ntumbero nyamukuru Imana yamuhamagariye.

Imbono Nini (The Big Vision)

Reka dusubire muri Matayo 28:18-19. Amaze kwerekana ubukuru n’uburongozi bwiwe, Yesu atanga itegeko ati:

Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mu babatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Mat. 28:19-20a).

Yesu yakoresheje ijambo “Nuko.” Ati, “Nuko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa…” Bisigura ngo, “Kubera ivyo mpejeje kuvuga…kubera yuko mfise ububasha bwose…Kubera yuko ndi Umwami…abantu bategerezwa kunyumvira…rero ndabategetse (kandi mutegerezwa kwumvira) mugende muhindure amahanga yose abigishwa, mubigishe kwumvira amategeko Yanje.”

Ivyo ni vyo bigize imbono rusangi, imbono iruta izindi Imana ifitiye amabango yacu: Ibwirizwa twahawe ni kugira abigishwa bitondera ivyagezwe na Kristo vyose.

Paulo avugako yahawe ubuntu bw’Imana nk’intumwa “ashikane abanyamahanga ku kwizera ” (Abaroma 1:5, harimw’ugushimika). Intumbero ni ukwumvira; igituma bumvira ni ukwizera. Abafise ukwizera gukomeye mu Mwami bumvira ivyagezwe vyiwe.

Ni co gituma ku musi wa Pentekote Petero yavuze, ati “ Abo mu muryango wa Isirayeli bose bamenye badakekeranya yukw’Imana yamugize [Yesu] Umwami na Kristo—Yesu umwe mwabamba” (Ivyak. 2:36). Petero yifuza kw’ababamvye Kristo bamenyakw’Imana yamugize Umwami na Kristo. Bishe uwo bategerezwa kwumvira! Bamaze kunyurwa, barabaza, bati “Dukore iki?” Petero ashirako, ati “Mwihane”! Ntimugararize. Mwimike Yesu mu mitima yanyu. Petero aca abategeka kubatizwa nk’uko vyagezwe na Kristo. Uko ni ko Petero yagira abigishwa—bakurikira no kwububaha Kristo— Urwo rufatiro ni rwiza.

Umukozi wese asuzume igikorwa ciwe. Twese twibaze, duti “Mbeg’ivyo nkora bituma abantu bakurikira Yesu no kwumvira amabwirizwa yiwe?” Inyishu ibaye ego, tuzoba turusimvye. Inyishu ibaye oya, impinge izoba ikiri ndende.

Umuvugabutumwa yishinga guhamagarira abantu “kwakira Yesu,” ntababwire kwihana ivyaha vyabo, azobona ibara. Umwungere yironderera kwubaka idini gusa no kunezereza intama ziwe mu binyoma n’amangetengete, azobona ibara. Umwigisha yigisha imipfunda “y’inyigisho z’agaharawe”, azobona ibara. Intumwa ishinga amashengero y’abavugako bizera Yesu batamwumvira, azobona ibona ibara. Uwuvugishwa n’Imana abesha abantu ngo bagiye gutoragura imigisha mu nzira, azobona ibara.

Kuneshwa Kwanje (My Failure)

Haraheze igihe, nari nkirongoye ishengero rinini cane Mpwemu Yera ambaza ikibazo canyuguruye amaso mbona ingene ndwanya intumbero rusangi y’Imana. Nariko ndasoma amateka azocirwa impene n’intama nk’uko vyanditswe muri Matayo 25:31-46, Mpwemu Yera ambaza ati: “Abanyeshengero bawe bopfa uyu musi nyene bagacirwa uruzocirwa intama n’impene, mbega ni bangahe boba intama canke impene?” Mu yandi majambo, ati “Mu mwaka uheze, ni bangahe mw’ishengero ryawe bahaye indya bene Data bashonje, bahaye amazi abakristo banyotewe, bahaye indaro abatagira aho bakika umusaya n’ingenzi, bambitse abakristo bagenda gusa canke ni bangahe basuhuje abarwayi n’imbohe?” Narinzi neza kw’abashoboye kugira kimwe mur’ivyo cank’ibisa n’ivyo ari bake cane n’ah’abatonda mw’ishengero bari benshi, abo ni bo baririmba bakumviriza ubutumwa bwanje no gutanga amashikanwa menshi. Yesu yabahwanya n’impene nsa. Narigaye cane kuko ntabigisha kunezereza Imana no kwikorera imitwaro ya bene Data. Sinabigisha kwitondera ivyagezwe vya Kristo. Naratahuye ko nirengagiza ivy’igiciro vy’Imana—Ibwirizwa rikuru rya kabiri ni ugukunda mugenzi wawe nk’uko wikunda—simvuze ibwirizwa ryo gukundana nk’uko yadukunze.

Ikirengeye vyose, naratahuye kw’inyigisho zanje zarwanya umugambi w’Imana wo kugira abigishwa kuko nishinga kubwira ishengero “ubutumwa bw’imihezagiro.” Niyigishiriza abatunzi b’abanyamerika bo mw’ishengero ryanje kw’Imana ishaka kubongera itunga kandi nzi neza ko Yesu yanka kw’abantu Biwe birundaniriza ubutunzi mw’isi (raba Mat. 6:19-24), ashaka ko babumbwa n’ivyo bafise n’aho zoba indya n’ico kwifuka gusa (raba Abaheb. 13:5; 1 Tim. 6:7-8). Sinamenyako nigisha abantu kutumvira Yesu (nk’ukw’abungere benshi babigira kw’isi hose).

Mazegutahura amakosha yanje, narihanye nsaba ishengero ryanje rimbabarire. Ntangura kugira abigishwa nigisha kwitondera ivyagezwe vyose vya Kristo. Nabigirana ubwoba n’impungenge kuko narinzi ko bamwe batabwirwa kwumvira amategeko ya Yesu, bishakira ubukristo bwokwinezereza budategeka kwiyanka. Vyaragaragara ko bamwe muri bo batitaho abakristo bari mu magorwa kw’isi. Ntibashaka kujana ubutumwa ku batarabwumva. Barangwa no kwirundaniriza ivy’isi. Ivy’ukwezwa na vyo, birinda ivyaha bigaragara gusa, ivyaha n’abatizera badashobora gukora, biberaho ubuzima nk’ ubw’abandi banyedini muri Amerika. Ntibakunda Umwami na gato. Ntibitondera amabwirizwa ya Yesu kand’ari vyo vyerekana urukundo tumukunda (raba Yohana 14:21).

Ico natinya caruhiye gushika—nasanze abiyita abakristo beza ari impene mu nsato z’intama. Igihe ndabatumiye kwiyanka no kwikorera imisaraba yabo, barajingitwa. Kuri bo, ishengero ni ihuriro ry’umuzika, ni vy’abisi bahurumbira mu biteramo n’ubunywero. Bakunda inyigisho zemeza ko bakijijwe kandi kw’Imana ibakunda. Ntibashaka kubwirwa ic’Imana ibashakako. Ntibashaka kubwirwa gukizwa. Kugendera mu bugombe bw’Imana ni ikizira igihe har’ico bibasaba. Batanga amafaranga yabo iyo babwiwe kw’Imana izobashumbusha umurengera n’iyo atangiwe ivy’umubiri nko gushariza urusengero.

Igihe Co kwisuzuma (A Time for Self-Examination)

Haragezek’umukozi wese asoma iki gitabo yibaza ca kibazo Mpwemu Yera yambajije: “Abantu ndongora bopfa ubu nyene bagacirwa uruzocibwa intama n’impene, ni bangahe boba intama canke impene?” Igihe abakozi bemeza impene zo mu mashengero yabo ko zikijijwe, baba bazibwiye igihushanye c’ivy’Imana ishaka. Uyo mukozi ni umwansi. Yanse kwigisha ivyo Yesu yategetse muri Matayo 25:31-46. Aragabisha impene ko zitazobona ijuru.

Yesu yavuzek’urukundo rwacu ari rwo rugaragaza ko tur’abigishwa biwe (raba Yohana 13:35). Urwo s’urukundo rw’abatizera ahandi ho nta tandukaniro ryoba hagati y’abizera n’abatizera. Urukundo Yesu yavuze ni rumwe rudushoboza kwiyanka tugakundana nk’uko yadukunze no kwihebera abandi (raba Yohana 13:34; 1Yohana 3:16-20). Yohana yongera kuvuga kw’ingene dukandana arikwo kutumenyesha ko twavuye mu rupfu tukagirwa bazima arikwo kuvuka ubwa kabiri (1Yohana 3:14). Abavuga nabi, bakidodombera abigisha ivyagezwe vya Kristo berekana urukundo rw’abavutse ubwa kabiri? Si vyo na gato, ni impene zishogomanga zijana i kuzimu.

Abigishwa mu Mahanga Yose (Disciples of All Nations)

Mu kubandanya reka dusubire muri Matayo 28:19-20, Itegeko Rikuru kandi Rusangi Yesu yahaye abigishwa biwe turabe ikindi cigwa twokuramwo.

Nuko ni mugende muhindure amahanga yose abigishwa, mu babatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:19-20a).

Yesu ashaka kugira abigishwa mu mahanga yose, cank’ubwoko bwose nk’uko bivugwa mu Giheburayo. Nimba Yesu yategetse ivyo, ndizerako bishoboka. Turashobora kugira abigishwa ba Yesu mu moko yose y’isi. Iki gikorwa nticahawe bamwe cumi n’umwe ba mbere gusa, cahawe umwigishwa wese yabayeho kandi azobaho inyuma y’abo cumi n’umwe kandi iryo itegeko ni kwumvira ivyo Yesu yageze vyose. Nk’uko bamwe cumi n’umwe bigishije abigishwa babo kwitondera ivyagezwe na Kristo, umwigishwa wese nk’uk’uruvyaro rwiwe ruri ategerezwa kwitondera iri tegeko. Umwigishwa wa Yesu ategerezwa guhurikira mur’iki gikorwa co guhindura amahanga mu buryo bumwe cank’ubundi.

Ibi birasigura igituma “Itegeko Rikuru” ritarasozerwa. N’aho har’amasinzi y’abakristo biyita beza, igitigiri c’abigishwa bamaramaje kwumvira Yesu kiracari gitoya cane. Benshi mu biyita beza ntibabwirwa kugira abigishwa mu moko yose, ntibaruha bumvira amategeko ya Kristo. Igihe ribaguye mu gutwi, ntibabura ivyitwazo, bamwe bavuga ngw’ “Ico s’igikorwa canje,” abandi ngo, “Sindongowe kujana iyo nzira.” Abungere benshi baratahura ico ndiko ndavuga kukw’impene nyinshi zihitiramwo amategeko ya Kristo zishaka gukurikiza nk’uko gahunda zabo zibategeka.

Ese icompa umukristo wese akizera Umwami Yesu Kristo, umuntu wese wo kw’isi akabwirwa ubutumwa bwiza. Abigishwa ba Kristo bofata iyo ngingo vyoca bikoreka. Bohagarika kwonona umwanya n’amafaranga yabo mu vy’imfata kibanza vy’iyi si bakayakoresha mu bashitsa ibwirizwa ry’Umwami. Birababaje kwumva kw’igihe umwungere yubaha Imana amenyesheje ishengero ko hari umumisioneri azoza kubigisha, aba azi ko har’abazosiba ico gikorane. Impene nyinshi zicazigumira ku muhana canke zikigira mu yandi mashengero. Ntibubaha ivya Kristo. Arikw’Intama zicakira akaryo kose zironse ngo zigire abigishwa mu mahanga yose.

Inyigisho ya nyuma ya Matayo 28:18-20: Yesu abwira abigishwa biwe kubatiza abigishwa babo. Intumwa zitondeye iri tegeko mu bwizigirwa. Zabatiza abihanye igihe bizeye Umwami Yesu. Umubatizo ni ukwishushanya n’urupfu rwa Kristo, uguhambwa n’ukuzuka kwiwe. Abizera bashasha baba bapfanye no kuzuranwa na Kristo nk’ibiremwa bishasha. Yesu yashimye k’ukwo kuri kugaragarizwa mu rubatizo rw’uwizera mushasha bikandikwa mu bwenge bwiwe kw’ahindutse umuntu musha afise kamere gashasha. Aba asangiye impwemu imwe na Kristo, ahawe ibikenewe vyose ngo yumvire Imana muri Kristo aba muri we. Yari yarapfiriye mu vyaha ariko ubu amaze kwezwa pe akagirwa muzima muri Mpwemu Yera. Ntagirirwa “imbabazi gusa” arahindurwa koko. Imana yongera kwerekana kw’abakristo nyabo bahindutse kuko batagikora ivy’abapfuye mu mpwemu. Yesu na we yarabivuze mu majambo yiwe ya nyuma, ati “Raba, ndi kumwe namwe gushika kw’iherezo ry’isi” (Mat. 28:20). Mbega ukubaho kwa Kristo mu bantu ntiguhindura ingeso zabo?

Yesu Asobanura Igikorwa co Kugira Abigishwa (Jesus Defines Discipleship)

Turamaze gutahura kw’intumbero ya Yesu iruta izindi ari ukugira abigishwa, abo ni abantu bamaze kwihana kandi bitwararika kwiga no kwumvira amategeko Yiwe. Yesu arasobanura umwigishwa muri Yahona 8:32:

Ni mwaguma mw’ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidengemvya.

Abigishwa b’ukuri, nk’uko Yesu yabivuze, ni abantu bagize ijambo Ryiwe insago zabo. Uku bashishikara kwiga ukuri kuri mw’ijambo Ryiwe, ni ko bashishikara “kubohoka,” kandi biragaragara ko Yesu yavuga k’ukubohorwa ku caha (raba Yohana 8:34-36). Dufatiye ku nsobanuro ya Yesu tubona kw’abigishwa biwe biga no kwumvira amategeko yiwe.

Yesu yongera kuvuga, ati

Niho Data azoshimagizwa, ni mwama ivyamwa vyinshi, kandi ni mwerekana ko muri abigishwa banje ” (Yohana 15:8, hashimikiwe ku nsobanuro).

Dufatiye kur’iyo nsiguro ya Yesu, abigishwa bashimagiza Data ku vyo bama. Abatagira ivyamwa s’abigishwa Biwe.

Ico camwa kiranga umwigishwa w’ukuri casobanuwe na Yesu muri Luka 14:25-33. Reka dutangurire ku murongo wa 25:

Kandi ishengero ryinshi ryari rijanye na we; Arahindukira, Arababwira ati…

Mbega Yesu yasamajwe n’ishengero rinini “ryamugendanira”? Mbega ukugira ishengero rinini ni vyo vyerekana ko Yesu yashikije intumbero Yiwe?

Si vyo, Yesu ntiyabumbwe no kugendanirwa n’isinzi ry’abantu bagenzwa no kwumviriza inyigisho Ziwe, kwitegereza ibitangaza Vyiwe canke kwirira indya Ziwe. Yesu yarondera abantu bakunda Imana n’imitima yabo yose, ubwenge, imishaha n’inkomezi zabo zose. Yashaka abantu bamwumvira. Yashaka abigishwa. Ni co catumye abwira abamugendanira ati:

Umuntu niyaza kuri Jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigisha wanje (Luka 14:26).

Neza cane: Yesu yerekanye ibiranga umwigishwa Wiwe. Mbega umwigishwa Wiwe ategerezwa kwanka abo yakunda? Ntivyumvikana kukw’ivyanditswe bidutegeka kwubaha abavyeyi no gukunda abo twubakanye hamwe n’abana bacu.

Yesu yavuga mu migani, yarakoresha n’imvugo ndenza rugero mu nsiguro ziwe. Muri make, uko bimeze kwose, yavuze ati: Ni twagomba kuba abigishwa Biwe, dutegerezwa kumukunda tukamurutisha abakunzi bacu. Ico Yesu ashika ni gukunda Imana n’imitima, ubwenge, ubugingo n’inkomezi zacu zose.

Itegereze neza—igikorwa c’umukozi w’Imana ni kugira abigishwa, bisigura ko bate-gerezwa kuvyara abantu bakunda Yesu kuruta abo bubakanye, abana n’abavyeyi babo. Ni vyiza kw’umukozi wese asoma iki gitabo yibaza ati, “Mbega mvyara abantu nk’abo?”

Twomenya gute k’umuntu akunda Yesu? Muri Yohana 14:21 Yesu avuga ati: “ Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe Vyanje.” Dusozere tuvugakw’abakunda Yesu bakamurutisha abo bubakanye, abana n’abavyeyi babo ari bo bitondera ivyagezwe Vyiwe. Abigishwa ba Yesu bitondera ivyagezwe Vyiwe.

Igisabwa Ca Kabiri (A Second Requirement)

Yesu abandanya kubwira abamugendaniye kur’uyo musi ati,

Uwutikorera umusaraba wiwe ngw’ ankurikire ntashobora kuba umwigishwa Wanje (Luka 14:27).

Yesu aravuga ikintu ca kabiri gisabwa uwushaka kuba umwigishwa Wiwe. Ni ikihe? Boba babwiwe kwikorera imisaraba y’ibiti? Oya, n’ubu Yesu yarikw’avuga mu migani.

Abayuda benshi canke bose bamwumviriza kur’uyo musi bari bazi kw’inkozi z’ibibi arizo zimanikwa ku misaraba. Abaroma babamba inkozi z’ibibi ku mayira abiri inyuma y’amarembo y’igisagara ngw’ababibona bose birinde gukora ivyaha.

Ni co gituma niyumvirakw’ijambo, “Ikorere umusaraba wawe” ryari rimenyerewe cane mu gihe ca Yesu. Umuntu wese ajanwe kubambwa yumva umusirikare w’umuroma amubwira, ati “Ikorere umusaraba wawe unkurikire.” Ayo amajambo yahindisha agashitsi uwaciriwe urubanza, vyasigura intango y’umubabaro uhebuje. Insiguro y’iryo jambo yatumye rimenyerwa n’abantu bose, “Emera amagorwa ugiye gucamwo.”

Nk’umuvyeyi abwira umwana wiwe, ati “Mwana, ndaziko udakunda kuzibura umusarani. Ni akazi kabi kanuka ariko ni co gikorwa hawawe gukora rimwe mu kwezi, nta kundi ni wikorere umusaraba wawe. Nyaragasa.” Ni nka hamwe umugore ababwira umugabo wiwe, ati “Mutware, ndazi wanka kuriha ikori ry’Abaroma arikw’isango ryageze ng’uy’umutoza kori arashitse. Emera wikorere umusaraba wawe. Nta kundi murihe yigire.”

Kwikorera umusaraba bishobora kandi gusigura kwiyanka, Yesu yaravyemeje muri Matayo 16:24: “Umuntu niyashaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere umusaraba wiwe, akurikire” Mu yandi majambo ngw’ “Umuntu niyifuza kunkurikira, ashire gahunda ziwe ku ruhande, yemere amagorwa n’ingagaruka zose z’uguhitamwo kwiwe, ankurikire.”

Abigishwa nyakuri bemera imibabaro iri mu gukurikira Yesu. Baharura ikiguzi, bamenyako har’imibabaro bategerezwa kwihanganira, ico ni co gituma bahitamwo gusozera ihiganwa mu ntsinzi. Vyemezwa n’ijambo Yesu yavuze k’uguharura ikiguzi co kumukurikira. Har’uturorero tubiri dusobanura neza ayo majambo:

Ni nde wo muri mwebwe, agomba kwabaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yo wubaka, ngw’amenye yukw’afise ayowunonosora? No kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y’itanguriro, ntashobore kuwuzuza. Canke har’ umwami yoba agiye guhura n’uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi cumi guhwana n’uwumuteye ari n’ingabo ibihumbi mirongwibiri? Bisanzwe Atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumakw’intumwa, amubaza ico yomuhongera ngo babane amahoro (Luka 14:28-32).

Ntidushobora gusobanura ayo majambo ukundi: “Ugomba kuba umwigishwa wanje, banza guharura ikiguzi, ahandi ho wobivamwo rukamvye. Umwigishwa w’ukuri yihanganira ingaruka y’ijambo Nkurikira.”

Igisabwa Ca Gatatu (A Third Requirement)

Yesu yongera kuvuga ikintu ca gatatu gikenewe mu gikorwa co kugira abigishwa:

Ni ko biri, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivy’afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje (Luka 14:33).

N’ubu Yesu avuga mu migani. Ntiyavuzeko twikokora gushika aho tubura ico dutunga, indya n’impuzu. Guheba ivyo dutunze ni ukwemerak’ubutunzi bwacu buganzwa n’Imana, amahera ntabe akituganza ukundi, ni ugukorera Imana mu gukoresha ubutunzi bwacu. Bituma tutagishira imitima ku butunzi bwo kw’isi tugashobora kubusangira no kubuzezwa n’Imana, nikw’Abakristo ba mbere babigenza nk’uko tubisanga mu vyakozwe n’Intumwa. Kuba umwigisha wa Kristo ni ukwubaha amabwirizwa Yiwe, muri yo harimw’ukutirundaniriza ubutunzi mw’isi ariko mw’ijuru.

Muri make, nk’uko Yesu yabigeze, ninagomba kuba umwigishwa Wiwe, nzokwama ivyamwa. Nzomukunda kuruta vyose, nkamurutisha abo mu muryango wanje. Ntegerezwa kwemanga imibabaro nterwa n’ingingo nafashe yo kumukurikira. Kand’umushahara n’ubutunzi bwanje ntegerezwa kubikoreshwa nk’ukw’antegeka. (Kukw’amabwirizwa Yiwe afise ico avuga ku butunzi bwanje, sinorinda kuvuga nk’ukw’abandi benshi bavuga mu bubeshi ngo “Mana mbwira ic’ushaka ku butunzi bwanje ndagikore” igihe bakibwiwe ntibagikora.)

Bakozi b’Imana abo si bo bigishwa Kristo adatuma kugira ! Intumbero y’Imana ni kugira abigishwa bumvira! Duhamagarirwa kuba abakozi bagira abigishwa nyabo!

Uku kuri ngenderwako abakozi benshi kw’isi ntakwobafise. Basuzumye ivyo bakora nk’uko nabigize, barashobora kukuronka. Nk’uko vyanshikiye, nibisuzuma bazosanga bari kure y’ibikorwa Imana yabashiriyeho. Igihe nabona aho ngeza kwigisha ivya Kristo mw’ ishengero ryanje, nasanze abashobora kwitwa abigihwa nyabo ari imparurwa.

Bungere, nimwitegereze amasho yanyu. Mbega ni bangahe Yesu ashobora kwemera nk’abigishwa Biwe mu mashengero yanyu twisunze ivyanditswe muri Luka 14:26-33? Bavugabutumwa, mbeg’ubutumwa muvuga bugira abantu bumvira amategeko ya Kristo?

Iki ni igihe co gusuzuma ibikorwa dukora tutararengutswa imbere ya Yesu mu mateka yo ku musi w’imperuka. Nkaba ndi kure y’intumbero Yiwe, mpabwe kubibona uyu musi nyene uyo musi utarashika. Weho ?

Iciyumviro Ca Nyuma Gikomeye (A Final Sobering Thought)

Biragaragara, Yesu agomba abigishwa b’ukuri nk’uko bihishurwa muri Luka 14:26-33. Mbega birakenewe kuba umwigishwa Wiwe? Mbega umuntu yanse kuba umwigishwa Wiwe har’ico? Yesu yishuye ivyo bibazo mu nsiguro yiwe dusanga muri Luka 14:

Umunyu ni mwiza; arik’umunyu wo, woshira uburyohe, woryoshwa ni iki kandi? Ntaco uba ukimariye n’isi canke umwavu; uca ujugunywa. Woba ukirwoshwa ni iki? Ntaco umaze mu ndimiro canke mw’icukiro: bapfa kuwuta. Uwuri n’amatwi yumva ni yumve. (Luka 14:34-35).

Iryo jambo ntiryirebanga.

Umunyu ugira uburyohe bwawo. Ni co gituma witwa umunyu. Ubuze uburyohe ntaco uba ukimaze atari “kujugunywa.”

Mbega har’isano bifitaniye no kuba umwigishwa? Nk’uko umunyu washiriweho kuryoha, Yesu avugako n’abantu bashiriweho kuba abigishwa Biwe. Kukw’ari Mana, dutegerezwa gutahura ko twategetswe kumunda kuruta vyose no kwikorera imisaraba yacu. Twanse kuba abigishwa Biwe, tuba twanse icatumye dushirwaho . Ntaco tuzoba tumaze atari “kujugunywa.” Wumva ari ukuja mw’ijuru, namba na gato?

Uwundi musi Yesu abwira abigishwa biwe (Mat. 5:1) ati:

Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabwa hanze ugakandagirwa n’abantu (Mat. 5:13).

Iyi ni inkebuzo duhawe. Ica mbere, abafise uburyohe (“ukwumvira gushitse”) ni bo bafise ico bamariye Imana. Abandi bose “ntaco bamaze…atari ukujugunywa no gukandagirwa.” Ica kabiri, uwufise “uburyohe” arashobora “kubutakaza,” iyo bitamera gurtyo Yesu ntiyari kugabisha abigishwa Biwe. Raba ingene ivyo bihushanya n’inyigisho ziharawe zigisha k’umuntu ashobora kuja mw’ijuru kuko yizera Kristo n’aho atari umwigishwa wa Kristo. Nta muntu ashobora kwiyitirira agakiza. Tuzoraba ivyo vyiyumviro bibi mu bice bizokurikira.

 


[1]

Umwanditsi w’iki gitabo mu congereza akoresha insigarirazina y’igitsina gabo avuga ku bakozi b’Imana mu gushimangira iciyumviro ciwe kandi abakozi b’Imana benshi ni abagabo, abungere benshi ni abagabo. Hamwe n’ivyo, ndazikw’Imana ihamagara abakenyezi mu gikorwa no kuyihebera, arikw’abahagarara neza mur’ayo mabango ni bake. Raba igice citwa, Abakenyezi mu Gikorwa.